Gukeza abandi birabeza umutima
1 “N’uyu musi na ho sinabaye umukobwa ameze neza?”. Ukwo ni ko agakobwa kamwe kavuze gasevagura kiyuha iryosozi mu gitanda. Ico kibazo caratangaje cane nyina wako. Naho yari yabonye ukuntu ako gakobwa kiwe kari kihase kugira kigenze neza uwo musi, nyina yari yirengagije kuvuga n’ijambo na rimwe ryo kugashimira. Amosozi y’ako kigeme arakwiye kutwibutsa yuko twese, abato n’abakuze, dukeneye gukezwa. Twoba tweza umutima abo turi kumwe mu kubaserurira yuko dushima ivyiza bakora?—Imig. 25:11.
2 Abakirisu bagenzi bacu baraduha imvo nyinshi zumvikana zotuma tubakeza. Abakurambere, abakozi b’ishengero be n’abatsimvyi barakora bagatama kugira ngo bashitse amabanga yabo (1 Tim. 4:10; 5:17). Abavyeyi batinya Imana barakora uko bashoboye kwose kugira barerere abana babo mu nzira za Yehova (Ef. 6:4). Urwaruka rukirisu rurarwana urugamba rukomeye kugira ngo rwirinde “agatima k’isi” (1 Kor. 2:12, NW; Ef. 2:1-3). Abandi barasukurira Yehova badahemuka naho bitereye mu myaka, bafise ingorane z’amagara canke bari mu bindi bigeragezo (2 Kor. 12:7). Abo bose barakwiriye gukezwa. Twoba tubona utwo twigoro twabo tubereye gukezwa?
3 Gukeza umuntu ku giti ciwe ukabigira ku kintu gitomoye: Twese mu vy’ukuri turahimbarwa no kwumva amajambo yo kudukeza avugirwa ku mukiruruko. Ariko rero, birarushiriza kutweza umutima igihe badukeje ku giti cacu. Nk’akarorero, mu kigabane ca 16 c’ikete Paulo yandikiye Abaroma, yaravuze ibintu bitomoye ashima nko ku vyerekeye Foyibe, Purisikila na Akwila, Tirufayina na Tirufosa hamwe na Perusi (Rom. 16:1-4, 12). Ese ukuntu ayo majambo ategerezwa kuba yarejeje umutima abo bizerwa! Mwene ukwo gushimwa kurakura amazinda abavukanyi n’abavukanyikazi bacu yuko bakenewe kandi kugatuma turushiriza gushikirana. Hoba hari uwo uherutse gukeza ku giti ciwe kandi ukabigira ku kintu gitomoye?—Ef. 4:29.
4 Gukeza umuntu ubikuye ku mutima: Kugira ngo gukeza umuntu bimweze umutima koko, dutegerezwa kubigira ata buryarya. Abantu barashobora kumenya nimba ivyo turiko turavuga bivuye ku mutima canke nimba turiko ‘duhemanisha ururimi’ gusa (Imig. 28:23). Igihe twimenyereza kubona iciza mu bandi tuzovyurirwa umutima wo kubakeza. Ese twoba abantu bakunda gukeza abandi ata buryarya, tuzi yuko ‘ijambo rivuzwe mu gihe kibereye, ari ryiza’!—Imig. 15:23.