UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 119
‘Gendera mw’itegeko rya Yehova’
Kugendera mw’itegeko rya Yehova bisobanura kuyobokera amategeko yiwe tubikunze. Muri Bibiliya hariyo uburorero bwiza bwinshi bw’abakurikije itegeko rya Yehova bongera baramwihekako, nk’umwanditsi w’amazaburi.
Kugendera mw’itegeko ry’Imana ni vyo bituma tugira agahimbare nyakuri
Yosuwa yarerekanye ko yizigira cane ubuyobozi Yehova yamuha. Yari azi ko kugira aroranirwe yongere agire agahimbare mu buzima, yari akwiye kwizigira Yehova n’umutima wiwe wose
Ijambo ry’Imana riradufasha kugira umutima rugabo igihe duhanganye n’ibigeragezo
Yeremiya yarerekanye umutima rugabo n’ukwizigira Yehova mu bihe vy’ingorane. Yagumye yoroheje ubuzima yongera arumira ku gikorwa yashinzwe
Ubumenyi butagira amakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana buratuma tugira umutima rugabo wo kwamamaza
Paulo nta we yatinya kubwira inkuru nziza. Igihe yabwira inkuru nziza Buramatari Felisi abigiranye umutima rugabo, yari yizigiye ko Yehova aza kumufasha
Ni ryari norushiriza kwizigira Yehova igihe mvuga inkuru nziza?
Kw’ishure
Ku kazi
Mu muryango
Ahandi