Gusesangura “ibintu vyimbitse vy’Imana”
“Impwemu isesangura ibintu vyose, mbere n’ibintu vyimbitse vy’Imana”.—1 ABAKORINTO 2:10.
1. Ni ukuri ukuhe kwo muri Bibiliya gutuma abigishwa bashasha ba Bibiliya bagira umunezero?
ABENSHI cane muri twebwe mw’ishengero rya gikirisu turashobora kwibuka umunezero twagize igihe twatangura kwiga ukuri. Twaramenye igituma izina rya Yehova rihambaye, igituma areka abantu bagacumukura, igituma hariho abantu bakeya bazoja mw’ijuru be n’ico kazoza kabikiye abantu b’intahemuka muri rusangi. Imbere y’aho, dushobora kuba twari tumaze kuraba muri Bibiliya, mugabo ivyo bintu vyari bihishijwe kuri twebwe nk’uko ari ko bimeze ku bantu benshi cane. Twari tumeze nk’umuntu atanguye kugira urugendo mu gatondo ka kare. Agitangura urwo rugendo ntashobora kubona neza kubera yuko haba hakiri mu kajoro. Mugabo uko izuba rigenda riraseruka, ni ko agenda ararushiriza kubona neza. Amaherezo, izuba riraseruka ryose maze rikarasa umuco. Aca abona neza ibintu vyose bihimbaye biri hirya no hino yiwe ushizemwo n’ibiri kure cane. Muri ubwo buryo nyene, igihe twaronka umuntu atangura kudufasha gutahura Ivyanditswe, twaciye dutangura kugira iciyumviro ku bijanye n’“ibintu vyimbitse vy’Imana”.—1 Abakorinto 2:8-10.
2. Ni kubera iki umunezero dukura mu kwiga Ijambo ry’Imana ushobora kuba uw’ibihe vyose?
2 None twoba dukwiye kugarukiriza ku kugira iciyumviro gusa ku bijanye n’ukuri kwo muri Bibiliya? Mu mvugo ngo “ibintu vyimbitse vy’Imana” harimwo ugutahura ubukerebutsi bw’Imana, buno bukaba buhishurirwa abakirisu biciye ku mpwemu nyeranda, mugabo bukaba buhishijwe ku bandi (1 Abakorinto 2:7). Ese ukuntu ubukerebutsi bw’Imana butuma tugira umunezero mu kuduha akaryo katagira akarimbi ko kugerageza kubutahura! Ntituzokwigera tumenya akantu kose ku bijanye n’ubukerebutsi buri mu nzira z’Imana. Mu gihe twobandanya gusesangura “ibintu vyimbitse vy’Imana” tudatezura, turashobora kugumana ibihe vyose umunezero twagize igihe twatangura kwiga inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya.
3. Ni kubera iki dukeneye gutahura neza ishimikiro ry’ivyo twizera?
3 Ni kubera iki none dukeneye gutahura ivyo “bintu vyimbitse”? Mu gihe tudatahura gusa ivyo twizera mugabo tugatahura n’igituma tuvyizera, ni ukuvuga tugatahura ishimikiro ry’ivyo twizera, birakomeza ukwizera kwacu be n’ukwizigira kwacu. Ivyanditswe bidusaba gukoresha “ububasha bwa[cu] bwo kwiyumvira” kugira ngo “[t]wiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi gutunganye ukwo ari kwo” (Abaroma 12:1, 2). Gutahura igituma Yehova adusaba kubaho mu buryo bunaka, birakomeza umwiyemezo dufise wo kumugamburukira. Ku bw’ivyo, kugira ubumenyi bw’“ibintu vyimbitse”, birashobora kuturonsa inkomezi zo kunanira ivyotwosha kwisuka mu bikorwa vy’ubugarariji, bigashobora kandi kutuvyurira umutima wo “k[u]girira umwete ibikorwa vyiza”.—Tito 2:14.
4. Kwiga Bibiliya bisaba iki?
4 Kugira ngo dutahure ibintu vyimbitse, bisaba ko twiga. Ariko rero, kwiga biratandukanye no gusoma ikintu umuntu acisha hejuru. Bisaba gusuzuma amakuru twitonze kugira ngo tubone ingene afitaniye isano n’ivyo tuba dusanzwe tuzi (2 Timoteyo 1:13). Bisaba kubona impamvu ibintu vyavuzwe. Kwiga Bibiliya bikwiye kuba birimwo ukuzirikana ku bijanye n’ukuntu twoshobora gukoresha ivyo turiko turiga kugira ngo dufate ingingo ziranga ubukerebutsi be no kugira ngo dufashe abandi. Bisubiye, kubera yuko “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi [ari] ngirakamaro”, ivyo twiga bikwiye kuba birimwo “ijambo ryose riva mu kanwa ka Yehova” (2 Timoteyo 3:16, 17; Matayo 4:4). Vy’ukuri, kwiga Bibiliya birashobora gusaba akigoro gakomeye, mugabo kandi birashobora kuturonsa agahimbare. Vyongeye, gutahura “ibintu vyimbitse vy’Imana” ntibigoye cane.
Yehova arafasha abicisha bugufi kugira ngo batahure
5. Ni bande bashobora gutahura “ibintu vyimbitse vy’Imana”?
5 Naho woba utari uciye ubwenge cane kw’ishure canke ukaba udafise akamenyero ko kwiga, ntukwiye kwiyumvira ko udashobora gutahura “ibintu vyimbitse vy’Imana”. Mu kiringo c’ubusuku bwa Yezu bwo kw’isi, Yehova ntiyahishuriye ugutahura kw’umugambi wiwe inkerebutsi be n’incabwenge, ahubwo yaguhishuriye abantu batize kandi basanzwe, abo bakaba bari abantu bicisha bugufi bihagije bemeye kwigishwa n’uwo musavyi w’Imana. Abo bantu bari bameze nk’inzoya ubagereranije n’abo bari barize amashure (Matayo 11:25; Ibikorwa 4:13). Ku bijanye n’“ibintu Imana yateguriye abayikunda”, intumwa Paulo yandikiye abo basangiye ukwizera ati: “[Ni] twebwe Imana yabihishuriye biciye ku mpwemu yayo, kuko impwemu isesangura ibintu vyose, mbere n’ibintu vyimbitse vy’Imana”.—1 Abakorinto 2:9, 10.
6. Mu 1 Abakorinto 2:10 hasobanura iki?
6 None impwemu y’Imana isesangura gute “ibintu vyose, mbere n’ibintu vyimbitse vy’Imana”? Aho guhishurira umukirisu umwumwe ukwiwe, Yehova akoresha impwemu yiwe kugira ngo ayobore ishirahamwe ryiwe, iryo rikaba rituma abasavyi b’Imana bunze ubumwe batahura Bibiliya (Ibikorwa 20:28; Abanyefeso 4:3-6). Kw’isi yose, amashengero yose afise porogarama imwe yo kwiga Bibiliya. Uko haciye ikiringo c’imyaka minaka, ayo mashengero arahetura inyigisho zo muri Bibiliya yose uko ingana. Impwemu nyeranda irakora biciye kw’ishengero mu ntumbero yo gufasha abantu ngo bagire agatima gakenewe kugira ngo batahure “ibintu vyimbitse vy’Imana”.—Ibikorwa 5:32.
Ibintu bimwebimwe biri mu bigize “ibintu vyimbitse vy’Imana”
7. Ni kubera iki abantu benshi badatahura “ibintu vyimbitse vy’Imana”?
7 Ntidukwiye kwiyumvira yuko “ibintu vyimbitse” bitegerezwa kuba ari ibintu bigoye gutahura. Abantu benshi cane ntibaronka ubumenyi bw’“ibintu vyimbitse vy’Imana”, atari kubera yuko ubukerebutsi bw’Imana bugoye cane kuronka, ariko kubera yuko Shetani ayovya abantu bagatera akagere imfashanyo Yehova atanga biciye kw’ishirahamwe ryiwe.—2 Abakorinto 4:3, 4.
8. Ni ibintu vyimbitse ibihe Paulo yerekejeko mu kigabane ca gatatu c’ikete yandikiye Abanyefeso?
8 Ikigabane ca gatatu c’ikete Paulo yandikiye Abanyefeso cerekana ko “ibintu vyimbitse vy’Imana” birimwo ukuri gutandukanye abasavyi ba Yehova nka bose batahura neza, aho hakaba harimwo ukwerekeye akaranga ka rwa Ruvyaro rwasezeranywe, ugucagura mu bantu abafise icizigiro co kuzoja mw’ijuru, be n’Ubwami burongowe na Mesiya. Paulo yanditse ati: “Mu yandi mayaruka iryo banga ntiryamenyeshejwe abana b’abantu nk’uko ubu ryahishuriwe intumwa nyeranda zayo n’abahanuzi biciye ku mpwemu, ari ryo ry’uko abanyamahanga bobaye abaraganwa bakaba n’ibihimba bisangiye umubiri be n’abasangira natwe wa muhango mu bumwe na Kristu Yezu”. Paulo yavuze ko yari yashinzwe igikorwa co “[gufasha] abantu kubona ingene ibanga ryeranda riyoborwa, iryahishijwe mu Mana mu gihe kitagira urugero caheze”.—Abanyefeso 3:5-9.
9. Ni kubera iki ari agateka gutahura “ibintu vyimbitse vy’Imana”?
9 Paulo yabandanije asigura umugambi Imana ifise w’uko no “mu bibanza vyo mw’ijuru [hamenyeshwa] ubukerebutsi bw’Imana bw’uburyo bwinshi cane” (Abanyefeso 3:10). Abamarayika barungukira ku kwitegereza no ku gutahura ubukerebutsi bugaragarira mu vyo Yehova akorana n’ishengero rya gikirisu. Umve ntuze ako gateka dufise ko gutahura ibintu mbere n’abamarayika bipfuza kumenya (1 Petero 1:10-12)! Ubukurikira, Paulo avuga yuko dukwiye kwihatira “gutegera mu bwenge hamwe n’aberanda bose ubwaguke n’uburebure bw’amakika n’uburebure bw’igihagararo n’ubwimbike” vy’ukwizera kwa gikirisu (Abanyefeso 3:11, 18). Nimuze turimbure uburorero bumwebumwe bw’ibintu vyimbitse vyoshobora gutuma twagura ugutahura kwacu.
Uburorero bw’ibintu vyimbitse
10, 11. Twisunze Ivyanditswe, ni ryari Yezu yacitse igihimba nyamukuru c’“uruvyaro” rwa wa “mugore” w’Imana wo mw’ijuru?
10 Turazi yuko Yezu ari we gihimba nyamukuru c’“uruvyaro” rwa wa “mugore” w’Imana wo mw’ijuru avugwa mw’Itanguriro 3:15. Kugira ngo twagure ugutahura kwacu, turashobora kwibaza duti: ‘Ni ryari Yezu yacitse rwa Ruvyaro rwari rwarasezeranywe? Hoba hari imbere yuko aba umuntu, igihe yavuka ari umuntu, igihe yabatizwa, canke igihe yazuka?’.
11 Imana yari yarasezeranye ko igice co mw’ijuru c’ishirahamwe ryayo, ikivugwa mu buhanuzi ko ari “umugore” wayo, covuyemwo uruvyaro rwokomerekeje ya nzoka mu mutwe. Ariko rero haraciye imyaka ibihumbi n’ibihumbi uwo mugore w’Imana ataravamwo uruvyaro rushoboye gusangangura Shetani n’ibikorwa vyiwe. Ni co gituma, ubuhanuzi bwa Yesaya bwita uwo mugore “ingumba”, bukavuga kandi ko “afise intuntu mu mutima” (Yesaya 54:1, 5, 6). Amaherezo, Yezu yaravukiye i Betelehemu. Ariko rero, inyuma y’aho abatirijwe, akavyarwa n’impwemu maze agacika umwana w’Imana w’impwemu, ni ho gusa Yehova yaza yamenyesha ati: “Uyu ni Umwana wanje” (Matayo 3:17; Yohani 3:3). Uwugize igihimba nyamukuru ca rwa “ruvyaro” rwa wa mugore, yari agiye yaboneka. Mu nyuma, abayoboke ba Yezu na bo nyene barasizwe bongera baravyarwa n’impwemu nyeranda. “Umugore” wa Yehova, uwamaze igihe kirekire ameze nk’“umugore . . . [a]tigeze kuvyara”, amaherezo yaza yashobora “[ku]ririmba”.—Yesaya 54:1; Abagalatiya 3:29.
12, 13. Ni ivyanditswe ibihe vyerekana ko abakirisu basizwe bose bari kw’isi bagize “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge”?
12 Akarorero kagira kabiri k’ibintu vyimbitse twahishuriwe, kerekeye umugambi w’Imana wo gucagura abantu 144.000 mu muryango w’abantu (Ivyahishuwe 14:1, 4). Turemera inyigisho yuko abasizwe bose baba bari kw’isi mu gihe kinaka ico ari co cose, baba bagize “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge”, uwo Yezu yavuze ko yoronkeje “ibifungurwa” abo mu rugo rwiwe ku gihe kibereye (Matayo 24:45). None ni ivyanditswe ibihe vyo muri Bibiliya vyemeza ko ukwo gutahura ari ukw’ukuri? Yezu yoba yariko avuga muri rusangi yerekeza ku mukirisu uwo ari we wese akomeza umuvukanyi wiwe mu kumuronsa imfungurwa z’ivy’impwemu?
13 Imana yabwiye ihanga rya Isirayeli iti: “Ni mwebwe vyabona vyanje, . . . , n’[‘umusavyi wanje’, NW] natoranije” (Yesaya 43:10). Mugabo ku wa 11 Nisani mu mwaka wa 33 G.C., Yezu yabwiye indongozi za Isirayeli ko Imana yari yataye ihanga ryabo kugira ngo ntiribe rikiba umusavyi wayo. Yavuze ati: “Ubwami bw’Imana muzobwakwa hanyuma buhabwe ihanga ryama ivyamwa vyabwo”. Yezu yabwiye ishengero ry’abantu bari aho ati: “Ehe inzu yanyu murayitanywe” (Matayo 21:43; 23:38). Naho abo mu nzu ya Isirayeli bari umushumba wa Yehova, ntibari umushumba w’umwizigirwa, eka mbere ntibari n’uw’ubwenge (Yesaya 29:13, 14). Mu nyuma kuri uwo musi nyene, igihe Yezu yabaza ngo “ni nde vy’ukuri ari umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?”, mu bisanzwe yariko abaza ati: ‘Ni ihanga riciye ubwenge irihe rizosubirira Isirayeli kugira ngo ribe umushumba w’Imana w’umwizigirwa?’. Intumwa Petero yaratanze inyishu igihe yabwira ishengero ry’abakirisu basizwe ati: “Mwebwe muri . . . ‘ihanga ryeranda, igisata c’inyegu yiharijwe’” (1 Petero 1:4; 2:9). Iryo hanga ryo mu buryo bw’impwemu, ari ryo “Isirayeli y’Imana”, ryaracitse umushumba mushasha wa Yehova (Abagalatiya 6:16). Nka kurya nyene abari bagize ihanga rya Isirayeli ya kera bose bari bagize “umusavyi” umwe, ni ko n’abakirisu basizwe bose bari kw’isi mu gihe kinaka ico ari co cose baba bagize “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” umwe. Ese ukuntu ari agateka kuri twebwe kubona turonka “ibifungurwa” biciye ku mushumba w’Imana!
Urashobora guhimbarirwa ukwiyigisha
14. Ni kubera iki kwiga Bibiliya, atari gusa ugupfa kuyisoma, bizana umunezero?
14 Igihe dutahuye mu buryo bushasha Ivyanditswe, none ntitwumva duhimbawe kubera ukuntu bica bikomeza ukwizera kwacu? Ni co gituma kwiga Bibiliya, atari gusa ugupfa kuyisoma, bishobora kutuzanira umunezero mwinshi. Ku bw’ivyo rero, igihe usoma ibisohokayandikiro vya gikirisu, niwibaze uti: ‘Uku kuntu iki kintu gisiguwe kunyunguye iki ngereranije n’uko nari nsanzwe ndagitahura? Ni ibindi Vyanditswe canke ivyiyumviro ibihe noshobora kwiyumvira vyondonsa amakuru yiyongereye ashigikira bino vyiyumviro vyashitsweko muri iki kiganiro?’. Nimba hakenewe kugira ubushakashatsi bwiyongereye, niwandike ikibazo wipfuza kuzoronkera inyishu, maze abe ari co uzosuzuma mu vyo utegekanya kuzokwiga ubutaha.
15. Ni ibintu ibihe umuntu yotegekanya kwiga vyotuma agira umunezero, kandi ivyo bintu vyoshobora gute kuvamwo ivyiza biramba?
15 Ni ibiki none wotegekanya kuzokwiga vyotuma uhimbarwa no kumenya ibintu bishasha? Gutegekanya gusuzuma mu buryo bwimbitse ibijanye n’amasezerano atandukanye Imana yagiye iragiranira n’abantu ku bw’ineza y’umuryango w’abantu, biratuma twongereza ugutahura kwacu. Urashobora gukomeza ukwizera kwawe mu kwiga ubuhanuzi bwerekeye Yezu Kristu canke mu kurimbura umurongo ku wundi kimwe mu bitabu vy’ubuhanuzi vyo muri Bibiliya. Ikindi kintu gikomeza ukwizera ni ugusubira kwihweza inkuru zerekeye kahise k’Ivyabona vya Yehova bo mu gihe ca none, ukoresheje igitabu Les Témoins de Jéhovah:Prédicateurs du Royaume de Dieu, nimba kiboneka mu rurimi rwanyua. N’ikindi kandi, gusubira kwihweza “Ibibazo vy’abasomyi” vya kera vyasohowe mu Munara w’Inderetsi, nta nkeka ko vyotuma urushiriza gutahura ivyanditswe bimwebimwe. Niwandike ivyiyumviro bishingiye ku Vyanditswe vyakoreshejwe kugira ngo ivyiyumviro vyatanzwe bishikweko. Ivyo bizogufasha kumenyereza “ububasha [bwawe] bwo gutegera” vyongere bitume utsimbataza ugutahura (Abaheburayo 5:14). Igihe wiga, nugire utwo wiyandikira, haba muri Bibiliya yawe canke ku gapapuro, kugira ngo ukwiga Bibiliya kwawe kuzovemwo ivyiza biramba kuri wewe no ku bandi uzoshobora gufasha.
Nufashe abakiri bato bahimbarwe no kwiga Bibiliya
16. Woshobora gute gufasha abakiri bato kugira ngo bahimbarwe no kwiga Bibiliya?
16 Hariho ibintu bitari bike abavyeyi bashobora gukora kugira ngo bavyurire abana babo akayabagu k’ivy’impwemu. Ntimwigere mufatira mu rwara ubushobozi abaki bato bafise bwo gutahura ibintu vyimbitse. Igihe woba wahaye abakiri bato iciyumviro co kugirako ubushakashatsi mu ntumbero yo kwitegurira inyigisho ya Bibiliya y’umuryango, urashobora kubabaza ivyo bakuye muri ubwo bushakashatsi. Inyigisho y’umuryango irashobora kandi kujamwo udukino two kugira imyimenyerezo kugira ngo mufashe abakiri bato kumenya ukuntu boburanira ukwizera kwabo be n’ingene bogaragaza ko ivyo bigishijwe ari ivy’ukuri. Vyongeye, urashobora gukoresha ka gatabu ‘Raba ca gihugu ciza’b kugira ngo ubigishe ibijanye n’ibihugu bivugwa muri Bibiliya wongere ubafashe gutahura ivyo muba muriko murihweza mu gisomwa ca Bibiliya c’umushamvu.
17. Ni kubera iki dukwiye kugira uburimbane mu vyo dutegekanya gusuzuma igihe twiyigisha Bibiliya?
17 Gutegekanya gusuzuma ibintu igihe wiyigisha Bibiliya birashobora kuba ibihimbaye kandi bigakomeza ukwizera. Ariko rero, urakwiye kugaba kugira ntureke ngo ivyo bigutware umwanya wo gutegura amakoraniro y’ishengero. Amakoraniro ni ubundi buryo Yehova akoresha mu kutwigisha biciye kuri wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge”. Ariko ntiwumve, kugira ubushakashatsi bwiyongereye vyoshobora gutuma utanga insasanuro zubaka igihe uri mu makoraniro; nk’akarorero, mu Nyigisho y’igitabu y’ishengero canke mu gihe co gushikiriza ivyiyumviro bikurubikuru vyo mu gisomwa ca Bibiliya c’umushamvu mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi.
18. Ni kubera iki utwigoro umuntu agira mu ntumbero yo kwiga “ibintu vyimbitse vy’Imana” atari utw’impfagusa?
18 Kwiyigisha Ijambo ry’Imana mu buryo bwimbitse birashobora kugufasha kwiyegereza Yehova. Mu kwerekana akamaro ka mwene ukwo kwiyigisha, Bibiliya igira iti: “Ubgenge [ni] ubgugamo, nk’ukw amahera ar’ubgugamo; arikw inyungu iva mu kumenya n’iyi: n’uk’ubgenge buzigama ubugingo bga nyenebgo” (Umusiguzi 7:12). Ku bw’ivyo rero, utwigoro ugira kugira ngo wagure ugutahura kwawe kw’ibintu vy’impwemu, si utw’impfagusa. Bibiliya isezeranira abaguma basesangura iti: “[Muzo]ronka ukumenya Imana”.—Imigani 2:4, 5.
[Utujambo tw’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woshobora kubisigura?
• “Ibintu vyimbitse vy’Imana” ni ibihe?
• Ni kubera iki kwiga ibintu vyimbitse vy’Imana ari ikintu tutazokwigera duhagarika?
• Ni kubera iki abakirisu bose bashobora kuronka umunezero wo gutahura “ibintu vyimbitse vy’Imana”?
• Ushobora gute kwungukira bimwe birushirije kuba ivyuzuye ku “bintu vyimbitse vy’Imana”?
[Ifoto ku rup. 28]
Ni ryari Yezu yacitse rwa Ruvyaro rwari rwarasezeranywe?
[Ifoto ku rup. 31]
Abavyeyi barashobora guha abana ivyiyumviro vyo kugirako ubushakashatsi mu ntumbero yo kwitegurira inyigisho y’umuryango