ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/1 rup. 8-rup. 11 ing. 11
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya—Igice ca 2

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya—Igice ca 2
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “EH’IMISI IZOZA”
  • (Yesaya 36:1–39:8)
  • “HAZOKWUBAKWA”
  • (Yesaya 40:1–59:21)
  • ‘HAZOBA IGITSIBO C’UBWIZA’
  • (Yesaya 60:1–66:24)
  • “Munezerwe”
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya—Igice ca 1
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ubukiriro ku bw’Abahitamwo Umuco
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/1 rup. 8-rup. 11 ing. 11

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya​—Igice ca 2

YESAYA ariko ararangura adahemuka igikorwa yashinzwe co kuba umuhanuzi. Amajambo yavuze yerekeye ibintu bibabaje vyoshikiye bwa bwami bwa Isirayeli bugizwe n’imiryango cumi aramaze kuranguka. Ubu agomba avuge ayandi majambo yerekeye kazoza ka Yeruzalemu.

Igisagara ca Yeruzalemu kizosangangurwa kandi abakibamwo bazotwarwa inyagano. Ariko rero, ntikizoguma ari umusaka. Hazoca igihe, maze ugusenga kw’ukuri gusubizwe umutamana. Ubwo ni bwo butumwa nyamukuru dusanga muri Yesaya 36:1–66:24a. Kwihweza ibivugwa muri ivyo bigabane birashobora kutugirira akamaro, kubera yuko iranguka nyamukuru canke rya nyuma ry’ubuhanuzi bwinshi buri muri ico gice ririko riraba muri iki gihe, canke na ho rikaba ryimirije kuba. Ico gice c’igitabu ca Yesaya kirimwo kandi ubuhanuzi buteye umunezero bwerekeye Mesiya.

“EH’IMISI IZOZA”

(Yesaya 36:1–39:8)

Mu mwaka ugira 14 Umwami Hezekiya ari ku ngoma (ni ukuvuga mu 732 B.G.C.), Abashuri baratera Ubuyuda. Yehova arasezerana kurwanira Yeruzalemu. Uguhanamirwa n’ico gitero kurangira igihe umumarayika wa Yehova umwe rudende yica ingabo z’Abashuri 185.000.

Hezekiya ararwara. Yehova arishura isengesho amutura akamukiza, maze akamwongera iyindi myaka 15 y’ukubaho. Igihe umwami w’i Babiloni arungika intumwa zo kubwira Hezekiya ko ahimbawe n’uko yakize, Hezekiya arakora ikintu kitaranga ubukerebutsi akabereka ivyo atunze vyose. Yesaya arashikiriza Hezekiya ubutumwa buvuye kuri Yehova, ati: “Eh’imisi izoza, ibiri mu ngoro yawe vyose, n’ivyo ba sogokuruza bābītse bigashitsa n’ubu, bizosahurwa bijanwe i Babuloni” (Yesaya 39:5, 6). Haheze imyaka irenga gatoyi 100, ubwo buhanuzi buraranguka.

Inyishu y’ikibazo gishingiye ku Vyanditswe:

38:8​—Izo “ntambuko” igitutu casubijweko inyuma zari izihe? Narirya mu kinjana c’umunani B.G.C. mu Misiri n’i Babiloni bakoresha udukoresho tugera isaha (bita cadrans solaires), izo ntambuko zishobora kuba ari ingero zerekana amasaha zari ku gakoresho kagera isaha se wa Hezekiya, ari we Ahazi, yoba yari afise. Canke birashoboka ko ku kirimba hari ingazi. Inkingi yari iruhande y’iyo ngazi ishobora kuba yagenda iratera igitutu cayo ku ntambuko z’iyo ngazi, ivyo bikaba rero vyarashobora kubafasha kumenya amasaha.

Ivyigwa tuhigira:

36:2, 3, 22. Naho Shebuna yakuwe mu mabanga yiwe y’ububwiriza, yaremerewe kubandanya asukurira umwami ari umukarani w’uwamusubiriye (Yesaya 22:15, 19). Igihe dukuwe mu mabanga manaka twahora turangura mw’ishirahamwe rya Yehova bivuye ku mvo yinaka, ntivyoba vyiza none tubandanije gusukurira Imana mu kurangura amabanga ayo ari yo yose yoba ishimye ko turangura?

37:1, 14, 15; 38:1, 2. Igihe turi mu ngorane, vyoba biranga ubukerebutsi twituye Yehova mw’isengesho tukongera tukamwizigira n’umutima wacu wose.

37:15-20; 38:2, 3. Igihe i Yeruzalemu hari hageramiwe n’Abashuri, ikintu nyamukuru cari kiraje ishinga Hezekiya ni uko haramutse hatsinzwe vyosize iceyi izina rya Yehova. Hezekiya amaze kumenya yuko indwara yiwe yomuhitanye, ntiyarajwe ishinga n’ivyiwe gusa. Icari kimuraje ishinga cane ni ukuntu vyociye bigenda ku bijanye n’urukurikirane rw’abami bakomoka kuri Dawidi, aramutse apfuye adasize samuragwa. Yaribaza kandi uwoyoboye urugamba rwo kurwanya Abashuri uwo ari we. Nk’ukwo kwa Hezekiya, tubona ko ukwezwa kw’izina rya Yehova be n’iranguka ry’umugambi wiwe ari vyo bihambaye cane kuruta ubukiriro bwacu.

38:9-20. Urwo ruririmbo rwa Hezekiya ruratwigisha yuko mu buzima ata kintu gihambaye kuruta ukuba dushoboye gushemeza Yehova.

“HAZOKWUBAKWA”

(Yesaya 40:1–59:21)

Yesaya, akimara kuvuga ivy’uko Yeruzalemu hazosangangurwa maze abaho bakajanwa inyagano i Babiloni, aca avuga ibijanye n’uko hazosubizwa umutamana (Yesaya 40:1, 2). Muri Yesaya 44:28 havuga ku vyerekeye Yeruzalemu hati: “Hazokwubakwa”. Ibishushanyo vy’imana z’Abanyababiloni bizotwarwa nk’“umutwaro” canke umuzigo (Yesaya 46:1). I Babiloni hazosangangurwa. Ivyo vyose biraranguka haciye ibinjana bibiri.

Yehova azoshiraho umusavyi wiwe ngo abe “umuco wākira amahanga” (Yesaya 49:6). “Ijuru” rigereranya abategetsi b’Abanyababiloni “rizokamangana nk’umwotsi”, abo batwara na bo “ba[pfe] nk’isazi”. Ariko, ‘umukobwa w’i Siyoni yajanywe inyagano azokwibohora imvuto zo mw’izosi ryiwe’ (Yesaya 51:6; 52:2). Yehova abwira abaza kuri we maze bakamwumviriza, ati: “Nzosezerana namwe isezerano ritazoshira, ni ryo mbabazi Dawidi yasezeraniwe zitazovaho” (Yesaya 55:3). Igihe umuntu abayeho ahuza n’ivyo Imana isaba bigororotse, bituma ‘anezererwa Uhoraho’ (Yesaya 58:14). Ariko, ibigabitanyo vy’abantu ‘birabatandukanya n’Imana yabo’.​—Yesaya 59:2.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

40:27, 28​—Ni kubera iki Isirayeli yavuze iti: ‘Inzira yanje inyegejwe Uhoraho, kandi Ivyanje Imana yanje iravyirengagiza’? Abayuda bamwebamwe bari i Babiloni hari aho boba bariyumvira yuko ayo bagowe yari anyegejwe Yehova, canke ko atayabona. Baribukijwe yuko Babiloni itari ahantu Umuremyi w’isi atoshika, we atigera adendebukirwa canke ngo aruhe.

43:18-21​—Ni kubera iki abagarutse bavuye mu bunyagano babwiwe “[kuti]buka ivya mbere”? Ivyo ntivyasobanura yuko bari bakwiye kwibagira ibikorwa Yehova yari yarakoze vyo kubarokora. Ahubwo riho, Yehova yashaka ko bamushemeza ku bw’“ikintu gisha” bo ubwabo bokwiboneye, nk’akarorero urugendo bogize ata nkomanzi baja i Yeruzalemu, kumbure baciye mu nzira ica mu bugaragwa itazigura. Abagize “ishengero ryinshi” bava muri wa “mubabaro mwinshi” na bo nyene hari ibintu bishasha bazoba bariboneye bizotuma baninahaza Yehova.​—Ivyahishuriwe 7:9, 14.

49:6​—Ko ubusuku Mesiya yaranguriye kw’isi bwagarukiye ku Bisirayeli, ni mu buryo ki ari “umuco wākira amahanga”? Mesiya ni umuco wakira amahanga bivanye n’ivyabaye inyuma y’urupfu rwiwe. Bibiliya irerekeza amajambo yo muri Yesaya 49:6 ku bigishwa biwe (Ivyakozwe n’intumwa 13:46, 47). Muri iki gihe, abakirisu basizwe, bafashijwe n’abasavyi b’Imana bo mu bagize ishengero ryinshi, barasukura ari “umuco wākira amahanga” mu kumurikira abantu “bo ku mpera y’isi”.​—Matayo 24:14; 28:19, 20.

53:10​—Ni kubera iki bivugwa ko Yehova yashimye canke yahimbawe no kujanjagura Umwana wiwe? Yehova, we Mana y’ikibabarwe n’impuhwe, ategerezwa kuba yaratuntujwe no kubona Umwana wiwe mukundwa ababazwa. Naho ari ukwo, yahimbawe n’uko Yezu yamugamburukiye abigiranye umutima ukunze yongera ahimbarwa n’ico umubabaro wiwe n’urupfu rwiwe vyoshitseko.​—Imigani 27:11; Yesaya 63:9.

53:11, NW​—Mesiya “[a]tuma benshi baheshwa ukugororoka” biciye ku kumenya ukuhe? Ukwo kumenya ni ukwo Yezu yaronse biciye ku kuza kw’isi, ku kuba umuntu no ku kubabazwa ata co ahorwa gushika ku rupfu (Abaheburayo 4:15). Gutyo rero, yaratanze inkuka y’incungu, iyari ikenewe kugira ngo abakirisu basizwe be n’abagize ishengero ryinshi bashobore kubonwa ko bagororotse mu nyonga z’Imana.​—Abaroma 5:19; Yakobo 2:23, 25.

56:6​—Abo “banyamahanga” ni bande, kandi ni mu buryo ki ‘[“bacakira”, NW] isezerano ry’Uhoraho’? Abo “banyamahanga” ni abagize “izindi ntama” za Yezu (Yohana 10:16). Bacakira isezerano rishasha mu buryo bw’uko bagamburuka amategeko ajanye na ryo, bagakurikiza bimwe bishitse indinganizo zashizweho biciye kuri iryo sezerano, bakihereza ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu nk’ivyo abakirisu basizwe bihereza, bakongera bakabashigikira mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa.

Ivyigwa tuhigira:

40:10-14, 26, 28. Yehova arafise ubushobozi kandi agenza buhoro, ni we nyene ububasha bwose n’ubukerebutsi bwose, kandi afise ugutahura kuruta kure n’iyo uko dushobora kubitegera.

40:17, 23; 41:29; 44:9; 59:4. Urunani rw’ivya politike be n’ibigirwamana ni “ubusa”. Kuvyizigira nta co bimaze namba.

42:18, 19; 43:8. Twihumye amaso ngo ntitubone ico Ijambo ry’Imana ryanditswe rivuga kandi tukiziba amatwi ngo ntitwumve inyigisho itanga biciye kuri wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”, tuba tubaye impumyi n’ibipfamatwi mu buryo bw’impwemu.​—Matayo 24:45.

43:25. Yehova arasibanganya ibicumuro ku bwiwe. Ukwezwa kw’izina rya Yehova ni kwo guhambaye kuruta ukubohorwa tukava mu ngoyi z’icaha n’urupfu be n’ukuronka ubuzima.

44:8. Turafatwa mu mugongo na Yehova, we atanyiganyizwa kandi akomeye nka kurya kw’igitandara. Ntidukwiye kwigera dutinya gushinga intahe y’uko ari we Mana.​—2 Samweli 22:31, 32.

44:18-20. Ugusenga ibigirwamana ni ikimenyetso cerekana ko umuntu yahumanye mu mutima. Nta kintu na kimwe gikwiye kuja mu kibanza Yehova afise mu mutima wacu.

46:10, 11. Ubushobozi bwo gutuma ‘imigabo yiwe ihama’, ni ukuvuga bwo gutuma umugambi wiwe uranguka, ni icemeza cibonekeza c’uko Yehova ari we Mana.

48:17, 18; 57:19-21. Nitwaronderera ubukiriro kuri Yehova, tukamwiyegereza, tukongera tukitondera amategeko yiwe, tuzogira amahoro menshi nk’amazi y’uruzi, kandi ibikorwa vyacu bigororotse bizoba vyinshi nk’imipfunda y’ikiyaga. Abatumvira Ijambo ry’Imana bobo bameze nk’“ikiyaga gisuriranya”. Nta mahoro bafise.

52:5, 6. Abanyababiloni bashitse ku ciyumviro kitari co c’uko Imana y’ukuri itagira ububasha. Ntibatahuye yuko icatumye Isirayeli ija mu buja ari uko Yehova atari agishima abasavyi biwe. Igihe abandi bashikiwe n’icago, vyoba biranga ubukerebutsi tudaciye twihutira kwiyumvira yuko icabiteye ari iki canke kiriya.

52:7-9; 55:12, 13. Hariho n’imiburiburi imvo zitatu zotuma duhimbarwa no kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Abantu bicisha bugufi bafise inzara yo mu vy’impwemu babona ko ibirenge vyacu ari vyiza. Turibonera Yehova “imbonankubone”, ivyo bikaba bisobanura yuko tugiranira na we ubucuti somambike. Turinovora kandi ugusagamba kwo mu buryo bw’impwemu.

52:11, 12. Kugira tube ababereye gutwara “imbombovu z’Uhoraho”, izigereranya intunganyo ziwe zijanye n’igikorwa ceranda, dutegerezwa kuba abadahumanye mu vy’impwemu no mu nyifato runtu.

58:1-14. Ukwibanda ku Mana be n’ubugororotsi bigiranwa uburyarya nta co bimaze. Abasenga Imana b’ukuri bakwiye kugaragaza cane kandi mu buryo butarimwo uburyarya ko bibanda ku Mana be n’uko bakunda abavukanyi babo.​—Yohana 13:35; 2 Petero 3:11.

59:15b-19. Yehova arihweza ivyo abantu bakora kandi akagira ico akoze igihe yashinze kigeze.

‘HAZOBA IGITSIBO C’UBWIZA’

(Yesaya 60:1–66:24)

Mu kwerekeza ku gusubiza umutamana ugusenga kw’ukuri mu bihe vya kera be n’ukwo mu gihe cacu, muri Yesaya 60:1 havuga hati: “Haguruka ukayangane, kuk’umuco wawe ushitse, kand’ubgiza bg’Uhoraho bukaba bukurasiye”. Siyoni “[i]zoba igitsibo c’ubgiza mu kuboko kw’Uhoraho”.​—Yesaya 62:3.

Yesaya arasabira kuri Yehova benewabo basangiye igihugu bazokwigaya mu gihe bazoba bari mu bunyagano i Babiloni (Yesaya 63:15–64:12). Uwo muhanuzi ahejeje kwerekana itandukaniro riri hagati y’abasavyi b’ukuri n’ab’ikinyoma, aca avuga ukuntu Yehova azohezagira abamusukurira.​—Yesaya 65:1–66:24.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

61:8, 9​—Iryo “sezerano ritazoshira” ni irihe, kandi abagize urwo “ruvyaro” ni bande? Iryo sezerano rishasha ni iryo Yehova yagiranye n’abakirisu basizwe. Abagize urwo “ruvyaro” ni “izindi ntama”, ni ukuvuga abantu amamiliyoni bakira neza ubutumwa abakirisu basizwe bashikiriza.​—Yohana 10:16.

63:5​—Ni mu buryo ki ubushangashirwe bw’Imana buyishigikira? Ubushangashirwe bw’Imana ni inyiyumvo Imana icungera. Ni ishavu ryayo ribereye. Ubushangashirwe bwayo burayihagarikira, ni ukuvuga bukayishigikira, mu bijanye n’ugushitsa imanza zayo zigororotse, bukongera bugatuma izishitsa.

Ivyigwa tuhigira:

64:6. Abantu b’abanyagasembwa ntibashobora kwikiza. Ku bijanye no guhongera ivyaha, ibikorwa vyabo bigororotse nta ho biruta na gato impuzu zanduye.​—Abaroma 3:23, 24.

65:13, 14. Yehova arahezagira abasavyi biwe b’intahemuka, akabaronsa ku bwinshi ivyo bakeneye mu vy’impwemu.

66:3-5. Yehova aranka uburyarya.

“Munezerwe”

Ese ukuntu ubuhanuzi bwerekeye ugusubizwa umutamana kwa Yeruzalemu butegerezwa kuba bwarahumurije Abayuda b’intahemuka bari mu bunyagano i Babiloni! Yehova yavuze ati: “Munezerwe, muze muhore muhimbawe n’ivyo ndema; kuko rāba, ndema Yerusalemu ngo mpagire umunezero, n’abantu baho ngo ndabagire akanyamuneza”.​—Yesaya 65:18.

Na twebwe tubayeho mu gihe isi itwikiriwe n’umwiza, amahanga na yo akaba ari mu mwiza w’umuzitanya (Yesaya 60:2). Ubu turi mu “bihe bigoye” (2 Timoteyo 3:1). Ku bw’ivyo rero, ubutumwa bw’ubukiriro Yehova yatanze dusanga mu gitabu ca Bibiliya ca Yesaya, buraturemesha cane rwose.​—Abaheburayo 4:12.

[Akajambo k’epfo]

a Nimba wipfuza ikiganiro gica irya n’ino Yesaya 1:1–35:10, raba ikiganiro kivuga ngo “Ijambo rya Yehova ni rizima​—Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya​—Igice ca 1”, kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 2006.

[Ifoto ku rup. 8]

Woba uzi impamvu nyamukuru yatumye Hezekiya asaba gukurwa mu vyara vy’Abashuri?

[Ifoto ku rup. 11]

“Ereg’ibirenge vy’ūzanye inkuru nziza ni vyiza ku misozi”!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika