ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/6 rup. 9-14
  • Ivyaremwe biratangaza ubuninahazwa bw’Imana!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyaremwe biratangaza ubuninahazwa bw’Imana!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma ‘batagira ico bireguza’
  • Ikirere n’ibiri muri co biratangaza ubuninahazwa bw’Imana
  • Inyenyeri be n’amagalagisi biteye akoba
  • Isi n’ivyaremwe biri kuri yo biraninahaza Yehova
  • Ububasha bwo kurema bw’«Umuremyi w’ijuru n’isi»
    Niwiyegereze Yehova
  • Ni bande bariko baraninahaza Imana muri iki gihe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ububasha bw’Imana burabonekera mu nyenyeri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Izuba be n’imibumbe irizunguruka vyabayeho gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/6 rup. 9-14

Ivyaremwe biratangaza ubuninahazwa bw’Imana!

“Ijuru ritāngāza icubahiro c’Imana, itāzānure ryaryo rimenyekanisha igikorwa c’intoke zayo”.—ZABURI 19:1.

1, 2. (a) Ni kubera iki abantu badashobora kubona n’amaso yabo ubuninahazwa bw’Imana? (b) Ni mu buryo ubuhe ba bakuru 24 baninahaza Imana?

“NTIWORĀBA mu nyonga hanje: kuk’umuntu atondāba mu nyonga ngw abeho” (Kuvayo 33:20). Ukwo ni ko Yehova yagabishije Musa. Kubera ko abantu baremanywe umubiri udakomeye, ntibashobora kubona n’amaso yabo ubuninahazwa bw’Imana ngo babandanye kubaho. Ariko rero, intumwa Yohani yareretswe ibintu bitangaje, aho yabonye Yehova yicaye ku ntebe yiwe ininahaye.—Ivyahishuriwe 4:1-3.

2 Mu buryo butandukanye n’abantu, ibiremwa vy’impwemu vy’intahemuka vyovyo birashobora kuraba mu nyonga ha Yehova. Muri ivyo biremwa harimwo na ba “bakuru mirongwibiri na bane” Yohani yabona igihe yerekwa ivyo mw’ijuru, ari bo bagereranya bamwe 144.000 (Ivyahishuriwe 4:4; 14:1-3). None bavyifatamwo gute iyo babonye ubuninahazwa bw’Imana? Twisunze Ivyahishuriwe 4:11, baca batangaza bati: “Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’icatumye biremwa, n’uko wabigomvye”.

Igituma ‘batagira ico bireguza’

3, 4. (a) Ni kubera iki ukwizera Imana bidateye kubiri na siyansi? (b) Mu bihe bimwebimwe, ni igiki gituma abantu batemera Imana?

3 Woba uvyurirwa umutima wo kuninahaza Imana? Benshi cane mu bantu bari kw’isi ntibavyurirwa umutima wo kuyininahaza, eka mbere bamwebamwe ntibemera ko inabaho. Nk’akarorero, hari uwutohoza ivy’imibumbe umwe yanditse ati: “Imana yoba ari yo yabigiyemwo igahingura ikirere n’ibiri muri co ibitumwe n’ubuntu bwayo ku bw’ineza yacu? . . . Ni iciyumviro gihimbaye. Ariko kuri jewe, ivyo ni ubuhumvyi gusa. . . . Nta wovyitirira Imana”.

4 Ubushakashatsi bw’ivya siyansi buri n’aho butarenga: bugarukira gusa ku vyo abantu bashobora koko kubona canke gutohoza. Uretse ivyo, ibindi ni ivyo biyumvira canke batomboza gusa. Kubera yuko ‘Imana ari Impwemu’, uca wumva rero ko bitoshoboka ko umuntu aca akanagara ngo atohoze ivyayo yishimikije siyansi (Yohana 4:24). Bwoba rero ari ubwishime umuntu aretse kwizera Imana, yivugisha ngo biteye kubiri na siyansi. Umunyasiyansi yitwa Vincent Wigglesworth wo kuri kaminuza y’i Cambridge yabonye yuko ubuhinga bukoreshwa mu gutohoza ivya Siyansi ubwabwo “bushingiye ku kwizera”. Uti ivyo bishoboka gute? Arabandanya ati: “‘Buhagaze ku kuba umuntu yemera adakekeranya yuko ibintu biba mu bidukikije vyisunga ‘amategeko agenga ibiriho’”. Igihe umuntu ateye akagere ivyo kwemera Imana, ntaba none afashe ubwoko bumwe bw’ukwemera akabukaba n’ubundi? Mu bihe bimwebimwe, ukutemera Imana biboneka yuko ari ukwanka kwemera ukuri n’ibigirankana. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Umunyakibi kubg’ubgibone bgiwe [“ntarondera”, “NW”]. Ivyiyumviro vyiwe vyose bihūrira mur’iri jambo, ngo Nta Mana iriho”.—Zaburi 10:4.

5. Ni kubera iki abatemera Imana batagira ico bireguza?

5 Ariko rero, kwemera Imana si ugupfa kwizera ibitumvikana, kubera ko hariho ibimenyamenya umuyoro vyerekana yuko Imana ibaho (Abaheburayo 11:1). Uwutohoza ivy’imibumbe yitwa Allan Sandage yavuze ati: “Mbona ko ari ikintu kidashoboka na gato yuko urutonde nk’urwo [ruri mu biri mu kirere] rwoba rwapfuye kwiyadukiza. Hategerezwa kuba hariho icatumye habaho urwo rutonde. Kuri jewe Imana ni ikintu gisiga ubwenge, mugabo ni yo yokwitirirwa ca gitangaro c’ukubaho kw’ibintu, igituma ibintu biriho”. Intumwa Paulo yabwiye abakirisu b’i Roma yuko “ibitaboneka [vy’Imana], ni vyo bushobozi bgayo budashira n’ubumana bgayo, bibonwa neza, uhereye ku kuremwa kw’isi, bimenyekanishwa n’ivyo yaremye, kugira ngo [abatemera] ntibagire ico bireguza” (Abaroma 1:20). Kuva ku “kuremwa kw’isi”, na canecane kuva ku kuremwa kw’ibiremwa-bantu bifise ubwenge bishobora gutahura yuko Imana ibaho, vyaribonekeje yuko hariho Umuremyi afise ububasha bw’akaburarugero, Imana ikwiriye ko abantu bayibandako. Gutyo, abanka kwemera icese ubuninahazwa bw’Imana ntibagira ico bireguza. Ni ibimenyamenya ibihe none ivyaremwe bitanga?

Ikirere n’ibiri muri co biratangaza ubuninahazwa bw’Imana

6, 7. (a) Ibiri mu kirere bitangaza gute ubuninahazwa bw’Imana? (b) Ni kubera iki ibiri mu kirere vyarungitse ‘imigozi yo kugera’?

6 Muri Zaburi ya 19:1 hishura mu kuvuga hati: “Ijuru ritāngāza icubahiro c’Imana, itāzānure ryaryo rimenyekanisha igikorwa c’intoke zayo”. Dawidi yaratahura yuko inyenyeri be n’imibumbe vyarasira umuco mw’“itāzānure”, canke mu kirere, vyatanga ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko hariho Imana ininahaye. Abandanya ati: “Umurango uvugana n’uwundi murango urudaca, ijoro rimenyesha irindi joro ubgenge” (Zaburi 19:2). Uko bukeye uko bwije, ijuru canke ibiri mu kirere biragaragaza ubukerebutsi bw’Imana be n’ububasha bwayo bwo kurema. Ni nk’aho imvugo yo gushemeza Imana yoba iriko idudubiza iva mw’ijuru canke mu biri mu kirere.

7 Ariko rero, bisaba ko umuntu aba azi gutegera kugira ngo yumve iyo ntahe ishingwa n’ibiri mu kirere. “Nta majambo cank’ururimi biriho, ijwi ryavyo ntiryumvikana”. Yamara, intahe ibiri mu kirere bishinga ata jwi bisohoye irafise ububasha. “Umugozi ubigera ushika mw isi yose, bo n’amajambo yavyo ku mpera y’isi” (Zaburi 19:3, 4). Ni nk’aho ibiri mu kirere vyoba vyarungitse ‘imigozi yo kugera’ kugira ngo vyiyemeze neza yuko intahe bishinga ata jwi bisohoye yashitse mu mfuruka zose z’isi.

8, 9. Ni ibintu bimwebimwe bidasanzwe ibihe bivugwa ku bijanye n’izuba?

8 Ubukurikira, Dawidi aradondora ikindi gitangaza c’ivyo Yehova yaremye. Avuga ati: “Muri vyo [ni ukuvuga ibiri mu kirere] yashingiye izuba ihema, rimeze nk’umukwe asohoka ava mu nzu i we, rinezerwa nk’umunyenkomezi ryiruka mu nzira yaryo. Riturumbuka riva ku mpera y’ijuru, rikajana inzira ishika ku yindi mpera yaryo, nta kintu gihishwa indugumba yaryo”.—Zaburi 19:4-6.

9 Izuba turigereranije n’izindi nyenyeri, rifise gusa ubunini bugereranye. Yamara ni ikinyenyeri gitangaje, gituma imibumbe ikizunguruka iboneka ko ari mitoyi cane. Hari igitabu kimwe kivuga yuko izuba rifise uburemere bungana n’amatoni imiliyaridi zibiri kugwiza umuliyaridi umwe kwongera kugwiza umuliyaridi umwe (ni ukuvuga igitigiri 2 kwongerako amazero 27 canke 2.000.000.000.000.000.000.000.000.000)”, ubwo buremere bukaba bungana na 99,9 kw’ijana (99,9%) vy’uburemere bwose hamwe bw’izuba n’imibumbe irizunguruka be n’ibindi bisyo (vyose hamwe bakaba bavyita système solaire)! Ubushobozi bw’izuba bwo kwikwegerako ibintu butuma isi izunguruka izuba iri ku bilometero imiliyoni 150 uvuye kuri ryo, ntiyigere ija kure yaryo canke ngo iryegere. Agace inzatsa k’ubushuhe bw’izuba, ni ukuvuga ica kabiri c’ic’umuliyaridi c’ubushuhe rirekura, ni ko gashika kuri uyu mubumbe tubako, mugabo karahagije kugira ngo ibiri n’ubuzima bishobore kubaho.

10. (a) Ni mu buryo ki izuba ryinjira rikongera rigasohoka mw’“ihema” ryaryo? (b) Ni mu buryo nyabaki ryiruka nk’umuntu w’“umunyenkomezi”?

10 Umwanditsi wa Zaburi aravuga izuba mu mvugo ngereranyo, akerekana ko rimeze nk’umuntu w’“umunyenkomezi” yiruka avuye i buheramaso agashika i buheramaso handi ku murango, maze akaruhukira mw’“ihema” mw’ijoro. Igihe ico kinyenyeri c’ikinyenkomezi gicokeye i buheramaso, umuntu akirabiye aho ahagaze kw’isi, umenga kiba kigiye mw’“ihema” kuruhuka. Mu gitondo gisa n’igiturumbuka, gica ibibatsi “nk’umukwe asohoka ava mu nzu i we”. Kubera ko Dawidi yari umwungere, yari azi imbeho y’igikonyozi yo mw’ijoro (Itanguriro 31:40). Yaribuka ingene imishwarara y’izuba itateba kumususurutsa no gususurutsa intara n’ibimukikije. Birumvikana ko izuba ritaruhishwa rero n’“urugendo” ryagira kuva mu Buseruko gushika mu Burengero, mugabo ryari rimeze nk’umuntu w’“umunyenkomezi” yiteguriye gusubira kugira nya rugendo.

Inyenyeri be n’amagalagisi biteye akoba

11, 12. (a) Ni igiki gitangaje uravye ukuntu Bibiliya igereranya inyenyeri n’umusenyi? (b) Mu vy’ukuri ikirere kingana gute?

11 Dawidi adakoresheje ca cuma rugagamisha bita telesikope, yashobora kubona inyenyeri zishika ku bihumbi bikeyi gusa. Ariko rero, twisunze itohoza riherutse kugirwa, igitigiri c’inyenyeri ziri mu kirere zibonwa hakoreshejwe ivyuma rugagamisha vya none, ni imiliyaridi 70 kugwiza imiliyaridi 1.000, ni ukuvuga igitigiri 7 gikurikiwe n’amazero 22 (canke 70.000.000.000.000.000.000.000)! Yehova yarerekanye yuko inyenyeri ari agasenga igihe yagereranya igitigiri c’inyenyeri n’“umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga”.—Itanguriro 22:17.

12 Abahinga mu vy’imibumbe baramaze imyaka itari mike bihweza iciswe “uturere [two mu kirere] dutoduto tumeze nk’ahantu harekura umuco mugabo hasa n’ahari ibipfungu, hadatamanzutse”. Abanyasiyansi bibwiye yuko utwo “turere tudatamanzutse tw’inzinguzingu” ari ibihimba biri mu bigize igalagisi isi yacu irimwo yitwa Inzira Nyamweru. Mu 1924, barubuye yuko akarere mwene ako kamwe kari hafi kuruta utundi, ari ko bita Andromède, ubwako ari igalagisi, kakaba kari nko ku bilometero imiliyoni 18.920 kugwiza umuliyaridi (ni ukuvuga ibilometero 18.920.000.000.000.000.000) uvuye kw’isi! Ubu abanyasiyansi bagereranya yuko hariho amagalagisi amamiliyaridi arenga ijana, igalagisi imwimwe yose ikaba irimwo inyenyeri ibihumbi n’ibihumbi, canke mbere inyenyeri amamiliyaridi n’ayandi. Yamara, Yehova “aharūra inyenyeri uko zingana, zose azita amazina yazo”.—Zaburi 147:4.

13. (a) Ni ibiki bitangaje ku vyerekeye ibigwibigwi vy’inyenyeri? (b) Vyigaragaza gute yuko abanyasiyansi batazi “ivyagezwe biganza ijuru”?

13 Yehova yabajije Yobu ati: “Mbega woshobora guhambira hamwe akarundo k’inyenyeri zitwa Kilimiya, canke kubohora ingoyi z’izitwa Oriyoni?” (Yobu 38:31). Akarundo k’inyenyeri ni igitigiri c’inyenyeri zigize imero isa n’ikintu kanaka. Naho hagati y’inyenyeri n’iyindi hoba hari ikirere kinini amahanga, ibibanza zirimwo uravye ukungene zigenda zirakurikirana, biguma ari vya bindi nyene uziraba uri kw’isi. Kubera yuko ibibanza vyazo bidatirigana na gato, inyenyeri ni “ibiyobozi ngirakamaro mu vyo kugendesha amato, ku batohozamibumbe mu vyo kuyobora ibigendajuru vyabo, no mu vyo kugenekereza inyenyeri” (The Encyclopedia Americana). Yamara, nta n’umwe atahura neza ‘imigozi ihambira’ cabure ibohanije ibigwibigwi vy’inyenyeri igatuma bigumana. Vyemere, abanyasiyansi n’ubu ntibashobora kwishura ikibazo cabajijwe muri Yobu 38:33, ari co c’iki: “Mbeg’urazi ivyagezwe biganza ijuru?”.

14. Ni mu buryo ki ukuntu umuco wigabagura ari ikintu gisiga ubwenge?

14 Abanyasiyansi ntibashobora kwishura ikindi kibazo Yobu yabajijwe, ari co c’iki: “Inzira ijana ah’ibishwarara vy’umuco bitangurira n’iyihe?” (Yobu 38:24). Ico kibazo cerekeye ibishwarara canke umuco, umwanditsi umwe yacise “ikibazo c’ivya siyansi kijanye rwose n’ibihe vya none”. Kera, abafilozofe bamwebamwe b’Abagiriki bobo biyumvira yuko umuco uva mu jisho ry’umuntu. Muri ibi bihe vya vuba, abanyasiyansi biyumviriye yuko umuco ugizwe n’uduhimba dutoduto cane tutaboneka. Abandi biyumviriye yuko umuco ugenda unyororomba buyoka. Muri iki gihe, abanyasiyansi bemera yuko umuco ugenda unyororomba buyoka kandi ukaba ugizwe n’uduhimba dutoduto cane tutaboneka. Ariko n’aho nyene, ukuntu umuco umeze be n’ingene wigabagura, biracagoye gutahurika bimwe bishitse.

15. Nka kumwe kwa Dawidi, dukwiye kwumva tumerewe gute igihe twihweje ibiri mu kirere?

15 Umuntu yihweje ivyo vyose, ntabura kwumva amerewe nka Dawidi wa mwanditsi wa Zaburi, we yavuze ati: “Iyo nitegereje ijuru ryawe, igikorwa c’intoke zawe, n’ukwezi n’inyenyeri, ivyo waremye; umuntu n’iki ah[o] umwibuka, cank’umwana w’umuntu ah[o] umugendera?”.—Zaburi 8:3, 4.

Isi n’ivyaremwe biri kuri yo biraninahaza Yehova

16, 17. Ibiremwa vy’‘ibwina mu mazi’ bishemeza gute Yehova?

16 Zaburi ya 148 iradondora ubundi buryo ivyaremwe bitangazamwo ubuninahazwa bw’Imana. Ku murongo wa 7 tuhasoma ibi: “Mw isi ni mushime Uhoraho, yemwe bifi, namwe i bgina hose”. Ego cane, “i bgina” mu mazi huzuye ibintu bitangaje bishira ahabona ubukerebutsi bw’Imana be n’ububasha bwayo. Ca gifi c’ikimizi c’ubururu (ico bita baleine bleue), ugereranije gipima amatoni 120, ni ukuvuga uburemere nk’ubw’inzovu 30! Umutima waco wonyene upima ibiro birenga 450 kandi urashobora gupompa amaraso ashika ku biro 6.400 mu mubiri waco! None ivyo bimizi amahero vyo mu mazi vyoba vyikwega mu mazi kandi bikagenda nabinabi? Ihibambewe. Raporo yashikirijwe n’Umugambi w’Abanyaburaya ushinzwe gukingira ibimizi ivuga iti: “Birirasa irya n’ino mu mabahari ku bunyarutsi butangaje”. Ivyuma vyo mu kirere vyitwa satellite vyakurikiranye ingene ivyo bimizi bigenda, vyerekanye yuko “ikimizi kimwe muri ivyo cimutse mu kugenda ibilometero birenga 16.000 mu mezi 10”.

17 Ubwoko bw’ikimizi c’izuru rimeze nk’icupa (ico bita dophin souffleur) mu bisanzwe kiribira gushika ku metero 45, mugabo mwene ico kimizi kiramaze kwibira gushika no ku metero 547! None bishoboka bite ngo ico kimizi cibire gutyo ntihagire ico kiba? Igihe kiriko kiribira, umutima waco uca utera bukebuke, amaraso yaco na yo agaca akeberezwa mu mutima, mu mahaha no mu bwonko. Vyongeye, mu nyama zaco harimwo ibintu bibika umwuka uhumekwa ari wo ogisijeni. Ibimizi vyitwa élephant de mer be n’ivyitwa cachalot birashobora kwibira n’aharuta aho. Ikinyamakuru kimwe (Discover) kivuga giti: “Aho kunigana n’inguvu z’amazi, [ivyo bimizi] birareka izo nguvu zigafyonda amahaha pe”. Nyinshi mu mpemu bikenera bizibika mu nyama zavyo. Emwe, birumvikana yuko ivyo biremwa ari ikimenyamenya kiboneka c’ubukerebutsi bw’Imana ishobora vyose!

18. Amazi yo mu biyaga yerekana gute ubukerebutsi bwa Yehova?

18 Eka mbere n’amazi yo mu biyaga araserura ubukerebutsi bwa Yehova. Ikinyamakuru kimwe (Scientific American) kivuga giti: “Ima rimwerimwe ryose ry’amazi yo mu bwimbike bw’imetero 100 uvuye ku buringanire bw’ibahari, ririmwo ibimera ibihumbi n’ibihumbi vyirerembera hagati mu mazi bidashobora kubonwa n’amaso”. Ico kinyamakuru kibandanya kivuga yuko iryo “donzi ritaboneka” rityorora impemu duhema mu kuyongobeza amatoni n’amatoni y’umwuka mubi witwa gaze karubonike. Ivyo bimera ni vyo bitanga ica kabiri kirenga ca wa mwuka mwiza duhumeka witwa ogisijeni.

19. Umuriro be na shelegi bishitsa gute ukugomba kwa Yehova?

19 Muri Zaburi 148:8 havuga hati: “Namwe muriro n’urubura na shelegi n’igipfungu; nawe muyaga w’igihuhuta, ushitsa ijambo ryiwe”. Ni vyo koko, Yehova arakoresha kandi ibinyenkomezi bitagira ubuzima vyo mu bidukikije kugira ngo ashitse ukugomba kwiwe. Rimbura nk’akarorero umuriro. Mu myaka mirongo iheze, imiriro yo mu mashamba yabonwa gusa ko ari iyo kuyigiza ibintu. Abashakashatsi ubu bemera yuko umuriro urangura uruhara ruhambaye mu binyabuzima bidukikije be n’aho biba, ugakuraho ibiti bishaje canke biriko birapfa, ugatuma imbuto nyinshi zinaga, ukanagura ivyangombwa ibimera bikenera, ukanagabanya vy’ukuri impanuka z’imiriro ya Nyakanga. Shelegi (neige) na yo nyene ni ngirakamaro cane kuko ivomera isi ikongera igatuma imera, ikuzuza amazi y’inzuzi, ikongera igakingira ibiterwa n’ibikoko ubukonje burenze urugero.

20. Mbega imisozi n’ibiti bigirira akamaro abantu gute?

20 “Namwe bisozi birebire n’uturambi twose; namwe biti vyama bigatengengera, n’ibiti vy’amasederi vyose”. Ukwo ni ko muri Zaburi 148:9 higana. Ibisozi bininibinini amahero ni ikimenyamenya c’ububasha buhambaye bwa Yehova (Zaburi 65:6). Ariko kandi birarangura umugambi w’ingirakamaro. Raporo imwe yavuye ku Rwego rujejwe ivy’indondabihugu i Bern mu Busuwisi, ivuga iti: “Inzuzi nininini zose zo mw’isi zikura amasoko yazo mu misozi. Ica kabiri kirenga c’abantu baba kw’isi babeshejweho n’amazi apfutse arundaniye mu misozi. . . . Iyo ‘minara y’amazi’ ni ntahara kugira ngo abantu bamererwe neza”. Eka n’igiti gisanzwe, burya ni ubuninahazwa ku Muremyi waco. Raporo imwe yashikirijwe n’Umugambi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu witaho ibidukikije ivuga yuko ibiti “bihambaye kugira ngo abantu bo mu bihugu vyose babone kumererwa neza . . . Amoko menshi y’ibiti usanga ari n’akamaro ntangere mu vy’ubutunzi, kuko ari yo avamwo ibiti vyo kwubakisha no gukoramwo ibindi bintu, ivyamwa, ivyamwa vy’imise, uburembo be n’ibirirarira bihingurwamwo ibindi bintu. Kw’isi iyo iva ikagera, abantu imiliyaridi 2 bikora ku biti mu guteka no mu kurondera ikibasusurutsa”.

21. Sigura ukungene ibabi risanzwe ritanga ikimenyamenya c’uko rikozwe ku buhinga.

21 Ikimenyamenya c’uko hariho Umuremyi w’inkerebutsi kirabonekera mu kuntu igiti ubwaco gikoze. Rimbura nk’akarorero ibabi risanzwe. Agahande k’inyuma kariko agashishwa kagomba gusa n’agakayangana gakingira nya babi ngo ntiryume. Musi ya nya gashishwa ku ruhande rwo hejuru rw’ibabi, hariho umuganda munini w’utugingo ngengabuzima turimwo uduhimba twitwa chloroplastes. Tuno tuba turimwo ibintu bisa n’icatsi gitoto (vyitwa chlorophylle), bikaba bikwega inguvu z’umuco. Biciye ku buhinga bwitwa fotosenteze, amababi aracika “ihinguriro ry’ibifungurwa”. Amazi araduga mu mutumba w’igiti aciye mu mizi yaco, hanyuma agashika mw’ibabi aciye mu runyurangane rw’utuntu tumeze nk’uturingoti twinshi tw’igiterwa. Utwenge dutoduto cane ibihumbi n’ibihumbi tumeze nk“uturobine” (twitwa stomates) turi ku ruhande rwo munsi rw’ibabi, tuza turiyugurura twongera twiyugara, tukinjiza wa mwuka mubi witwa gaze karubonike. Umuco uratanga inguvu zituma amazi n’uwo mwuka bipoperana bigaca bitanga ibintu vy’ibifungurwa vya nya giterwa (ivyo bita hydrates de carbone). Nya giterwa rero kiraheza kigafungura imfugurwa cihinguriye. Yamara iryo “hinguriro” nta rwamo rivuza, kandi rirateye igomwe. Aho gusohora umwuka utosekaza ibidukikije, risohora umwuka mwiza riba ryahinguye, ari wo ogisijeni!

22, 23. (a) Ni ubushobozi budasanzwe ubuhe inyoni zimwezimwe be n’ibikoko bimwebimwe vy’i musozi bifise? (b) Ni ibindi bibazo ibihe dukeneye kurimbura?

22 “Namwe bikōko n’ibitungano vyose; namwe ibikwega inda hasi n’ibifise amababa”. Ukwo ni ko muri Zaburi 148:10 havuga. Ibikoko vyinshi vy’i musozi be n’ibiguruka mu kirere biragaragaza ubushobozi butangaje. Inyoni yitwa icārūzi ari yo albatross yo mw’izinga rya Laysan irashobora kuguruka ingendo ndende biteye ubwoba (igihe kimwe yarigeze kugenda ibilometero 40.000 mu misi 90 gusa). Inyoni yo mu bwoko bw’inyoni ziririmbana akajwi k’ugucura intimba (iyo bita fauvette) iragira urugendo kuva muri Amerika ya Ruguru gushika muri Amerika y’Epfo, ikaguma mu kirere mu kiringo c’amasaha arenga 80 itarahagarara. Ingamiya ntibika amazi muri kirya kidunduri co ku mugongo kimeze nk’inyonzo nk’uko benshi bavyiyumvira, ahubwo iyabika mu bihimba vy’umubiri bifasha mw’ihingurwa ry’ivyo ifungura, bigatuma ishobora kugenda igihe kirekire cane itagize umwumira. Ntibitangaje rero kubona abahinga bihweza bitonze ibikoko igihe bahingura amamashini be n’ibikoresho bishasha. Umwanditsi yitwa Gail Cleere yavuze ati: “Nimba ushaka gukora ikintu gikora neza . . . kandi gihuza neza n’ibigikikije, urashobora rwose kuzoronka akarorero keza wigana mu biriho”.

23 Vyemere, ivyaremwe biratangaza koko ubuninahazwa bw’Imana! Uhereye ku kirere cuzuye inyenyeri ugashika ku bimera no ku bikoko, kimwekimwe cose muri ivyo kirafise ukuntu gishemeza Umuremyi waco. Mugabo tuvuge iki kuri twebwe abantu? Dushobora gute kwifatanya n’ivyaremwe mu gushemeza Imana?

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki abahakana ko Imana ibaho ata co bafise bireguza?

• Inyenyeri be n’imibumbe bininahaza gute Imana?

• Ibikoko vyo mu mazi n’ivy’i musozi bitanga gute ikimenyamenya c’uko hariho Umuremyi akundana?

• Ibinyenkomezi bitagira ubuzima vyo mu bidukikije bishitsa gute ukugomba kwa Yehova?

[Ifoto ku rup. 10]

Abanyasiyansi bagereranya yuko igitigiri c’inyenyeri umuntu ashobora kubona ari 70.000.000.000.000.000.000.000!

[Abo dukesha ifoto]

Frank Zullo

[Ifoto ku rup. 12]

Ca kimizi c’izuru rimeze nk’icupa

[Ifoto ku rup. 13]

Akavunji ka shelegi

[Abo dukesha ifoto]

snowcrystals.net

[Ifoto ku rup. 13]

Inyoni yitwa icārūzi ari yo “albatross”, ikiri nto yo mw’izinga rya Laysan

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika