Sirakuza—aho baruhukiye mu gihe c’urugendo rwa Paulo
NKO mu mwaka wa 59 G.C., hari ubwato bwari buvuye mw’izinga ryo muri Mediterane ryitwa Malita, bugiye bwerekeza mu Butaliyano. Impanza y’ubwo bwato yariko igishusho canditsweko ngo “Bene Zeyu”, ivyo bikaba vyari ibimana vyabonwa ko bikingira abagendera mu mato. Umwanditsi wa Bibiliya yitwa Luka avuga ko ubwo bwato ‘bwahagaze ku kivuko i Sirakuza’ ku nkengera yo mu Bumanuko bushira Ubuseruko bw’izinga rya Sisile, hanyuma ‘buhaguma imisi itatu’ (Ibikorwa 28:11, 12). Mu bari kumwe na Luka muri ubwo bwato harimwo Arisitariko be n’intumwa Paulo, uno akaba yari ajanywe i Roma kugira ngo acirwe urubanza.—Ibikorwa 27:2.
Ntituzi niba Paulo yaremerewe kuva muri ubwo bwato aho bashikiye i Sirakuza. Niba Paulo canke abo bari bafatanije urugendo baravyemerewe, ni ibiki none bashobora kuba barabonye?
Mu gihe c’Abagiriki be n’ic’Abaroma, i Sirakuza hahakwa kuba ahakomeye nka kurya kwa Atene na Roma. Amakuru mpererekanwa avuga ko ico gisagara cubatswe n’Abakorinto mu 734 B.G.C. Ico gisagara carigeze kuba giteye igomwe, congera kivukiramwo abantu bazwi cane bo mu gihe ca kera, nka wa mwanditsi w’ibikino yitwa Epicharumus be na wa muhinga mu biharuro yitwa Archimède. Mu 212 B.G.C. ni ho Abaroma bigarurira i Sirakuza.
Uramutse ugendeye igisagara kihari muri iki gihe woshobora guca wiha ishusho y’ukuntu Sirakuza hari hameze mu gihe ca Paulo. Ico gisagara cari kigabuwemwo kubiri, igice kimwe caco kikaba cari mw’izinga ritoyi rya Oritijiya, aho hakaba ari ho kumbure bwa bwato Paulo yarimwo bwahagaze, ikindi gice na co kikaba cari kw’izinga rikuru.
Muri iki gihe, muri iryo zinga ushobora kuhasanga ibisigarira vy’urusengero rwo muri Sisile rwubatswe hisunzwe inyubako y’Abagiriki, ni ukuvuga urusengero rwa Apolo rwo mu kinjana ca gatandatu imbere y’igihe cacu. Hari n’inkingi z’urusengero rweguriwe ikimana Atena, rwubatswe mu kinjana ca gatanu imbere y’igihe cacu, ariko rukaba rwarahinduwe rugirwa katederale.
Hagati mu gisagara co muri iki gihe kiri kw’izinga rikuru, ushobora kuratira ijisho ikigo c’ivy’ivyacukuwe c’i Neyapoli. Hafi y’urwinjiriro rw’ico kigo hari ca kibuga c’ibirori c’Abagiriki. Ico kibuga ni kimwe mu bibuga amahero vyubatswe n’Abagiriki bikiriho no muri kino gihe. Kubera yuko ico kibuga kirabana n’ikiyaga, usanga ico gihe cari ahantu heza cane ho kugirira ibikino. Mu gice gihereza mu Bumanuko bw’ico kigo hari ikibuga c’Abaroma co kwidagaduriramwo cubatswe mu kinjana ca gatatu mu gihe cacu. Gifise imero nk’iy’irigi, kikagira uburebure bw’imetero 140 be n’ubwaguke bw’imetero 119, vyongeye kikaba kigira gatatu mu vyagutse kuruta ibindi mu Butaliyano.
Hamwe woronka akaryo ko gutembera muri ico gisagara c’i Sirakuza, woshobora kwicara ku ntebe iri ku nkengera y’ikiyaga i Oritijiya, ukazingurura Bibiliya yawe mu Bikorwa vy’intumwa 28:12, maze ukiha ishusho intumwa Paulo ari muri ubwo bwato uko bwegereza ikivuko c’aho hantu woba uri.
[Ikarata ku rup. 30]
(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)
Malita
Sisile
Sirakuza
UBUTALIYANO
Regiyo
Puteyoli
Roma
[Ifoto ku rup. 30]
Ibi ni ibisigarira vya ca kibuga c’ibirori c’Abagiriki c’i Sirakuza