Reka Ijambo ry’Imana rimurikire inzira yawe
“Ijambo ryawe [ni] . . . umuco umurikira mu nzira yanje”.—ZABURI 119:105.
1, 2. Ni ryari ijambo rya Yehova rizomurikira inzira yacu?
IJAMBO rya Yehova rizomurikira inzira yacu nitwaryemerera. Kugira ngo turonke uwo muco wo mu vy’impwemu, dutegerezwa gutohoza n’umwete Ijambo ry’Imana ryanditswe tukongera tugashira mu ngiro impanuro ritanga. Aho ni ho gusa tuzoshobora kwiyumva nk’umwanditsi wa Zaburi we yavuze ati: “Ijambo ryawe n’itara rimurikira ibirenge vyanje, n’umuco umurikira mu nzira yanje”.—Zaburi 119:105.
2 Nimuze ubu na ho duce irya n’ino Zaburi 119:89-176. Ese ukuntu muri iyo mirongo yagabuwe mu duhimba 11 hatekeyemwo amakuru menshi! Ayo makuru arashobora kudufasha kuguma mu nzira ijana mu buzima budahera.—Matayo 7:13, 14.
Ni kubera iki twokunda cane ijambo ry’Imana?
3. Muri Zaburi 119:89, 90 herekana gute yuko dushobora kwiheka kw’ijambo ry’Imana?
3 Gukunda cane ijambo rya Yehova bituma dutekana mu vy’impwemu (Zaburi 119:89-96). Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Ijambo ryawe ryama rihamye mw ijuru gushitsa ibihe bidashira, Uhoraho. . . . Washinze isi, igumaho” (Zaburi 119:89, 90). Biciye kw’ijambo ry’Imana, ni ukuvuga ku “vyagezwe biganza ijuru”, ibisyo vyo mu kirere bigenda birazunguruka bidata inzira, isi na yo ikaba yarashinzwe irakomezwa kuzoshitsa ibihe bidahera (Yobu 38:31-33; Zaburi 104:5). Turashobora kwiheka kw’ijambo ryose riva mu kanwa ka Yehova; ivyo Imana ivuga ‘bizosozerwa’ mw’iranguka ry’umugambi wayo.—Yesaya 55:8-11.
4. Gukunda ijambo ry’Imana bimarira iki abasavyi bayo bari mu marushwa?
4 Umwanditsi wa Zaburi ‘aba yararandukiye mu marushwa yiwe iyaba atakunda ivyagezwe vy’Imana’ (Zaburi 119:92). Abanyamahanga si bo bamubabaza, ahubwo Abisirayeli barenga ku mategeko ni bo bamwanka (Abalewi 19:17). Mugabo ivyo ntivyamunanije, kubera yakunda ivyagezwe vy’Imana vyamushigikira. I Korinto, intumwa Paulo yari “mw irinde ryo mu bīgira bene Data”, hakaba hashobora kuba harimwo n’“abatumwa b’agakûra” (UB) barondera ico bomurega (2 Ab’i Korinto 11:5, 12-14, 26). Yamara Paulo yararokotse mu buryo bw’impwemu kubera yakunda ijambo ry’Imana. Kubera ko dukunda Ijambo rya Yehova ryanditswe tukongera tugashira mu ngiro ivyo rivuga, turakunda abavukanyi bacu (1 Yohana 3:15). Mbere n’urwanko rw’isi nta nyobozo n’imwe y’Imana rutwibagiza. Tuguma dukora ivyo igomba twunze ubumwe mu rukundo n’abavukanyi bacu uko turindirana igishika kuzokorera Yehova tunezerewe ibihe bidahera.—Zaburi 119:93.
5. Umwami Asa yarondeye Yehova gute?
5 Mu kwerekana ko twibanda kuri Yehova, twoshobora gusenga duti: “Nd’uwawe, nkiza; kuko nama ndondera amateka washinze” (Zaburi 119:94). Umwami Asa yararondeye Imana yongera ararandurana n’imizi ubuhuni mu Buyuda. Kw’ikoraniro rimwe rihambaye ryabaye mu mwaka ugira 15 Asa ari ku ngoma (mu 963 B.G.C.), abanyagihugu b’i Buyuda “ba[ra]sezezeran[ye] isezerano ryo kuzokwama baronde[ra] Uhoraho”. Imana yararetse ‘barayibona’ maze “[i]baha kugira umutēkāno impande zose” (2 Ngoma 15:10-15). Uwo wese yatwawe akayombekere agaheba ishengero rya gikirisu, ako karorero gakwiye kumuremesha kwongera kurondera Imana. Izohezagira yongere ikingire abongera kwifatanya n’abasavyi bayo babigiranye umwete.
6. Ni ingendo iyihe izoturinda kumererwa nabi mu vy’impwemu?
6 Ijambo rya Yehova riraturonsa ubukerebutsi bushobora kuturinda ivyotugirira nabi mu vy’impwemu (Zaburi 119:97-104). Amabwirizwa y’Imana atuma tuba inkerebutsi kuruta abansi bacu. Kwumvira ivyibutswa vyayo biratuma duca mu kajisho, kandi ‘kwitondera amateka yashinze bituma turusha abatama ubwenge’ (Zaburi 119:98-100). Nimba amajambo ya Yehova ‘agēngēra mu māgāge akarusha ubuki gusosa mu kanwa kacu’, tuzokwanka twongere twirinde “inzira z’ibinyoma zose” (Zaburi 119:103, 104). Ivyo bizoturinda kumererwa nabi mu vy’impwemu igihe duhuye n’abantu batubaha Imana bishima kandi b’inkazi muri iyi misi y’iherezo.—2 Timoteyo 3:1-5.
Itara rimurikira ibirenge vyacu
7, 8. Mu gushira mu ngiro Zaburi 119:105, dutegerezwa gukora iki?
7 Ijambo ry’Imana ni isoko ry’umuco wo mu vy’impwemu utazima kandi utananirwa (Zaburi 119:105-112). Twaba turi abakirisu basizwe canke turi bagenzi babo bo mu “zindi ntama”, dutangaza duti: “Ijambo ryawe n’itara rimurikira ibirenge vyanje, n’umuco umurikira mu nzira yanje” (Yohana 10:16; Zaburi 119:105). Ijambo ry’Imana ni nk’itara rimurikira inzira yacu, kugira ntidutsitare ngo duheze tugwe mu buryo bw’impwemu (Imigani 6:23). Yamara, dutegerezwa umwumwe ukwiwe kureka ijambo rya Yehova rikaba itara rimurikira ibirenge vyacu.
8 Dutegerezwa kugira umwiyemezo nk’uwo umwanditsi wa Zaburi ya 119 yari afise. Yari yariyemeje kudahusha ngo ave ku mateka Imana yashinze. Yavuze ati: “Nararahiye ndarengwa yuko nzokwitondera imanza zawe [wewe Yehova] zigororotse” (Zaburi 119:106). Nimuze ntitwigere dufatira mu rwara akamaro ko kwiga Bibiliya ubudahorereza no kugira uruhara mu makoraniro ya gikirisu.
9, 10. Tuzi dute ko abantu biyeguriye Yehova bashobora ‘guhusha bakava ku mateka yashinze’, mugabo ivyo twovyirinda gute?
9 Uwo mwanditsi wa Zaburi ‘ntiyahushije ngo ave mu mateka Imana yashinze’, mugabo ivyo birashobora gushikira umuntu yiyeguriye Yehova (Zaburi 119:110). Umwami Salomo yarahushije, naho nyene yari mw’ihanga ryiyeguriye Yehova, kandi mu ntango akaba yakora yisunga ubukerebutsi yari yahawe n’Imana. “Na we nyene yacumujwe n’abagore b’abanyamahangakazi”, mu kumukwegakwegera mu gusenga imana z’ikinyoma.—Nehemiya 13:26; 1 Abami 11:1-6.
10 Wa “mutezi” w’inyoni ari we Shetani, aratega imitego myinshi (Zaburi 91:3). Nk’akarorero, uwahoze yifatanya n’Ivyabona yoshobora kugerageza kudukwegakwega ngo dute inzira y’umuco wo mu vy’impwemu tuje mu mwiza w’ubuhuni. Mu bakirisu b’i Tuwatira, harimwo n’“urya mugore Yezebeli”, bikaba bishoboka ko wari umugwi w’abagore bigisha abandi gusenga ibigirwamana n’ugushurashura. Yezu ntiyarengeje uruho rw’amazi ku bibi nk’ivyo, ari co gituma natwe tudakwiye kubirenzako uruho rw’amazi (Ivyahishuriwe 2:18-22; Yuda 3, 4). Nimuze rero dusabe Yehova adufashe kugira ntiduhushe ngo tuve ku mateka yashinze ahubwo tugume mu muco uva ku Mana.—Zaburi 119:111, 112.
Turashigikirwa n’ijambo ry’Imana
11. Twisunze ibiri muri Zaburi 119:119, Imana ibona gute abanyakibi?
11 Imana izodushigikira nitutigera dukevya ngo tuve ku vyo yashinze (Zaburi 119:113-120). Ntitwemera “ab’imitima ibiri”, nk’uko nyene muri iki gihe Yezu atemera abiyita abakirisu mugabo b’akazuyazi (Zaburi 119:113; Ivyahishuriwe 3:16). Kubera dusukurira Yehova n’umutima wacu wose, ni ‘ubwihisho bwacu’ kandi azodushigikira. ‘Azokengera abahushagurika bose bakava mu vyo yashinze’ biciye mu gukoresha ubugunge n’ibinyoma (Zaburi 119:114, 117, 118; Imigani 3:32). Mwene abo banyakibi ababona nk’“inkamba”, inkamba zikaba ari umucafu ukurwa ku mabuye y’agaciro nk’ifeza be n’inzahabu (Zaburi 119:119; Imigani 17:3). Ese twokwama nantaryo twerekana ko dukunda ivyibutswa vy’Imana, kubera ata mazinda yuko tudashaka gutikirizwa hamwe n’abanyakibi!
12. Ni kubera iki gutinya Yehova bihambaye?
12 Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Umubiri wanje uhindishwa agashitsi no kugutinya [wewe Yehova]” (Zaburi 119:120). Ugutinya Imana kwacu kubereye, ukwo na kwo tukaba tukugaragaza mu kwirinda ivyo yanka, kurahambaye nimba dushaka ko idushigikira bwa basavyi bayo. Ugutinya Yehova kurimwo ukumwubaha kwatumye Yobu agira ubuzima burangwa n’ukugororoka. (Yobu 1:1; 23:15) Gutinya Imana birashobora gutuma twumira kw’ibanga mu ngendo yemerwa n’Imana, naho twoba dutegerezwa kwihanganira ibintu bigoye gute. Ariko rero, kugira ngo umuntu yihangane bisaba ko asengana ubwira n’ukwizera.—Yakobo 5:15.
Senga wizeye
13-15. (a) Ni kubera iki dushobora kwizera yuko amasengesho dutura azokwishurwa? (b) Ni ibiki bishobora gushika mu gihe tutazi ivyo twovuga mu masengesho? (c) Tanga uburorero bwerekana ukuntu ibivugwa muri Zaburi 119:121-128, bishobora guhura n’‘iminiho yacu’ igihe dusenga.
13 Turashobora gusenga twizeye yuko Imana izodufasha (Zaburi 119:121-128). Cokimwe n’umwanditsi wa Zaburi, turizigira yuko amasengesho yacu azokwishurwa. Uti kubera iki? Kubera dukunda amabwirizwa y’Imana “[tu]kayarutisha izahabu, mbere naho yoba izahabu iramuye”. N’ikindi kandi, ‘twiyumvira yuko amateka yose Imana yashingiye ibintu vyose atunganye’.—Zaburi 119:127, 128.
14 Yehova arumviriza ugutakamba kwacu kubera dusenga twizeye, tugatako tugahuza neza n’amateka yashinze (Zaburi 65:2). Mugabo tuvuge iki nimba bishika ingorane zikadutesha umutwe rwose gushika n’aho tutamenya ivyo twovuga mw’isengesho? Ico gihe ‘impwemu ubwayo iradusengera, iniha iminiho itovugwa’ (Abaroma 8:26, 27). Mu bihe bene ivyo, Imana iremera ko dukoresha amajambo dusanga mw’Ijambo ryayo mu masengesho dutura ajanye n’ivyo dukeneye.
15 Ivyanditswe vyuzuyemwo amasengesho be n’ivyiyumviro bishobora guhura ‘n’iminiho yacu itovugwa’. Nk’akarorero, rimbura ibivugwa muri Zaburi 119:121-128. Ukuntu ibintu bivugwa ng’aho kurashobora kuba guhuye n’uko ivyacu vyifashe. Nk’akarorero, mu gihe dutinya ko twohava duhendwa, twoshobora gusaba Imana ngo idufashe nk’uko umwanditsi wa Zaburi yabiyisavye (Umurongo wa 121-123). Dufate yuko dukeneye gufata ingingo igoye cane. Ico gihe twoshobora gusenga dusaba yuko impwemu ya Yehova idufasha kwibuka ivyibutswa vyiwe no kubishira mu ngiro (Umurongo wa 124 n’uwa 125). Naho ‘twanka inzira yose y’ibinyoma’, hari aho vyoba ngombwa ko dusaba Imana ngo idufashe kutagwa mu bitwosha kurenga kw’itegeko ryayo (Umurongo wa 126-128). Dusomye Bibiliya ku musi ku musi, imirongo ngirakamaro nk’iyo duhejeje kubona yoshobora kutuza mu bwenge igihe dutakambiye Yehova.
Turafashwa n’ivyibutswa vya Yehova
16, 17. (a) Ni kubera iki dukeneye ivyibutswa vy’Imana, kandi ivyo vyibutswa dukwiye kubibona gute? (b) Abandi boshobora kutubona gute, mugabo ni igiki gihambaye vy’ukuri?
16 Nimba dushaka ko Imana yumva amasengesho yacu ikongera ikadutonesha, dutegerezwa kwumvira ivyibutswa vyayo (Zaburi 119:129-136). Kubera ko turi abantu bakunda kwibagira, turakeneye ivyibutswa vya Yehova vy’akaroruhore bitwibutsa inyobozo ziwe be n’amabwirizwa yiwe. Ariko ntiwumve, turakenguruka umuco wo mu vy’impwemu uba uturasiye igihe cose dutahuye amajambo y’Imana (Zaburi 119:129, 130). Turakura ubwatsi kandi kubona Yehova ‘yaratumurikishirije mu nyonga hiwe’ kubera atwemera, naho ‘amaso yacu asendanisha inzuzi z’amazi’ kubera abandi barenga ku vyagezwe vyiwe.—Zaburi 119:135, 136; Guharūra 6:25.
17 Turemera tudakeka ko Imana izobandanya kudutonesha nitwisunga ivyibutswa vyayo bigororotse (Zaburi 119:137-144). Twebwe abasavyi ba Yehova turemera icese yuko afise uburenganzira bwo kuduha ivyibutswa bigororotse akongera akadutegeka kubikurikiza (Zaburi 119:138). None ko umwanditsi wa Zaburi yagamburuka amabwirizwa y’Imana, ni kubera iki yavuze ngo “Nd’uwo hasi, ndagayitse” (Zaburi 119:141)? Biboneka yuko yariko yerekeza ku kuntu abansi biwe bamubona. Tugumye dushigikira ibigororotse tutadohoka, abandi boshobora kuturabira hasi. Yamara, igihambaye vy’ukuri ni uko Yehova abona ko turi abatoni biwe kubera tubaho twisunga ivyibutswa vyiwe bigororotse.
Turi mu mutekano no mu mahoro
18, 19. Ni ibiki biva mu kuba twitondera ivyibutswa vy’Imana?
18 Kwitondera ivyibutswa vy’Imana bituma tuguma tuyiyegereje (Zaburi 119:145-152). Kubera ko twitondera ivyibutswa vya Yehova, turiyumvamwo yuko dufise umwidegemvyo wo kumutakambira n’umutima wacu wose, kandi turashobora kwitega ko azotwumva. Twoshobora kuvyuka “umutwenzi utaratambika” maze tukisabira imfashanyo. Ese ukuntu ico ari igihe ciza co gusenga (Zaburi 119:145-147)! Ikindi kandi, Imana iri hafi yacu kubera twirinda ingeso z’isoni nke kandi tukabona yuko ijambo ryayo ari ukuri, nk’uko nyene Yezu yaribona (Zaburi 119:150, 151; Yohana 17:17). Ubucuti dufitaniye na Yehova buradushigikira muri iyi si ivurunganye, kandi buzodushigikira no muri ya ntambara yiwe ihambaye ya Harumagedoni.—Ivyahishuriwe 7:9, 14; 16:13-16.
19 Kubera yuko twubaha rwose ijambo ry’Imana, turifitiye umutekano nyakuri (Zaburi 119:153-160). Twebwe ntituri nk’ababisha, kubera yuko ‘tutahuvye ngo tuve mu vyibutswa vya Yehova’. Turakunda amateka y’Imana, gutyo tugatekanirwa mu buntu-mvarukundo bwayo (Zaburi 119:157-159). Ivyibutswa vya Yehova birakabura ubwenge bwacu kugira ngo twibuke ivyo adusaba mu gihe ibintu vyifashe ukunaka. Ku rundi ruhande, amateka y’Imana ni inyobozo, kandi dusanzwe twemera icese yuko Umuremyi wacu afise uburenganzira bwo kutuyobora. Kubera tuzi yuko ‘ijambo ry’Imana ryose ripoperanirijwe mu kuri’ be n’uko tudashobora kwiyoborera intambuko zacu, turemera tunezerewe ubuyobozi butangwa n’Imana.—Zaburi 119:160; Yeremiya 10:23.
20. Ni kubera iki dufise “amahoro menshi”?
20 Urukundo dukunda ivyagezwe vya Yehova ruratuzanira amahoro menshi (Zaburi 119:161-168). Uruhamo ntirutunyaga “amahoro [ntangere] y’Imana” (Ab’i Filipi 4:6, 7). Turakenguruka rwose imanza za Yehova ku buryo tumushemeza kenshi ku bwazo, ari vyo “bihetangabo ndwi [ku musi]” (Zaburi 119:161-164). Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Abakunda ivyagezwe vyawe bagira amahoro menshi; nta kibatsitaza bafise” (Zaburi 119:165). Nitwakunda ivyagezwe vya Yehova tukongera tukabigamburuka umwe wese ukwiwe, ntituzotsitazwa mu buryo bw’impwemu n’ivyo uwundi muntu akoze canke ikindi kintu na kimwe.
21. Ni uburorero bwo mu Vyanditswe ubuhe bwerekana ko atari ngombwa ngo dutsitare mu gihe havyutse ingorane mw’ishengero?
21 Abantu benshi bavugwa muri Bibiliya nta kintu na kimwe baretse ngo kigume kibatsitaza. Nk’akarorero, wa mugabo w’umukirisu Gayo ntiyatsitajwe, mugabo yabandanije ‘kugendera mu kuri’ naho Diyotirefe yari afise inyigenzo itemerwa n’Imana (3 Yohana 1-3, 9, 10). Paulo yahimirije ba bagore bakirisu Ewodiya na Sintike ngo “bahūrize imitima mu Mwami wacu”, bikaba bishoboka cane yuko hagati yabo hari havyutse ingorane. Biboneka yuko bafashijwe gutorera umuti ingorane yabo, bongera babandanya gusukurira Yehova badahemuka (Ab’i Filipi 4:2, 3). Si ngombwa rero ngo dutsitare mu gihe havyutse ingorane mw’ishengero. Nimuze twibande ku kugamburuka amateka ya Yehova, twibuka yuko ‘inzira zacu zose ziri imbere yiwe’ (Zaburi 119:168; Imigani 15:3). Nitwabigira, nta na kimwe kizotunyaga buhere “amahoro menshi”.
22. (a) Tugamburukiye Imana, ni agateka akahe dushobora guterwa? (b) Dukwiye kubona gute bamwebamwe mu bahuvye bagaheba ishengero rya gikirisu?
22 Nitwama nantaryo tugamburukira Yehova, tuzoterwa agateka ko kubandanya kumushemeza (Zaburi 119:169-176). Mu kubaho twisunga ivyo Imana yashinze, ntitwironkera gusa umutekano wo mu vy’impwemu, ariko kandi ‘iminwa yacu ibandanya kuvuga ishimwe rya Yehova’ (Zaburi 119:169-171, 174). Ako ni ko gateka gahambaye kuruta utundi dushobora guterwa muri iyi misi y’iherezo. Umwanditsi wa Zaburi yashaka kubandanya kubaho no gushemeza Yehova, mugabo mu buryo bunaka butazwi, yari ‘yarahuvye nk’intama izimiye’ (Zaburi 119:175, 176). Bamwebamwe mu bahuvye bagaheba ishengero rya gikirisu, boshobora kuba bagikunda Imana, kandi hari aho boba bagishaka kuyishemeza. Nimuze rero dukore uko dushoboye kwose tubafashe kugira bashobore kwongera kuronka umutekano wo mu vy’impwemu, maze bironkere umunezero uzanwa no gushemeza Yehova bari kumwe n’abasavyi biwe.—Abaheburayo 13:15; 1 Petero 5:6, 7.
Umuco utazima umurikira inzira yacu
23, 24. Ni ibiki wungukiye kuri Zaburi ya 119?
23 Zaburi ya 119 irashobora kutwungura mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, irashobora gutuma turushiriza kwiheka ku Mana, kubera yerekana yuko ubuhirwe nyakuri buva ku “[ku]gendera mu vyagezwe vy’Uhoraho” (Zaburi 119:1). Umwanditsi wa Zaburi aratwibutsa yuko ‘ijambo ry’Imana ryose ripoperanirijwe mu kuri’ (Zaburi 119:160). Nta mazinda yuko ivyo bikwiye gutuma turushiriza guha agaciro Ijambo ry’Imana ryanditswe ryose uko ringana. Kuzirikana kuri Zaburi ya 119 bikwiye kutuvyurira umutima wo kwiga Ivyanditswe tubigiranye ubwira. Umwanditsi wa Zaburi yinginze Imana akatari gake ati: “Unyigishe ivyo washinze” (Zaburi 119:12, 68, 135). Yatakamvye kandi ati: “N’unyigishe guhitamwo neza no kumenya ubgenge; kuko nizeye amabgirizwa yawe” (Zaburi 119:66). Vyoba vyiza dusenze muri ubwo buryo nyene.
24 Inyigisho ziva ku Mana zituma bishoboka kugiriranira ubucuti na Yehova. Umwanditsi wa Zaburi yiyita akatari gake umusavyi w’Imana. Nkako, abwira Yehova akoresheje amajambo akora ku mutima agira ati: “Nd’uwawe” (Zaburi 119:17, 65, 94, 122, 125; Abaroma 14:8). Ese ukuntu gukorera Yehova no kumushemeza uri Icabona ciwe ari agateka gahambaye (Zaburi 119:7)! Woba uriko urakorera Imana unezerewe uri umwamamaji w’Ubwami? Nimba ari ukwo biri, urashobora guhera amazinda yuko Yehova azobandanya kugushigikira no kuguhezagira muri ico gikorwa kidasanzwe nimba wama nantaryo wizigira ijambo ryiwe, ugatako ukarireka rikamurikira inzira yawe.
Wokwishura gute?
• Ni kubera iki dukwiye gukunda cane ijambo ry’Imana?
• Ijambo ry’Imana ridushigikira gute?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe dufashwa n’ivyibutswa vya Yehova?
• Ni kubera iki abasavyi ba Yehova bibereye mu mutekano no mu mahoro?
[Ifoto ku rup. 16]
Ijambo ry’Imana ni isoko ry’umuco wo mu vy’impwemu
[Ifoto ku rup. 17]
Nimba dukunda ivyibutswa vya Yehova, ntazokwigera atubona nk’“inkamba”
[Ifoto ku rup. 18]
Dusomye Bibiliya ku musi ku musi, imirongo yodufasha irashobora guca iza mu bwenge bwacu igihe dusenze