Tuyobokere abungere banyarukundo twicishije bugufi
“Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke”.—ABAHEBURAYO 13:17, NW.
1, 2. Ni ivyanditse ibihe vyerekana ko Yehova na Yezu ari Abungere banyarukundo?
YEHOVA IMANA be n’Umwana wiwe Yezu Kristu, ni Abungere banyarukundo. Yesaya yavuze ati: “Eh’Uhoraho Imana azoza afise ubushobozi, kand’ukuboko kwiwe kuzomutwarira . . . Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, [“azokoraniriza hamwe imyagazi akoresheje ukuboko kwiwe”, NW], ayitware mu gikiriza, kand’izonsa azoziyobora buhoro-buhoro”.—Yesaya 40:10, 11.
2 Ubwo buhanuzi bujanye n’uguhabuzwa bwarangutse ari bwo bwa mbere igihe amasigarira y’Abayuda yagaruka i Buyuda mu 537 B.G.C. (2 Ngoma 36:22, 23). Ubwo buhanuzi bwarasubiye kuranguka mu 1919 igihe amasigarira y’abasizwe yarekurwa muri ‘Babiloni Hahambaye’ na Kuro Mukuru, ari we Yezu Kristu (Ivyahishuriwe 18:2; Yesaya 44:28). Yezu ni we “kuboko” Yehova akoresha mu gutwara, akaba ari na we akoresha mu gukoraniriza hamwe intama no mu kuziragirana ikibabarwe. We ubwiwe yavuze ati: “Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n’izanje ziranzi”.—Yohana 10:14.
3. Yehova agaragaza gute ko yitwararikana urukundo uburyo intama ziwe zifatwa?
3 Ubuhanuzi bwo muri Yesaya 40:10, 11 burashimika ku kuntu Yehova aragira abasavyi biwe abigiranye ikibabarwe (Zaburi 23:1-6). Igihe Yezu yarangura ubusuku bwiwe ngaha kw’isi, na we nyene yaritwararikanye ikibabarwe abigishwa biwe be n’abantu muri rusangi (Matayo 11:28-30; Mariko 6:34). Yehova na Yezu barababazwa n’agahahazo k’abungere b’Abisirayeli, ari bo ndongozi zabo, bano bakaba barirengagiza bimwe vy’akamaramaza imikuku bari bajejwe bakongera bakayirya imitsi (Ezekiyeli 34:2-10; Matayo 23:3, 4, 15). Yehova yasezeranye ati: “Ngira nkize umukuku wanje ngo ntube ukiba inyagano ukundi; kandi nce urubanza hagati y’ibitungwa n’ibindi. Nzoziha umwungere umwe, na we azoziragira, ni we musavyi wanje Dawidi; azoziragira, abe umwungere wazo” (Ezekiyeli 34:22, 23). Muri iki gihe c’iherezo, Yezu Kristu, we Dawidi Mukuru, ni we “mwungere umwe” Yehova yagenye ngo aragire abasavyi biwe bose bo kw’isi, baba abakirisu basizwe impwemu canke abagize “izindi ntama”.—Yohana 10:16.
Ishengero ryarahawe ingabirano ziva mw’ijuru
4, 5. (a) Ni ingabirano y’igiciro iyihe Yehova yahaye abasavyi biwe bo kw’isi? (b) Ni ingabirano iyihe Yezu yahaye ishengero ryiwe?
4 Mu guha abasavyi biwe bo kw’isi “umwungere umwe”, ari we Yezu Kristu, Yehova yari ahaye ishengero rya gikirisu ingabirano y’igiciro. Muri Yesaya 55:4 hari haravuze ivyerekeye iyo ngabirano y’Indongozi ivuye mw’ijuru, hati: “Rāba, ndamutanze ngw abe icabona co gushingira intahe amahanga, ngw abe n’umukuru na segaba w’amahanga”. Abakirisu basizwe be n’abagize “ishengero ryinshi”, bose bakoranirizwa hamwe bakuwe mu mahanga yose, n’imiryango yose, n’amoko yose be n’indimi zose (Ivyahishuriwe 5:9, 10; 7:9). Bagize ishengero rikwiye kw’isi yose, ni ukuvuga “umukuku umwe”, uyobowe n’“umwungere umwe”, ari we Kristu Yezu.
5 Yezu na we nyene yarahaye ishengero ryiwe ryo kw’isi ingabirano y’igiciro. Yararihaye abungere batobato b’intahemuka, bano bakaba bigana Yehova na Yezu mu kuragira umukuku babigiranye ikibabarwe. Intumwa Paulo yaravuze ibijanye n’iyo ngabirano irangwa urukundo mw’ikete yandikiye abakirisu b’i Efeso. Yanditse ati: “Yaradūze, aja iyo hejuru, ajanye [“ingabirano z’abagabo”, NW], . . . . Yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha: kugira ngw abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivy’Imana, bubake umubiri wa Kristo”.—Abanyefeso 4:8, 11, 12.
6. Mu Vyahishuriwe 1:16, 20 hadondora gute abacungezi basizwe bari bagize inama z’abakurambere, kandi twovuga iki ku bijanye n’abakurambere bagenywe bo mu bagize izindi ntama?
6 Izo “ngabirano z’abagabo” ni abacungezi, ari bo bakurambere, bagenwa na Yehova be n’Umwana wiwe biciye ku mpwemu yera, kugira ngo baragire intama babigiranye ikibabarwe (Ivyakozwe n’intumwa 20:28, 29). Mu ntango, abo bacungezi bose bari abagabo bakirisu basizwe. Mu Vyahishuriwe 1:16, 20, abari bagize inama z’abakurambere zo mw’ishengero ry’abakirisu basizwe bagereranijwe n’“inyenyeri” canke “abamarayika” bari mu kuboko kw’iburyo kwa Kristu, ivyo bikaba bisobanura yuko bayoborwa na we. Ariko muri iki gihe c’iherezo, narirya igitigiri c’abacungezi basizwe bakiri ngaha kw’isi kiguma kigabanuka, abakurambere bakirisu benshi cane bari mu mashengero usanga ari abo mu bagize izindi ntama. Kubera ko abo bakurambere bagenwa n’abaserukira Inama Nyobozi, bano bakabigira bayobowe n’impwemu yera, na bonyene barashobora kuvugwa ko bari munsi y’ukuboko kw’iburyo kwa wa Mwungere Mwiza Yezu Kristu, canke ko bayobowe na we (Yesaya 61:5, 6). Kubera ko abakurambere bo mu mashengero bayobokera Kristu, we Mutwe w’ishengero, birabereye ko dusenyera ku mugozi umwe na bo bimwe bishitse.—Ab’i Kolosayi 1:18.
Ukugamburuka n’ukuyoboka
7. Ni impanuro iyihe Paulo yatanze ku bijanye n’ukuntu dukwiye kubona abacungezi bakirisu?
7 Abungere bacu bo mw’ijuru, ari bo Yehova Imana na Yezu Kristu, biteze ko tugamburukira abungere batobato bashinze amabanga mw’ishengero, tukongera tukabayobokera (1 Petero 5:5). Intumwa Paulo ahumekewe n’Imana yanditse ati: “Mwibuke [“ababaja imbere”, NW], bakababgira ijambo ry’Imana; mwitegereje iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo. [“Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke, kuko baguma barinze ubuzima bwanyu nk’abazogira ico babazwa; kugira ngo ivyo babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko ivyo vyogirira nabi mwebwe”, NW]”.—Abaheburayo 13:7, 17.
8. Paulo adusaba ‘kwitegereza’ iki, kandi dukwiye ‘kugamburuka’ gute?
8 Urabona ko Paulo adusaba ‘kwitegereza’, ni ukuvuga kwihweza twitonze, ico ingeso ziranga ukudahemuka abakurambere bagaragaza zivamwo maze tukigana ukwizera kwabo. N’ikindi kandi, aduhanura kugamburuka ubuyobozi abo bagabo bagenywe batanga no kubuyoboka. Incabwenge imwe yo mu vya Bibiliya yitwa R. T. France isigura yuko mu kigiriki co mu ntango, ijambo rihindurwa ng’aho ngo “mugamburukire” atari ryo “risanzwe rikoreshwa igihe umuntu ashaka kuvuga ivy’ukugamburuka, ahubwo ko ari ijambo risobanura urudome ku rundi ngo ‘mujijuke’, ivyo rero bikaba vyerekeza ku kwemera n’umutima ukunze ubuyobozi bwabo”. Ntitugamburukira abakurambere kubera ko gusa Ijambo ry’Imana ribidusaba, ariko kandi tubagamburukira kubera ko twajijutse yuko ivy’Ubwami be n’ineza yacu ari vyo bashirako umutima. Nta gukeka ko tuzohimbarwa nitwemera ubuyobozi batanga tubikunze.
9. Uretse ukugamburuka, ni kubera iki bikenewe ko ‘tuyoboka’?
9 Ariko none, tuvuge iki nka hamwe tutoba tubona neza ko ubuyobozi abakurambere batanze ku bintu binaka ari bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwo kubikora? Aho rero ni ho bica bikenerwa ko tuyoboka. Biroroshe kugamburuka igihe ibintu vyose bitomoye kandi tukaba tuvyemera, mugabo twerekana ko tuyoboka vy’ukuri igihe twiyorosha mbere naho twebwe ubwacu twoba tudatahura neza ubuyobozi bwatanzwe. Petero, uwahavuye aba intumwa, yaragaragaje mwene ukwo kuyoboka.—Luka 5:4, 5.
Imvo zine zikwiye gutuma dusenyera ku mugozi umwe na bo tubikunze
10, 11. Ni mu buryo ki abacungezi ‘babwiye ijambo ry’Imana’ abakirisu bagenzi babo mu kinjana ca mbere no muri iki gihe?
10 Mu Baheburayo 13:7, 17, ahasubiwemwo mu majambo mu ngingo z’imbere y’iyi, intumwa Paulo aravugamwo imvo zine zikwiye gutuma tugamburukira abacungezi bakirisu tukongera tukabayobokera. Imvo ya mbere ni iy’uko ‘batubwiye ijambo ry’Imana’. Uribuka yuko “ingabirano z’abagabo” Yezu aha ishengero azitanga kugira ngo “abera babone gutungan[yw]a”, ni ukuvuga kubogorwa (Abanyefeso 4:11, 12). Yarabogoye ivyiyumviro abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bafise be n’inyifato yabo akoresheje abungere batobato b’intahemuka, bamwe muri bo bakaba barahumekewe n’Imana kugira ngo bandikire amashengero. Yarakoresheje abo bacungezi basizwe impwemu kugira ngo bayobore abakirisu bo mu ntango bongere babakomeze.—1 Ab’i Korinto 16:15-18; 2 Timoteyo 2:2; Tito 1:5.
11 Muri iki gihe, Yezu aratuyobora abicishije kuri wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”, uwo na we akaba aserukirwa n’Inama Nyobozi be n’abakurambere bagenywe mu mashengero (Matayo 24:45). Kubera ko twubaha “Umwungere mukuru” Yezu Kristu, turumvira iyi mpanuro Paulo yatanze igira iti: “Mumenye abakora muri mwebge bagatama, babaganza mu Mwami wacu, bakabahanūra”.—1 Petero 5:4; 1 Ab’i Tesalonike 5:12; 1 Timoteyo 5:17.
12. Abacungezi “baguma barinze ubuzima bwa[c]u” gute?
12 Imvo igira kabiri ikwiye gutuma dusenyera ku mugozi umwe n’abacungezi bakirisu ni iy’uko “baguma barinze ubuzima bwa[c]u”. Igihe babonye ko hari ikintu cohava kitugirira nabi mu buryo bw’impwemu bafatiye ku gatima tugaragaza canke ku kuntu twigenza, baca bihutira kuduha impanuro zikenewe barondera kutubogora (Ab’i Galatiya 6:1). Ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “baguma barinze”, risobanura ijambo ku rindi ngo “bariyima agatiro”. Incabwenge imwe yo mu vya Bibiliya ivuga yuko ivyo “vyerekana ko umwungere aguma agavye”. Uretse ko abakurambere basanzwe ari abantu bama bagavye mu vy’impwemu, barashobora no kumara ijoro ryose batagohetse babitumwe n’ukwitwararika ineza yacu yo mu buryo bw’impwemu. Wumva none tudakwiye gusenyera ku mugozi umwe n’abo bungere batobato banyarukundo tubikunze, abakora uko bashoboye kwose kugira ngo na bo nyene bitwararikane abandi ikibabarwe nk’uko na Yezu Kristu, “we Mwungere mukuru w’intama” yabigize?—Abaheburayo 13:20.
13. Ni nde ari n’ivyo abaza abacungezi be n’abakirisu bose, kandi ni mu buryo butandukanye ubuhe babibazwa?
13 Imvo igira gatatu ikwiye gutuma dusenyera ku mugozi umwe n’abacungezi tubikunze ni iy’uko baguma baturinze “nk’abazogira ico babazwa”. Abacungezi baribuka yuko ari abungere batobato, bayoborwa n’Abungere bo mw’ijuru, ari bo Yehova Imana na Yezu Kristu (Ezekiyeli 34:22-24). Yehova ni we Nyene intama, izo “yaguze amaraso [“y’Umwana wiwe bwite”, NW]”, kandi ari n’ico abaza abacungezi bagenywe ku bijanye n’uburyo bafata umukuku wiwe, bano bakaba bakwiye ‘kuwubabara’ (Ivyakozwe n’intumwa 20:28, 29). Ku bw’ivyo, umwumwe wese muri twebwe ari n’ico abazwa na Yehova ku bijanye n’ukuntu yakira ubuyobozi aduha (Abaroma 14:10-12). Vyongeye, kugamburukira abakurambere bagenywe ni ikimenyamenya c’uko tuyobokera Kristu, we Mutwe w’ishengero.—Ab’i Kolosayi 2:19.
14. Ni ibiki vyotuma abacungezi bakirisu ‘baniha’, kandi ivyo vyoheza bikagira ingaruka izihe?
14 Paulo yaratanze imvo igira kane yerekana igituma dukwiye kuyobokera abacungezi bakirisu twicishije bugufi. Yanditse ati: “Kugira ngo ivyo babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko ivyo vyogirira nabi mwebwe” (Abaheburayo 13:17, NW). Uravye amabanga aremereye abakurambere bakirisu bajejwe ajanye n’ukwigisha, kuragira, kuja imbere abandi mu gikorwa c’ukwamamaza, gutunga imiryango yabo, be no gutorera umuti ingorane zinaka ziba mw’ishengero, emwe ni umutwaro uremereye bikoreye (2 Ab’i Korinto 11:28, 29)! Hamwe tutosenyera ku mugozi umwe na bo, nta kindi twoba dukoze atari ugutuma umutwaro wabo urushiriza kuremera. Ivyo vyotuma ‘baniha’. Igihe tudasenyeye ku mugozi umwe na bo ntibihimbara Yehova kandi birashobora kutugirira nabi. Ariko igihe tubagaragarije icubahiro kibereye tukongera tugasenyera ku mugozi umwe na bo, barashobora kurangura amabanga bajejwe banezerewe, kandi ivyo biraheza bigatuma hagati yacu harangwa ubumwe bikanatuma tugira uruhara muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami tunezerewe.—Abaroma 15:5, 6.
Uburyo tugaragaza ko tuyoboka
15. Dushobora gute kugaragaza ko turi abantu bagamburuka kandi bayoboka?
15 Hariho imice myinshi iboneka dushobora kugaragarizamwo ko dusenyera ku mugozi umwe n’abacungezi bagenywe. Abakurambere boba baragize ivyo batunganije mu bijanye no gusohoka mu ndimiro ku misi be no ku masaha bisaba ko tugira ivyo duhinduye mu vyo twari dusanzwe dukora, barondera guhuza n’uko ibintu biba vyifashe mu cibare? Niba barabigize, vyoba vyiza dukoze uko dushoboye kwose kugira ngo dushigikire izo ndinganizo nshasha. Twoshobora kuronka imihezagiro tutari twiteze. Umucungezi w’umurimo yoba ariko aragendera umugwi wacu w’Inyigisho y’igitabu y’ishengero? Ese twogira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwamamaza muri iyo ndwi. Twoba duherutse guhabwa ikiganiro tuzoshikiriza mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi? Turakwiye kwihata tukazoba ari ho turi kugira ngo tugishikirize. Umucungezi w’umugwi wacu w’Inyigisho y’igitabu y’ishengero yoba yaramenyesheje ko ari twebwe turamukiwe gusukura Ingoro y’Ubwami? Ese twomushigikira bimwe bishitse bivanye n’uko amagara yacu yifashe be n’ukuntu inguvu dufise zoba zingana. Muri iyo mice be no mu yindi myinshi, turagaragaza ko tuyobokera abo bagabo bagenywe na Yehova be n’Umwana wiwe kugira ngo bitwararike umukuku.
16. Hamwe umukurambere munaka yokora ibintu atisunze ubuyobozi ahabwa, ni kubera iki ivyo bitoba icitwazo cotuma tugarariza?
16 Vyoshobora gushika umukurambere munaka agakora ibintu atisunze ubuyobozi butangwa n’umugwi wa wa mushumba wo kwizigirwa be n’Inama Nyobozi iwuserukira. Hamwe yobandanya gukora gutyo, ni we azogira ico abazwa na Yehova we ‘Mwungere w’ubuzima bwacu, akaba na we abujejwe’ (1 Petero 2:25). Ariko rero, hamwe vyoshika abakurambere bamwebamwe ntibakurikize neza ubuyobozi bahabwa canke bagakora udukosa tunaka, ivyo ntivyoba icitwazo co guca tugarariza. Yehova ntahezagira abantu bagambarara n’abagarariza.—Guharūra 12:1, 2, 9-11.
Yehova arahezagira abasenyera ku mugozi umwe na bo babikunze
17. Dukwiye kubona gute abacungezi bacu?
17 Yehova Imana arazi yuko abagabo yagenye kuba abacungezi ari abanyagasembwa. Yamara, ni bo ariko arakoresha, kandi abicishije ku mpwemu yiwe, araragira abasavyi biwe bo kw’isi. Haba ku bakurambere canke kuri umwumwe wese muri twebwe, “ubushobozi buhebuje [buva ku M]ana, [ntibuva] kuri twebge” (2 Ab’i Korinto 4:7). Ku bw’ivyo rero, turakwiye gukengurukira Yehova kubera ibintu ariko ararangura abicishije ku bacungezi bacu b’intahemuka. Turakwiye kandi gusenyera ku mugozi umwe na bo tubikunze.
18. Igihe tuyobokeye abacungezi bacu, mu vy’ukuri tuba turiko dukora iki?
18 Abacungezi barakora uko bashoboye kwose kugira ngo babeho bahuza n’amajambo Yehova yavuze dusanga muri Yeremiya 3:15 igihe yadondora abungere bagenywe kugira ngo baragire umukuku wiwe mu misi y’iherezo, ano akaba agira ati: “[Nzobaha] abungere bameze nk’uk’umutima wanje ugomba, bazobaragirana ubgenge no gutahura”. Mu vy’ukuri, abakurambere bacu bariko barakora igikorwa ciza co kwigisha intama za Yehova no kuzikingira. Ese twobandanya gukenguruka igikorwa kitoroshe barangura mu gusenyera ku mugozi umwe na bo tubikunze, mu kubagamburukira no mu kubayobokera! Nitwabigenza gutyo, tuzoba tugaragaje ko dukengurukira Abungere bacu bo mw’ijuru ari bo Yehova Imana na Yezu Kristu.
[Isubiramwo]
• Yehova na Yezu Kristu bagaragaje gute ko ari Abungere banyarukundo?
• Uretse ukugamburuka, ni kubera iki ukuyoboka na kwo nyene gukenewe?
• Ni imice iyihe iboneka dushobora kugaragarizamwo ko turi abantu bayoboka?
[Ifoto ku rup. 27]
Abakurambere bakirisu barayoboka ubuyobozi bwa Kristu
[Amafoto ku rup. 29]
Hariho imice myinshi dushobora kugaragarizamwo ko tuyobokera abungere Yehova yagenye