‘Nimwambare ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi’
UWO mugabo yaturuka mu gisagara rurangiranwa. Yari afise agateka ko kuba yaravutse afise ubwenegihugu bw’Umuroma, kandi biboneka yuko yava mu muryango uzwi cane. Uwo mugabo, ari we Sauli, yari yarakurikiranye inyigisho zo mu mashure nziza kuruta izindi zose zaboneka mu kinjana ca mbere G.C., akaba yavuga n’imiburiburi indimi zibiri akongera akaba umunywanyi w’umugwi umwe w’idini ry’Abayuda wari uzwi cane, ari bo Bafarizayo.
Sauli ategerezwa kuba yari yarize gukengera abantu ba nyarucari be no kwiratira ubugororotsi yibaza ko afise (Luka 18:11, 12; Ibikorwa 26:5). Abafarizayo bagenzi ba Sauli, bibona ko bari hejuru y’abandi bantu kandi bagakunda ivyo kuba ba rurangiranwa no kwitwa amazina y’icubahiro yo kwiyerekana (Matayo 23:6, 7; Luka 11:43). Kwifatanya n’abantu nk’abo bishobora kuba vyaratumye Sauli aba umunyabwibone. Turazi yuko yahama abakirisu abigiranye ishaka. Haciye imyaka, amaze kuba intumwa Paulo, yavuze yuko akiri muto yari “umurogosi, uwuhamana, [a]kaba n’umuntu atisonera”.—1 Timoteyo 1:13.
Emwe, Sauli yaracitse umukirisu, aba intumwa Paulo, kandi kamere ziwe zarahindutse koko. Amaze kuba intumwa mukirisu, yaravuze abigiranye ukwicisha bugufi ko yari “umuntu ari hasi y’uwo hasi y’aberanda bose” (Abanyefeso 3:8). Yari umwamamazanjili abishoboye, mugabo ivyo ntiyigeze avyiyitirira na gato. Ahubwo riho, iteka ryose yariteye Imana (1 Abakorinto 3:5-9; 2 Abakorinto 11:7). Paulo ni we yahimirije abakirisu bagenziwe ati: “Nimwambare ikibabarwe c’impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya”.—Abakolosayi 3:12.
Iyo mpanuro yoba ikora muri iki kinjana ca 21 turimwo? Hoba hari ivyiza biva ku kwicisha bugufi? Ukwicisha bugufi kwoba vy’ukuri gushobora kuba ikimenyetso c’inkomezi?
Umuremyi Mushoboravyose yoba yicisha bugufi?
Nta woca irya n’ino ivyerekeye ukwicisha bugufi adafatiye ku kuntu Imana ibona ibintu. Kubera iki? Kubera ko ari yo Segaba wacu n’Umuremyi wacu. Mu buryo butandukanye na yo, tweho turakwiye kwemera ko turi n’aho tugeza. Ni yo dukesha vyose. Umugabo umwe w’inkerebutsi wo mu bihe vya kera yitwa Elihu yavuze ati: “Īshobora vyose nta ho twoshobora kuyiserangura: ifise ububasha bunyomoje” (Yobu 37:23). Vy’ukuri, kwitegereza ikirere amahanga kidukikije, biratuma twicisha bugufi! Umuhanuzi Yesaya adutera akamo ati: “Ni mwunamure amaso yanyu murābe hejuru, murābe uwaremye izo nyenyeri uw’ari we, asohora ingabo zazo mu bitigiri: azihamagara zose mu mazina; kubg’ububasha bg’ubushobozi bgiwe, no kubg’inkomezi ziwe nyinshi, nta n’imwe ihara”.—Yesaya 40:26.
Uretse ko Yehova Imana ari Mushoboravyose, aranicisha bugufi. Umwami Dawidi yamusenze agira ati: “Wampaye inkinzo, ni yo gakiza kawe, ukwicisha bugufi kwawe kwanshize hejuru” (2 Samweli 22:36). Imana yicisha bugufi mu buryo bw’uko yitwararika abantu baciye bugufi bagerageza kuyihimbara, mu kubagaragariza imbabazi. Mu buryo bw’ikigereranyo, Yehova Imana ari iyo mw’ijuru, arimanura kugira ngo agire ivyo akoranye n’abamutinya abigiranye ubugwaneza.—Zaburi 113:5-7.
Vyongeye, Yehova araha agaciro ukwicisha bugufi abasavyi biwe bagaragaza. Intumwa Petero yanditse ati: “Imana irwanya abibona, mugabo iha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi” (1 Petero 5:5). Ku vyerekeye ukuntu Imana ibona ubwibone, umwanditsi umwe wa Bibiliya yagize ati: “Umuntu wese w’ubgibone mu mutima n’igisesema k’Uhoraho” (Imigani 16:5). Ariko none, ukwicisha bugufi gushobora gute kuba ikimenyetso c’inkomezi?
Ico ukwicisha bugufi kudasobanura
Ukwicisha bugufi kuratandukanye n’ugucishwa bugufi. Mu mico kama imwimwe yo mu bihe vya kera, umuntu kenshi yabonwa ko aciye bugufi yari umuja, ni ukuvuga umuntu niryo, yigorewe, ateye akagongwe. Mu buryo butandukanye n’ubwo, Bibiliya ishimika ku vy’uko umuntu yiyoroheje mu muzirikanyi bituma aterwa iteka. Nk’akarorero, wa mugabo w’inkerebutsi yanditse ati: “Ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ukwubaha Uhoraho ni zo butunzi n’icubahiro n’ubu[zima]” (Imigani 22:4). Vyongeye muri Zaburi 138:6, tuhasoma duti: “Nah’Uhoraho ahambaye, ashira umutima ku bafafara, arikw abībone abamenyera kure”.
Kwicisha bugufi ntibisobanura ko umuntu aba ata co ashoboye gukora canke ko ata co yashoboye gushikako. Nk’akarorero, Yezu Kristu ntiyigeze na rimwe ahakana ko ari Umwana w’ikinege wa Yehova kandi ntiyigeze arondera kwerekana ko umurimo yarangura ngaha kw’isi utari n’ico uvuze (Mariko 14:61, 62; Yohani 6:51). Yamara, Yezu yaragaragaje ukwicisha bugufi mu kwitirira Se wiwe ivyo bikorwa yarangura be no mu gukoresha ububasha yari afise mu gukorera abandi no mu kubafasha, aho kubategeka no kubacura bufuni na buhoro.
Ni ikimenyetso c’inkomezi
Ata gukeka, abantu bo mu gihe ca Yezu Kristu baramumenye “biciye ku bikorwa vy’ububasha” (Ibikorwa 2:22). Yamara, bamwebamwe babona ko ari “nyarucari hanyuma ya bose” (Daniyeli 4:17). Uretse ko yabayeho mu buzima bubayabaye, yaranigishije incuro n’izindi agaciro ko kwicisha bugufi (Luka 9:48; Yohani 13:2-16). Ariko rero, ukwicisha bugufi kwiwe ntikwatumye aba uwugoyagoya. Yari intatinyurukamvye igihe yaba ariko araburanira izina rya Se be n’igihe yaba ariko ararangura ubusuku bwiwe (Abafilipi 2:6-8). Muri Bibiliya, Yezu adondorwa ko ari intambwe irinduka (Ivyahishuwe 5:5). Akarorero ka Yezu karerekana ko ukwicisha bugufi kudateye kubiri n’ugushikama ku nyifato ibereye be n’ugushikama ku ngingo.
Uko twihatira gutsimbataza ukwicisha bugufi nyakuri, turatahura yuko bisaba akigoro nyako kugira ngo ukwiyorosha mu muzirikanyi tubigire yo ngendo y’ubuzima. Bisobanura kwama nantaryo tugamburuka ivyo Imana igomba aho gukurikira inzira zo kwiyorohereza canke gutwarwa n’impengamiro z’umubiri. Gutsimbataza ukwicisha bugufi bisaba gushikama ku nyifato ibereye, kubera ko, kugira ngo dusukurire Yehova be n’ivyungura abandi ata bwikunzi, dukenera gushira ku ruhande inyungu zacu bwite.
Ivyiza biva ku kwicisha bugufi
Ukwicisha bugufi gusaba ukutagira ubwibone canke ukwiyemera. Mu kudondora iyo kamere, Ivyanditswe bikoresha imvugo ngo “ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi” (Abanyefeso 4:2). Umuzirikanyi wicisha bugufi uva ku kubona ibitwerekeye mu buryo buri ku burimbane, ni ukuvuga kumenya aho dukomeye n’aho tugoyagoya, ivyo twashitseko be n’ivyatunaniye. Paulo yaratanze impanuro nziza muri ivyo igihe yandika ati: “Mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira; ahubwo ndamubwira kwiyumvira ku buryo agira umuzirikanyi uroranye” (Abaroma 12:3). Abo bose bakurikiza iyo mpanuro bariko bagaragaza ukwicisha bugufi.
Ukwicisha bugufi kugaragazwa kandi igihe dushira inyungu z’abandi imbere y’izacu ata buryarya. Paulo ahumekewe n’Imana, yakebuye abakirisu ati: “[Ntihagire] ikintu na kimwe mukora mubitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ariko mwiyumvir[e] mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta” (Abafilipi 2:3). Ivyo vyari bihuye n’ibwirizwa Yezu yahaye abayoboke biwe rigira riti: “Umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu. Uwo wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru”.—Matayo 23:11, 12.
Vy’ukuri, ukwiyorosha kw’umuzirikanyi gushikana umuntu ku gushirwa hejuru mu nyonga z’Imana. Umwigishwa Yakobo yarashimitse kuri ico ciyumviro igihe yandika ati: “Mwicishe bugufi mu maso ya Yehova, na we azobashira hejuru” (Yakobo 4:10). Ni nde ga yemwe atoshima gushirwa hejuru n’Imana?
Kuticisha bugufi vyatumye haba imivurungano n’amatati menshi hagati y’imigwi y’abantu be no hagati y’abantu n’abandi. Yamara ukwicisha bugufi vyovyo bivamwo ivyiza vyinshi. Turashobora kugira agahimbare ko kumenya ko twemerwa n’Imana (Mika 6:8). Turashobora kwinovora amahoro yo mu mutima kubera yuko umuntu yicisha bugufi bishoboka cane ko ahimbarwa kandi ashira akanyota kuruta umuntu yishira hejuru (Zaburi 101:5). Imigenderanire tugiranira n’abo mu muryango, abagenzi, abo dukorana be n’abandi, izorushiriza kuba myiza no kuba iyihimbaye. Abantu bicisha bugufi baririnda kugorana no gusaba ibirenze, izo zikaba ari inyifato zituma hoba bitagoranye ishavu, ukudahuza n’abantu, inzika n’akababaro.—Yakobo 3:14-16.
Egome, gutsimbataza ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi ni uburyo ntangere bwo kuguma dufitaniye ubucuti bwiza n’abandi. Kurashobora kudufasha guhangana n’ingorane ziterwa n’iyi si yuzuye ubwikunzi n’uguhiganwa. Abifashijwemwo n’Imana, intumwa Paulo yarashoboye gutsinda ukwiyemera n’ubwibone yahorana. Na twebwe nyene vyoba vyiza dutangiriye impengamiro iyo ari yo yose ijanye n’ubwibone canke ukwiyumvira ko duhambaye kuruta abandi. Bibiliya igabisha iti: “Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, kand’umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa” (Imigani 16:18). Nitwakurikiza akarorero ka Paulo be n’impanuro yatanze, tuzokwibonera ubukerebutsi buva ku ‘kwambara ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi’.—Abakolosayi 3:12.
[Ifoto ku rup. 4]
Paulo yarashoboye gutsinda ukwiyemera n’ubwibone yahorana
[Ifoto ku rup. 7]
Kwiyorosha mu muzirikanyi biradufasha kuguma dufitaniye ubucuti bwiza n’abandi
[Abo dukesha ifoto ku rup. 5]
Anglo-Australian Observatory/David Malin Images