ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/3 rup. 4-7
  • Ivyiza biva ku kwuzura n’abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyiza biva ku kwuzura n’abandi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwihatire kwuzura n’abandi
  • Ingene twotsinda intambamyi
  • Gira ibihushanye n’ubwibone
  • Inkurikizi z’Ubwibone—Woba Uzi Ukuntu Zikomeye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Woshobora Gute Kwerekana Ukwicisha Bugufi Nyakuri?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Nutsimbataze ukwicisha bugufi nyakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • ‘Nimwambare ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/3 rup. 4-7

Ivyiza biva ku kwuzura n’abandi

EDWARD yari ku mpfiro, Bill na we akaba yaramwanka. Imyaka nka mirongo ibiri imbere y’aho, Edward yari yarakoze ikintu catumye Bill akurwa mu kazi, bica bituma abo bantu bahoze ari abagenzi somambike bankana urunuka. Ico gihe Edward yaragerageje gusaba ikigongwe kugira ngo yipfire amarembe, ariko Bill aranka kumwumviriza.

Inyuma y’imyaka 30, ico gihe Bill akaba yagira apfe, yarasiguye igituma atagiriye ikigongwe Edward. Yavuze ati: “Ivyo Edward yakoze ntiyari akwiye kubigirira umugenzi wiwe pfampfe nkanje. Jewe gusa numvise ntashaka gusubiza hamwe na we inyuma y’imyaka mirongo ibiri. . . . Nshobora kuba nagize nabi, mugabo ukwo ni ko nabibona”a.

Ukutumvikana hagati y’abantu ntigukunze guhera mu buryo bubabaje gutyo, ariko akatari gake gusiga mu bantu umubabaro n’umujinya. Fata nk’akarorero umuntu yiyumva nka Edward. Amaze kubona yuko ikintu yakoze catumye haba ingorane, umuntu nk’uwo ashobora guca abaho ijwi ryiwe ryo mu mutima rimwagiriza ikibi kandi akaguma yumva ko hari ikintu kinini abuze. Ariko rero, arumva ababaye igihe yiyumviriye ingene umugenzi wiwe yababaye yashiburiye kure ubugenzi bwabo nk’akanuka.

Ariko rero umuntu abona ibintu nka Bill wewe, abona yuko yahowe ubusa kandi arashobora kugira umururazi be n’inzigo bimwe bishika kure. Kuri we, uwahoze ari umugenzi wiwe ntaba yaguye mw’isanganya, bikaba rero bishoboka yuko yamubabaje n’ibigirankana. Akenshi, iyo abantu babiri batumvikana, umwe wese yiyumvira atibesha yuko yera, uwundi akaba ari we agerekwako amakosa yose. Gutyo rero, abahoze ari abagenzi ni nk’aho baba bari mu ntambara.

Babandanya kurwana binumiye, umwe apfuye guseruka uwundi agaca ashingura ikirenge, bakirengagizanya igihe bari mu bandi. Iyo bari kure na kure, barabana indenzerenzi canke bagaterana igitsure n’urwanko n’akantu. Iyo bagize ngo baravugana na ho, usanga ari ukuryagagurana canke uguterana ibitutsi bisogota nk’imbugita.

Ariko rero, naho womengo ntibahuza na gato, hari ibintu bimwebimwe usanga babona kumwe. Bashobora kuba bemera icese yuko bari n’ingorane zikomeye be n’uko kuvavanura n’umugenzi pfampfe ari ikintu kibabaje. Umwe wese muri bo ashobora kuba yumva uburibwe bw’ico gisebe kiriko kirabora, kandi bompi bakaba bazi yuko babwirizwa kugira ico bakoze kugira gikire. None ni nde azotera intambwe ya mbere yo gusubizaho ubwo bucuti bwatosekaye, gutyo agasubiza hamwe na mugenziwe? Nta n’umwe ashaka gutangura.

Intumwa za Yezu Kirisitu zarigeze guharira n’inkungugu iratuma, ubu hakaba haciye nk’imyaka 2.000 (Mariko 10:35-41; Luka 9:46; 22:24). Inyuma y’umwe uri iyo mihazuko yabo, Yezu yababajije ati: “Mwāhārīra ibiki mu nzira?”. Kubera yuko bari bishwe n’ibimaramare, nta n’umwe yishuye (Mariko 9:33, 34). Inyigisho za Yezu zarabafashije gusubiza hamwe. Impanuro yatanze be n’izatanzwe na bamwe mu bigishwa biwe, ziracafasha abantu gutorera umuti amatati no gusubizaho ubucuti bwatosekaye. Reka turabe ingene ivyo bishoboka.

Niwihatire kwuzura n’abandi

“Sinshaka kuvugana na we. Sinshaka gusubira kumubona”. Nimba hari uwo umaze kuvugako amajambo nk’ayo, urakwiye kugira ico ukoze, nk’uko amajambo yo muri Bibiliya akurikira avyerekana.

Yezu yigishije ati: “Ni wajana ishikanwa ryawe ku gicaniro, ukahībukira ko har’ico upfa na mugenzawe, usige ishikanwa ryawe imbere y’igicaniro, ubanze ugende wikiranure na mugenzawe” (Matayo 5:23, 24). Yavuze kandi ati: “Mugenzawe ni yakugirira nabi, ugende umuhishuke mwiherereye” (Matayo 18:15). Yaba ari wewe wababaje umuntu canke ari uwundi yakubabaje, amajambo ya Yezu arashimika ku vy’uko wewe ukwiye kuja kuyaga ivy’iyo ngorane n’uwo wundi muntu udatebaganye. Ivyo ukwiye kubigirana “umutima w’ubugwaneza” (Ab’i Galatiya 6:1). Intumbero y’ico kiyago si iyo gutuma uguma uboneka neza mu kwisigura canke mu guhatira uwo mwatase gusaba imbabazi, ahubwo ni iyo kwuzura na we. None iyo mpanuro yo muri Bibiliya yoba ari ngirakamaro?

Uwitwa Ernest ni umuhagarikizi w’akazi mu biro bininib. Haraheze imyaka myinshi akazi kiwe kamusaba gutorera umuti ibibazo bisaba ubwitonzi agiranira n’abantu batandukanye, be no kuguma akorana neza na bo. Yariboneye ingene amatati ashobora kwaduka bitagoranye. Avuga ati: “Bihora bishika nkagiranira ingorane n’abandi. Mugabo iyo bishitse, nca nicarana n’umuntu twagiriraniye ingorane maze tukayaga ivyayo. Ndabatumbera, nkabaturukira mfise intumbero yo kwuzura na bo. Vyama bigenda neza”.

Uwitwa Alicia afise abagenzi baturuka mu mico kama itandukanye. Avuga ati: “Hari aho mvuga ikintu, mu nyuma nkicura ko nshobora kuba hari uwo nababaje. Nca ngenda nkamusaba ikigongwe. Nshobora kuba nsaba ikigongwe kenshi kuruta uko nategerezwa kugisaba kubera yuko n’igihe nyene uwo wundi muntu ataba yababaye, umutima wanje uca utekana. Nca menya yuko atantahuye ukutari kwo”.

Ingene twotsinda intambamyi

Ariko rero, hariho intambamyi zikunze kuzibira inzira ijana ku gusubiza hamwe igihe abantu batase. Vyoba biragushikira ukavuga uti: “Kubera iki ari je notangura kurondera kwuzura na we? Si we yabitumye?”. Canke woba uraja kuraba umuntu kugira mwikiranure, ukaza wumva akubwiye ngo: “Ndakwisavye”? Hari abantu bamwebamwe bishura gutyo bitumwe n’akababaro ko mu mutima. Mu Migani 18:19 havuga hati: “Uwo muvukana iy’umukomeretseko bigora kumugarura kurusha kunesha igisagara gikomeye, kand’ibitāti ben’ivyo bimeze nk’ibihindizo vyugara inzu y’igihome”. Ntiwirengagize rero ingene uwo wundi muntu yiyumva. Nimba akwamiriye kure, rindira gatoyi, hanyuma usubire kugerageza. Hari aho ico “gisagara gikomeye” cokwuguruka, ivyo “bihindizo” vyugaye umuryango ujana ku gusubiza hamwe na vyo bikavaho.

Iyindi ntambamyi ituma gusubiza hamwe bigorana ishobora kuba ijanye n’icubahiro c’umuntu. Ku bantu bamwebamwe, gusaba ikigongwe canke mbere kuvugana n’uwo batase, babona ko ari ukwisuzuguza. Ego ni ko, kwitwararika icubahiro cawe birabereye. Ariko none, kwanka gusubiza hamwe n’abandi vyoba vyongereza icubahiro cawe canke birakigabanya? Ubwo ubwibone si bwo bwoba bwihishije muri ukwo kwitwararika icubahiro cawe?

Umwanditsi wa Bibiliya ari we Yakobo arerekana yuko agatima k’amahane gafitaniye isano n’ubwibone. Ahejeje gushira ku kabarore “intambara” be n’“imitongano” biba hagati y’abakirisu bamwebamwe, abandanya ati: “Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu” (Yakobo 4:1-3, 6). None ubwibone bugeramira gute ukwuzura n’abandi?

Ubwibone burahenda abantu, bugatuma biyumvira yuko baruta abandi. Abanyabwibone biyumvira yuko bafise uburenganzira bwo gucira abandi urubanza rw’uko ari beza canke babi. Uti gute? Iyo havyutse ukutumvikana, akenshi babona yuko abo batase badashobora guhinduka. Ubwibone butuma abantu bamwebamwe babona yuko abo batavuga rumwe ari abo kwirengagizwa, bakaba rero badakwiye gusabwa ikigongwe. Ku bw’ivyo, abayoborwa n’ubwibone akenshi usanga bareka amatati akabandanya aho kuyatorera umuti mu buryo bubereye.

Nka kurya kw’ikintu gitambitse mw’ibarabara kibuza imiduga kurengana, ni ko n’ubwibone kenshi butangira intambwe zishikana ku kwuzura n’abandi. Nimba rero usanze uriko uratangira utwigoro two kwuzura n’uwundi muntu, hari aho woba uriko uranyinyana n’ubwibone. None ubwibone wobutsinda gute? Wobutsinda mu gutsimbataza igihushane cabwo, ni ukuvuga ukwicisha bugufi.

Gira ibihushanye n’ubwibone

Bibiliya irahayagiza cane ukwicisha bugufi. Igira iti: “Ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ukwubaha Uhoraho ni zo butunzi n’icubahiro n’ubu[zima]” (Imigani 22:4). Muri Zaburi 138:6, haratwereka ingene Imana ibona abantu bicisha bugufi hamwe n’abibona. Hagira hati: “Nah’Uhoraho ahambaye, ashira umutima ku [“wicisha bugufi”, NW], arikw abībone abamenyera kure”.

Abantu benshi babona yuko ukwicisha bugufi ari co kimwe n’ugukengerwa. Abatware bo mw’isi basa n’ababona ibintu muri ubwo buryo. Naho amahanga uko angana ayobokera indongozi zo mu vya politike, izo ndongozi ntizubahuka kwemera amakosa yazo zicishije bugufi. Kwumva umutegetsi avuze ngo “ndasavye ikigongwe”, ni ikintu c’imbonekarimwe. Ejo bundi, igihe umushingantahe umwe yahoze ari umutegetsi yasaba ikigongwe kubera atakoze ico yabwirizwa gukora ku bijanye n’icago cihaye inkumbi, amajambo yiwe yaravuzwe cane mu makuru.

Ukwicisha bugufi ni ukwifata ruto, kikaba ari igihushane c’ubwibone canke ubwishime. Rero, ukwicisha bugufi kwerekeza ku kuntu umuntu ubwiwe yibona, ntikwerekeza ku kuntu abandi bamubona. Iyo umuntu yemeye amakosa yakoze abigiranye ukwicisha bugufi agaheza agasaba ikigongwe bivuye ku mutima, ntibimusuzuguza; ahubwo nyabuna bituma arushiriza kugira izina ryiza. Bibiliya ivuga iti: “Uwishira hejuru mu mutima, agatikizo azogasanga imbere, kand’ukwicisha bugufi kuzosanga imbere icubahiro”.​—Imigani 18:12.

Ku biraba abanyapolitike badasaba ikigongwe ku bw’amakosa bakoze, umuntu umwe yihweza utuntu n’utundi yavuze ati: “Ikibabaje ni uko umengo biyumvira yuko ukwemera ikosa ari ikimenyetso c’ubugoyagoye. Abantu bagoyagoya kandi bikengera ni gake cane bavuga ngo ‘Ngirira ikigongwe’. Abantu batadadaza kandi b’abarindutsi ni bo batumva bakengeretse mu kuvuga ngo ‘Nihenze’”. Ni ukwo nyene bimeze no ku badafise ububasha mu vya politike. Iyo umuntu agize akigoro kugira ngo ubwibone abusubirize ukwicisha bugufi, gusubiza hamwe n’uwo batase birarushiriza kworoha. Raba ingene umuryango umwe wiboneye yuko ivyo ari ukuri.

Ugutahura nabi ibintu kwatumye imitsi iranda hagati ya Julie na musazawe William. William yarashavuriye cane Julie n’umugabo wiwe Joseph, gushika n’aho afata ingingo yo kuvavanura na bo. Yaranasubije Julie na Joseph ingabirano zose bari bagiye baramuha uko imyaka yagiye irarengana. Uko amezi yagiye arahaca, umururazi wagiye urasubirira igishika cari hagati y’uwo gishiki na gisaza.

Ariko rero, Joseph yahisemwo gushira mu ngiro ibivugwa muri Matayo 5:23, 24. Yaragerageje kwegera muramuwe abigiranye ubugwaneza yongera aramurungikira amakete amusaba ikigongwe kubera yamubabaje. Joseph yararemesheje umukenyezi wiwe guharira musazawe. Amaherezo, William yarabonye yuko Julie na Joseph bipfuza gusubiza hamwe na we, maze araturura. William n’umukenyezi wiwe barahuriye hamwe na Julie be na Joseph; barasabana ikigongwe, baragwana mu nda, ubucuti bwabo buba buragarutse.

Nimba ushashaye gutorera umuti ingorane mufitaniye n’umuntu, nushire mu ngiro inyigisho za Bibiliya ubigiranye ukwihangana wongere wigore kugira mwuzure n’uwo muntu. Yehova azogufasha. Uzokwibonera yuko aya majambo Imana yabwiye Isirayeli ya kera ari ay’ukuri. Agira ati: “Iy’uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’uruzi”.​—Yesaya 48:18.

[Utujambo tw’epfo]

a Vyakuwe mu gitabu The Murrow Boys​—Pioneers on the Front Lines of Broadcast Journalism, canditswe na Stanley Cloud afatanije na Lynne Olson.

b Amazina amwamwe yarahinduwe.

[Ifoto ku rup. 7]

Gusaba imbabazi birakunze gutuma abantu basubiza hamwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika