ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/11 rup. 10-14
  • Yezu yaraduhaye icitegererezo co kwicisha bugufi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu yaraduhaye icitegererezo co kwicisha bugufi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “SINAHINDUKIRIYE HIRYA”
  • IGIHE YARI UMUNTU, “YARICISHIJE BUGUFI”
  • KUKO “NIYOROHEJE MU MUTIMA”
  • “UWO WESE YICISHA BUGUFI AZOSHIRWA HEJURU”
  • YEZU ‘AZOGENDERA KW’IFARASI YIWE ABURANIRE UKURI N’UKWICISHA BUGUFI’
  • “Ndicisha bugufi”
    “Ingo unkurikire”
  • Nutsimbataze ukwicisha bugufi nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yehova araha agaciro abasavyi biwe bicisha bugufi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Yehova arahishurira ubuninahazwa bwiwe abicisha bugufi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/11 rup. 10-14

Yezu yaraduhaye icitegererezo co kwicisha bugufi

“Ndabahaye icitegererezo, kugira ngo nk’uko ndabagiriye, abe ari ko namwe mugiriranira.”​—YOH. 13:15.

WOKWISHURA GUTE?

  • Umwana w’Imana yagaragaje gute ukwicisha bugufi igihe atari bwabe umuntu nkatwe?

  • Igihe Yezu yari umuntu nkatwe yagaragaje gute ukwicisha bugufi?

  • Ni ivyiza ibihe vyavuye ku ngendo ya Yezu y’ukwicisha bugufi?

1, 2. Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze ng’aha kw’isi, ni icigwa kiboneka ikihe yigishije intumwa ziwe?

NI MW’IJORO rya nyuma Yezu amara ng’aha kw’isi, akaba ari kumwe n’intumwa ziwe mu cumba co hejuru c’inzu imwe y’i Yeruzalemu. Mu gihe bariko barihereza imfungurwa zo ku mugoroba, Yezu arahaguruka agakura impuzu ziwe zo hejuru. Arakenyera igitambara. Aca ashira amazi mw’ibesani agatangura kwoza ibirenge vy’abigishwa no kuvyumutsa akoresheje nya gitambara. Araheza agasubira kwambara za mpuzu ziwe zo hejuru. Ni kubera iki Yezu yakoze ico gikorwa giciye bugufi?​—Yoh. 13:3-5.

2 Yezu ubwiwe yasiguye ati: “Murazi ico ndabagiriye? . . . Nimba . . . jewe, naho ndi Umukama n’Umwigisha, ndabogeje ibirenge, na mwebwe mubwirizwa kwozanya ibirenge. Kuko ndabahaye icitegererezo, kugira ngo nk’uko ndabagiriye, abe ari ko namwe mugiriranira.” (Yoh. 13:12-15) Mu kwemera gukora ico gikorwa giciye bugufi, Yezu yarahaye intumwa ziwe icigwa kiboneka batokwigeze bibagira kandi cobaremesheje kwicisha bugufi mu misi yokurikiye.

3. (a) Yezu yashimitse gute kabiri kose ku kamaro ko kwicisha bugufi? (b) Ni ibiki turimbura muri iki kiganiro?

3 Igihe Yezu yoza ibirenge intumwa ziwe, ntiryari ryo rya mbere ashira ahabona agaciro ko kwicisha bugufi. Imbere y’aho, igihe bamwebamwe mu ntumwa ziwe bagaragaza agatima ko guhiganwa, Yezu yaricaritse iruhande yiwe umwana mutoyi, maze ababwira ati: “Uwo wese yakiriye uyu mwana mutoyi mw’izina ryanje, na jewe aba anyakiriye, kandi uwo wese anyakiriye aba yakiriye n’uwantumye. Kuko uwigenza nk’umuto muri mwebwe mwese ari we mukuru.” (Luka 9:46-48) Kubera ko Yezu yari azi yuko Abafarizayo barondera kuba abahambaye, mu nyuma yaravuze mu busuku bwiwe ati: “Umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru.” (Luka 14:11) Biragaragara yuko Yezu yipfuza ko abayoboke biwe bicisha bugufi, ni ukuvuga biyorosha mu muzirikanyi kandi ntibagire ubwibone n’ukwishira hejuru. Dufise intumbero yo kumwigana, nimuze dusuzume twitonze akarorero kiwe ko kwicisha bugufi. Turaza kandi kubona ukuntu iyo kamere itagirira akamaro gusa uwuyigaragaza ariko kandi ko ikagirira abayigaragarijwe.

“SINAHINDUKIRIYE HIRYA”

4. Umwana w’ikinege w’Imana yagaragaje gute ukwicisha bugufi igihe atari bwabe umuntu nkatwe?

4 Umwana w’ikinege w’Imana yaragaragaje ukwicisha bugufi n’imbere y’uko aza kw’isi. Yezu ataraba umuntu nkatwe, yaramaranye na Se wiwe wo mw’ijuru imyaka idaharurika. Igitabu co muri Bibiliya ca Yesaya kiragira ico kivuze ku bucuti somambike uwo Mwana yari afitaniye na Se, giti: “Umukama Segaba Yehova ubwiwe yampaye ururimi rw’abigishijwe, ngo menye ingene nishurisha ijambo uwurushe. Ankangura uko bukeye; ugutwi kwanje agukangurira kwumva nk’abigishijwe. Umukama Segaba Yehova ubwiwe yuguruye ugutwi kwanje, nanje sinagarariza. Kandi sinahindukiriye hirya.” (Yes. 50:4, 5) Uwo Mwana w’Imana yaragaragaza agatima ko kwicisha bugufi akongera agatega yompi ivyo Yehova yamwigisha. Yari ashashaye kugira ico yigiye ku Mana y’ukuri. Ese ukuntu Yezu ategerezwa kuba yarihweza yitonze akarorero ko kwicisha bugufi Yehova yatanga mu kugaragariza imbabazi abantu b’abacumuzi!

5. Igihe Yezu yari Mikaheli wa mumarayika mukuru, yatanze gute akarorero ko kwicisha bugufi no kwifata ruto mu kuntu yafashe Shetani?

5 Si ibiremwa vyose vyo mw’ijuru vyari bifise agatima nk’ak’Umwana w’ikinege w’Imana. Umumarayika yahavuye aba Shetani wa Mubesheranyi, aho kwipfuza kugira ico yigiye kuri Yehova, yarirekeranye aratwarwa na kamere itandukanye n’ukwicisha bugufi, iyo na yo ikaba ari ukwigira agahambaye n’ubwibone, maze aragarariza koko Yehova. Yezu wewe yaramarwa ipfa n’ikibanza yarimwo mw’ijuru kandi ntiyarondera gukoresha nabi ubukuru bwiwe. Naho Yezu yari Mikaheli umumarayika mukuru, ntiyakoze ivyo adafitiye uburenganzira igihe yagiranira ‘amatati na Shetani ku vyerekeye ikiziga ca Musa.’ Ahubwo nyabuna, uwo Mwana w’Imana yaragaragaje ukwicisha bugufi n’ukwifata ruto. Yarahimbarwa no kureka Yehova, we Mucamanza Ruheta w’ibiriho vyose, ngo abe ari we atunganya ibintu mu buryo abona ko bubereye no ku gihe kibereye.​—Soma Yuda 9.

6. Yezu yagaragaje gute ukwicisha bugufi mu kwemera igikorwa co kuba Mesiya?

6 Nta gukeka ko mu bintu Yezu yize igihe atari bwabe umuntu nkatwe harimwo ubuhanuzi bwavuga ibintu vy’ido n’ido vyomushikiye kw’isi ari Mesiya. Ategerezwa rero kuba yari asanzwe azi yuko yari gushikirwa n’ibintu bibabaje. Yamara, Yezu yaremeye igikorwa yashinzwe co kuba kw’isi no gupfa ari Mesiya yasezeranywe. Kubera iki? Mu kwerekana ukwicisha bugufi kw’uwo Mwana w’ikinege w’Imana, intumwa Paulo yanditse ati: “Naho yari ameze nk’Imana, ntiyiyumviriye kunyaga ubukuru, ngo arondere kungana n’Imana. Oya, ahubwo yarahevye vyose amera nk’umushumba, acika uwusa n’abantu.”​—Flp. 2:6, 7.

IGIHE YARI UMUNTU, “YARICISHIJE BUGUFI”

7, 8. Ni mu buryo ubuhe Yezu yagaragaje ukwicisha bugufi igihe yari akiri umwana no mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi?

7 Paulo yanditse ati: “Igihe [Yezu] yasanga ameze nk’umuntu, yaricishije bugufi, aragamburuka gushika no ku rupfu, egome, urupfu rwo ku giti co kubabarizwako.” (Flp. 2:8) Kuva Yezu akiri umwana, yaradusigiye akarorero ko kwicisha bugufi. Naho yarezwe n’abavyeyi b’abanyagasembwa Yozefu na Mariya, ‘yagumye abayobokera’ yicishije bugufi. (Luka 2:51) Ese ukuntu ako ari akarorero keza ku bakiri bato, bano bakaba bazohezagirwa n’Imana kubera ko bayobokera abavyeyi babo babigiranye umutima ukunze!

8 Yezu amaze gukura, yaragaragaje ukwicisha bugufi mu gushira imbere ivyo gukora ukugomba kw’Imana, aho gushira imbere ukwiwe. (Yoh. 4:34) Mu busuku bwiwe, Yezu Kristu yarakoresha izina ry’uruharo ry’Imana agafasha abantu b’imitima nziraburyarya kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye kamere za Yehova be n’umugambi afitiye abantu. Yabaho kandi ahuza n’ivyo yigisha ku vyerekeye Yehova. Nk’akarorero muri rya sengesho ry’akarorero, ikintu ca mbere Yezu yavuze cari iki: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.” (Mat. 6:9) Gutyo Yezu yarigishije abayoboke biwe kwitwararika canecane ukwezwa kw’izina rya Yehova. We ubwiwe yabaho muri ubwo buryo. Ubusuku bwa Yezu bwo kw’isi buri mu kurangira, yarashoboye kubwira Yehova mw’isengesho ati: “[Naramenyesheje intumwa] izina ryawe, kandi nzorimenyekanisha.” (Yoh. 17:26) Vyongeye, mu busuku bwa Yezu bwose, ivyo yaranguye kw’isi yavyitiriye Yehova.​—Yoh. 5:19.

9. Ni ibiki Zekariya yavuze mu buhanuzi bwerekeye Mesiya, kandi Yezu yabishikije gute?

9 Ku vyerekeye Mesiya, Zekariya yanditse ubuhanuzi bugira buti: “Nezerwa cane, wa mukobwa wa Siyoni! Niwihe akaruru k’intsinzi, wa mukobwa wa Yeruzalemu! Raba! Umwami wawe araje kuri wewe. Aragororotse kandi ni nyen’intsinzi; aricisha bugufi, kandi agendera ku ndogobwa, egome, ku gitungwa gikuze kivuka ku ndogobwa y’ingore.” (Zek. 9:9) Ivyo vyarangutse igihe Yezu yinjira i Yeruzalemu imbere ya Pasika mu mwaka wa 33 G.C. Abantu isinzi barashashe mu nzira impuzu zabo zo hejuru n’amashami y’ibiti. Mu vy’ukuri, igisagara cose caragiye mu ruyogoyogo igihe yacinjiramwo. N’igihe nyene Yezu yavugirizwa impundu nk’Umwami, yaricishije bugufi.​—Mat. 21:4-11.

10. Kuba Yezu yaragamburutse n’umutima ukunze gushika ku rupfu vyagaragaje iki?

10 Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yaragaragaje ukwicisha bugufi n’ukugamburuka gushika apfiriye ku giti co kubabarizwako. Yarerekanye mu buryo butagiramwo amakenga ko abantu bashobora kuguma ari intahemuka kuri Yehova n’igihe nyene bageragejwe mu buryo bukomeye. Yezu yarerekanye kandi yuko Shetani yabeshe mu kuvuga yuko abantu bakorera Yehova babitumwe n’ubwikunzi. (Yobu 1:9-11; 2:4) Kuba Kristu yagumanye ugutungana kutagira agahaze vyarashigikiye kandi ko Yehova ari we afise uburenganzira bwo kuba Segaba w’ibiriho vyose be n’uko abikwiriye. Nta gukeka ko Yehova yahimbawe igihe yihweza ukudahemuka kutanyiganyiga kw’uwo Mwana wiwe yicisha bugufi.​—Soma Imigani 27:11.

11. Inkuka y’incungu ya Yezu Kristu yatumye abantu bemera bagira ivyizigiro ibihe?

11 Mu gupfira ku giti co kubabarizwako, Yezu kandi yararihiye abantu incungu. (Mat. 20:28) Ivyo vyatumye abantu b’abacumuzi baronka akaryo ko kubaho ibihe bidahera vyongera birashitsa ivyo ubugororotsi busaba. Paulo yanditse ati: “Abantu b’uburyo bwose bitwa abagororotsi ku bw’ubuzima bivuye ku gikorwa kimwe c’ukuregurwa.” (Rom. 5:18) Urupfu rwa Yezu rwatumye abakirisu barobanujwe impwemu bagira icizigiro c’ubuzima budapfa mw’ijuru, abagize “izindi ntama” na bo bagira icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera.​—Yoh. 10:16; Rom. 8:16, 17.

KUKO “NIYOROHEJE MU MUTIMA”

12. Yezu yagaragaje gute ubwitonzi n’ukwicisha bugufi mu kuntu yafata abantu b’abanyagasembwa?

12 Yezu yateye akamo “abacumukura n’abaremerewe” bose ngo baze kuri we. Yavuze ati: “Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzokwumva muruhuriwe.” (Mat. 11:28, 29) Kamere yo kwicisha bugufi n’iy’ubwitonzi zatumye Yezu aba umunyabuntu n’uwutagira nkunzi mu kuntu yafata abantu b’abanyagasembwa. Yitega ku bigishwa biwe ibintu bitegereka. Yezu yarabakeza akanabaremesha. Ntiyatuma biyumvamwo yuko ata co bashoboye canke ko ata co bamaze. Nta gukeka ko Yezu ataryagagura abandi canke ngo abahahaze. Ahubwo riho, yakuye amazinda abayoboke biwe yuko bamwiyegereje kandi bagakurikiza inyigisho ziwe, boruhuriwe, kuko ingǒgo yiwe yari yoroshe n’umutwaro wiwe ukaba wari uhwahutse. Baba abagabo canke abagore, abakuze canke abakiri bato, bose barumva bisanze igihe baba bari kumwe na we.​—Mat. 11:30.

13. Yezu yagaragarije gute impuhwe abigorewe?

13 Igihe Yezu yifatanya n’abantu baciye bugufi bo muri Isirayeli, yarabagirira impuhwe kubera ko bari barigorewe, akongera akitwararikana urukundo ivyo bakeneye. Hafi ya Yeriko, yarahuye n’umusezi w’impumyi yitwa Barutimayo be n’iyindi mpumyi bari kumwe itavuzwe izina. Barasavye bakobeje Yezu ngo abafashe, mugabo isinzi ribahimiriza ribakarira ngo bacereze. Ese ukuntu vyari kworoha ko yihoza ukwo gutakamba kw’izo mpumyi! Aho kubigenza gutyo, Yezu yasavye ko bazimuzanira, maze zimuteye ikigongwe arazihumura. Egome, Yezu yarigana Se wiwe Yehova mu kugaragaza ukwicisha bugufi no mu kugaragariza imbabazi abacumuzi baciye bugufi.​—Mat. 20:29-34; Mrk. 10:46-52.

“UWO WESE YICISHA BUGUFI AZOSHIRWA HEJURU”

14. Ni ivyiza ibihe vyavuye ku ngendo ya Yezu yo kwicisha bugufi?

14 Ukwicisha bugufi Yezu yagaragaje kwaravamwo umunezero n’ivyiza vyinshi. Yehova yaranezerewe igihe yabona Umwana wiwe mukundwa amuyobokera yicishije bugufi. Intumwa n’abigishwa bararuhuriwe n’ubwitonzi bwa Yezu be n’ukwiyorosha kwiwe kwo mu mutima. Akarorero kiwe, inyigisho ziwe be n’ukuntu yabakeza abigiranye igishika vyarabavyuriye umutima wo gutera imbere mu vy’impwemu. Abantu baciye bugufi barungukiye ku kwicisha bugufi kwa Yezu kubera ko yabafasha, akabigisha akanabaremesha. Mu vy’ukuri, abantu bose bacunguwe bazokwironkera ivyiza vy’igihe kirekire biva ku nkuka y’incungu ya Yezu.

15. Yezu yungukiye gute ku kwicisha bugufi kwiwe?

15 Tuvuge iki ku bijanye na Yezu? Yoba yarungukiye ku kwicisha bugufi kwiwe? Egome, kuko yabwiye abigishwa biwe ati: “Uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru.” (Mat. 23:12) Ukwo nyene ni ko vyamugendeye. Paulo asigura ati: “Imana [yaradugije Yezu i]mushira mu kibanza co hejuru cane, [imuha] n’umutima ukunze izina riri hejuru y’ayandi mazina yose, kugira ngo mw’izina rya Yezu ivi ryose ripfunywe, ry’abari mw’ijuru n’abari kw’isi n’abari munsi y’ivu, no kugira ngo ururimi rwose rwemange icese yuko Yezu Kristu ari Umukama ku bw’ubuninahazwa bw’Imana ari yo Data.” Kubera ko Yezu yicishije bugufi akongera akaba umwizigirwa igihe yari kw’isi, Yehova Imana yarashize hejuru uwo Mwana wiwe, amuha ubukuru ku vyaremwe vyo mw’ijuru no kw’isi.​—Flp. 2:9-11.

YEZU ‘AZOGENDERA KW’IFARASI YIWE ABURANIRE UKURI N’UKWICISHA BUGUFI’

16. Ni igiki cerekana ko ibikorwa vy’Umwana w’Imana bizobandanya kurangwa n’ukwicisha bugufi?

16 Ibikorwa vy’Umwana w’Imana bizobandanya kurangwa n’ukwicisha bugufi. Mu kuvuga imbere y’igihe ingene Yezu azorwanya abansi biwe ari mu kibanza co mw’ijuru kiri hejuru, umwanditsi w’amazaburi yaririmvye ati: “Mu bwiza bwawe bwakaka, bandanya ugana ku kuroranirwa; gendera kw’ifarasi yawe uburanire ukuri n’ukwicisha bugufi be n’ubugororotsi.” (Zab. 45:4) Kuri Harumagedoni, Yezu azogendera kw’ifarasi yiwe aburanire ukuri n’ubugororotsi hamwe n’ukwicisha bugufi. Vyongeye, bizogenda gute ku mpera ya ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi igihe Umwami Mesiya azoba “[yahinduye] ubusa intwaro zose n’ububasha bwose n’ubushobozi bwose”? Yoba azogaragaza ukwicisha bugufi? Egome, kuko “azoshikiriza ubwami Imana yiwe ari yo Se.”​—Soma 1 Abakorinto 15:24-28.

17, 18. (a) Ni kubera iki bihambaye ko abasavyi ba Yehova bakurikiza icitegererezo Yezu yatanze co kwicisha bugufi? (b) Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

17 Bite ho ku bitwerekeye? Twoba tuzokurikiza icitegererezo twasigiwe n’umwe Karorero wacu maze tukagaragaza ukwicisha bugufi? Bizotugendera gute Umwami Yezu Kristu niyaza gushitsa urubanza kuri Harumagedoni? Ivyo aburanira birerekana ko azorokora gusa abicisha bugufi n’abagororotsi. Kugira ngo turokoke rero birahambaye ko dutsimbataza ukwicisha bugufi. Vyongeye, nka kurya nyene Yezu Kristu ubwiwe hamwe n’abandi bungukiye ku ngendo yiwe yo kwicisha bugufi, ni ko n’ukwicisha bugufi kwacu kuzotwungura mu buryo butandukanye.

18 Ni igiki codufasha gukurikiza icitegererezo Yezu yatanze co kwicisha bugufi? Twokwihatira gute kwicisha bugufi naho twoshikirwa n’ingorane? Ivyo bibazo bizorimburwa mu kiganiro gikurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika