“Ijambo riziye mu gihe kibereye, ewe kuntu ari ryiza!”
MU GIHE c’iteraniro rimwe ry’Ivyabona vya Yehova ryamaze umusi wose, uwitwa Kim yarakoze uko ashoboye kwose kugira akurikire yongere agire n’utwo yanditse, muri uwo mwanya nyene akaguma araba ko agakobwa kiwe k’imyaka ibiri n’igice kaguma kicaye gatekereje. Porogarama y’uwo musi w’iteraniro irangiye, hari umuvukanyikazi mukirisu umwe yari yicaye ku murongo umwe na Kim yahindukiye hanyuma aramukeza abikuye ku mutima ku bw’ukuntu we n’umunega wiwe bari bitwararitse ako gakobwa kabo mu kiringo c’iyo porogarama. Ukwo gukezwa kwarakoze ku mutima cane Kim ku buryo bw’uko n’ubu, naho haciye imyaka, avuga ati: “Iyo numvise ndushe cane igihe ndi ku makoraniro, nca niyumvira ivyo uwo muvukanyikazi yavuze. Amajambo yavuze aranga umutima mwiza aracandemesha kubandanya kumenyereza agakobwa kacu”. Vy’ukuri, amajambo avuzwe mu gihe kibereye arashobora kuremesha umuntu. Bibiliya ivuga iti: “Ijambo riziye mu gihe kibereye, ewe kuntu ari ryiza!”.—Imigani 15:23.
Ariko rero, bamwebamwe muri twebwe boshobora kuba batoroherwa no gukeza abandi. Rimwe na rimwe, kuba tuzi ubugoyagoye bwacu birashobora gutuma bitugora gukeza abandi. Umukirisu umwe avuga ati: “Kuri jewe, gukeza abandi ni nk’uguhagarara ahantu hanyika. Uko nduza abandi, ni ko numva ndiko ndanyika”. Ibintu bimwebimwe nk’ugutinyatinya, ukutiyizigira canke gutinya ko abandi bohava badutahura ukutari ko, na vyo nyene birashobora gutuma bitugora gukeza abandi. Ikigeretse kuri ivyo, niba igihe twaruka badukeza gake canke mbere ntibadukeze, vyoshobora kutugora gukeza abandi.
Yamara rero, kumenya yuko gukeza abandi vyoshobora kugira ingaruka nziza kuri nyene gukeza no kuri nyene gukezwa, vyoshobora kutuvyurira umutima wo gukora uko dushoboye kwose kugira tuvuge akajambo ko gukeza abandi ku gihe kibereye (Imigani 3:27). Ni ivyiza ibihe none biva ku gukeza abandi? Nimuze turimbure bimwebimwe mu ncamake.
Ivyiza bivamwo
Ugukeza kubereye kurashobora gutuma nyene gukezwa yiyizigira. Umukenyezi mukirisu umwe yitwa Elaine avuga ati: “Iyo abantu bankeje, nca numva yuko banyizigiye kandi ko banyizeye”. Egome, gukeza umuntu atiyizigira birashobora gutuma agira umutima rugabo wo kwihanganira intambamyi, ivyo bigatuma agira umunezero. Canecane abakiri bato, iyo bakejwe babikwiye birabagirira akamaro. Hari umukobwa umwe w’umuyabaga yiyemerera yuko ivyiyumviro vyiwe bibi bihora bimuca intege, avuga ati: “Nama ngerageza gukora uko nshoboye kwose kugira mpimbare Yehova, ariko birashika rimwe na rimwe nkumva umenga ivyo nkora vyose ntibihagije. Hagize umuntu ankeza, nca numva ndyohewe cane”. Emwe, uwu mugani wa Bibiliya ni uw’ukuri: “Ijambo rivuzwe [“ku gihe kibereye”, NW] ni nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza”.—Imigani 25:11.
Gukeza umuntu birashobora kumuvyurira umutima wo kugira ico akaze bikongera bikamuremesha. Umusuku umwe w’igihe cose avuga ati: “Iyo nkejwe biramvyurira umutima wo kurushiriza gukora cane no kuryohora ubusuku bwanje”. Inabibondo umwe afise abana babiri avuga yuko iyo abo mw’ishengero bakeje abo bana ku bw’inyishu batanze ku makoraniro, baca bumva bashaka kurushiriza gutanga inyishu. Vyemere, gukezwa birashobora kuremesha abakiri bato gutera imbere mu bijanye n’ukubaho rukirisu. Kanatsinda, twese turakeneye gusubirizwa umutima mu nda yuko dushimwa be n’uko duhabwa agaciro. Iyi si yuzuyemwo imikazo yoshobora gutuma twumva turushe kandi tukumva turemerewe. Umukurambere mukirisu umwe avuga ati: “Rimwe na rimwe, iyo ncitse intege, gukezwa ni nk’aho iba ari inyishu y’amasengesho yanje”. Muri ubwo buryo nyene, Elaine avuga ati: “Rimwe na rimwe ndiyumvamwo ko Yehova anshima biciye ku majambo abandi bavuga”.
Gukezwa birashobora gutuma umuntu yumva ko hari ico amariye abandi. Gukeza abandi tubikuye ku mutima birerekana ko tubitwararika, bigatuma no hagati yacu haba igishika, ugutekanirwa be n’ukwumva ko turi n’agaciro. Biragaragaza ko dukunda vy’ukuri abakirisu bagenzi bacu be n’uko tubaha agaciro. Inabibondo umwe yitwa Josie avuga ati: “Muri kahise, nabwirijwe gufata impagararo yo kwumira ku kuri mu rugo twese tutari dusangiye ukwizera. Ico gihe, gukezwa n’abantu bahumuye mu vy’impwemu vyarakomeje umwiyemezo nari mfise wo kudateshwa ngo nte”. Erega ni ko, “tur’ingingo za bagenzi bacu”.—Abanyefeso 4:25.
Kwipfuza gukeza abandi biradufasha kubabonamwo iciza. Turondera aho abandi bakomeye, ntiturondera aho bagoyagoya. Umukurambere mukirisu umwe yitwa David avuga ati: “Gukenguruka ivyo abandi bakora bizodufasha kurushiriza gukeza abandi akatari gake”. Kwama twibuka ukuntu Yehova n’Umwana wiwe bashimagiza cane abantu b’abanyagasembwa, bizotuvyurira umutima wo kuba abantu bakeza cane abandi.—Matayo 25:21-23; 1 Ab’i Korinto 4:5.
Abakwiriye gukezwa
Kubera ko Yehova Imana ari we Muremyi, ni we aza imbere mu bakwiriye gushemezwa (Ivyahishuriwe 4:11). Naho atari twe dutuma yumva ko yiyizigiye canke ngo abe ari twebwe dutuma avyurirwa umutima wo kugira ico akoze, igihe tumushemeje ku bw’igitinyiro ciwe n’ubuntu-mvarukundo bwiwe, aratwiyegereza maze tukagiranira na we ubucuti. N’ikindi kandi, gushemeza Imana biratuma tubona mu buryo bwiza kandi buranga ukwifata ruto ivyo turangura, bikongera bigatuma tubona ko Yehova ari we atuma turoranirwa (Yeremiya 9:23, 24). Yehova araha icizigiro c’ubuzima budahera abantu bose babikwiriye, iyo ikaba ari iyindi mvo ikwiye gutuma tumushemeza (Ivyahishuriwe 21:3, 4). Wa Mwami Dawidi wa kera yari ashashaye ‘gutazira izina ry’Imana’ no ‘kuyihimbarisha ishimwe ry’ivyo yamukoreye’ (Zaburi 69:30). Ese natwe ico coba co cipfuzo cacu!
Abo dusangiye ugusenga barakwiriye gukezwa mu buryo bubereye. Igihe tubakeje, tuba duhuje n’itegeko ry’Imana ridusaba “[k]wiyumviran[a]ko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza” (Abaheburayo 10:24). Intumwa Paulo yaradusigiye akarorero keza muri ivyo. Yandikiye ishengero ry’i Roma ati: “Irya mbere, mwese mbashimiye Imana yanje muri Yesu Kristo, kukw inkuru y’ukwizera kwanyu ikwiye mw isi yose” (Abaroma 1:8). Muri ubwo buryo nyene, intumwa Yohani yarakengurukiye umukirisu mugenziwe yitwa Gayo kubera akarorero keza igitangaza yerekanye mu “[ku]gendera mu kuri”.—3 Yohana 1-4.
Muri iki gihe, iyo umukirisu mugenzi wacu agaragaje kamere nk’iya Kirisitu mu buryo bw’intangakarorero, ashikirije ku makoraniro ikiganiro yateguye neza, canke atanze insasanuro ivuye ku mutima mw’ikoraniro rinaka, tuba turonse akaryo keza ko kumukengurukira. Canke igihe umwana agize akigoro gakomeye ko kurondera ivyanditswe mu kiringo c’amakoraniro y’ishengero, turashobora kumukeza. Elaine, umwe twavuga mu ntango, avuga ati: “Dufise ingabirano zitandukanye. Mu gihe twitwararika ivyo abandi bantu bakora, tuba twerekanye ko dukenguruka ingabirano zitandukanye ziri mu basavyi b’Imana”.
Mu muryango
Bite ho ku bijanye no gukengurukira abagize umuryango wacu? Kugira ngo umunega be n’umukenyezi wiwe baronse umuryango wabo ivyo ukeneye mu vy’impwemu, mu vy’akanyengetera no mu vy’umubiri, bisaba umwanya mwinshi, utwigoro twinshi be no kubitwararikana urukundo cane. Vy’ukuri, barakwiriye gukezanya no gukezwa n’abana babo (Abanyefeso 5:33). Nk’akarorero, Ijambo ry’Imana rivuga ku vyerekeye umugore aroranye riti: “Abana biwe bava hasi bakamuhezagira, n’umugabo wiwe na we, akamushemagiza”.—Imigani 31:10, 28.
Abana na bo nyene barakwiriye gukezwa. Ikibabaje, ni uko abavyeyi bamwebamwe bihutira kubwira abana babo ivyo babitezeko, ariko ugasanga ari gake babakeza ku bw’akigoro bagira ko kuba abana buhaba kandi bagamburuka (Luka 3:22). Igihe umwana akejwe akiri muto, akenshi birashobora gutuma yumva ko ari n’agaciro bigatuma kandi yumva arushirije gutekanirwa.
Ego ni ko, gukeza abandi bisaba akigoro, ariko iyo tubigize turaharonkera ivyiza vyinshi. Mu bisanzwe, uko turushiriza kugira umwete wo gukeza ababikwiriye, ni ko umunezero wacu uzorushiriza kwongerekana.—Ivyakozwe n’intumwa 20:35.
Niwemere gukezwa wongere ukeze abandi, ubigiranye agatima kabereye
Ariko rero, kuri bamwe gukezwa birashobora kuba ikigeragezo (Imigani 27:21). Nk’akarorero, vyoshobora gutuma abantu basanzwe bafise agatima ko kwishira hejuru bumva ko bahambaye kuruta abandi (Imigani 16:18). Uca wumva rero ko dukeneye kwiyubara. Intumwa Paulo yatanze iyi nkeburo ngirakamaro igira iti: “Ndabgira umuntu wese muri mwebge, . . . yoye kwifata ukw atari, yamara yiyumvire yitonze nk’ukw Imana yagereye umuntu wese ukwizera” (Abaroma 12:3). Kugira dufashe abandi kutagwa mu mutego wo kwifata uko batari, ari kwo kwishima, hari aho vyoba biranga ubukerebutsi tutibanze kuri kamere zimwezimwe bafise nk’ubwenge bubangutse canke ubwiza bwabo bwo ku mubiri. Aho kwibanda kuri ivyo, dukwiye riho kubakengurukira ku bw’ibikorwa vyabo vyiza.
Igihe abandi badukeje babigiranye agatima kabereye kandi tukavyakira mu buryo bubereye, birashobora kugira ikintu ciza bikoze kuri twebwe. Twoshobora kuvyurirwa umutima wo gukengurukira Yehova ku bw’ikintu ciza cose twakoze. Ugukezwa kwoshobora kandi kutuvyurira umutima wo kubandanya kwigenza neza.
Gukeza abandi tubikuye ku mutima kandi mu buryo bukwiye ni ingabirano twese dushobora gutanga. Dukeje umuntu muri ubwo buryo, birashobora kugira ikintu kinini bivuze kuri nyene gukezwa, kuruta uko twari kuvyiyumvira.
[Uruzitiro ku rup. 8]
Ikete ryamukoze ku mutima
Hari umucungezi umwe w’ingenzi yibuka neza igihe kimwe co mu rushana aho we n’umukenyezi wiwe bataha aho bacumbitse, bavuye mu busuku. Uwo musi hari hiriwe hakanye cane. Avuga ati: “Umukenyezi wanje yari akanye cane kandi yacitse intege, aca ambwira yuko yumva ko atoshobora kubandanya. Yavuze ati: ‘Urazi ingene vyoba ari vyiza dukoze ubusuku bw’igihe cose turi mw’ishengero rinaka, tukaguma hamwe, kandi tukaza turarongora inyigisho za Bibiliya zacu bwite!’ Nta ngingo naciye mfata mugabo namubwiye ko tworangiza iyo ndwi maze tukaraba ukuntu yobaye yiyumva ico gihe. Mu gihe yobaye acumva ko dutegerezwa guhagarika igikorwa co kugendera amashengero, nokwubahirije inyiyumvo ziwe. Uwo musi nyene, twaraciye ku biro vya posita maze tuhasanga ikete yari yarungikiwe ku giti ciwe n’ibiro vy’ishami. Muri iryo kete baramukeje n’igishika cinshi ku bw’utwigoro agira mu busuku bwo mu ndimiro no ku bw’ukwihangana kwiwe, bongera baramubwira ko batahura ukuntu bishobora kugora kuza aratora agatiro mu bitanda bitandukanye vyama vyahindutse uko indwi itashe. Yarakozwe ku mutima cane n’ukwo gukezwa ku buryo atigeze asubira gucisha mu kanwa ivyo kuva mu gikorwa co kugendera amashengero. Nkako, akatari gake yarandemesheje kwumira kw’ibanga igihe naba niyumviriye guhagarika ico gikorwa”. Uwo mucungezi n’umukenyezi wiwe bagumye muri ico gikorwa co kugendera amashengero imyaka yababa 40.
[Ifoto ku rup. 17]
Ni nde mw’ishengero ryanyu akwiriye gukezwa?
[Ifoto ku rup. 19]
Abana bararyoherwa igihe bitwararikanywe urukundo kandi bagakezwa