“Ni nde ari inkerebutsi kandi atahura muri mwebwe?”
“Ni nde ari inkerebutsi kandi atahura muri mwebwe? Niyerekanire mu ngeso ziwe nziza ibikorwa vyiwe ari n’ubwitonzi buva ku bukerebutsi.”—YAK. 3:13.
1, 2. Ushobora kuvuga iki ku bijanye n’abantu benshi babonwa ko ari inkerebutsi?
NI NDE wibaza ko ari inkerebutsi vy’ukuri? Boba ari abavyeyi bawe, umuntu yitereye mu myaka canke umwigisha wo kuri kaminuza? Ukuntu ubona ibijanye n’umuntu w’inkerebutsi uwo ari we hari aho vyoba bivana n’ivyo wakuriyemwo be n’uko ivyawe vyifashe. Ariko rero, ukuntu Imana ibona ibijanye n’umuntu w’inkerebutsi ni co kintu abasavyi b’Imana bashira imbere.
2 Si abantu bose isi ibona ko ari inkerebutsi baba vy’ukuri ari inkerebutsi mu nyonga z’Imana. Nk’akarorero, Yobu yaravuganye n’abantu babona ubwabo ko bariko bavuga amajambo y’ubukerebutsi, ariko we yasozereye ati: “Nta [“nkerebutsi n’imwe”, NW] nobona muri mwebge”. (Yobu 17:10) Ku bijanye n’abateye akagere ubumenyi bwerekeye Imana, intumwa Paulo yanditse ati: “Naho bemeza ko ari inkerebutsi, bacitse ibipfu”. (Rom. 1:22) N’ikindi kandi, Yehova ubwiwe, abicishije ku muhanuzi Yesaya, yaravuze ashimitse ati: “Bazobona ibara, abīyita [“inkerebutsi”, NW] ubgabo”.—Yes. 5:21.
3, 4. Ni ibiki bisabwa kugira ngo umuntu abe inkerebutsi vy’ukuri?
3 Biragaragara rero ko dukeneye kumenya neza ikintu gituma umuntu aba inkerebutsi vy’ukuri gutyo agatoneshwa n’Imana. Mu Migani 9:10 haradufasha kubitahura neza, hati: “[“Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi”, NW]”, kandi ukumenya Uwera ni kwo [“gutahura”, NW]”. Umuntu w’inkerebutsi ategerezwa kuba atinya Imana mu buryo bubereye, kandi akaba yubaha ingingo mfatirwako zayo. Yamara rero, hari n’ibindi bikenewe uretse kuba umuntu yemera gusa ko Imana iriho akaba kandi azi inzira zayo. Wa mwigishwa Yakobo aratuma tuzirikana kuri ico kintu. (Soma Yakobo 3:13.) Urabona ko akoresha imvugo igira iti: “Niyerekanire mu ngeso ziwe nziza ibikorwa vyiwe”. Ubukerebutsi nyakuri bukwiye kubonekera mu vyo ukora no mu vyo uvuga buri musi.
4 Ubukerebutsi nyakuri busobanura ko umuntu aba azi gutandukanya ikibereye n’ikitabereye kandi agakoresha mu buryo ngirakamaro ubumenyi n’ugutahura afise. Ni ibikorwa ibihe bizokwerekana ko dufise mwene ubwo bukerebutsi? Yakobo aradondagura ibintu bitari bike bizokwigaragaza mu vyo abantu b’inkerebutsi bakoraa. Ni ibiki yavuze bishobora kudufasha kugiranira ubucuti bwiza n’abo dusangiye ukwizera, be n’abatari abo mw’ishengero?
Ivyo umuntu akora birerekana ko ari inkerebutsi vy’ukuri
5. Umuntu w’inkerebutsi vy’ukuri yigenza gute?
5 Nk’uko twabibonye, birabereye kuba Yakobo yarasanishije ubukerebutsi n’ingeso nziza. Kubera ko ugutinya Yehova ari yo ntango y’ubukerebutsi, umuntu w’inkerebutsi arihatira kwigenza mu buryo buhuza n’inzira z’Imana be n’ingingo mfatirwako zayo. Ubukerebutsi buva ku Mana si ikintu tuvukana. Yamara rero, turashobora kubwironsa mu kwama twiga Bibiliya no mu kuyizirikanako. Ivyo bizodufasha gukora ivyo mu Banyefeso 5:1 haduhimiriza, hati: “Nimwigane Imana”. Uko turushiriza kwigenza mu buryo buhuye na kamere za Yehova, ni ko tuzorushiriza kugaragaza ubukerebutsi mu vyo dukora. Inzira za Yehova ziraruta kure n’iyo iz’abantu. (Yes. 55:8, 9) Ku bw’ivyo rero, nitwigana ukuntu Yehova akora ibintu, abantu atari abo mw’ishengero bazobona ko hari ico dutandukaniyeko na bo.
6. Ni kubera iki ubwitonzi ari ikimenyamenya c’uko umuntu ayobokera Imana, kandi iyo kamere igaragazwa gute?
6 Yakobo arerekana ko uburyo bumwe bwo kumera nka Yehova ari ukugira “ubwitonzi buva ku bukerebutsi”. Naho ubwitonzi busobanura ko umuntu aba ari umugwaneza, muri ico gihe nyene umukirisu arashobora kuba ari umuntu ashikamye, ivyo na vyo bikaba bimufasha gukorana ibintu uburimbane. Naho inkomezi Imana ifise zitagira aho zigarukira, iritonda, kandi na twe ntidutinya kuyiyegereza. Umwana w’Imana yaragaragaje neza ubwitonzi bwa Se ku buryo yashoboye kuvuga ati: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira. Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzoronka ukuruhuka kw’imitima yanyu”.—Mat. 11:28, 29; Flp. 2:5-8.
7. Ni kubera iki Musa ashobora kutubera akarorero keza mu vyo kugaragaza ubwitonzi?
7 Bibiliya iravuga abandi bantu bagaragaje mu buryo budasanzwe ubwitonzi, canke ugutekereza. Musa yari umwe muri abo bantu. Yari afise ibanga rihambaye cane, ariko adondorwa ko yari “[“uwutekereza”, NW] kurusha abantu bose bo mw isi”. (Guh. 11:29; 12:3) Vyongeye, niwibuke inkomezi Yehova yahaye Musa kugira ngo akore ivyo agomba. Yehova yarahimbarwa no gukoresha abantu bitonda kugira ngo ashitse umugambi wiwe.
8. Abantu b’abanyagasembwa bashobora gute kugaragaza “ubwitonzi buva ku bukerebutsi”?
8 Biragaragara yuko bishoboka ko abantu b’abanyagasembwa bagaragaza “ubwitonzi buva ku bukerebutsi”. None tweho bite? Dushobora gute kurushiriza kugaragaza iyo kamere? Ubwitonzi ni kimwe mu vyamwa vy’impwemu nyeranda ya Yehova. (Gal. 5:22, 23) Turashobora gusenga dusaba impwemu yiwe kandi tukihata tubikuye ku mutima kugira ngo tugaragaze ivyamwa vyayo, twizigiye yuko Imana izodufasha kurushiriza kugaragaza ubwitonzi. Amajambo akura amazinda umwanditsi wa Zaburi yanditse turayasangamwo imvo ikomeye yotuma tubigenza gutyo, na yo akaba agira ati: ‘Abīcīsha bugufi [Imana] izobarangira inzira yayo’.—Zab. 25:9.
9, 10. Dukeneye kugira akigoro akahe kugira ngo tugaragaze ubwitonzi buva ku Mana, kandi kubera iki?
9 Naho biri ukwo, vyoshobora kudusaba akigoro gakomeye kugira ngo turushirize kugira ivyo turyohoye muri uwo muce. Kubera ivyo twakuriyemwo, bamwebamwe muri twebwe boshobora kutagira agatima ko kugaragaza ubwitonzi. Vyongeye, abantu badukikije boshobora kuturemesha kubona ibintu mu buryo butandukanye n’ubwo, bakavuga ngo nyabuna umuntu ategerezwa “kugera ingere ku yindi”. Ariko none wumva mu vy’ukuri ivyo biranga ubukerebutsi? Nka hamwe hokwaduka umuriro mukeyi mu nzu yawe, mbega wowuzimya ukoresheje igitoro canke amazi mabisi? Gusuka igitoro kuri uwo muriro vyotuma ibintu vyunyuka, mu gihe kuwuzimya ukoresheje amazi mabisi vyoshobora gutuma ushika ku co wipfuza. Muri ubwo buryo nyene, Bibiliya iduhanura iti: “Ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake, arikw ijambo ribabaza rivyura ishavu”. (Imig. 15:1, 18) Ibintu bidushavuza nivyasubira kuvyuka, haba ari vyo mw’ishengero canke hanze yaryo, twoba dushobora kuraba ingene twogaragaza ubukerebutsi nyakuri mu kuvyifatamwo mu buryo buranga ubwitonzi?—2 Tim. 2:24.
10 Nk’uko twamaze kubivuga, abantu benshi boshwa n’impwemu y’isi usanga kuba abagwaneza, abanyamahoro canke abatekanye biri kure nk’ukwezi. Ahubwo riho, usanga abantu batagira impuhwe n’abanyabwibone ari bo biraye. Yakobo yari azi neza ico kintu, kikaba ari co gituma yatanze ingabisho kugira ngo abo mw’ishengero bashobore kwirinda kwononwa n’agatima mwene ako. Ni igiki kandi dushobora kwigira ku mpanuro yatanze?
Kamere ziranga umuntu atari inkerebutsi
11. Ni kamere izihe usanga ziteye kubiri n’ubukerebutsi buva ku Mana?
11 Yakobo yaranditse adakikiriza ku bijanye na kamere usanga neza na neza ziteye kubiri n’ubukerebutsi buva ku Mana. (Soma Yakobo 3:14.) Ishari n’agatima k’amahane ni kamere z’umubiri, si iz’impwemu. Zirikana ku bishika igihe ivyiyumviro vy’umubiri ari vyo vyiganje. Hari imigwi itandatu y’abantu biyita abakirisu igenzura ibice bigize urusengero rwitiriwe Intatemwa nyeranda rw’i Yeruzalemu, urwo na rwo bikaba vyiyumvirwa ko rwubatswe aho Yezu yiciwe yongera arahambwa. Imigenderanire iri hagati y’iyo migwi yagumye irangwamwo amahane adahera. Mu 2006, ikinyamakuru kimwe (Time) caravuze ibijanye n’ikintu cari giherutse kuba igihe abamonaki baho “bamara amasaha n’ayandi bahazuka, . . . bakubitana mwene vya bintu amahero baterekako amabuji”. Ukutizigirana kuri hagati yabo kurarenze urugero rwose ku buryo urufunguruzo rw’urwo rusengero rwajejwe Umwisilamu.
12. Mbega hamwe ubukerebutsi bwobura, hoca haba iki?
12 Mwene ukwo kurenza urugero mu bijanye no kugaragaza agatima k’amahane ntibikwiye namba kuboneka mw’ishengero rya gikirisu ry’ukuri. Ariko rero, agasembwa twarazwe rimwe na rimwe karatumye bamwebamwe baguma bumiye ku vyiyumviro vyabo. Ivyo vyoshobora gutuma haba ugutata n’ugushihana ku rugero runaka. Intumwa Paulo yarabonye ico kintu mw’ishengero ry’i Korinto, bica bituma yandika ati: “Ko hari ishari n’ugushihana muri mwebwe, mbega ntimuri ab’umubiri mukaba kandi mugenda nk’uko abantu bagenda?” (1 Kor. 3:3) Ico kintu kibabaje caramaze igihe kiri muri iryo shengero ryo mu kijana ca mbere. Ku bw’ivyo rero, turakeneye kuba maso kugira ngo mwene ako gatima ntikinjire mw’ishengero muri kino gihe.
13, 14. Tanga uturorero twerekana ingene agatima ko kubona ibintu mu buryo bw’umubiri gashobora kwigaragaza.
13 Agatima mwene ako koshobora gute kwinyegeteza mw’ishengero? Bishobora gutangurira mu tuntu dutoduto. Nk’akarorero, igihe Ingoro y’Ubwami iriko irubakwa, hoshobora kwaduka ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’ukuntu ibintu bikwiye gukorwa. Umuvukanyi umwe yoshobora kuba umunyamahane mu gihe iciyumviro yashikirije kitemewe, kumbure akaguma avuga amajambo menshi anebagura ingingo zafashwe. Emwe, yoshobora mbere no kwanka gukora ikindi kintu na kimwe muri ivyo bikorwa! Uwukora ibintu muri ubwo buryo yoba yibagiye ko kurangura igikorwa kinaka cerekeye ishengero akenshi bivana cane n’agatima k’amahoro karangwa muri ryo kuruta kuba bivana n’uburyo kandondwa bwokoreshwa. Agatima k’ubwitonzi ni ko Yehova azohezagira, si agatima k’amahane.—1 Tim. 6:4, 5.
14 Akandi karorero ni ak’ivyoshika igihe abakurambere bo mw’ishengero babona yuko umukurambere umwe, naho yoba amaze imyaka minaka asukura muri iryo banga, bigaragara ko muri ico gihe atagikwije kamere zisabwa n’Ivyanditswe. Igihe Umucungezi w’umuzunguruko abagendeye maze akabona ko uwo muvukanyi yari yarahawe impanuro zidomako ariko akaba yarananiwe kugira ivyo aryohoye, arashigikira abo bakurambere akongera akifatanya na bo mu kurata ko akwiye guhagarikwa muri iryo banga. None uwo mukurambere azovyakira gute? Yoba azokwemera yicishije bugufi kandi abigiranye ubwitonzi iciyumviro abakurambere bose bashitseko be n’impanuro ahawe zishingiye ku Vyanditswe, maze akiyemeza gukwiza kamere zisabwa n’Ivyanditswe kugira ngo azoshobore gusubira kugenwa muri iryo banga? Canke azobika inzika n’ishari ridahera kubera yuko atagifise ka gateka yari yaratewe? Ni kubera iki umuvukanyi yoguma yidadira ngo arakwije ibisabwa vyo gusukura ari umugabo w’inararibonye, kandi mu vy’ukuri atabikwije? Ese ukuntu vyorushiriza kuba ibiranga ubukerebutsi yicishije bugufi akongera akerekana ko atahura ibintu!
15. Wewe ubona ari kubera iki impanuro yahumetswe dusanga muri Yakobo 3:15, 16 ihambaye cane?
15 Ego ni ko, hariho ubundi buryo agatima mwene ako gashobora kwigaragarizamwo. Ariko uko ibintu vyoba vyifashe kwose, dutegerezwa kwihata kugira ngo twirinde mwene izo kamere mbi. (Soma Yakobo 3:15, 16.) Umwigishwa Yakobo yavuze ko mwene izo kamere ari izo “kw’isi” kubera yuko ari izo mu buryo bw’umubiri, zidashingiye ku vy’impwemu. Ni kamere z’“ibikoko” mu buryo bw’uko ziva ku mpengamiro z’umubiri, zikaba ata ho zitaniye n’ibiranga ibiremwa bitiyumvira. Mwene izo kamere ni iz’“amadayimoni”, kuko zigaragaza inyifato y’ibinyabuzima vy’impwemu birwanya Imana. Ese ukuntu bitabereye ko umukirisu agaragaza izo kamere!
16. Ni amahinduka ayahe vyokenerwa ko tugira, kandi dushobora gute kwererwa mu kuyagira?
16 Umwe wese mw’ishengero vyoba vyiza yisuzumye maze akihata kugira ngo arandurane n’imizi kamere mwene izo. Kubera ko abacungezi ari abigisha mw’ishengero, barakwiye kumenya neza ko bakeneye kwikuramwo izo kamere mbi. Gushika kuri ico kintu ntivyama vyoroshe kubera agasembwa twarazwe be n’akosho k’iyi si. Ivyo vyoshobora kugereranywa n’ukugerageza kuduga umusozi uriko ivyondo, kandi unyerera. Mu gihe twowuduga ata kintu dufise twishimikije, twoshobora guca tunyerera dusubira inyuma. Yamara rero, tugumye twumiye ku mpanuro dusanga muri Bibiliya, eka mbere no ku mfashanyo dukura mw’ishengero ry’Imana rikwiye kw’isi, turashobora gutera tuja imbere.—Zab. 73:23, 24.
Kamere umuntu w’inkerebutsi arondera kugaragaza
17. Abantu b’inkerebutsi bakunze kuvyifatamwo gute igihe bashikiwe n’ikibi?
17 Soma Yakobo 3:17. Turashobora kwungukira ku kurimbura zimwezimwe muri kamere ziva ku kugaragaza “ubukerebutsi buva hejuru”. Kuba abatanduye birimwo no kuba abatyoroye n’abadahumanye mu vyo dukora no mu bijanye n’imvo zituma tugira ivyo dukoze. Turakeneye kwamirira kure ibintu bibi tudatebaganye. Kubigenza gutyo bikwiye kuba ikintu cizana. Kumbure hoba hari umuntu yigeze kugerageza gukoza urutoke mu jisho ryawe. Ico gihe waciye ubwo nyene usubiza umutwe inyuma canke urazibira ukuboko kwiwe. Ico ni ikintu cizana; ntiwirirwa uravyiyumvira. Ni ko bikwiye kugenda n’igihe twoba turiko turoshwa n’ikibi. Ukuba tutanduye be n’ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya bikwiye guca ubwo nyene bidusunikira kwiyamiriza ikibi. (Rom. 12:9) Bibiliya iratanga uturorero tw’abavyifashemwo muri ubwo buryo, nka Yozefu be na Yezu.—Ita. 39:7-9; Mat. 4:8-10.
18. Bisobanura iki (a) kuba umunyamahoro? (b) kuba indemeshamahoro?
18 Ubukerebutsi buva ku Mana buradusaba kandi kuba abanyamahoro. Ivyo bisobanura yuko twirinda ubukazi, agatima ko kurwana canke ibikorwa vyohungabanya amahoro. Yakobo aratanga amakuru yiyongereye ku bijanye n’ico ciyumviro igihe avuga ati: “Urubuto rw’icamwa c’ubugororotsi rubibwa mu mahoro ku bariko baremesha amahoro”. (Yak. 3:18) Urabona ko akoresha imvugo ngo “abariko baremesha amahoro”. Mw’ishengero, twoba tuzwi yuko turi indemeshamahoro canke tuzwi ko turi abayahungabanya? Twoba twama dufise ivyo tudahurizako n’abandi bitumwe n’uko turi inkomwahato canke tubabaza abandi? Twoba dushimika ku vy’uko abandi babwirizwa kudufata uko dusanzwe tumeze, canke twoba twihata twicishije bugufi kugira ngo turandurane n’imizi kamere abandi babona vy’ukuri ko zibabaza? Twoba tuzwi ko tuguma twihatira kuremesha amahoro mu guharira abandi tudatebaganye no mu kwibagira amakosa baba batugiriye? Twisuzumye ata buryarya tubigiranye birashobora kudufasha kubona niba hari ivyo dukeneye kuryohora mu bijanye no kugaragaza ubukerebutsi buva ku Mana muri uwo muce.
19. Umuntu amenyekana gute ko akora ibitegereka?
19 Yakobo yaranavuze n’ibijanye n’ukuba uwukora ibitegereka igihe yadondora kamere zigaragaza ubukerebutsi buva hejuru. Twoba tuzwi ko dufise agatima ko kwemera kwiyorosha imbere y’abandi igihe ata ngingo ngenderwako yo mu Vyanditswe yahonyanzwe, ntitube abantu bihutira gushimika ku vy’uko ibintu ubwacu dusanzwe twisunga biba ari vyo bikurikizwa? Twoba tuvugwa ko turi abagwaneza n’aboroshe kuyagisha? Ivyo ni ibigaragaza yuko tumaze kwiga gukora ibitegereka.
20. Ni ivyiza ibihe tuzoronka nitwaguma tugaragaza kamere ziva ku Mana duhejeje guca irya n’ino?
20 Ese ingene mw’ishengero hashobora kurangwa akayaga gahimbaye mu gihe abavukanyi n’abavukanyikazi bihatira kuguma barushiriza kugaragaza kamere ziva ku Mana, izo Yakobo yagize ico azivuzeko! (Zab. 133:1-3) Nitwaba abitonda, abanyamahoro be n’abakora ibitegereka hagati yacu bizotuma turyohora ubucuti dufitaniye kandi bizogaragaza ko dufise “ubukerebutsi buva hejuru”. Ubukurikira, turihweza ingene kwiga kubona abandi nk’uko Yehova ababona bishobora kudufasha muri ivyo.
[Akajambo k’epfo]
a Amajambo akikuje ico canditswe yerekana ko ubwa mbere na mbere Yakobo yari afise mu muzirikanyi abagabo b’inararibonye, ari bo “bigisha” bo mw’ishengero. (Yak. 3:1) Abo bagabo bakwiye mu vy’ukuri kuba intangakarorero mu vyo kugaragaza ubukerebutsi buva ku Mana, yamara twese turashobora kugira ico twigiye ku mpanuro yatanze.
Woshobora kubisigura?
• Ni ibiki bituma umukirisu aba inkerebutsi vy’ukuri?
• Dushobora gute kugira ivyo turyohoye mu vyo kugaragaza ubukerebutsi buva ku Mana?
• Ni kamere izihe zibonekeza mu bantu batagaragaza “ubukerebutsi buva hejuru”?
• Ni kamere izihe wiyemeje kuguma urushiriza gutsimbataza?
[Ifoto ku rup. 23]
Ugushihana gushobora gute kwinyegeteza mw’ishengero muri kino gihe?
[Ifoto ku rup. 24]
Kwamirira kure ikibi coba ari ikintu gica cizana muri wewe?