ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/4 rup. 20-25
  • Twerekane ‘Ubugwaneza Bwose Ku Bantu Bose’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twerekane ‘Ubugwaneza Bwose Ku Bantu Bose’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Mu rugo
  • Mu busuku bwacu
  • Mw’ishengero
  • “Ku bantu bose”
  • Ubugwaneza ni kamere ntahara ku Bakirisu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ubwitonzi: Butugirira akamaro gute?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Nube umuntu arangwa n’ubwitonzi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • “Ni nde ari inkerebutsi kandi atahura muri mwebwe?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/4 rup. 20-25

Twerekane ‘Ubugwaneza Bwose Ku Bantu Bose’

‘Ubandanye kubibutsa . . . kwengenga, berekana ubugwaneza bwose ku bantu bose.’​—TITO 3:1, 2.

1. Ni kubera iki bitama vyoroshe kugaragaza ubugwaneza?

“MUNYIGĀNE, nk’uko nanje nigāna Kristo.” Ivyo ni vyo intumwa Paulo yanditse. (1 Ab’i Korinto 11:1) Abasavyi b’Imana bose muri iki gihe, barihatira cane gukurikiza iyo nkeburo. Tuvugishije ukuri, ntivyoroshe kubera yuko twarazwe n’abavyeyi bacu ba mbere ivyipfuzo be na kamere vy’ubwikunzi bidahuje n’akarorero ka Kirisitu. (Abaroma 3:23; 7:21-25) Naho ari ukwo, twese turashobora kwererwa mu bijanye n’ukugaragaza ubugwaneza, mu gihe tugize akigoro. Mugabo rero, kwiheka ku mwiyemezo wacu gusa ntibihagije. Ni ikindi kintu ikihe none gikenewe?

2. Dushobora gute kwerekana “ubugwaneza bgose ku bantu bose”?

2 Ubugwaneza buva ku Mana buri mu bigize ivyamwa vy’impwemu yera. Uko turushiriza kworohera ubuyobozi bw’inguvu ikora y’Imana, ni ko ivyamwa vyayo bizorushiriza kwibonekeza. Muri ico gihe gusa ni ho tuzoshobora kwerekana “ubugwaneza bgose” ku muntu wese. (Tito 3:2, ni twe tubihiritse.) Nimuze dusuzume ukuntu dushobora kwigana akarorero ka Yezu, maze tugatuma abifatanya natwe ‘baruhurirwa.’​—Matayo 11:29; Ab’i Galatiya 5:22, 23.

Mu rugo

3. Ni ibiki bibera mu rugo bigaragaza agatima k’isi?

3 Ahantu hamwe usanga ubugwaneza ari ntahara ni mu rugo. Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS) rigereranya yuko ubukazi bubera mu rugo butuma amagara y’abakenyezi ageramirwa cane kuruta uko ageramirwa n’amasanganya y’imiduga be na malariya tubifatiye hamwe. Nk’akarorero, i Londres mu Bwongereza, ica kane c’amaraporo y’ubukazi atangwa, usanga ari ubukazi bubera mu rugo. Kenshi, abapolisi barahura n’abantu baserurana ubukari inyiyumvo zabo mu “gutongana no [mu] gutukana.” Ikirushirije kuba kibi, ni uko abubakanye bamwebamwe baretse “umururazi” uronona ubucuti bwabo. Ivyo vyose ni ibintu bibi bigaragaza “agatima k’isi,” kandi agatima nk’ako nta kibanza gafise mu ngo z’Abakirisu.​—Abanyefeso 4:31; 1 Ab’i Korinto 2:12, NW.

4. Ubugwaneza bushobora gukora iki ku bo mu rugo?

4 Kugira tuzibire impengamiro zo muri iyi si, turakeneye impwemu y’Imana. ‘Aho impwemu ya Yehova iri haba umwidegemvyo.’ (2 Ab’i Korinto 3:17) Urukundo, ubuntu, ukwigumya be n’ukwiyumanganya birakomeza ubumwe bw’abanega n’abakenyezi b’abanyagasembwa. (Abanyefeso 5:33) Ubugwaneza butuma mu rugo hamera neza kandi bukigizayo imishihano be n’amahane biteye isibe mu ngo nyinshi. Ivyo umuntu avuga birahambaye, ariko uburyo we ubwiwe avuga ni bwo bwerekana agatima kihishije inyuma y’amajambo yiwe. Umuntu avuganye ubugwaneza akamubakiye be n’ibimuraje ishinga, birahwamika imishamirano. Wa Mwami Salomo w’inkerebutsi yanditse ati: “Ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake, arikw ijambo ribabaza rivyura ishavu.”​—Imigani 15:1.

5. Ubugwaneza bushobora gute gufasha mu rugo rurimwo abadasangiye idini?

5 Ubugwaneza burahambaye canecane mu rugo rurimwo abadasangiye idini. Iyo ubugwaneza bufatanijwe n’ibikorwa bikoranywe umutima mwiza, burashobora kuresha abadafise umutima ugororokeye Yehova, bakaza kuri we. Petero yahanuye abakenyezi bakirisu ati: “Mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry’Imana, bareshwe n’ingeso nziza z’abagore babo, batagize ijambo bavuze, ni bābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’ugutinya. Ugushaza kwanyu ntikube ukwo ku rukoba kwo gutsiba umushatsi, cank’ukwo kwambara izahabu, cank’ukwo kwambara impuzu nziza; ariko kube ukw’umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’igiciro kinini imbere y’Imana.”​—1 Petero 3:1-4.

6. Kugaragaza ubugwaneza bishobora gute gukomeza ubucuti hagati y’abavyeyi n’ibibondo?

6 Ubucuti abavyeyi n’abana bafitaniye, burashobora guhungabana canecane igihe ata gukunda Yehova kuhari. Ariko mu ngo z’Abakirisu zose, birakenewe ko abo muri zo bagaragarizanya ubugwaneza. Paulo yahanuye ba serugo ati: “Ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’Umwami wacu agomba.” (Abanyefeso 6:4) Iyo mu rugo harangwa ubugwaneza, ubucuti bwa hafi abavyeyi n’abana bafitaniye burakomera. Umve ivyo umwe mu bana batanu ari we Dean yibutse kuri se: “Dawe yari umugwaneza. Nta ho nibuka twigeze duhazuka na we, eka n’igihe nari umuyabaga. Yama ari umugwaneza pe, mbere n’igihe yaba ababaye. Rimwe na rimwe yaranyugaranira mu cumba canke akanyankira ibintu bimwebimwe nakunda, mugabo ntitwigeze duhazuka. Ntiyari dawe gusa, ahubwo kuri twebwe yari n’umugenzi. Natwe, ntitwigera dushaka kumuhemukira.” Ubugwaneza burafasha vy’ukuri gukomeza ubucuti hagati y’abavyeyi n’ibibondo.

Mu busuku bwacu

7, 8. Kubera iki kugaragaza ubugwaneza mu busuku bwo mu ndimiro ari ntahara?

7 Ahandi hantu ubugwaneza buhambaye, ni mu busuku bwo mu ndimiro. Igihe tubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami, turahura n’abantu bafise inyifato zitandukanye. Bamwebamwe barumviriza n’akanyamuneza kenshi ubutumwa bw’icizigiro tubashira. Abandi na bo bashobora kutavyakira neza bivuye ku mvo zitandukanye. Aho ni ho kamere y’ubugwaneza iheza ikadufasha cane mu gushitsa ibanga twashinzwe ryo kuba ivyabona gushika ku mpera y’isi.​—Ivyakozwe 1:8; 2 Timoteyo 4:5.

8 Intumwa Petero yanditse ati: “Mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya.” (1 Petero 3:15) Kubera tugumiza mu mitima yacu Kirisitu ko ari we Karorero kacu, turitwararika kugaragaza ubugwaneza n’icubahiro igihe dushinga intahe ku bantu bavugana ugukara. Iyo nyifato akenshi iravamwo ingaruka nziza cane.

9, 10. Niwigane icabonywe cerekana agaciro ko kugaragaza ubugwaneza mu busuku bwo mu ndimiro.

9 Igihe umukenyezi wiwe yaja kwugurura kugira arabe uwudodoye, Keith we yigumiye inyuma. Umugore wa Keith amaze kumenya yuko uwo yabagendeye ari Icabona ca Yehova, yaciye yagiriza Ivyabona n’ishavu ryinshi yuko bafata abana nk’ibikoko. Nya muvukanyi yagumye atekereje. Yishuranye ubugwaneza ati: “Ndumva vyarakubabaje mupfaso. Mwonkundira nkabereka ivyo Ivyabona vya Yehova bemera?” Keith yari yagumye yumviriza nya kiyago, aca araza ku rugi kwirukana uwo muvukanyi.

10 Mu nyuma, uwo mugabo n’umugore batanguye kwicuza kubona bari bakariye uwari yabagendeye. Ubugwaneza bwiwe bwari bwabakoze ku mutima. Icabatangaje ni uko haciye indwi nya muvukanyi yagarutse, Keith n’umugore wiwe bararetse arabasigurira imvo zishingiye ku Vyanditswe z’ivyo yemera. Mu nyuma bavuze bati: “Mu myaka ibiri yakurikiye, twarumvirije rwose ivyo ibindi Vyabona bavuga.” Baremeye kwiga Bibiliya, hanyuma amaherezo bompi barabatizwa mu kugereranya ko biyeguriye Yehova. Ese ukuntu vyari ibihimbaye kuri ca Cabona yagendera ubwa mbere Keith n’umugore wiwe! Hashize imyaka, nya Cabona yarahuye n’uwo mugabo n’umugore, maze asanga ico gihe ari umuvukanyi n’umuvukanyikazi biwe bo mu vy’impwemu. Ubugwaneza buratunganya ibintu.

11. Ni mu buryo ubuhe ubugwaneza bushobora gucira inzira umuntu, akemera ukuri kwa gikirisu?

11 Ivyo Harold yaciyemwo ari umusoda vyatumye aba umuntu w’umujinya bituma kandi akekeranya ko Imana ibaho. Icatumye ingorane Harold yari afise zunyuka, ni isanganya ry’umuduga yatejwe n’umushoferi yari yaborewe, rituma aguma ari ikimuga. Igihe Ivyabona vya Yehova bamugendera i muhira iwe, yabasavye ashimitse ngo ntibazogaruke. Mugabo umusi umwe, hari Icabona yitwa Bill yashaka kugendera umuntu yashimishijwe yaba hafi y’aho Harold yaba, urenganye nk’imiryango ibiri gusa. Bill yarihenze adodora ku rugi rwa Harold. Aho Harold yugururiye urugi, ico gihe akaba yagendera ku bibando bibiri, Bill yaciye amusaba imbabazi ubwo nyene, amusigurira yuko yashaka kugendera inzu y’umubanyi. None Harold yavyakiriye gute? Bill ntiyari azi yuko Harold yari yararavye amakuru kuri televiziyo yerekana Ivyabona bariko bakorera hamwe mu kwubaka Ingoro y’Ubwami nshasha mu gihe gito cane. Kubera yari yaratangajwe no kubona abantu benshi bariko bakorana mu bumwe, vyari vyarahinduye ukuntu abona Ivyabona. Harold amaze gukorwa ku mutima n’ukuntu yamusavye imbabazi yiyoroheje be n’ukuntu inyifato yiwe yakwegera kandi ikaba iranga ubugwaneza, yaciye afata ingingo yo kwemera ko Ivyabona baza baramugendera. Yarize Bibiliya, aratera imbere, hanyuma aba umusavyi wa Yehova yabatijwe.

Mw’ishengero

12. Ni ibintu ibihe biranga isi abagize ishengero rya gikirisu bakwiye kunanira?

12 Ahantu hagira gatatu ubugwaneza ari ntahara, ni mw’ishengero rya gikirisu. Amahane ni ikintu ceze mu kibano co muri iki gihe. Ibihari, amahane be n’uguhazuka ni ibintu bisanzwe mu bantu babona ubuzima mu buryo bw’umubiri. Rimwe na rimwe, ibintu nk’ivyo biranga isi biranyengetera mw’ishengero rya gikirisu, bigaca bigaragarira mu bihari n’uguterana amajambo. Abavukanyi bajejwe amabanga birabababaza igihe babwirizwa gutorera umuti ivyo bintu. Naho ari ukwo, urukundo bakunda Yehova be n’abavukanyi babo rurabasunikira ku kugerageza kugarura abakosheje.​—Ab’i Galatiya 5:25, 26.

13, 14. ‘Guhanurisha ubugwaneza barya badafise imigabo ibereye’ bishobora kuvamwo iki?

13 Mu kinjana ca mbere, Paulo be na mugenziwe Timoteyo barahuye n’ingorane zivuye ku bantu bamwebamwe bo mw’ishengero. Paulo yagabishije Timoteyo kuba maso ku bavukanyi basa n’inzavya ‘zikoreshwa ibiteye isoni.’ Paulo yazirikanye ati: “Umushumba w’Umwami wacu ntakwiye gutongana, arikw akwiye kugira ineza kuri bose, no kuba uburyo bgo kwigisha, no kwihangana, no guhanūrisha ubugwaneza [“barya badafise imigabo ibereye,” NW].” Igihe tuzigamye ubugwaneza n’iyo dusomborokejwe, akenshi biratuma abo tutumvikana basubira gusuzuma neza amajambo bavuga yo kutunegura. Nk’uko Paulo kandi avyandika, Yehova na we yoshobora ‘kubaha ukwigaya kugira ngo bamenye ivy’ukuri.’ (2 Timoteyo 2:20, 21, 24, 25) Urabona yuko Paulo ugutekereza agusanisha n’ukwigumya kugiranywe ubugwaneza.

14 Paulo yarashira mu ngiro ivyo yigisha. Igihe yavuga ibijanye n’“intumwa zihambaye” cane zo mw’ishengero ry’i Korinto, yahimirije abavukanyi ati: “Jewe Paulo ubganje ndabinginga ku bg’ubugwaneza n’ineza vya Kristo, jewe umuntu aciye bugufi muri mwebge imbere yanyu, arikw iyo tutari kumwe ndabubahuka.” (2 Ab’i Korinto 10:1; 11:5) Paulo yariganye Kirisitu koko. Urabona yuko yinginze abo bavukanyi “ku bg’ubugwaneza” bwa Kirisitu. Gutyo yaririnze agatima k’ugukandamiza abandi canke ugutwaza umukazo. Iyo nkeburo yiwe ntibuze kuba yarakwegereye abo muri iryo shengero bari bafise imitima yugurutse. Yaratumye ubucuti bwari bwahungabanye busubira kumera neza, bituma agarukana amahoro n’ubumwe mw’ishengero. Ubwo none si uburyo bwiza bwo gukora twese dukwiye kwihatira kwigana? Abakurambere canecane barakeneye kwigana Kirisitu na Paulo mu vyo bakora.

15. Ni kubera iki kugira ubugwaneza bihambaye igihe utanga impanuro?

15 Ibanga ryo gufasha abandi mu vy’ukuri ntirigarukira gusa ku gihe amahoro be n’ubumwe vy’ishengero bigeramiwe. Imbere y’uko ubucuti buhungabana, abavukanyi barakeneye ubuyobozi buranga urukundo. Paulo yahimirije ati: “Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’impwemu [“mubogore,” NW] ūmeze artyo.” Mugabo gute? ‘Mu kumuhanurisha umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubara ubwawe, kugira ngo nawe nyene ntiwoshwe nabi.’ (Ab’i Galatiya 6:1) Kuguma umuntu afise “umutima w’ubugwaneza” ntivyama vyoroshe, canecane kubera yuko Abakirisu bose, ushizemwo n’abagabo bagenywe, bafise impengamiro zo gukora icaha. Naho ari ukwo, ubugwaneza ni bwo buzotuma uwakosheje yoroherwa no kugira ivyo ahinduye.

16, 17. Ni igiki gishobora gufasha gutangira ukwanka gukurikiza impanuro ukwo ari kwo kwose?

16 Mu Kigiriki c’intango, ijambo ryahinduwe ngo “mubogore” rishobora kandi kwerekeza ku gusubiza ku murongo canke gusubiza mu kibanza amagufa yavunitse, bikaba ari ibintu bibabaza iyo bariko barabigira. Umuganga ahumuriza, igihe ariko arasubiza mu kibanza igufa ryavunitse, aravuga mu buryo buremesha ivyiza biva mu vyo ariko arakora. Kamere yiwe y’ubutekereji irahumuriza. Amajambo makeyi aba yamubwiye imbere y’igihe, arafasha guhwamika umubabaro ukaze. No kubogorwa mu buryo bw’impwemu birashobora kuba bibabaza. Mugabo ubugwaneza buzofasha gutuma uwakosheje yoroherwa no kwakira ukubogorwa, gutyo bitume ubucuti bwiza bugaruka, vyongere bimucire inzira yo guhindura ingendo yiwe. Naho mu ntango haba ukwanka impanuro, nyene kuyitanga agize ubugwaneza, vyoshobora gutangira ukwanka ukwo ari kwo kwose gukurikiza impanuro yumvikana ishingiye ku Vyanditswe.​—Imigani 25:15.

17 Igihe ufasha abandi kugira ngo bagire ivyo babogoye, hama hari ingeramizi yuko iyo mpanuro boshobora kuyifata ko ari nk’ukubanegura. Umwanditsi umwe abivuga muri ubu buryo: “Nta kindi gihe usanga twohakwa kuja mu vyo kwiyemera bidakenewe, bigaca bisaba ko tugira ubugwaneza, nk’iyo turiko turakangira abandi.” Gutsimbataza ubugwaneza buva ku kwicisha bugufi bizofasha Umukirisu atanga impanuro kwirinda iyo ngeramizi.

“Ku bantu bose”

18, 19. (a) Ni kubera iki Abakirisu boshobora gusanga bigoye kugaragaza ubugwaneza igihe bavugana n’abategetsi bo mw’isi? (b) Ni igiki kizofasha Abakirisu kugaragariza ubugwaneza abari ku butegetsi, kandi ni ibiki bishobora kuvamwo?

18 Ahantu hamwe abenshi basanga bigoye kugaragaza ubugwaneza, ni igihe bavugana n’abategetsi bo mw’isi. Tuvugishije ukuri, bamwebamwe mu bategetsi uburyo bakora, burerekana ko bakaze kandi ko batagira impuhwe. (Umusiguzi 4:1; 8:9) Ariko rero, urukundo dukunda Yehova ruzodufasha kwemera ubukuru bwiwe buri hejuru ya vyose, maze duhe abategetsi bo mu vy’intwaro icubahiro kigereranye bakwiriye. (Abaroma 13:1, 4; 1 Timoteyo 2:1, 2) Mbere n’igihe bamwebamwe bari mu nzego zo hejuru bagerageza kubuza ukuvugira ku mugaragaro ugusenga Yehova kwacu, turaronderana urweze uturyo tuba dusigaranye kugira ngo dutange ikimazi cacu c’ugushemeza.​—Abaheburayo 13:15.

19 Nta gihe na kimwe dukwiye kuba inkazi. Naho tutigera tudohoka ku ngingo ngenderwako zigororotse, turihatira kuba abagira ibitegereka. Muri ubwo buryo, abavukanyi bacu barererwa mu kubandanya ubusuku bwabo barangurira mu bihugu 234 biri hirya no hino kw’isi. Turumvira impanuro ya Paulo idusaba “kugamburukira abakuru n’abafise ubushobozi, no kubumvira, no kwitegurira igikorwa ciza cose, no kutagira uwo [tw]ambika ibara, no kutitoraguza, no kwengenga, [tw]erekana ubugwaneza bgose ku bantu bose.”​—Tito 3:1, 2.

20. Ni ivyiza ibihe bibikiwe abagaragaza ubugwaneza?

20 Hari imihezagiro myinshi ibikiwe abagaragaza ubugwaneza bose. Yezu yavuze ati: “Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi.” (Matayo 5:5) Ku bavukanyi ba Kirisitu basizwe impwemu, kuzigama ubugwaneza birabakura amazinda ko bazoronka agahimbare, bakagira n’agateka ko kuganza akarere ko kw’isi k’Ubwami. Ku vyerekeye “ishengero ryinshi” ry’“izindi ntama” na bo, barabandanya kugaragaza ubugwaneza bakaba kandi biteganye igishika ubuzima bwo mw’Iparadizo ngaha kw’isi. (Ivyahishuriwe 7:9; Yohana 10:16; Zaburi 37:11) Ese ingene ari ivyizigiro vy’igitangaza barindiriye! Nimuze rero ntitwigere dufata minenegwe ivyo Paulo yibukije Abakirisu b’i Efeso ati: “Ni co gitumye mbinginga, jewe imbohe y’Umwami wacu, ngo mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe, mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza.”​—Abanyefeso 4:1, 2, ni twe tubihiritse.

Mu gusubiramwo

• Ni imihezagiro iyihe iva ku kugaragaza ubugwaneza

• mu rugo?

• mu busuku bwo mu ndimiro?

• mw’ishengero?

• Ni ivyiza ibihe abantu b’abagwaneza basezeranirwa?

[Ifoto ku rup. 21]

Ubugwaneza burahambaye canecane mu ngo zirimwo abadasangiye idini

[Ifoto ku rup. 21]

Ubugwaneza burakomeza ubucuti bwo mu rugo

[Ifoto ku rup. 23]

Niwisigure ubigiranye ubugwaneza n’icubahiro kigera kure

[Ifoto ku rup. 24]

Uwutanga impanuro agize ubugwaneza, vyoshobora gufasha uwakosheje

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika