Yehova arahishurira ubuninahazwa bwiwe abicisha bugufi
“Ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ukwubaha Uhoraho ni zo butunzi [“be n’ubuninahazwa be n’ubuzima”, “NW”]”.—IMIGANI 22:4.
1, 2. (a) Igitabu c’Ivyakozwe cerekana gute yuko Sitefano yari ‘umuntu yuzuye ukwizera n’impwemu yera’? (b) Ni ikimenyamenya ikihe cerekana yuko Sitefano yari umuntu yicisha bugufi?
SITEFANO yari ‘umuntu yuzuye ukwizera n’impwemu yera’. N’ikindi kandi, yari “yuzuye ubuntu bg’Imana n’ubushobozi”. Kubera ko yari umwe mu bigishwa ba Yezu bo mu ntango, yarakorera mu bantu ibimenyetso be n’ibitangaza bikomeye. Igihe kimwe, hari abagabo bahagurutse kugira bamuhariririze, yamara “ntibashobora gutsinda ubgenge n[’im]pwemu bimuvugisha” (Ivyakozwe 6:5, 8-10). Biribonekeza ko Sitefano yari umuntu yiga Ijambo ry’Imana ashirutse ubute, kandi yararirwaniye bimwe bikomeye imbere y’indongozi z’idini ry’Abayuda zo mu gihe ciwe. Intahe yashinze ivuga ibintu ido n’ido, na yo ikaba yanditswe mu Vyakozwe ikigabane ca 7, iremeza ko yitwararika cane ihishurwa ry’umugambi w’Imana ryagiye riraba.
2 Aho kumera nk’izo ndongozi z’idini zo zabona ko ziruta abanyagihugu basanzwe kubera ikibanza zarimwo be n’ubumenyi zari zifise, Sitefano we yaricisha bugufi (Matayo 23:2-7; Yohana 7:49). Naho yari azi cane Ivyanditswe, yarahimbawe cane no gushingwa igikorwa co “kugaburisha ivyo ku meza” kugira ngo intumwa zishobore kwitunira ku vyo “gusenga no kugabura ijambo ry’Imana”. Sitefano yaravugwa neza mu bavukanyi, bituma acagurwa kugira abe umwe mu bagabo indwi bashimwa bokoze ico gikorwa co kugabura ku musi ku musi imfungurwa. Yaremeye ico gikorwa abigiranye ukwicisha bugufi.—Ivyakozwe 6:1-6.
3. Ni ikimenyamenya gihambaye ikihe cerekanye ubuntu bw’Imana Sitefano yagiriwe atabibereye?
3 Agatima Sitefano yari afise k’ukwicisha bugufi, gafatanije n’ukuba yari umuntu akomeye mu vy’impwemu be n’ukutadohoka kwiwe, Yehova ntiyabuze kukabona. Igihe Sitefano yariko ashinga intahe kw’isinzi ry’indongozi z’Abayuda zifise inzigo muri ya Sentare nkuru y’Abayuda, abamurwanya baciye “babona mu maso hiwe, hasa n’ah’umumarayika” (Ivyakozwe 6:15). Mu maso hiwe hasa n’ah’intwarabutumwa y’Imana, ifise amahoro ava kuri ya Mana y’ubuninahazwa, Yehova. Sitefano amaze gushinga intahe ashize amanga ku bagize Sentare nkuru y’Abayuda, yariboneye ikimenyamenya gihambaye c’ubuntu atari abereye bw’Imana. “Stefano yuzuye [im]pwemu [y]era, [yarahanze] amaso mw ijuru, abona ubgiza bg’Imana, na Yesu ahagaze i buryo bg’Imana” (Ivyakozwe 7:55). Kuri Sitefano, iryo yerekwa ritangaje ryarasubiye kwemeza ikibanza Yezu afise co kuba Umwana w’Imana be na Mesiya. Ryarakomeje uwo mugabo Sitefano yicisha bugufi ryongera rimukura amazinda yuko yari umutoni wa Yehova.
4. Ni bande Yehova ahishurira ubuninahazwa bwiwe?
4 Nk’uko ivyo Sitefano yeretswe bivyerekana, Yehova arahishurira ubuninahazwa bwiwe n’imigambi yiwe abamutinya bicisha bugufi kandi baha agaciro ubucuti bafitaniye na we. Bibiliya ivuga iti: “Ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ukwubaha Uhoraho ni zo butunzi [“be n’ubuninahazwa be n’ubuzima”, NW]” (Imigani 22:4). Birahambaye rero ko dutahura ukwicisha bugufi nyakuri ico ari co, ingene twotsimbataza iyo kamere ihambaye, be n’ingene twungukira ku kuyigaragaza mu mice yose y’ubuzima.
Ukwicisha bugufi ni kamere iva ku Mana
5, 6. (a) Ukwicisha bugufi ni iki? (b) Yehova yagaragaje gute ukwicisha bugufi? (c) Ukwicisha bugufi kwa Yehova gukwiye kugira ico gukoze gute kuri twebwe?
5 Hari abotangazwa n’uko Yehova Imana, umwe ari hejuru ya vyose kandi akaba aninahaye kuruta abandi bose mw’isi no mw’ijuru, ari we Karorero ruheta k’ukwicisha bugufi. Wa Mwami Dawidi yabwiye Yehova ati: “[Uzompa] inkinzo, ni yo gakiza kawe, ukuboko kwawe kw’i buryo ku[zo]ndamira, ukwicisha bugufi kwawe kwanshize hejuru” (Zaburi 18:35). Mu kudondora Yehova ko yicisha bugufi, Dawidi yikoze kw’ijambo ry’igiheburayo rikomokamwo ayandi risigura “kuba uwunamye”. Turetse ijambo “ukwicisha bugufi”, ayandi majambo afitaniye isano n’iryo jambo rikomokamwo ayandi ni “ukwiyorosha”, “ubugwaneza” be n’“ukwimanura”. Gutyo, Yehova yagaragaje ukwicisha bugufi igihe yiyorosha kugira akorane n’umuntu w’umunyagasembwa Dawidi akongera akamukoresha bwa mwami amuserukira. Nk’uko amajambo y’intangamarara yo kuri Zaburi ya 18 avyerekana, Yehova yarakingiye Dawidi yongera aramufata mu mugongo, “a[r]amukūra mu maboko y’abansi biwe bose, no mu ya Sauli”. Dawidi na we yari azi ko ubukuru canke ubuninahazwa ubwo ari bwo bwose yoshoboye kuba yari yarashitseko bwa mwami, bwavanye n’uko Yehova yicishije bugufi akagira ivyo akoze ku bwa Dawidi. Gutahura ivyo vyarafashije Dawidi kuguma ari umuntu yicisha bugufi.
6 Tweho bite? Yehova yarabonye ko bibereye yuko atwigisha ukuri, kandi yoshobora kuba yaraduteye uduteka tw’umurimo tudasanzwe abicishije kw’ishirahamwe ryiwe, canke ashobora kuba yaradukoresheje mu buryo bunaka kugira ashitse ivyo agomba. Ivyo vyose dukwiye kubibobona gute? Ntidukwiye none gucishwa bugufi? Ntidukwiye none gukenguruka ukwicisha bugufi kwa Yehova tukongera tukirinda kwishira hejuru, kuko vyohava koko bidukwegera akarambaraye?—Imigani 16:18; 29:23.
7, 8. (a) Ukwicisha bugufi kwa Yehova kwigaragaje gute mu vyo yagiriye Manase? (b) Ni mu buryo ubuhe Yehova na Manase badushiriyeho akarorero twokurikira mu vy’ukwicisha bugufi?
7 Yehova ntiyerekanye ukwicisha bugufi guhambaye mu gukorana n’abantu b’abanyagasebwa vyonyene, ariko kandi yarerekanye umutima ukunze wo kugirira imbabazi abiyorosha, eka mbere araduza canke arashira hejuru abicisha bugufi (Zaburi 113:4-7). Fata nk’akarorero ivya wa Mwami Manase w’Ubuyuda. Yarakoresheje nabi ikibanza kiri hejuru yari afise c’ukuba umwami mu guteza imbere ugusenga kw’ikinyoma yongera “[a]kora ibibi vyinshi imbere y’Uhoraho, bimutera umwikomo” (2 Ngoma 33:6). Amaherezo, Yehova yarahanye Manase mu kureka agakurwa ku ngoma n’umwami w’Abashuri. Manase ari mw’ibohero, “[yaringinze] Uhoraho Imana yiwe, yicisha bugufi ashika hasi” ku buryo Yehova yamusubije ku ngoma i Yeruzalemu, maze Manase araheza “amenya yuk’Uhoraho ari we Mana” (2 Ngoma 33:11-13). Vyemere, ukwicisha bugufi kwa Manase kwahavuye guhimbara Yehova, na we araheza aricisha bugufi mu kumuharira no mu kumusubiza ku ngoma akaba umwami.
8 Umutima ukunze Yehova yagize wo guharira be n’agatima Manase yagaragaje ko kwigaya, biraturonsa ivyigwa bihambaye mu vy’ukwicisha bugufi. Dukwiye kwamiza ku muzirikanyi yuko uburyo dufata aboba batubabaje be n’inyifato tugaragaza igihe ducumuye, bishobora kugira ico bikora ku kuntu Yehova adufata. Duhariye abandi n’umutima ukunze amakosa batugiriye tukongera tukemanga amakosa yacu twicishije bugufi, turashobora kwitega ko Yehova atugirira imbabazi.—Matayo 5:23, 24; 6:12.
Ubuninahazwa bw’Imana burahishurirwa abicisha bugufi
9. Kwicisha bugufi coba ari ikimenyetso c’ubugoyagoye? Sigura.
9 Ariko rero, ukwicisha bugufi be n’izindi kamere bijana, ntibikwiye gutahurwa ukutari kwo nk’aho coba ari ikimenyetso c’ubugoyagoye canke kugomba kurenza uruho rw’amazi ku kibi. Nk’uko Ivyanditswe Vyeranda bivyemeza, Yehova aricisha bugufi, yamara aragaragaza ishavu ribereye be n’ububasha buteye akoba igihe bibaye ngombwa. Kubera ko Yehova yicisha bugufi, aritwararika neza, canke akitaho mu buryo budasanzwe abiyorosha ariko akaba kure y’abanyabwibone (Zaburi 138:6). Ni gute none Yehova yagaragaje ko yitwararika mu buryo budasanzwe abasavyi biwe bicisha bugufi?
10. Ni igiki Yehova ahishurira abicisha bugufi nk’uko vyerekanwa mu 1 Ab’i Korinto 2:6-10?
10 Igihe Yehova yashinze kigeze kandi abicishije ku muhora yatoranije wo kumenyesha ibintu, yarahishuriye abicisha bugufi ibintu vy’ido n’ido bijanye n’iranguka ry’umugambi wiwe. Ivyo bintu bininayahe biguma bihishijwe abiheka n’ubwibone n’akantu ku bukerebutsi canke ivyiyumviro vy’abantu, canke abavyumirako n’akagagazo (1 Ab’i Korinto 2:6-10). Mugabo, abicisha bugufi, kubera ko bahawe ugutahura kutagira agakosa umugambi wa Yehova, baravyurirwa umutima wo kumuninahaza kubera baha agaciro ubuninahazwa bwiwe bimwe birushirije.
11. Mu kinjana ca mbere, bamwebamwe berekanye gute ko batagira ukwicisha bugufi, kandi ivyo vyabagiriye nabi gute?
11 Mu kinjana ca mbere, abenshi, harimwo na bamwebamwe bavuga ngo ni abakirisu, barerekanye ko batagira ukwicisha bugufi, maze baratsitazwa n’ivyo Paulo yabahishuriye ku bijanye n’umugambi w’Imana. Paulo yacitse “intumwa ku banyamahanga”, mugabo ntiyacitse intumwa ku banyamahanga kubera ubwenegihugu bwiwe, amashure yize, imyaka yari afise canke kubera ibikorwa vyiza yari yaranguye mu myaka itari mike (Abaroma 11:13). Akenshi, abiyumvira gusa ibintu vy’umubiri, babona ko ivyo bintu ari vyo vyerekana abo Yehova akwiye gukoresha (1 Ab’i Korinto 1:26-29; 3:1; Ab’i Kolosayi 2:18). Ariko rero, Paulo ni we Yehova yari yahisemwo, mu buryo buhuye n’ubuntu-mvarukundo bwiwe be n’umugambi wiwe ugororotse (1 Ab’i Korinto 15:8-10). Abo Paulo yadondoye ko ari “intumwa zihambaye”, be n’abandi bamurwanya, baranse kwemera Paulo be n’ivyiyumviro yashikiriza vyo mu Vyanditswe. Ukuticisha bugufi kwabo kwarababujije kumenya no gutahura uburyo buninahaye Yehova ashitsa umugambi wiwe. Nimuze ntitwigere dukengera canke twihutira gucira urubanza abo Yehova ahitamwo gukoresha kugira ashitse ivyo agomba.—2 Ab’i Korinto 11:4-6.
12. Akarorero ka Musa kerekana gute yuko Yehova atonesha abicisha bugufi?
12 Ku rundi ruhande, hariho uburorero bwinshi bwo muri Bibiliya bushira ahabona ingene abantu bicisha bugufi baterwa agateka ko kurabukwa ubuninahazwa bw’Imana. Musa, uwari “umugwaneza kurusha abantu bose”, yarabonye ubuninahazwa bw’Imana yongera aragiranira na yo ubucuti bwa somambike (Guharūra 12:3). Uwo mugabo yicisha bugufi, uwamaze imyaka 40 ari umwungere wo hasi, bikaba bishoboka cane yuko myinshi muri iyo myaka yayimaze mu gace k’isi k’Abarabu kinjira mu kiyaga, yaratoneshejwe cane n’Umuremyi mu buryo bwinshi (Kuvayo 6:12, 30). Musa ashigikiwe na Yehova, yarabaye umuvugizi w’ihanga rya Isirayeli, aba na kizigenza mu vyo kuritunganya. Yaravugana n’Imana. Biciye mw’iyerekwa, yarabonye ‘ishusho ya Yehova’ (Guharūra 12:7, 8; Kuvayo 24:10, 11). Abemeye icese uwo musuku yicisha bugufi akaba n’uwuserukira Imana na bo nyene barahezagiwe. Mu buryo nk’ubwo nyene, na twebwe tuzohezagirwa nitwemera icese kandi tukagamburukira wa mumenyeshakazoza aruta Musa, ari we Yezu, hamwe na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yagenywe na Yezu.—Matayo 24:45, 46, NW; Ivyakozwe 3:22.
13. Ubuninahazwa bwa Yehova bwahishuriwe gute abungere baciye bugufi mu kinjana ca mbere?
13 Ni bande ‘ubuninahazwa bwa Yehova bwakayanganiye’ umumalayika agaca abamenyesha inkuru nziza yerekeye ivuka ry’“Umukiza . . . [ari] we Kritso Umwami”? Ntizari za ndongozi z’idini zishira hejuru canke ngo babe ba bantu bahambaye bari bafise ibiti bikomakomeye, ahubwo bwakayanganiye abungere baciye bugufi “bārāra mu gahinga barāririye umukuku w’intungwa zabo” (Luka 2:8-11). Abo bantu ntibahabwa agaciro, kubera yuko ata buhanga bari bafise, bakaba kandi bakora igikorwa gisuzuguritse. Yamara, ni bo Yehova yazirikanye yongera arabatora kugira abe ari bo abanza kumenyesha ibijanye n’ivuka rya Mesiya. Ni vyo, Yehova arahishurira ubuninahazwa bwiwe abantu bicisha bugufi kandi batinya Imana.
14. Ni imihezagiro iyihe iva ku Mana abicisha bugufi baronka?
14 Ubwo burorero butwigisha iki? Buratwereka yuko Yehova atonesha abicisha bugufi, akaba ari na bo ahishurira ubumenyi be n’ugutahura umugambi wiwe. Ahitamwo abashobora kuba badashitsa ivyo abantu biteze maze bakaba ari bo akoresha kugira amenyeshe abandi umugambi wiwe. Ivyo bikwiye gutuma tubandanya guhanga amaso Yehova, Ijambo ry’ubuhanuzi ryiwe be n’ishirahamwe ryiwe kugira turonke ubuyobozi. Turashobora guhera amazinda yuko Yehova azobandanya kumenyesha abasavyi biwe bicisha bugufi ibijanye n’ihishurwa ry’umugambi wiwe uninahaye. Umumenyeshakazoza Amosi yavuze ati: “Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha”.—Amosi 3:7.
Nutsimbataze ukwicisha bugufi ubone gutoneshwa n’Imana
15. Ni kubera iki dutegerezwa kwita ku rutare kugira ngo tugume turi abantu bicisha bugufi, kandi ni gute ivyo bishirwa ahabona mu vyashikiye Sauli wa Mwami wa Isirayeli?
15 Kugira ngo turonke ubutoni ku Mana buramba, dutegerezwa kuguma twicisha bugufi. Umuntu yicishije bugufi mu gihe kinaka ntibisobanura yuko azoguma yicisha bugufi. Birashoboka ko areka kwicisha bugufi hanyuma agacika umunyabwishime be n’uwirata, ivyo bikaba bishikana ku bwibone no ku vyago. Sauli, wa muntu wa mbere yasîgwa kugira abe umwami wa Isirayeli, ivyo ni vyo neza na neza yakoze. Akirobanurwa, ‘yarikengereye’ (1 Samweli 15:17). Ariko rero, amaze imyaka ibiri gusa atwara, yarakoze mu buryo buranga ubwibone. Yarakengereye indinganizo Yehova yari yarashizeho yerekeye ugutanga ibimazi biciye ku muhanuzi Samweli, hanyuma aradendekeranya amajambo yo kwisigura ku vyatumye yifatira ibintu mu minwe (1 Samweli 13:1, 8-14). Iyo yabaye intango y’urukurikirane rw’ibintu vyabaye vyashize ahabona ata kwihenda yuko ata kwicisha bugufi yari afise. Ico vyavuyemwo ni uko yatswe impwemu y’Imana be n’ubutoni ku Mana, ivyo bikaba vyahavuye bimushikana ku rupfu rw’agaterasoni (1 Samweli 15:3-19, 26; 28:6; 31:4). Icigwa tuhakura kiratomoye: Dutegerezwa kwita ku rutare kugira ngo tugume turi abantu bicisha bugufi kandi bayoboka, tukarwanya ivyo kwibona ko duhambaye, gutyo tukirinda ibikorwa ivyo ari vyo vyose biranga ubwibone vyotuma tudatoneshwa na Yehova.
16. Kuzirikana ku bucuti dufitaniye na Yehova be n’ubwo dufitaniye na bagenzi bacu bishobora gute kudufasha gutsimbataza ukwicisha bugufi?
16 Naho ukwicisha bugufi kutari mu rutonde rw’ivyamwa vy’impwemu y’Imana, ni kamere iva ku Mana itegerezwa gutsimbatazwa (Ab’i Galatiya 5:22, 23; Ab’i Kolosayi 3:10, 12). Kubera yuko igira ico ihinduye ku mero y’umuzirikanyi, ni ukuvuga uburyo twibona ubwacu be n’ukuntu tubona abandi, kuyitsimbataza bisaba akigoro kavuye ku mutima. Kwiyumvira bishika kure no kuzirikana ku bucuti dufitaniye na Yehova be n’ubwo dufitaniye na bagenzi bacu, birashobora kudufasha kuguma turi abantu bicisha bugufi. Mu nyonga z’Imana, abantu b’abanyagasembwa bose bameze nk’ivyatsi bitoto bimera mu kiringo kanaka hanyuma bikuma. Abantu ni nk’uduhori mu murima (Yesaya 40:6, 7, 22). None akababi kamwe k’icatsi koba gafise imvo yo kwishima ngo ni uko ari karekare kuruta utundi tubabi? Mbega agahori kamwe koba gafise imvo yo kwiyemera ku vyerekeye ubuhanga bwako ngo ni uko gusa gashobora gutarukira kure gatoyi kurusha utundi duhori? Emwe, no kuvyiyumvira nta wovyiyumvira. Ni co gituma intumwa Paulo yibukije abakirisu bagenziwe ati: “Ni nde aguteye kwitandukanya n’abandi? Kand’ic’ufise utāhawe n’igiki? Ariko namba waragihawe, n’iki gituma wirata, nk’ūtāgihawe?” (1 Ab’i Korinto 4:7). Kuzirikana ku vyanditswe vyo muri Bibiliya nk’ivyo duhejeje kubona, birashobora kudufasha gutsimbataza no kugaragaza ukwicisha bugufi.
17. Ni igiki cafashije umumenyeshakazoza Daniyeli gutsimbataza ukwicisha bugufi, kandi ni igiki gishobora kudufasha natwe kumwigana?
17 Wa mumenyeshakazoza w’Umuheburayo Daniyeli yavuzwe ko yari “umuntu w’umukundwa cane” mu nyonga z’Imana kubera “ukwicisha bugufi” kwiwe (Daniyeli 10:11, 12). Ni igiki cafashije Daniyeli gutsimbataza ukwicisha bugufi? Ubwa mbere hoho, yariheka kuri Yehova adahemuka, akama amwitura mw’isengesho (Daniyeli 6:10, 11). Vyongeye, Daniyeli yari umuntu yiga Ijambo ry’Imana ashirutse ubute kandi avyurirwa umutima bimwe bibereye wo kugira ico akoze, ivyo bikaba vyaramufashije kuguma abona mu bwenge umugambi uninahaye w’Imana. Yaremera abikunze amakosa yiwe bwite, atari gusa amakosa y’abo mu bwoko bw’iwabo. Vyongeye, ico yitwararika gushira imbere si ubugororotsi bwiwe, ariko yitwararika gushira imbere ubugororotsi bw’Imana (Daniyeli 9:2, 5, 7). Twoba dushobora gukura icigwa ku karorero kibonekeje Daniyeli yasize tukongera tukihatira gutsimbataza no kugaragaza ukwicisha bugufi mu mice yose y’ubuzima bwacu?
18. Ni ubuninahazwa ubuhe burindiriye abicisha bugufi muri iki gihe?
18 Mu Migani 22:4 havuga hati: “Ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ukwubaha Uhoraho ni zo butunzi [“be n’ubuninahazwa be n’ubuzima”, NW]”. Vyemere, Yehova atonesha abicisha bugufi, kandi ingero bivamwo ni ubuninahazwa n’ubuzima. Asafu umwanditsi wa Zaburi amaze gusa n’uwuhevye umurimo wa Yehova mugabo mu nyuma Yehova akabogora ivyiyumviro vyiwe, uwo mwanditsi wa Zaburi yiyemereye icese abigiranye ukwicisha bugufi ati: “Uzondōngōza inama ungīriye, kandi hanyuma uz’unyakīrane [“ubuninahazwa”, NW]” (Zaburi 73:24). Bite ho kuri twebwe muri iki gihe? Ni ubuninahazwa ubuhe burindiriye abicisha bugufi? Turetse ukugiriranira na Yehova ubucuti bw’iteka kandi buhimbaye, barashobora kwitegana umushasharo kwibonera iranguka ry’aya majambo yahumetswe y’Umwami Dawidi agira ati: “Abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara”. Mgega kazoza kaninahaye!—Zaburi 37:11.
Woba uvyibuka?
• Ni mu buryo ubuhe Sitefano ari akarorero k’umuntu yicisha bugufi Yehova yahishuriye ubuninahazwa bwiwe?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova Imana yagaragaje ukwicisha bugufi?
• Ni uburorero ubuhe bwerekana yuko Yehova ahishurira ubuninahazwa bwiwe abicisha bugufi?
• Akarorero ka Daniyeli gashobora gute kudufasha gutsimbataza kamere y’ukwicisha bugufi?
[Uruzitiro ku rup. 12]
Yari ashikamye mugabo akaba uwicisha bugufi
Kuri rya hwaniro ry’intara ryo mu 1919 ryabereye i Cedar Point, i Ohio muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ryagirwa n’abatohoji ba Bibiliya (ubu bakaba bitwa Ivyabona vya Yehova), J. F. Rutherford uwari afise imyaka 50 ico gihe kandi akaba ari na we yari ahagarikiye igikorwa, yaritanze n’akanyamuneza kenshi mu vy’ukwakira abashitsi, akajana amasakoshi y’abitavye ihwaniro akongera akabaherekeza akabashikana mu vyumba vyabo vy’uburaro. Ku musi wa nyuma wa nya hwaniro, yarashwangamuje abantu 7.000 bariko bumviriza aya majambo agira ati: “Muri abaserukizi b’Umwami w’Abami akaba n’Umukama w’abakama, mumenyesha abantu . . . bwa bwami buninahaye bw’Umukama wacu”. Naho umuvukanyi Rutherford yari umuntu w’ukujijuka gushikamye, akaba yari umuntu azwi ko avugana ububasha atigera atinya kuvugira ivyo yabona ko ari ukuri, yari n’umuntu yicisha bugufi vy’ukuri imbere y’Imana, akenshi ivyo akaba yabigaragariza mu masengesho yatura mu gihe c’ugusenga kwo mu gitondo kwo muri Beteli.
[Ifoto ku rup. 9]
Sitefano, umuntu yari azi cane Ivyanditswe, yaragabuye imfungurwa abigiranye ukwicisha bugufi
[Ifoto ku rup. 10]
Ukwiyorosha kwa Manase kwarahimbaye Yehova
[Ifoto ku rup. 12]
Ni igiki catumye Daniyeli aba “umuntu w’umukundwa cane”?