ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/12 rup. 8-rup. 11 ing. 13
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya—Igice ca 1

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya—Igice ca 1
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “AMASIGARIRA AZOGARUKA”
  • (Yesaya 1:1–12:6)
  • “UHORAHO AZOGIRIRA AKAGONGWE ABA YAKOBO”
  • (Yesaya 13:1–35:10)
  • Ubuhanuzi bwa Yesaya butuma turushiriza kwizigira Ijambo ry’Imana
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya—Igice ca 2
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ubukiriro ku bw’Abahitamwo Umuco
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/12 rup. 8-rup. 11 ing. 13

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya​—Igice ca 1

“NDATUMA nde, ni nde yotugīra?” Kuri ako kamo Yehova Imana ateye, Yesaya umuhungu wa Amosi yishura ati: “Ndi hano, ba ari jewe utuma” (Yesaya 1:1; 6:8). Muri uwo mwanya, aca ashingwa igikorwa co kuba umuhanuzi. Ibikorwa vy’ubuhanuzi Yesaya akora birandikwa mu gitabu ca Bibiliya citirirwa izina ryiwe.

Ico gitabu ca Yesaya, icanditswe n’uwo muhanuzi ubwiwe, kivuga ivyabaye mu kiringo c’imyaka 46, kuva nko mu 778 B.G.C. gushika mu gihe kinaka c’inyuma yo mu 732 B.G.C. Naho ico gitabu kivuga ivy’imanza zaciriwe Ubuyuda, Isirayeli be n’amahanga yari abikikuje, ahanini ntikivuga ibijanye no guca imanza, ahubwo nyabuna kivuga ibijanye no ‘gukizwa na Yehova Imana’ (Yesaya 25:9, NW). Kanatsinda, izina rya Yesaya ubwaryo risobanura ngo “agakiza ka Yehova”. Iki kiganiro kiza guca irya n’ino ibikurubikuru vyo muri Yesaya 1:1–35:10.

“AMASIGARIRA AZOGARUKA”

(Yesaya 1:1–12:6)

Bibiliya ntivuga niba ubutumwa bw’ubuhanuzi bwanditswe mu bigabane bitanu vya mbere vy’igitabu ca Yesaya bushikirizwa imbere y’uko agenwa kuba umuhanuzi canke inyuma yaho (Yesaya 6:6-9). Ariko rero, icibonekeza coco ni uko Ubuyuda na Yeruzalemu birwaye mu buryo bw’impwemu “uhereye mu bgoro bg’ikirenge ugashitsa ku mutwe” (Yesaya 1:6). Ivy’ugusenga ibigirwamana biriraye. Indongozi zirarya ibiturire. Abagore basigaye ari abanyabwibone. Abantu ntibasukurira Imana y’ukuri mu buryo yemera. Yesaya arahabwa igikorwa co kuja ‘kwama’ abwira abantu badatahura kandi batipfuza kugira ico bamenya.

Ubuyuda burahanzwe n’igitero cimirije kugirwa n’ingabo za Isirayeli zifatanije n’iza Siriya. Yehova, akoresheje Yesaya n’abana biwe ngo babe “ibimenyamenya n’ibitangaza”, arasubiriza umutima mu nda Ubuyuda yuko urunani rugizwe na Isirayeli be na Siriya ata co ruzoshikako (Yesaya 8:18). Mugabo rero, amahoro aramba azoza gusa biciye ku butegetsi bw’“Umukama w’amahoro” (Yesaya 9:6, 7). Yehova kandi ntazobura kugira ico abaza Ashuri, ihanga akoresha nk’“urugāge rw’uburake [bwiwe]”. Impera n’imperuka, Ubuyuda buzotwarwa mu bunyagano ariko “amasigarira azogaruka” (Yesaya 10:5, 21, 22). Ubutungane nyakuri buzobaho mu gihe c’intwaro y’‘agashami kabaduka ku gishitsi ca Isayi’ k’ikigereranyo.​—Yesaya 11:1.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:8, 9​—Ni mu buhe buryo umukobwa w’i Siyoni “[azosigara] ameze nk’umutara uri mu ruzabibu, ameze nk’urusago ruri mu ndimiro y’imyungu”? Ivyo bisobanura yuko igihe Abashuri bogavye igitero, Yeruzalemu yobaye isa n’iyitagira gitabara na gato, ikamera nk’umutara udakomeye uri mu murima w’umuzabibu canke urusago rworoshe gusenyuka ruri mu murima w’imyungu. Yamara, Yehova arayifasha, gutyo ntareke ko iba nka Sodomu na Gomora.

1:18​—Amajambo ngo “Enda ni muze, twītātūre” ashaka kuvuga iki? Ukwo si ukubatumira ngo bagiranire ibiganiro kugira bashike ku mwumvikano. Ahubwo riho, uwo murongo werekeza ku bijanye no gusasa urubanza aho Umucamanza agororotse Yehova aha Isirayeli akaryo ko guhinduka no kwiyeza.

6:8a​—Ni kubera iki muri iki canditswe irivuga “ndatuma” riri mu muvugwa wa mbere mu rudende, “yotugīra” na ryo rikaba mu muvugwa wa mbere mu bwinshi? Umuvugwa wa mbere mu rudende werekeza kuri Yehova Imana. Umuvugwa wa mbere mu bwinshi na wo werekana yuko hariho uwundi ari kumwe na Yehova. Nta gukeka ko uwo ari “Umwana [wiwe] w’ikinege”.​—Yohana 1:14; 3:16.

6:11​—Yesaya yashaka kuvuga iki igihe yabaza ati: “Mwami, n’ugushitsa ryari?”. Yesaya ntiyariko abaza igihe yomaze ariko arashikiriza ubutumwa bwa Yehova abo bantu batabwakira neza. Ahubwo riho, yashaka kumenya igihe ukwo kurwara mu buryo bw’impwemu kw’abo bantu kwomaze kuriko kuratyoza izina ry’Imana.

7:3, 4​—Ni kubera iki Yehova yemeye gukiza umwami mubi Ahazi? Umwami wa Siriya be n’umwami wa Isirayeli bagiye umugambi wo gukura ku ngoma Umwami Ahazi w’Ubuyuda maze mu kibanza ciwe bagashiraho umutegetsi agendera munsi y’amategeko yabo, uwo na we akaba yari umuhungu wa Tabeli, umuntu atakomoka kuri Dawidi. Uwo mugambi wa Shetani wotumye isezerano ry’Ubwami ryagiranywe na Dawidi ritabandanya gukora. Yehova yaremeye gukiza Ahazi kugira ngo azigame urukurikirane rw’imiryango wa “Mukama w’amahoro” yari yarasezeranywe ko yokomotsemwo.​—Yesaya 9:6.

7:8​—Ni mu buhe buryo Abefurayimu ‘bavungavunzwe’ mu myaka 65? Ivy’ukwambukanwa kw’abantu bo muri bwa bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi maze igihugu cabo kigaca kibamwo abantu bo mu mahanga, vyatanguye “ku ngoma ya Peka umwami w’Abisirayeli”, aho hakaba hari inyuma gatoyi y’aho Yesaya avugiye ubwo buhanuzi (2 Abami 15:29). Vyarabandanije gushika no mu misi y’umwami w’i Ashuri yitwa Esarihadoni umuhungu wa Senakeribu, ari na we yamusubiriye (2 Abami 17:6; Ezira 4:1, 2; Yesaya 37:37, 38). Ico kintu Abashuri bagize co kuza barakura abantu i Samariya hanyuma bakaza barahazana abandi camaze ikiringo c’imyaka 65, ari na yo ivugwa muri Yesaya 7:8.

11:1, 10​—Yezu Kirisitu ashobora gute kuba ‘agashami kabaduka ku gishitsi ca Isayi’ akongera akaba “igishitsi ca Isayi” (Abaroma 15:12)? Yezu ‘yabadutse ku gishitsi ca Isayi’ mu buryo bw’umubiri. Yari uwukomoka kuri Isayi biciye ku muhungu wiwe Dawidi (Matayo 1:1-6; Luka 3:23-32). Ariko rero, ukuronka ububasha bw’ubwami biragira ico bihinduye ku bucuti Yezu afitaniye na ba sekuruza biwe. Kubera ko Yezu yahawe ububasha be n’ubukuru kugira aronse abantu bagamburuka ubuzima budahera kw’isi, yacitse ‘Se [wabo] ahoraho’ (Yesaya 9:6). Ku bw’ivyo, yaciye aba kandi “igishitsi” ca ba sekuruza biwe, ushizemwo na Isayi.

Ivyigwa tuhigira:

1:3. Kwanka kubaho twisunga ivyo Umuremyi wacu adusaba nta ho bitaniye no kurushwa ubwenge n’inka be n’indogoba. Ku rundi ruhande, gukenguruka ivyo Yehova yatugiriye vyose, bizoturinda inyifato yerekana ko tudafise ugutahura biturinde no kumuheba.

1:11-13. Ibirori vy’uburyarya abanyamadini bagira be n’amasengesho yo guheza umwuga batura biraruhisha Yehova. Ivyo dukora be n’amasengesho dutura dukwiye kuba tubitumwe n’imvo ibereye yo mu mutima.

1:25-27; 2:2; 4:2, 3. Ukugirwa abaja kw’Abayuda be n’ukuba umusaka kw’igihugu cabo vyoheranye n’uko amasigarira yigaye agarutse i Yeruzalemu maze agasubizaho ugusenga kw’ukuri. Yehova aragirira ikigongwe abakora ikibi bigaye.

2:2-4. Tugize uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, birafasha abantu bo mu mahanga menshi kwiga inzira z’amahoro no kurondera kugiriranira amahoro hagati yabo.

4:4. Yehova azokuraho, ari kwo kwuhagira, umwanda wo mu vy’inyifato runtu hamwe n’ukwagirwa n’amaraso.

5:11-13. Mu gihe umuntu atigumije ngo yongere agire uburimbane mu guhitamwo uburyo yiruhura, aba yanse gukora ahuza n’ubumenyi.​—Abaroma 13:13.

5:21-23. Abakurambere bakirisu, ari bo bacungezi bakirisu, bategerezwa kwirinda kwigira “abanyabgenge ubgabo”. Barakeneye kandi kugira uburimbane mu vyo “kunywa vino”, bakabwirizwa no kwirinda kugira nkunzi.

11:3a. Akarorero Yezu yatanze be n’inyigisho ziwe birerekana yuko gutinya Yehova bizana umunezero.

“UHORAHO AZOGIRIRA AKAGONGWE ABA YAKOBO”

(Yesaya 13:1–35:10)

Ikigabane ca 13 gushika ku ca 23 birimwo imburi zahawe amahanga. Ariko rero, “Uhoraho azogirira akagongwe aba Yakobo” mu kureka imiryango yose igasubira iwayo (Yesaya 14:1). Ubutumwa buri mu kigabane ca 24 gushika ku ca 27 buvuga yuko Ubuyuda buzosigara ari umusaka, bujana n’umuhango w’uko buzosubizwa umutamana. Yehova araserura ishavu afitiye “ababorewe b’Abefurayimu [ari bo Isirayeli]” kubera ko bagiye hamwe na Siriya, be n’iryo afitiye “umuherezi n’ūvugishwa n’Imana” b’i Buyuda kubera ko barondeye kuja hamwe na Ashuri (Yesaya 28:1, 7). Yesaya aravuga ko ibara rizoshika ku b’i “Ariyeli [ari yo Yeruzalemu]” kubera ko “ba[vuye] hasi ngo bamanuke muri Egiputa” barondera gukingirwa (Yesaya 29:1, NW, akajambo k’epfo; 30:1, 2). Ariko rero, biramenyeshwa yuko abantu bizeye Yehova bazoronka agakiza.

Nka kurya kw’“umugunza w’intambge [u]gwangwarira ku co [w]ishe”, ni ko Yehova azokingira “Umusozi Siyoni” (Yesaya 31:4). Hariho kandi umuhango ugira uti: “Rāba, umwami azoganza mu bugororotsi” (Yesaya 32:1). Naho iterabwoba Abashuri bagira ku Buyuda rituma “intumwa zo gusaba impore” na zo nyene zirira cane, Yehova arasezerana ko abasavyi biwe bazokizwa, “bahari[r]we ukugabitanya kwabo” (Yesaya 33:7, 22-24). “Uhoraho ashangashiriwe amahanga yose, akaba arakiye ingabo zayo zose” (Yesaya 34:2). Ubuyuda ntibuzoguma ari umusaka. “Ahagadutse n’ubgeranyange hazonezerwa, ubugaragwa buzohimbarwa, bushurike amashurwe nk’aya habaseleti”.​—Yesaya 35:1.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

13:17​—Ni mu buhe buryo Abamedi bafashe ifeza nk’ikintu kitagira akamaro, inzahabu na zo ntibazibabare? Abamedi n’Abaperesi babona ko icubahiro kiva ku kwigarurira ahantu kirengeye cane iminyago yo mu ntambara. Ivyo ni ko vyagenze kuri Kuro, uno akaba yarasubije abatashe bavuye mu bunyagano ibikoresho vy’inzahabu be n’ivy’ifeza Nebukadinezari yari yarasahuye mu rusengero rwa Yehova.

14:1, 2​—Ni mu buhe buryo abasavyi ba Yehova ‘bagize inyagano ababajana kw’inyagano’, bongera ‘baratwara ababahahaza’? Ivyo vyashitse ku bantu nka Daniyeli, uwari afise igiti gikomeye i Babiloni mu gihe c’ubutegetsi bw’Abamedi n’Abaperesi, Esiteri, uwabaye umwamikazi w’Ubuperesi be na Moridekayi uwagenywe kuba umushikiranganji wa mbere w’inganji y’Ubuperesi.

20:2-5​—Yesaya yoba vy’ukuri yaramaze imyaka itatu yambaye ubusa? Bishoboka ko Yesaya yakuye umutamana wiwe gusa maze agenda yambaye mu buryo bubayabaye.

21:1​—Ni intara iyihe yitwa “ubugaragwa buri ku kiyaga”? Naho nyene Babiloni itari iruhande y’ikiyaga na kimwe kibaho vy’ukuri, iravugwa muri ubwo buryo. Ivugwa gutyo kubera ko ku mwaka ku mwaka, iyo Uruzi Efurate n’Uruzi Tigiri zuzuye, amazi yazo yaca asendanisha muri iyo ntara, agaca atuma haba ikidengeri kinini kimeze nk’ikiyaga.

24:13-16​—Abayuda bocitse gute ‘mu mahanga nk’ukunyiganyizwa kw’igiti ca elayo, canke nk’uduhumbwa tw’inzabibu iyo iyimbura rishize’? Nka kurya nyene hari ivyamwa bisigazwa ku giti canke ku ruzabibu inyuma y’iyimbura, Abayuda bakeyi gusa ni bo borokotse isangangurwa rya Yeruzalemu n’Ubuyuda. Aho abarokotse bojanywe hose, haba “i burasirazuba [i Babiloni mu Buseruko]” canke “mu bizinga vyo mu kiyaga [Mediterane]”, boninahaje Yehova.

24:21​—“Ingabo zo hejuru mw ijuru” be n’“abami bo hasi mw isi” ni bande? “Ingabo zo hejuru mw ijuru” zoshobora kuba ari ibinyabuzima vy’impwemu vy’ibibisha. “Abami bo hasi mw isi” rero, ni abatware b’isi, abo na bo amadayimoni akaba abagirako akosho gakomeye.​—1 Yohana 5:19.

25:7​—“Icitwikiro c’ukugandara catwikiriye amoko yose, n’icitwikiro gitwikiriye amahanga yose”, ni iki? Iyo mvugo ngereranyo yerekeza ku bansi babiri bakomeye ari bo icaha n’urupfu.

Ivyigwa tuhigira:

13:20-22; 14:22, 23; 21:1-9. Ijambo ry’ubuhanuzi rya Yehova ryama nantaryo riranguka, nk’uko vyashitse ku bijanye na Babiloni.

17:7, 8. Naho benshi muri Isirayeli batateze yompi, abantu bamwebamwe barahanze amaso Yehova. Muri ubwo buryo nyene, abantu bamwebamwe bo mu madini y’abiyita abakirisu barakira neza ubutumwa bwiza bw’Ubwami.

28:1-6. Isirayeli yoguye mu maboko ya Ashuri, yamara Imana yokwitwararitse ivy’uko abantu b’intahemuka barokoka. Iyo Yehova asezeranye gushitsa imanza ziwe, umugororotsi aguma afise icizigiro.

28:23-29. Yehova arabogora abantu b’imitima nziraburyarya akurikije ivyo bakeneye be n’uko ivyabo vyifashe.

30:15. Kugira ngo Yehova adukize bisaba ko tugaragaza ukwizera mu “gutēkāna”, ni ukuvuga mu kwirinda kurondera agakiza biciye ku migambi y’abantu. Mu gihe ‘dutekereje’, ni ukuvuga ntitube abanyabwoba, na ho nyene tuba twerekanye ko twizigiye ko Yehova ashoboye kudukingira.

30:20, 21. ‘Turabona’ Yehova tukongera ‘tukumva’ ijwi ryiwe ry’agakiza mu gukurikiza ivyo atubwira biciye kw’Ijambo ryiwe ryahumetswe, ari ryo Bibiliya, no kuri wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”.​—Matayo 24:45.

Ubuhanuzi bwa Yesaya butuma turushiriza kwizigira Ijambo ry’Imana

Emwe, turakwiye koko gukenguruka ubutumwa bw’Imana buri mu gitabu ca Yesaya! Ubuhanuzi bwamaze kuranguka butuma turushiriza kwizigira ko ‘ijambo rivuye mu kanwa ka Yehova ritazogaruka ubusa’.​—Yesaya 55:11.

Tuvuge iki ku bijanye n’ubuhanuzi bwerekeye Mesiya, nk’ubwo dusanga muri Yesaya 9:7 no muri Yesaya 11:1-5, 10? Ntibutuma none turushiriza kwizera intunganyo Yehova yashizeho zo kudukiza? Ico gitabu kirimwo kandi ubuhanuzi buriko buraranguka mu buryo nyamukuru muri iki gihe cacu canke buzoranguka mu gihe kiri imbere (Yesaya 2:2-4; 11:6-9; 25:6-8; 32:1, 2). Vy’ukuri, igitabu ca Yesaya na co nyene kirerekana yuko “ijambo ry’Imana [ari] rizima”!​—Abaheburayo 4:12.

[Ifoto ku rup. 8]

Yesaya n’abana biwe bari nk’“ibimenyamenya n’ibitangaza” kuri Isirayeli

[Ifoto ku rup. 9]

Yeruzalemu yobaye “nk’umutara uri mu ruzabibu”

[Ifoto ku rup. 10]

Abantu bo mu mahanga bariko bafashwa gute ‘kuvunjavunja inkota zabo mw’amasuka’?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika