Niwame wibuka akamaro ko gukeza abandi
WOBA umaze kwumva umuntu yidogera umukoresha wiwe yuko amukeza gake kabaho? Weho vyoba bimaze kugushikira? Canke nimba uri uwukiri muto, woba umaze kwidoga kubera ko abavyeyi bawe canke abigisha bawe batagukeza?
Hari aho imwimwe muri iyo myidogo ishobora kuba ifise ishingiro. Ariko nk’uko Umudagi umwe asanzwe amenyereza abantu kugira ngo abavyurire umutima wo kugira ico bakoze abivuga, igihe abakozi bidoze gutyo, ahanini ntibaba bababajwe n’ukuba abakoresha babo batabakeza ahubwo baba bababajwe n’ukuba batabitwararika. Uko biri kwose, biragaragara ko haba hari agahaze. Gukeza abandi no kubitwararika vyompi birahambaye cane kugira ngo tugiranire na bo ubucuti bumeze neza.
Ivyo ni ko bimeze no mu bijanye no gusenga. Ishengero rya gikirisu rikwiye kuba rirangwa n’agatima ko gukeza abandi, igishika be no kwitwararika abandi. Abarigize baragaragaza mwene izo kamere nziza kandi bakazitsimbataza mu gukurikiza ubuyobozi bwo muri Bibiliya. Ariko rero ntiwumve, naho abagize ishengero ryacu boba bameze neza gute, hama hari ibikenewe kuryohorwa. Dufise ivyo mu muzirikanyi, nimuze twihweze abantu batatu batanze uburorero bwiza mu vyo gukeza abandi, abo bakaba ari: Elihu, wa musavyi w’Imana w’imbere y’ubukirisu, intumwa Paulo be na Yezu Kristu.
Impanuro iranga urupfasoni n’icubahiro
Elihu, uwo biboneka ko yari incuti ya kure ya Aburahamu, yarabaye kirumara mu gufasha Yobu kugira ngo abone mu buryo bwiza ubucuti yari afitaniye n’Imana. Elihu yari afise urupfasoni kandi yarubaha. Abigiranye ukwihangana, yararindiriye gushika igihe ciwe co gufata ijambo kigeze. Vyongeye, mu gihe abigira ngo ni abagenzi ba Yobu bo ata kindi bakoze atari ukumwagiriza, Elihu wewe, imbere yo gutanga impanuro yihutiye gukeza Yobu kubera ingendo yiwe igororotse. Ivyo yabigiranye igishika n’ukumufata bimwe biboneka nk’umugenzi, aranamuhamagara mw’izina, mu gihe bamwe bigira abagenzi biwe bobo batigeze babigira. Abigiranye urupfasoni yavuze ati: “Enda rero Yobu, wumve ivyo mvuga, kand’[utege] amatwi amajambo yanje yose”. Abigiranye icubahiro, yarishize mu kibanza ca Yobu maze yiyemerera ati: “Rāba mpwanye nawe imbere y’Imana, nanje n’uko nabumbge mw ibumba”. Maze mu kumukeza yaciye avuga ati: “Asangw’uri n’ico uvuga, unyishure: vuga, kuko [“nahimbawe n’ukugororoka kwawe”, NW]”.—Yobu 33:1, 6, 32.
Gufatana abandi urupfasoni n’icubahiro ni bumwe mu buryo bwo kubakeza. Mu vy’ukuri, ni nk’aho tuba turiko turababwira duti: ‘Mbona ko uri umuntu bibereye ko nitwararika kandi nofatana icubahiro’. Tubigenjeje gutyo, tuba tugaragaje ko tubafitiye igishika kandi ko tubitwararika.
Kugaragariza abandi urupfasoni ntibisobanura gusa gupfa gukurikiza amategeko ajanye n’inyifato ibereye. Kugira ngo abandi bumve ko bakozwe ku mutima, urupfasoni tubagaragariza rutegerezwa kuba atari urw’uburyarya. Rutegerezwa kwerekana ko tubitwararika vy’ukuri kandi ko tubakunda koko.
Nukeze abandi ubigiranye ubugenge
Intumwa Paulo yarerekanye ukuntu gukeza abandi ubigiranye ubugenge bishobora kuba ngirakimazi. Nk’akarorero, igihe yariko aramamaza i Atene mu gihe c’urugendo rwiwe rugira kabiri rw’ubumisiyonari, yaraburaniye ubukirisu imbere y’abafilozofe bamwebamwe b’Abagiriki. Raba ingene yakoresheje ubugenge mu kwamamaza muri ako karere katari koroshe. Inkuru ivyigana ivuga iti: “Abantu bamwe bo mu bafilozofe b’Abepikuri n’Abasitoyiko batangura kuyaga na we baharira, bamwe bakavuga ngo: ‘Ivyo uyo muswaganyi ashaka kuvuga ni ibiki?’. Abandi ngo: ‘Asa n’uwumenyesha ibimana vy’ibinyamahanga’” (Ivyakozwe n’intumwa 17:18, NW). Naho bamubwiye ayo majambo, Paulo yagumye atekanye hanyuma yishura ati: “Bagabo b’i Atene, mbonye yuko mu bintu vyose musa n’abihebeye ugutinya ibimana kurusha abandi”. Aho kubacira urubanza kubera ko basenga ibigirwamana, Paulo yarabakeje ku bw’ishaka bari bafise mu vy’idini.—Ivyakozwe n’intumwa 17:22, NW.
None Paulo yoba yariko arabiyorobekako? Ihibambewe! Yaratahura ko atari ajejwe gucira urubanza abamwumviriza, kuko yari azi neza yuko na we ubwiwe yigeze kuba atazi ukuri. Igikorwa yari ajejwe cari ico kubashikiriza ubutumwa bw’Imana nticari ico kubacira urubanza. Afatiye ku vyamushikiye, yarabonye ko iki kintu benshi mu Vyabona vya Yehova bo muri kino gihe na bo biboneye, ari ic’ukuri: Bamwebamwe mu bantu b’umutima nziraburyarya basanzwe baburanira idini ry’ikinyoma, amaherezo baracika ababuranira bimwe bikomeye idini ry’ukuri.
Ubwo buryo Paulo yakoresheje bwari ngirakamaro kandi bwaravuyemwo ivyiza. Iyo nkuru ibandanya iti: “Abagabo bamwe bifatanya na we bacika abemera, muri bo hakaba harimwo na Diyoniziyo umucamanza wa sentare ya Areyopago, n’umugore yitwa Damari, be n’abandi bari kumwe na bo” (Ivyakozwe n’intumwa 17:34, NW). Ese ukuntu biranga ubukerebutsi kubona Paulo yarakeje abantu b’i Atene ku bw’ivyo bizera ata buryarya, naho bitari ivy’ukuri, aho kubacira urubanza kubera ko batari bafise ubumenyi butagira amakosa! Akenshi abantu bayobezwa n’inyigisho z’ikinyoma usanga baba bafise agatima kabi.
Paulo kandi yarakoresheje ubugenge igihe yarengutswa kugira ngo yiregure imbere ya Herode Agiripa wa kabiri. Vyari bizwi ko Herode yagotse kuri mushikiwe Berenike, ico kikaba ari ikintu vy’ukuri Ijambo ry’Imana ryiyamiriza. N’aho vyari vyifashe gutyo, Paulo ntiyamuciriye urubanza. Ahubwo riho, yararondeye ikintu gifise ishingiro cotuma amukeza. Paulo yavuze ati: “Ku vyerekeye ibintu vyose nagirizwa n’Abayuda, Mwami Agiripa, mbona ko mpiriwe kubona imbere yawe ari ho ngiye kwiregurira uno musi, canecane ko uri umuhanga mu vy’imigenzo yose n’impari vyo mu Bayuda”.—Ivyakozwe n’intumwa 26:1-3, NW.
Ese ukuntu vyoba biranga ubukerebutsi hamwe twokoresha ubugenge mwene ubwo mu vyo tugirana n’abandi! Dukeje umubanyi, umunyeshure twigana canke uwo dukorana, birashobora gutuma tugiranira ubucuti burangwa amahoro maze bigatuma nyene gukezwa arushiriza gukora ibintu neza. Hamwe tworondera gukora ku mutima abantu batagira uburyarya mu kubakeza igihe baba babikwiriye, hari aho twoshobora kubavyurira umutima wo guhindura ivyiyumviro vyabo be n’ibikorwa vyabo bibi maze bakabisubiriza ivyiyumviro be n’ibikorwa bihuye n’ubumenyi butagira amakosa.
Akarorero gatunganye Yezu yatanze mu vyo gukeza abandi
Yezu yarakeza abandi. Nk’akarorero, inyuma y’aho amariye kuzuka hanyuma akaduga mw’ijuru, yararungikiye ubutumwa amashengero ndwi yo muri Aziya Ntoya abicishije ku ntumwa Yohani, ivyo vyose akaba yabigize ayobowe n’Imana. Ntiyaretse gukeza abari babereye gukezwa. Ishengero ry’i Efeso yaryandikiye ati: “Ndazi ibikorwa vyawe, n’ukubira akuya kwawe n’ukwihangana kwawe, be n’uko udashobora kwihanganira abantu babi”. Iry’i Perugamo na ryo yaryandikiye ati: “Uguma ugumije izina ryanje, kandi ntiwihakanye ukwizera ufise muri jewe”. Iry’i Tiyatira na ryo yaryandikiye ati: “Ndazi ibikorwa vyawe, n’urukundo rwawe, n’ukwizera kwawe, n’ubusuku bwawe, n’ukwihangana kwawe, be n’uko ibikorwa vyawe vyo hanyuma biruta ivyo hambere”. No mw’ishengero ry’i Sarudi, iryari rikeneye guhanurwa bimwe bikomeye, Yezu yarahabonye abantu bari babereye gukezwa, aca avuga ati: “Yamara rero, urafise amazina makeyi i Sarudi atahumanije imitamana yayo, kandi bazogendana nanje bambaye imitamana yera, kuko babibereye” (Ivyahishuriwe 2:2, 13, 19; 3:4, NW). Mbega akarorero keza Yezu yatanze!
Cokimwe na Yezu, ntidukwiye kwigera ducira urubanza abantu uko bagize umugwi kubera ko gusa bakeya muri bo bakoze ikintu kitabereye, canke ngo duhe umuntu impanuro ikenewe tutigeze tunamukeza bimwe bibereye. Ariko rero, birabereye ko twama twibuka yuko dukeje abandi mu gihe gusa twateguye ivyo guca tubahanura, rimwe na rimwe mwene ukwo kubakeza kwoshobora kudakengurukwa. Ntugishe akaryo ko gukeza abandi igihe cose bishoboka. Niwabigenza gutyo, bizotuma barushiriza kuba abiteguriye kwakira impanuro uzobaha ikindi gihe bizoba bikenewe.
Abakurambere bakeza abandi mu buryo bubereye
Umukenyezi umwe mukirisu yitwa Cornelia, ubu akaba asukurira ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova mu gihugu kimwe c’i Buraya, yibuka yuko mu ntango z’imyaka ya 1970 umucungezi w’ingenzi yari yabagendeye yamubajije uko ivyiwe vyari vyifashe mu bijanye no kwiyigisha be no gusoma ibinyamakuru. Avuga ati: “Hari ukuntu numvise maramaye”. Ariko naho ari ukwo, yariyemereye yuko bitamushobokera gusoma ibiganiro vyose vyo muri buri kinyamakuru. Uwo mukenyezi abandanya avuga ati: “Aho guca antora amahinyu yarankeje nyabuna kubona narashobora gusoma ivyo nshoboye. Kuba yarankeje vyatumye numva ndemye cane, ku buryo kuva ico gihe naciye niyemeza kuza ndasoma ibiganiro vyose”.
Uwitwa Ray, uno akaba akorera ku biro bimwe vy’ishami vy’i Buraya, aribuka ivyabaye ku musi wa mbere yatangura ubutsimvyi. Umucungezi muhagarikizi wo mw’ishengero yakukira, uno akaba yari afise amabanga yitwararika ku kazi no mu muryango, be n’ayandi atari make yitwararika mw’ishengero, kuri uwo musi ku mugoroba yarinjiye mu Ngoro y’Ubwami atumbera Ray maze amubaza ati: “Uyu musi watanguriyeko igikorwa c’ubutsimvyi wagenze gute?”. Naho ubu haciye imyaka nka 60 ivyo bibaye, Ray aracibuka ukuntu uwo mukurambere yamwitwararitse.
Nk’uko ubwo burorero bubiri buvyerekanye, guserurira abandi inyiyumvo ziranga urukundo z’ugukenguruka kuvuye ku mutima kubera ivyo baba bakoze, atari gusa kubabwira amajambo tutabanje kwiyumvira canke yo kubasiga inkore ku maso, vyoshobora kuba ngirakamaro cane. Mw’ishengero rya gikirisu, hariho ibintu vyinshi vyotuma dukeza abo dusangiye ukwizera. Nk’akarorero twoshobora kubakeza ku cipfuzo bafise co gukorera Yehova, insasanuro batanga ziteguye neza, iterambere bagira kugira ngo batsinde ubwoba maze bashikirize insiguro bongere bagire uruhara mu myerekano ishikirizwa ku makoraniro, umwete bagira mu kwamamaza no mu kwigisha abantu be n’utwigoro bagira kugira ngo bashire ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere bongere bakurikirane imigambi yo mu vy’impwemu. Igihe dukeje abandi turashobora kuronka ivyiza vyinshi. Biratuma duhimbarwa bikongera bigatuma tubona ibintu mu buryo bwiza.—Ivyakozwe n’intumwa 20:35.
Vyoba vyiza abakurambere b’ishengero bagiye barakeza abarigize ku bw’ibikorwa vyiza bakora. Vyongeye, mu gihe vyoba bikenewe ko batanga impanuro bakwiye kuyitanga babigiranye urukundo. Ariko rero, ntibakwiye kwitega ko abagize ishengero bakora ibintu mu buryo butunganye ku buryo akantu kose katabereye koba gakozwe bivuye ku gasembwa koca kabonwa ko ari ubugoyagoye bukomeye.
Abakurambere bakirisu bigana akarorero Elihu yatanze karanga icubahiro be n’urupfasoni rubereye, akarorero ka Paulo k’ukuntu yaganiriza abandi abigiranye ubugenge, be n’akarorero Yezu yatanze k’ukwitwararika abandi mu buryo buranga urukundo, barabera abavukanyi babo isoko ry’indemesho nyakuri. Niwakeza abandi bizotuma barushiriza gukorana umwete vyongere bitume mugiranira ubucuti buhimbaye kandi burangwa amahoro. Ese ukuntu igihe Yezu yabatizwa ategerezwa kuba yarahimbawe no kwumva Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru amukeza muri aya majambo agira ati: “Uri Umwana wanje, umukundwa; naragushimye” (Mariko 1:11, NW)! Ese twonezereza imitima y’abavukanyi bacu mu kubabwira amajambo yo kubakeza avuye ku mutima kandi ari n’ico avuze!
[Amafoto ku rup. 15]
Paulo yarerewe kubera ko yaganiriza abandi abigiranye ubugenge. Na twebwe turashobora kwererwa tubigenjeje gutyo
[Ifoto ku rup. 16]
Gukeza abandi tubigiranye igishika kandi bivuye ku mutima birashobora kuba ngirakamaro cane