‘Impwemu irasesangura ibintu vyimbitse vy’Imana’
“Impwemu isesangura ibintu vyose, mbere n’ibintu vyimbitse vy’Imana.”—1 KOR. 2:10.
1. Ni uruhara uruhe impwemu nyeranda irangura rwashizwe ahabona na Paulo mu 1 Bakorinto 2:10, kandi ni ibibazo ibihe bivyuka?
ESE ukuntu dukenguruka ukuba impwemu nyeranda ya Yehova ikora! Ivyanditswe bivuga ko impwemu ari umufasha, ko ari ingabirano, ko ishinga intahe, be n’uko idutakambira. (Yoh. 14:16; Ibik. 2:38; Rom. 8:16, 26, 27) Intumwa Paulo yarashize ahabona urundi ruhara ruhambaye impwemu nyeranda irangura, ati: “Impwemu isesangura ibintu vyose, mbere n’ibintu vyimbitse vy’Imana.” (1 Kor. 2:10) Ego cane, Yehova arakoresha impwemu nyeranda yiwe kugira ngo ahishure ukuri kwimbitse kwo mu vy’impwemu. Iyo tutaba dufise iyo mfashanyo tuba dutahura ukungana iki ibijanye n’imigambi ya Yehova? (Soma 1 Abakorinto 2:9-12.) Ariko rero, hariho ibibazo nka bingahe bivyuka: Impwemu isesangura gute “ibintu vyimbitse vy’Imana”? Yehova yahishuye ivyo bintu mu kinjana ca mbere G.C. abicishije kuri bande? Muri kino gihe cacu impwemu isesangura gute ivyo bintu vyimbitse, kandi ibicisha kuri bande?
2. Impwemu yokoze mu buryo bubiri ubuhe?
2 Yezu yarerekanye uburyo bubiri impwemu yokoze. Gatoyi imbere y’urupfu rwiwe, yabwiye intumwa ziwe ati: “Wa mufasha, ya mpwemu nyeranda, iyo Data azorungika mw’izina ryanje, uwo azobigisha vyose yongere abibutse ibintu vyose nababwiye.” (Yoh. 14:26) Gutyo rero impwemu nyeranda yokoze nk’umwigisha be n’uwibutsa. Bwa mwigisha, yofashije abakirisu gutahura ibintu batobaye batahura. Bwa wibutsa, yobafashije kwibuka no gushira mu ngiro neza ivyasobanuwe.
Mu kinjana ca mbere
3. Ni amajambo Yezu yavuze ayahe yerekanye ko “ibintu vyimbitse vy’Imana” vyogiye birahishurwa intambwe ku yindi?
3 Yezu ubwiwe yarigishije abigishwa biwe ibintu vyinshi vyerekeye ukuri vyababereye bishasha. Ariko rero bari bagifise vyinshi vyo kwiga. Yezu yabwiye intumwa ati: “Ndacafise ibintu vyinshi vyo kubabwira, mugabo ntimushobora kuvyihanganira ubu. Ariko rero, uwo niyashika, ya mpwemu y’ukuri, azobarongora mu kuri kwose.” (Yoh. 16:12, 13) Yezu yarerekanye rero yuko biciye ku mpwemu nyeranda, ibintu vyimbitse vyo mu vy’impwemu vyogiye birahishurwa intambwe ku yindi.
4. Ku musi wa Pentekoti yo mu 33 G.C., impwemu nyeranda yakoze gute nk’umwigisha be n’uwibutsa?
4 Ku musi wa Pentekoti yo mu 33 G.C., “ya mpwemu y’ukuri” yarashitse, ikaba yasutswe ku bakirisu bashika 120 bari bakoraniye hamwe i Yeruzalemu. Harabayeho ibimenyamenya umuntu ashobora kubona no kwumva vy’uko yashitse. (Ibik. 1:4, 5, 15; 2:1-4) Abigishwa baravuze mu ndimi zitandukanye “ivyerekeye ibintu vy’agatangaza vy’Imana.” (Ibik. 2:5-11) Hari hageze yuko ikintu gishasha gihishurwa. Umuhanuzi Yoweli yari yaravuze ibijanye n’ukwo gusukwa kw’impwemu nyeranda. (Yow. 2:28-32) Abari ng’aho bariko baribonera iranguka ry’ubwo buhanuzi ryabaye mu buryo ata n’umwe yari yiteze, kandi intumwa Petero yaragiye imbere mu gusigura ico kintu cariko kiraba. (Soma Ibikorwa 2:14-18.) Muri ubwo buryo, impwemu nyeranda yarakoze nk’umwigisha mu gutomorera Petero yuko ivyari vyashikiye abo bigishwa ryari iranguka ry’ubwo buhanuzi bwa kera. Impwemu yarakoze kandi nk’uwibutsa, kuko Petero atasubiyemwo gusa ivyo Yoweli yavuze ariko kandi yasubiyemwo n’amazaburi abiri ya Dawidi. (Zab. 16:8-11; 110:1; Ibik. 2:25-28, 34, 35) Ivyo abari bakoraniye ng’aho bose babonye bongera barumva vyari mu vy’ukuri ibintu vyimbitse vy’Imana.
5, 6. (a) Inyuma ya Pentekoti yo mu 33 G.C., ni ibibazo bihambaye ibihe vyerekeye rya sezerano rishasha vyari bikeneye kwishurwa? (b) Ivyo bibazo vyashikirizwa na bande, kandi ingingo zafatwa gute?
5 Hari ibintu vyinshi abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bagikeneye gutomorerwa. Nk’akarorero, hari hariho ibibazo vyerekeye rya sezerano rishasha ryari ryatanguye gukora kuri uwo musi wa Pentekoti. Iryo sezerano rishasha ryoba ryagarukira gusa ku Bayuda no ku binjiye idini ry’Abayuda? Abanyamahanga boba na bo nyene barashobora kwemererwa kuryinjiramwo maze bakarobanuzwa impwemu nyeranda? (Ibik. 10:45) Abanyamahanga b’igitsina-gabo boba bari bakeneye kubanza kugenyerwa no kwisunga rya Tegeko rya Musa? (Ibik. 15:1, 5) Ivyo vyari ibibazo bihambaye cane. Impwemu ya Yehova yari ikenewe kugira ngo isesangure ivyo bintu vyimbitse. Ariko none yokoze biciye kuri bande?
6 Abavukanyi bari bajejwe amabanga ni bo bashikiriza ikibazo kimwekimwe cose kugira ngo cihwezwe. Petero, Paulo, na Barunaba bari kuri rya koraniro inama nyobozi yagize maze barigana ingene Yehova yariko aritwararika abanyamahanga batagenyerewe. (Ibik. 15:7-12) Inama nyobozi imaze kwihweza ico kimenyamenya yisunze ibivugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo kandi ifashijwe n’impwemu nyeranda, yarafashe ingingo. Yaciye imenyesha amashengero ibijanye n’iyo ngingo biciye kw’ikete.—Soma Ibikorwa 15:25-30; 16:4, 5; Ef. 3:5, 6.
7. Ukuri kwimbitse kwahishuwe biciye ku ki?
7 Hari ibindi bibazo vyinshi vyatomowe biciye ku vyanditswe vyahumetswe vyanditswe na Yohani, Petero, Yakobo na Paulo. Ariko harageze igihe, Ivyanditswe vya gikirisu bimaze kwuzura, ingabirano zo kuvuga ubuhanuzi n’uguhishurirwa ubumenyi mu buryo bw’igitangaro birahagarara. (1 Kor. 13:8) None impwemu yoba yari kubandanya ikora nk’umwigisha be n’uwibutsa? Yoba yari kubandanya gufasha abakirisu gusesangura ibintu vyimbitse vy’Imana? Ubuhanuzi bwarerekanye ko ivyo ari ko vyogenze.
Mu gihe c’iherezo
8, 9. Ni bande ‘bokayanganye’ kubera batahura ibintu vy’impwemu mu gihe c’iherezo?
8 Mu kuvuga ivyerekeye igihe c’iherezo, umumarayika umwe yabuye ati: “Abāgize ubgenge bazokayangana nk’ugukayangana kwo mw itāzānure ry’ijuru, n’abashikanye benshi ku bugororotsi bazokwaka nk’inyenyeri ibihe bitazoshira. . . . Kand’ubgenge buzogwira.” (Dan. 12:3, 4) Abo bogize ubwenge bobaye bande, kandi ni bande bokayanganye? Yezu yaratanze amakuru afasha gutahura ivyo bintu mu kigereranyo yatanze cerekeye ingano n’icatsi kibi. Mu kuvuga ivyerekeye “insozero y’ivy’isi,” yagize ati: “Ico gihe abagororotsi bazokayangana nk’izuba mu bwami bwa Se.” (Mat. 13:39, 43) Mu nsobanuro Yezu yatanze, yavuze yuko “abagororotsi” ari “abana b’ubwami,” ni ukuvuga abakirisu barobanuwe.—Mat. 13:38.
9 None abakirisu barobanuwe bose ‘bokayanganye’? Mu buryo bunaka bokayanganye kuko abakirisu bose bogize uruhara mu kwamamaza, mu guhindura abantu abigishwa no mu gukomezanya ku makoraniro. Abarobanuwe botanze akarorero. (Zek. 8:23) Ariko rero uretse ivyo, ibintu vyimbitse vyobwirijwe guhishurwa mu gihe c’iherezo. Ubuhanuzi Daniyeli yanditse ‘bwaramatanishijwe ishashara idomyemwo ikimenyetso’ gushika ico gihe. (Dan. 12:9) None impwemu yosesanguye gute ivyo bintu vyimbitse kandi yobigize biciye kuri bande?
10. (a) Mu misi ya nyuma, impwemu ihishura ukuri kwimbitse ibicishije kuri bande? (b) Sigura ukuntu ukuri kwerekeye rwa rusengero ruhambaye rwa Yehova rwo mu buryo bw’impwemu kwatomowe.
10 Iyo hageze ko ikibazo kinaka co mu vy’impwemu gitomorwa muri iki gihe cacu, impwemu nyeranda irafasha abajejwe amabanga baserukira wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” bari ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova bagatahura ukuri kwimbitse kutahora gutahurwa. (Mat. 24:45; 1 Kor. 2:13) Abagize Inama Nyobozi bose barihweza insobanuro ziba zagize ico zihinduweko. (Ibik. 15:6) Ivyo baba bashitseko barabisohora kugira ngo abantu bose bavyungukireko. (Mat. 10:27) Uko igihe kirengana, vyoshobora gukenerwa ko hagira ibindi bintu bitomorwa, kandi na vyo nyene birasigurwa ata guhisha.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ingene impwemu yahishuye insobanuro ya rwa rusengero rwo mu buryo bw’impwemu.”
Niwungukire ku ruhara impwemu irangura muri iki gihe
11. Muri iki gihe abakirisu bose bungukira gute ku ruhara impwemu nyeranda irangura mu guhishura ibintu vyimbitse vy’Imana?
11 Abakirisu b’abizigirwa bose barungukira ku ruhara impwemu nyeranda irangura mu guhishura ibintu vyimbitse vy’Imana. Nk’uko vyari biri ku bakirisu bo mu kinjana ca mbere, muri kino gihe turiga amakuru impwemu nyeranda idufasha gutahura maze mu nyuma tukayibuka tukongera tukayashira mu ngiro. (Luka 12:11, 12) Si ngombwa ngo tube twarize amashure menshi kugira ngo dutahure ukuri kwimbitse kwo mu vy’impwemu kwashikirijwe mu bisohokanyandikiro. (Ibik. 4:13) Twoshobora gute kurushiriza gutahura ibintu vyimbitse vy’Imana? Rimbura ivyiyumviro bikeyi.
12. Ni ryari dukwiye gusenga dusaba impwemu nyeranda?
12 Nusenge usaba impwemu nyeranda. Igihe tugira twihweze amayagwa ashingiye ku Vyanditswe, turakwiye kubanza gusaba impwemu nyeranda mw’isengesho kugira ngo ituyobore. Ivyo ni ko biri mbere n’igihe tuba turi twenyene canke dufise umwanya mutoyi. Mwene ukwo kwinginga twicishije bugufi nta gukeka ko kuzohimbara umutima wa Data wa twese wo mw’ijuru. Nk’uko Yezu yavyerekanye, Yehova azoturonsa atitangiriye itama impwemu yiwe nyeranda nitwayimusaba tubikuye ku mutima.—Luka 11:13.
13, 14. Gutegura amakoraniro birangura uruhara uruhe mu bijanye no gutahura ibintu vyimbitse vy’Imana?
13 Nutegure amakoraniro. Turonka “ibifungurwa . . . ku gihe kibereye” biciye ku mugwi wa wa mushumba. Uwo “mushumba” arashitsa igikorwa ciwe mu kuturonsa amayagwa ashingiye ku Vyanditswe no mu gutunganya amaporogarama ajanye no kwiga n’ayajanye n’amakoraniro. Hariho imvo ziba zarimbuwe neza zituma “umuryango wose w’abavukanyi” usabwa kwihweza amakuru manaka. (1 Pet. 2:17; Kol. 4:16; Yuda 3) Igihe dukora uko dushoboye kwose kugira ngo dukurikize ivyo tuba twasabwe, tuba turiko turasenyera ku mugozi umwe n’impwemu nyeranda.—Ivyah. 2:29.
14 Igihe turiko turategura amakoraniro ya gikirisu, ni vyiza ko turaba Ivyanditswe vyatanzwe maze tukagerageza gutahura ukuntu kimwekimwe cose kijanye n’ikiganiro tuba turiko turihweza. Kubigenza gutyo bizotuma tugenda turarushiriza gutahura Bibiliya. (Ibik. 17:11, 12) Kuraba ivyo Vyanditswe biratuma vyiyandika mu bwenge ku buryo impwemu nyeranda ishobora kudufasha kuvyibuka. N’ikindi kandi, igihe tubonye ico canditswe ku rupapuro rwo muri Bibiliya, bituma tutibagira aho twakibonye ku buryo bizoshobora kudufasha kugitora igihe tuzoba tugikeneye.
15. Ni kubera iki dukwiye kujana n’igihe ku bijanye n’amayagwa asohorwa, kandi ivyo wewe ubigira gute?
15 Nujane n’igihe. Amayagwa amwamwe yasohowe ntarimburwa ku makoraniro tugira, ariko ategurwa kugira tuyungukireko. Mbere n’inomero z’ibinyamakuru vyacu bishikirizwa abantu, babitegura batwiyumvira. Muri iyi si igoye, akenshi usanga tubwirizwa kurindira umuntu canke ikintu. Tugiye turitwaza igisohokayandikiro kinaka tutarasoma canke tumaze gusoma igice gusa, twoshobora gukoresha utwo turyo kugira ngo dusome igihimba caco. Hari abajana n’igihe mu kwumviriza ibisohokayandikiro vyacu biba vyarafashwe, igihe bariko baragenda canke bariko baratwara umuduga. Ayo mayagwa yose, ayaba yaragiriwe ubushakashatsi bwitondewe mugabo akaba yanditswe kugira ngo aryohere abasomyi nka bose, aratuma turushiriza gutahura ibintu vy’impwemu.—Hab. 2:2.
16. Ni ivyiza ibihe biri mu kwandika ahantu ibibazo biza mu bwenge maze tukaza kubisuzuma mu nyuma?
16 Nuzirikane. Igihe uriko urasoma Bibiliya canke ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo, nufate umwanya wo kuzirikana. Uko ukurikirana witonze ukuntu iciyumviro kigenda, woshobora kugira ibibazo. Woshobora kwandika ahantu mwene ivyo bibazo maze ukaza kubisuzuma mu nyuma. Akenshi igihe dutohoje ibintu bidushimisha ni ho turushiriza kwiga mu buryo bwimbitse. Ugutahura twironkera guca kuba kimwe mu bigize itunga ryacu dushobora kwikorako igihe tubikeneye.—Mat. 13:52.
17. Ni urutonde uruhe ukurikiza mu kugira inyigisho y’umuryango canke mu kwiyigisha?
17 Nutegekanye umwanya w’ugusenga kwo mu muryango. Inama Nyobozi yaraturemesheje twese gutegekanya umugoroba munaka canke ikindi kiringo buri ndwi kugira ngo twiyigishe canke tugire inyigisho y’umuryango. Ukuba urutonde rwacu rw’amakoraniro rwarahindutse biraturonsa akaryo ko gushira mu ngiro iyo mpanuro. Ni ibiki murimbura mu gihe c’imigoroba igenewe Ugusenga kwo mu muryango? Hari abasoma Bibiliya, bakagira ubushakashatsi ku mirongo ivyura ibibazo mu bwenge bwabo bakongera bakagira utwo biyandikiye muri Bibiliya yabo ku bijanye n’insobanuro yinaka. Imiryango myinshi irafata umwanya wo kuraba ukuntu yoshira mu ngiro amayagwa iba yize. Ba serugo bamwebamwe barahitamwo amayagwa babona ko umuryango ukeneye kurimbura canke amayagwa ajanye n’ibiganiro canke ibibazo umuryango uba wasavye ko vyokwihwezwa. Nta gukeka ko uko igihe kizoza kirarengana uzoza uriyumvira ibindi biganiro vyorimburwa.a
18. Ni kubera iki tudakwiye kureka kwiga ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana kurushirije kuba ukwimbitse?
18 Yezu yavuze ko impwemu yokoze nk’umufasha. Ku bw’ivyo, ntidukwiye kureka kwiga ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana kurushirije kuba ukwimbitse. Mwene ukwo kuri ni kimwe mu bigize “ukumenya Imana” kw’agaciro, kandi dusabwa kugusesangura. (Soma Imigani 2:1-5.) Kurahishura vyinshi ku vyerekeye “ibintu Imana yateguriye abayikunda.” Uko tugira akigoro ko kwiga vyinshi ku vyerekeye Ijambo rya Yehova, impwemu nyeranda izodufasha, kuko “impwemu isesangura ibintu vyose, mbere n’ibintu vyimbitse vy’Imana.”—1 Kor. 2:9, 10.
[Akajambo k’epfo]
a Raba kandi Igikorwa dukorera Ubwami co muri Gitugutu 2008, urupapuro rwa 8.
Wokwishura gute?
• Ni mu buryo bubiri ubuhe impwemu idufasha gusesangura “ibintu vyimbitse vy’Imana”?
• Mu kinjana ca mbere, impwemu nyeranda yahishuye ukuri kwimbitse ibicishije kuri bande?
• Impwemu nyeranda ikora gute kugira ngo itomore ibintu muri kino gihe cacu?
• Wokora iki kugira ngo wungukire ku ruhara impwemu irangura?
[Uruzitiro ku rup. 22]
Ingene impwemu yahishuye insobanuro ya rwa rusengero rwo mu buryo bw’impwemu
Mu “bintu vyimbitse vy’Imana” vyahishuwe mu kinjana ca mbere, harimwo ivy’uko ya taberenakulo, mu nyuma na ho insengero, yari igitutu c’ikintu co mu vy’impwemu gihambaye kuruta. Paulo yavuze ko ico kintu ari “ihema nyakuri, iryashinzwe na Yehova, ritashinzwe n’umuntu.” (Heb. 8:2) Urwo rwari urusengero ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga intunganyo yo kwiyegereza Imana yashobotse biciye ku nkuka n’ubuherezi vya Yezu Kristu.
Iryo “hema nyakuri” ryabayeho mu 29 G.C., igihe Yezu yabatizwa maze Yehova akamwemera ko ari we azoba inkuka itagira agasembwa. (Heb. 10:5-10) Aho Yezu amariye gupfa hanyuma akazuka, yarinjiye Aheranda Rwose ha rwa rusengero rwo mu buryo bw’impwemu maze arashikiriza agaciro k’inkuka yiwe “mu nyonga z’Imana.”—Heb. 9:11, 12, 24.
Ahandi, intumwa Paulo yanditse yuko abakirisu barobanuwe bariko ‘barakura bakaba urusengero rweranda ku bwa Yehova.’ (Ef. 2:20-22) None urwo rusengero rwoba rwari kuba rya “hema nyakuri,” iryo yavuze mu nyuma mw’ikete yandikiye Abaheburayo? Abasavyi b’Imana baramaze imyaka mirongo biyumvira ko ari ko vyari. Vyasa n’uko abakirisu barobanuwe bariko barategurwa kw’isi kugira ngo baze babe ico twokwita amabuye mu rusengero rwa Yehova rwo mw’ijuru.—1 Pet. 2:5
Ariko rero nko mu mwaka wa 1971, abagize wa mugwi w’umushumba bajejwe amabanga baratanguye gutahura yuko urwo rusengero rwavuzwe na Paulo mu Banyefeso rutari gushobora kuba rwa rusengero rwa Yehova ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu. Nimba rya “hema nyakuri” ryari rigizwe n’abakirisu barobanuwe bazutse, ryotanguye kubaho inyuma y’ukuzuka kwabo, ukwatanguye mu gihe “c’ukuhaba kw’Umukama.” (1 Tes. 4:15-17) Ariko rero, igihe Paulo yariko aravuga ibijanye n’itaberenakulo, yanditse ati: “Iryo hema nyene ni ikigereranyo ku bw’igihe cashinzwe ubu cashitse.”—Heb. 9:9.
Mu kugereranya twitonze ivyo vyanditswe hamwe n’ibindi, vyaciye bitomoka yuko rwa rusengero rwo mu buryo bw’impwemu rutariko rurubakwa be n’uko abakirisu barobanuwe atari ico twokwita amabuye ariko arategurwa kw’isi kugira ngo ashirwe muri rwo. Ahubwo nyabuna, abakirisu barobanuwe bariko bakorera mu kigo be n’Aheranda ha rwa rusengero rwo mu buryo bw’impwemu, bakaba ku musi ku musi bashikanira Imana “ikimazi c’ishemezo.”—Heb. 13:15.
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 23]
Dushobora gute kurushiriza gutahura “ibintu vyimbitse vy’Imana”?