ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/2 rup. 13-17
  • Bagabo, nimwemere icese ikibanza Kristu afise co kuba umutwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bagabo, nimwemere icese ikibanza Kristu afise co kuba umutwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ikintu nyamukuru cofasha umugabo kuroranirwa
  • Ukuntu abagabo bohangana n’ingorane zo mu mubano
  • Yezu ni akarorero canecane ku bagabo
  • Urukundo rwa Yezu ntirwari rushingiye ku nyiyumvo gusa
  • Birabereye ko abagabo bihangana
  • Inyobozo ziranga ubukerebutsi ku bubakanye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ico wogira ngo mu rugo iwanyu harangwe agahimbare
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ntumature ico Imana yamatanije
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Bagore, nimwubahe cane abagabo banyu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/2 rup. 13-17

Bagabo, nimwemere icese ikibanza Kristu afise co kuba umutwe

“Umutwe w’umugabo wese [ni] Kristo”.​—1 AB’I KORINTO 11:3.

1, 2. (a) Umugabo aroraniwe womurabira ku ki? (b) Ni kubera iki bihambaye kwemera icese yuko umubano wakomotse ku Mana?

UMUGABO aroraniwe, wewe womurabira ku ki? Womurabira ku bwenge afise canke ku nguvu afise? Ku bushobozi afise bwo kuronka amahera? Canke woba ahanini womurabira ku kuntu afata umugore wiwe n’abana biwe mu buryo buranga urukundo n’ubuntu? Umuntu aravye ukuntu abagabo bafata abagore n’abana babo, usanga benshi bagaragaza buhorobuhoro kamere y’urukundo n’ubuntu kubera yuko boshwa n’agatima k’iyi si be n’ukuntu abantu babona ibintu. Uti kubera iki? Ahanini ni kubera yuko bananirwa kwemera Umwe yatanguza umubano, ni ukuvuga Umwe ‘yakura mu muntu urubavu akarukuramwo umugore akamuzanira uwo muntu’, bakananirwa no gukurikiza ubuyobozi buva kuri we.​—Itanguriro 2:21-24.

2 Yezu Kristu yarashigikiye iyo nkuru yo muri Bibiliya ivuga ukuntu Imana yatanguje umubano, mu kubwira abantu bo mu gihe ciwe bamunebagura, ati: “Nta ho murasoma yuk’uhereye mbere na mbere Rurema yabaremye bar’uburyo bubiri, ikavuga, iti Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bompi bakaba umubiri umwe? Bituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umwe. Nukw ico Imana yamatanije [mu mubano], umuntu ntaz’akimature” (Matayo 19:4-6). Ikizwi co ni uko ikintu nyamukuru gituma umubano uroranirwa, ari ukwemera icese yuko wakomotse ku Mana be n’uko kugira ngo uroranirwe biva ku gushira mu ngiro ubuyobozi dusanga mw’Ijambo ryayo Bibiliya.

Ikintu nyamukuru cofasha umugabo kuroranirwa

3, 4. (a) Ni kubera iki Yezu azi vyinshi ku bijanye n’umubano? (b) Umugore wa Yezu w’ikigereranyo ni nde, kandi abagabo bakwiye gufata gute abagore babo?

3 Ikintu cofasha umugabo kuroranirwa ni ugusuzuma yitonze ivyo Yezu yavuze no gushira mu ngiro ivyo yakoze. Arazi vyinshi cane ku bijanye n’umubano, kubera yuko ari ho yari ari igihe umugabo n’umugore ba mbere baremwa be n’igihe umubano wabo watanguzwa. Yehova Imana yamubwiye ati: “Tureme umuntu mw ishusho yacu, ase natwe” (Itanguriro 1:26, ni twe dushimitse.). Birumvikana yuko Imana yariko ibwira Umwe yarema imbere y’uko irema umuntu uwo ari we wese be n’imbere y’uko irema ikintu ico ari co cose akaba kandi ari na we “[yari] kumwe na yo, [ari] umukozi w’umuhanga” (Imigani 8:22-30). Uwo ni we “mfura mu vyaremwe vyose”. Ni we “nkomoko y’ivyaremwe n’Imana”, akaba yabayeho n’imbere yuko isi n’ibiri mu kirere biremwa.​—Ab’i Kolosayi 1:15; Ivyahishuriwe 3:14.

4 Yezu yitwa “Umwagazi w’intama w’Imana” akaba kandi adondorwa mu buryo bw’ikigereranyo ko ari umugabo. Igihe kimwe, hari umumarayika yavuze ati: “Ngwino nkwereke umugeni, umugore wa wa Mwagazi” (Yohana 1:29; Ivyahishuriwe 21:9). None uwo mugeni, ari we mugore w’uwo Mwagazi, ni nde? “Umugore [w’uwo] Mwagazi” agizwe n’abayoboke ba Kristu b’intahemuka basizwe impwemu bazofadikanya na we kuganza mu butegetsi bwo mw’ijuru azoba arongoye (Ivyahishuriwe 14:1, 3). Ku bw’ivyo, uburyo Yezu yafata abigishwa biwe igihe yari akiri kumwe na bo kw’isi, burabera akarorero abagabo mu bijanye n’ukuntu bofata abagore babo.

5. Yezu ni icitegererezo kuri bande?

5 Ni ivy’ukuri yuko Bibiliya yerekana ko Yezu ari akarorero ku bayoboke biwe bose, nk’uko tubisoma duti: ‘Kristo yarabababarijwe, abasigarana icitegererezo, kugira ngo bagere ikirenge mu ciwe’ (1 Petero 2:21). Ariko rero, Yezu ni icitegererezo canecane ku bagabo. Bibiliya ivuga yuko “umutwe w’umugabo wese ari Kristo, kandi k’umutwe w’umugore ar’umugabo, kandi k’umutwe wa Kristo ar’Imana” (1 Ab’i Korinto 11:3). Kubera yuko Kristu ari umutwe w’umugabo, abagabo barakwiye rero kwigana akarorero kiwe. Ku bw’ivyo rero, ingingo ngenderwako ijanye n’uwuri umutwe itegerezwa gukurikizwa niba umuryango ushaka kuroranirwa no kuronka agahimbare. Kugira ivyo bishoboke, abagabo bakwiye gufata abagore babo mu buryo buranga urukundo nka kurya nyene Yezu afata umugore wiwe w’ikigereranyo, ni ukuvuga abigishwa biwe basizwe.

Ukuntu abagabo bohangana n’ingorane zo mu mubano

6. Abagabo bakwiye kubana gute n’abagore babo?

6 Mw’isi yo muri kino gihe yuzuye umudurumbanyo, abagabo canecane barakeneye kwigana akarorero ka Yezu ko kwihangana, k’urukundo be n’ako gushikama mu kwumira ku ngingo ngenderwako zigororotse (2 Timoteyo 3:1-5). Muri Bibiliya, ku bijanye n’akarorero Yezu yasize, dusoma duti: “Yemwe bagabo, mubandanye kubana [n’abagore banyu] nk’uko nyene mwisunze ubumenyi” (1 Petero 3:7, NW). Vy’ukuri, abagabo barakwiye guhangana n’ingorane zo mu mubano bisunze ubumenyi, nka kurya nyene Yezu yahanganye n’ibintu bigoye yisunze ubumenyi. Yarashikiwe n’ibigeragezo bikomeye cane kuruta uko vyashikiye uwundi muntu uwo ari we wese, ariko yari azi ko vyaterwa na Shetani, amadayimoni yiwe be n’iy’isi mbi (Yohana 14:30; Abanyefeso 6:12). Yezu ntiyigeze atangazwa n’ibigeragezo vyamushikiye. N’abubakanye rero ntibakwiye gutangara igihe bashikiwe n’“amagorwa mu m[i]biri” yabo. Bibiliya ivuga yuko abashinga izabo bashobora kwitega gushikirwa na mwene ayo magorwa.​—1 Ab’i Korinto 7:28.

7, 8. (a) Kubana n’umugore umuntu yisunze ubumenyi bisaba iki? (b) Ni kubera iki abagore babereye guterwa iteka?

7 Bibiliya ivuga yuko abagabo bakwiye kubana n’abagore babo “[b]isunze ubumenyi, [ba]batera iteka nk’urwavya rurushirije kworoha, urwavya rugore” (1 Petero 3:7, NW). Naho Bibiliya yari yaravuze ko abagabo boganje abagore babo, umugabo ashimwa n’Imana aratera iteka umukenyezi wiwe aho kumutwaza umukazo (Itanguriro 3:16). Ashima kumufata nk’ikintu c’agaciro atunze, kandi ntiyigera akoresha inguvu nyinshi afise ngo amugirire nabi. Ahubwo nyabuna aritwararika ukuntu umugore wiwe yiyumva, akama amufatana iteka n’icubahiro.

8 Ni kubera iki abagabo bakwiye gutera iteka abakenyezi babo mu buryo bubereye? Bibiliya yishura iti: “Kuko na bo ar’abaraganwa namwe ubuntu bg’ubugingo, kugira ng’ugusenga kwanyu ntikugire ikigutesha” (1 Petero 3:7). Abagabo barakwiye kumenya ko Yehova atabona ko ugusenga kw’umugabo ari kwo guhambaye kuruta ugusenga kw’umugore. Abakenyezi bashimwa n’Imana bazoronka impera y’ubuzima budahera nk’iyo abagabo bazoronka, mbere benshi muri bo bakazoba mw’ijuru, ‘ahadashobora kuba umugabo canke umugore’ (Ab’i Galatiya 3:28). Ku bw’ivyo rero, abagabo barakwiye kwibuka yuko ukudahemuka kw’umuntu ari kwo gutuma agira agaciro imbere y’Imana. Ukuba umuntu ari uw’igitsina-gabo canke uw’igitsina-gore, kuba ari umugabo canke umugore canke mbere kuba ari umwana, si vyo bituma agira agaciro imbere y’Imana.​—1 Ab’i Korinto 4:2.

9. (a) Nk’uko Petero abivuga, ni imvo iyihe ikwiye gutuma abagabo batera iteka abagore babo? (b) Yezu yateye iteka gute abagore?

9 Ukuba bikenewe yuko umugabo atera iteka umugore wiwe birashimikwako mu majambo intumwa Petero avuga mu gusozera, ayagira ati: “Kugira ng’ugusenga kwanyu ntikugire ikigutesha” canke ikigutangira. Ese ukuntu vyoba bibabaje hamwe amasengesho umugabo atura yotangirwa! Adateye iteka umugore wiwe, vyoshobora mbere gutuma amasengesho atura atwikirwa nk’uko vyagenze ku basavyi b’Imana bamwebamwe bo muri kahise bafata ibintu minenegwe (Gucura intimba 3:43, 44). Abagabo bakirisu b’inkerebutsi, baba abubatse canke abiyumvira kwubaka izabo, baragira ico bigiye ku kuntu Yezu yafata abagore mu buryo buranga icubahiro. Yarabemereye kuja mu mugwi w’abajana na we mu busuku kandi yabafatana icubahiro n’ubuntu. Mbere igihe kimwe, Yezu yarabanje guhishurira abagore ukuri guhambaye cane, hanyuma ababwira kuja kukumenyesha abagabo.​—Matayo 28:1, 8-10; Luka 8:1-3.

Yezu ni akarorero canecane ku bagabo

10, 11. (a) Ni kubera iki abagabo ari bo canecane bakwiye gusuzuma bitonze akarorero ka Yezu? (b) Abagabo bokwerekana gute ko bakunda abagore babo?

10 Nk’uko vyavuzwe mu ntango, ubucuti buri hagati y’umugabo n’umugore wiwe, Bibiliya ibugereranya n’ubucuti buri hagati ya Kristu n’“umugeni” wiwe, uwo na we akaba ari ishengero ryiwe rigizwe n’abayoboke basizwe. Bibiliya ivuga iti: “Umugabo [ni] umutwe w’umugore wiwe, nk’uko Kristo na we ar’umutwe w’ishengero” (Abanyefeso 5:23). Ayo majambo arakwiye gutuma abagabo basuzuma bitonze ukuntu Yezu yategeka abayoboke biwe canke ukuntu yabayobora. Biciye ku gusuzuma ibintu muri ubwo buryo, ni ho gusa abagabo boshobora kwigana neza akarorero ka Yezu bakongera bagaha abagore babo ubuyobozi, bakabagaragariza urukundo kandi bakabitwararika nk’uko Yezu yabigirira ishengero.

11 Bibiliya ihimiriza abakirisu iti: “Bagabo, [“mubandanye gukunda”, NW] abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura” (Abanyefeso 5:25). Mu kigabane ca kane c’igitabu c’Abanyefeso, “ishengero” ryitwa “umubiri wa Kristo”. Uwo mubiri w’ikigereranyo ugizwe n’abantu benshi b’ibitsina vyompi, bose bakaba bafise ico baterera kugira ngo uwo mubiri ukore neza. Nta nkeka rero ko Yezu ari we “mutwe w’[uwo] mubiri, [ari] wo shengero”.​—Abanyefeso 4:12; Ab’i Kolosayi 1:18; 1 Ab’i Korinto 12:12, 13, 27.

12. Yezu yerekanye gute ko akunda umubiri wiwe w’ikigereranyo?

12 Yezu yaragaragarije urukundo umubiri wiwe w’ikigereranyo, ni ukuvuga “ishengero”, na canecane mu kuntu yitwararika ineza y’abohavuye baba abagize iryo shengero. Nk’akarorero, igihe abigishwa bari barushe, yavuze ati: “Ni muze . . . ahiherereye mu gahinga, muruhuke gatoya” (Mariko 6:31). Mu kudondora igikorwa Yezu yaranguye hagisigaye amasaha makeyi gusa imbere yuko yicwa, umwe mu ntumwa ziwe yanditse ati: ‘Yezu, yarakunda abiwe [ni ukuvuga abagize wa mubiri wiwe w’ikigereranyo], yarabakunze gushitsa ku muhero’ (Yohana 13:1). Ese ukuntu Yezu yasigiye abagabo akarorero keza ku bijanye n’ukuntu bofata abagore babo!

13. Abagabo bahimirizwa gute gukunda abagore babo?

13 Intumwa Paulo, mu kubandanya akoresha akarorero Yezu yasigiye abagabo, yabahimirije ati: “Abagabo . . . bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bgite. Ūkunda umugore wiwe, aba yīkunda: kukw ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe, arikw arawugaburira, akawubungabunga, nk’uko Kristo na we agirira ishengero”. Paulo yongeyeko ati: “Umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yīkunda”.​—Abanyefeso 5:28, 29, 33.

14. Umugabo afata gute umubiri wiwe munyagasembwa, kandi ivyo vyerekana iki ku bijanye n’ukuntu akwiye gufata umugore wiwe?

14 Zirikana kuri ayo majambo ya Paulo. Mbega umugabo afise ubwenge yoba yokwubahuka kugirira nabi umubiri wiwe n’ibigirankana? Igihe atsitaye kw’ino, yoba aca arikubita ngo ni uko ryatumye atsitara? Oya nawe nu! Mbega umugabo yokwikengereza imbere y’abagenzi biwe canke akababwira amafuti yiwe? Uwokubesha! Nk’igihe umugore wiwe yoba akoze ikosa, ni kubera iki none yomutera amajambo canke akamugirira nabi ku mubiri? Abagabo ntibakwiye kwiyumvira ivyabo gusa ariko barakwiye no kwiyumvira ivy’abagore babo.​—1 Ab’i Korinto 10:24; 13:5.

15. (a) Yezu yakoze iki igihe abigishwa biwe bagaragaza ubugoyagoye? (b) Ni ivyigwa ibihe umuntu yokura ku karorero yatanze?

15 Raba ukuntu Yezu yerekanye ko yitwararika abigishwa biwe, mw’ijoro ry’imbere yuko apfa, igihe bagaragaza ubugoyagoye. Naho yaguma abasaba ngo basenge, baratwawe n’agatiro incuro zitatu zose mw’itongo ry’i Getsemane. Bidatevye, abantu bari bitwaje ibirwanisho baciye babakikuza. Yezu yabajije abo bantu ati: “Murondera nde?”. Igihe bishura bati: “Yesu Umunyanazareti”, yaciye ababwira ati: “Ni jewe”. Kubera yuko yari azi ko “igihe” c’urupfu rwiwe cari gishitse, yababariye ati: “Asangw’ari jewe murondera, mureke aba, bīgīre”. Yezu yamye na ntaryo yitwararika ineza y’abigishwa biwe, abari bagize igihimba ca wa mugeni wiwe w’ikigereranyo, kandi yarabaciriye inzira yo kuyanyaga. Abagabo barimbuye bitonze ukuntu Yezu yafata abigishwa biwe, barabona ingingo ngenderwako nyinshi bashobora gukurikiza ku bijanye n’ingene bakwiye gufata abagore babo.​—Yohana 18:1-9; Mariko 14:34-37, 41.

Urukundo rwa Yezu ntirwari rushingiye ku nyiyumvo gusa

16. Yezu yabona gute Marita, yamara yamukosoye gute?

16 Bibiliya ivuga iti: “Yesu yarakunda Marita na mwene nyina na Lazaro”, bano bakaba barakunda kumwakira i muhira iwabo (Yohana 11:5). Yamara, Yezu ntiyaretse guhanura Marita igihe yitwararika bidakenewe ivyo gutegura imfungurwa, ivyo bikaba vyatumye aronka akanya gatoyi ko kwumviriza inyigisho y’ivy’impwemu Yezu yariko aratanga. Yamubwiye ati: “Marita, Marita urīganyira wigora muri vyinshi: arikw ibikwiye rwose ni kimwe” (Luka 10:41, 42). Nta gukeka ko urukundo Yezu yakunda Marita rwatumye bimworohera kwemera impanuro yari amuhaye. Muri ubwo buryo nyene, abagabo barakwiye gufata abagore babo mu buryo buranga ubuntu n’urukundo, mu gukoresha amajambo babanje guhitamwo neza. Ariko ntiwumve, igihe haba hari ibikeneye gukosorwa, birabereye ko bavuga ata kurya umunwa nk’uko na Yezu yabigize.

17, 18. (a) Petero yahambariye Yezu gute, kandi ni kubera iki vyari bikenewe ko Petero akosorwa? (b) Ni ibanga irihe umugabo afise?

17 Ikindi gihe, Yezu yarasiguriye intumwa ziwe yuko ategerezwa kuja i Yeruzalemu aho yari kugirirwa nabi n’“abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu”. Petero yumvise ivyo, yaciye amwihereranya maze atangura kumwamira mu kuvuga ati: “Ntibikāze, Mwami wanje, ntibize bikubeko na gato”. Biribonekeza yuko ukuntu Petero yabona ibintu kwari kwaratwawe n’inyiyumvo. Vyari bibereye ko akosorwa. Yezu yaciye amubwira ati: “Herēra inyuma yanje, Satani; ur’ikintsitaza, kukw ivy’Imana atari vyo ubabaye, ubabaye ivy’abantu”.​—Matayo 16:21-23.

18 Yezu yari amaze kuvuga ivyo Imana yari imwitezeko, muri ivyo hakaba harimwo ivy’uko yoshikiwe n’imibabaro myinshi akongera akicwa (Zaburi 16:10; Yesaya 53:12). Petero rero yaragize nabi mu gutangura guhambarira Yezu. Vy’ukuri, Petero yari akeneye gukosorwa ata gufyina, nk’uko na twebwe twese rimwe na rimwe dukenera gukosorwa. Kubera ko umugabo ari umutwe w’umuryango, arafise ububasha be n’ibanga vyo gukosora abagize umuryango ushizemwo n’umugore wiwe. Naho bishobora kuba bikenewe yuko akara, ukwo gukosora gukwiye kugiranwa umutima mwiza n’urukundo. Rero, nk’uko Yezu yafashije Petero kubona ibintu mu buryo bubereye, hari aho abagabo bokenera kubigenza gutyo nyene ku bagore babo. Nk’akarorero, umugabo abigiranye umutima mwiza, hari aho yokenera kwereka umugore wiwe igituma akwiye kugira ivyo ahinduye mu bijanye n’impuzu yambara, mu bijanye n’utuntu two kwishariza yambara kibure mu bijanye n’ukuntu yitunganya, mu gihe vyoba bisa n’ibitanguye kurenga ku ngingo ngenderwako dusanga mu Vyanditswe ijanye n’ukwifata ruto.​—1 Petero 3:3-5.

Birabereye ko abagabo bihangana

19, 20. (a) Ni ingorane iyihe yigaragaje hagati y’intumwa za Yezu, kandi yayitoreye umuti gute? (b) Utwigoro Yezu yaza aragira twoba twaca tuvamwo ivyiza?

19 Niba hari ikintu coba gikeneye gukosorwa, abagabo ntibakwiye kwitega ko utwigoro tuvuye ku mutima bagira barondera kugitorera umuti, twoca tuvamwo ivyiza. Vyasavye ko Yezu abandanya kugira utwigoro kugira ngo ahindure ukuntu intumwa ziwe zabona ibintu. Nk’akarorero, ukutumvikana kwari kwaradutse hagati yabo kwarasubiye kwibonekeza mu mpera z’ubusuku bwa Yezu. Barahaririye ku bijanye n’uwaboneka ko ari mukuru kuruta abandi muri bo (Mariko 9:33-37; 10:35-45). Ata n’igihe kinini kirahaca ibintu nk’ivyo bibaye ubugira kabiri, Yezu yaratunganije ivyo guhimbaza Pasika ya nyuma ari kumwe na bo ahiherereye. Ico gihe nta n’umwe muri bo yibwirije gukora igikorwa casa n’igikengeretse abantu bari basanzwe bakora co kwoza abandi ibirenge biriko umukungugu. Yezu we yaragikoze. Yaciye avuga ati: “Mbahaye akarorero”.​—Yohana 13:2-15.

20 Mu gihe abagabo bagaragaza agatima ko kwicisha bugufi nk’aka Yezu, biroroha ko abagore babo basenyera ku mugozi umwe na bo bakongera bakabashigikira. Mugabo, ukwihangana kurakenewe. Mu nyuma, muri iryo joro nyene bahimbarijemwo Pasika, izo ntumwa zarasubiriye guharira ku bijanye n’uwaboneka ko ari mukuru kuruta abandi muri bo (Luka 22:24). Guhindura inyifato be n’ingeso vy’umuntu, akenshi bifata igihe kandi bikagirwa intambwe ku yindi. Uzi ukuntu ga ntuze bihimbaye cane igihe havuyemwo ibintu vyiza nk’uko vyagenze ku ntumwa!

21. Igihe abagabo bahanganye n’ingorane zo muri kino gihe, ni igiki bahimirizwa kwibuka no gukora?

21 Muri iki gihe, umubano urahanganye n’ingorane zikomeye kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Abenshi ntibagifatana uburemere indagano bagize z’umubano. Ku bw’ivyo, abagabo barakwiye kuzirikana ku nkomoko y’umubano. Niwibuke yuko umubano wakomotse ku Mana, ukaba wateguwe ukongera ugashingwa n’Imana yacu y’urukundo Yehova. Yaratanze Umwana wiwe Yezu, atari kugira gusa ngo atubere Umucunguzi, ni ukuvuga Umukiza, ariko kandi kugira abere abagabo icitegererezo bokwigana.​—Matayo 20:28; Yohana 3:29; 1 Petero 2:21.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki bihambaye ko dutahura neza aho umubano wakomotse?

• Abagabo bahimirizwa gukunda abagore babo mu buryo butandukanye ubuhe?

• Ni uburorero ubuhe bujanye n’ingene Yezu yafata abigishwa biwe bwerekana ukuntu umugabo yokoresha ubukuru nk’uko Kristu yabukoresha?

[Ifoto ku rup. 14]

Ni kubera iki abagabo bakwiye gusuzuma bitonze uburorero bwerekana ukuntu Yezu yafata abagore?

[Ifoto ku rup. 15]

Yezu, igihe abigishwa biwe bari barushe yarabitwararitse

[Ifoto ku rup. 16]

Abagabo bakwiye guhanura abagore babo bakoresheje amajambo aranga ubuntu babanje guhitamwo neza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika