Ukwiga—Birahesha Impera Kandi Biraryoshe
“Ni waburondera . . . , [uzo]ronka ukumenya Imana.”—IMIGANI 2:4, 5.
1. Ugusoma twiruhura bishobora kutuzanira umunezero mwinshi gute?
ABANTU benshi basoma kugira ngo binezereze gusa. Igihe amayagwa ari meza, gusoma bishobora kuba isoko ry’ukwiruhura kwiza. Turetse urutonde rwabo rw’ubudahorereza rwo gusoma Bibiliya, Abakirisu bamwebamwe barakura umunezero nyakuri mu gusoma igihe akaryo kabonetse, mu Mazaburi, Imigani, inkuru zo mu Njili canke ibindi bice vya Bibiliya. Imvugo be n’ivyiyumviro biteye igomwe birabatera akanyamuneza kagera ibwina. Abandi mu kwiruhura kwabo bahitamwo gusoma igitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah, ikinyamakuru Réveillez-vous!, inkuru z’ubuzima bw’abantu zisohorwa muri iki kinyamakuru, canke inkuru zicapurwa zivuga ivya kahise, indondabihugu, n’inyigisho zerekeye ibidukikije.
2, 3. (a) Ni mu buryo ki amamenyeshwa yimbitse yo mu vy’impwemu ashobora kugereranywa n’ibifungurwa bigumye? (b) Kwiga harimwo n’ibiki?
2 Naho ukwisomera akaryo kabonetse bishobora kuba uburyo bwo kwiruhura, kwiga bisaba akigoro ko mu bwenge. Umufilozofe umwe w’Umwongereza, Francis Bacon, yanditse ati: “Ibitabu bimwebimwe bigenewe guhonjwa, ibindi kumirazwa, ibindi bikeyi na vyo bigenewe guhekenywa maze umushishito ukabisya.” Bibiliya nta nkeka iri muri ivyo birinda guhekenywa. Intumwa Paulo yanditse ati: “[Kirisitu, agereranywa n’Umwami-Muherezi Melekisedeki] tumufiseko vyinshi vyo kuvuga, kandi bigoye isobanura, kuko mwabaye ibitumva. . . . Ivyo kurya bigumye n’ivy’abakuze, bafise ubgenge, maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera gutandukanya ikibi n’iciza.” (Abaheburayo 5:11, 14) Ibifungurwa bigumye bitegerezwa guhekenywa imbere yo kumirwa maze umushishito ukabisya. Amamenyeshwa yimbitse yo mu vy’impwemu asaba ukuzirikana imbere y’uko umuntu ayihereza kandi akayazigama.
3 Inyizamvugo imwe isobanura “ukwiga” bwa “gikorwa canke uburyo bwo gukoresha umuzirikanyi kugira ngo umuntu aronke ubumenyi canke ubutahuzi, nko mu gusoma, mu gushakashaka n’ibindi.” Rero, ntiharimwo gusa gusoma gihutihuti umuntu acisha hejuru, kumbure dukwiye guca uturongo munsi y’amajambo uko tugenda dusoma. Ukwiga bisobanura igikorwa, akigoro ko mu bwenge, be n’ikoreshwa ry’ububasha bwo gutegera. Ariko rero, naho inyigisho isaba akigoro, ivyo ntibisobanura ko idashobora kuryoha.
Dutume Kwiga Bitera Umunezero
4. Nk’uko umwanditsi wa Zaburi yabivuze, kwiga Ijambo ry’Imana bishobora gute kuba ibihorosha n’ibironsa impera?
4 Gusoma no kwiga Ijambo ry’Imana birashobora kuba ibihorosha kandi bikomeza. Umwanditsi wa Zaburi yamenyesheje ati: “Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye rwose, bihēmbūra ubugingo, [“Icibutswa ca Yehova,” NW] n’i[c]o kwizerwa, [g]iha umutungu ubgenge. Ivyagezwe Uhoraho yigisha biragororotse, binezereza umutima, ivyo Uhoraho yageze n’ibitanduye, bihwejesha amaso.” (Zaburi 19:7, 8) Ivyagezwe be n’ivyibutswa vya Yehova bihembura ubugingo, bigatuma turushiriza kumererwa neza mu vy’impwemu, bikatuzanira umunezero wo mu mutima, vyongeye bigatuma amaso yacu aca ibibatsi tukabona neza imigambi y’igitangaza ya Yehova. Ese ukuntu ari akaroruhore!
5. Ni mu buryo ki kwiga bishobora kutuzanira umunezero mwinshi?
5 Igihe dushobora kubona ingaruka nziza ziva mu gikorwa cacu, bituma turyoherwa no kugikora. Ni co gituma kugira dutume kwiga bitunezera, dukwiye kudatebagana gukoresha ubumenyi bushasha turonse. Yakobo yanditse ati: “Uwitegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo, akabishishikara, atar’uwumva akavyibagira, arikw ar’ūbikora, ni we azohabga umugisha mu vy’akora.” (Yakobo 1:25) Umuntu aciye ashira mu ngiro ivyiyumviro yize biramuzanira akanyamuneza kenshi. Tugize ubushakashatsi dufise intumbero itomoye yo kwishura ikibazo kinaka twabajijwe mu gikorwa cacu co kwamamaza canke co kwigisha, na vyo bizotuzanira umunezero mwinshi.
Gutsimbataza Ugukunda Ijambo ry’Imana
6. Umwanditsi wa Zaburi y’119 yaseruye gute urwo akunda ijambo rya Yehova?
6 Uwatunganije Zaburi y’119, kumbure akaba yari Hezekiya igihe yari akiri umuganwa akiri muto, yaraseruye urwo akunda ijambo rya Yehova. Mu mvugo mpinyanyuro, yavuze ati: “Nzonezererwa ivyo washinze, sinzokwibagira ijambo ryawe. Kand’ivyo wihanikirije na vyo birampimbara . . . nzohimbarwa n’amabgirizwa yawe, kukw ari yo nkunda. Kugira neza kwawe kunshikeko, kugira ngo mbeho: kukw ivyagezwe vyawe ari vyo munezero wanje. Uhoraho, nifuje agakiza kawe, kand’ivyagezwe vyawe ni vyo bimpikmbara.”—Zaburi 119:16, 24, 47, 77, 174.
7, 8. (a) Nk’uko igitabu kimwe c’irabiro kibivuga, “kunezererwa” Ijambo ry’Imana bisobanura iki? (b) Dukwiye gute kugaragaza urwo dukunda Ijambo ry’Imana? (c) Ezira yiteguye gute imbere yo gusoma Ivyagezwe vya Yehova?
7 Mu gusigura ijambo ryahinduwe ngo “kunezererwa” muri Zaburi y’119, inyizamvugo imwe yerekeye Ivyanditswe vy’Igiheburayo ivuga iti: “Ukuntu umurongo wa Zb 119:16 ukoreshwa bisanisha [amavuga yahinduwe ngo] kugira akamwemwe . . . no kuzirikana . . . Urukurikirane rw’ibintu ni uru: kugira akamwemwe, kuzirikana, guhimbarwa na . . . Urwo ruvange rushobora kwerekana yuko ukuzirikana umuntu afise intumbero kanaka ari uburyo bumushikana ku guhimbarwa n’ijambo rya Yahweh. . . . Iyo nsobanuro irimwo ikintu gitera inyiyumvo.”a
8 Egome, urukundo dukunda Ijambo rya Yehova rukwiye kuva mu mutima, ari wo cicaro c’inyiyumvo zacu. Dukwiye kunezererwa guteba ku mirongo imwimwe tuba duhejeje gusoma. Dukwiye kunoganza ivyiyumviro vyo mu vy’impwemu vyimbitse, tukavyitunira kandi tukabizirikanako. Ivyo bisaba ukuzirikana mu gacerere be no mw’isengesho. Nka kurya kwa Ezira, dukeneye gutegura imitima yacu ku bw’ugusoma no kwiga Ijambo ry’Imana. Handitswe ibikurikira ku bimwerekeye: “Ezira yari [“yarateguye,” NW] [u]mutima kwitwaririka ivyagezwe vy’Uhoraho ngw abishitse, kandi ngo yigishe mu Bisirayeli amabgirizwa n’amatēka.” (Ezira 7:10) Raba intumbero irimwo zitatu yatumye Ezira ategura umutima wiwe: kwiga, kubishira mu ngiro ubwiwe no kwigisha. Dukwiye gukurikiza akarorero kiwe.
Ukwiga bwa Gikorwa co Gusenga
9, 10. (a) Ni mu buhe buryo umwanditsi wa Zaburi yerekanye ko yitwararika Ijambo rya Yehova? (b) Irivuga ry’Igiheburaho ryahinduwe ngo “kwitwararika” risobanura iki? (c) Ni kuki ari ngirakamaro kuri twebwe kubona ukwiga Bibiliya nk’“igikorwa co gusenga”?
9 Umwanditsi wa Zaburi avuga yuko yitwararitse ivyagezwe vya Yehova, amabwirizwa yiwe be n’ivyo yibutsa. Aririmba ati: “[“Nzokwitwararika,” NW] amateka washinze, kandi nzoshira umutima ku nzira zawe. Nzotarikira amaboko amabgirizwa yawe, kukw ari yo nkunda; kandi [“nzokwitwararika,” NW] ivyo washinze. Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe! Ni vyo ndimbūra bukarinda bgīra. Mfise ubgenge buruta ubg’abigisha banje bose; kukw ivyo wihanikirije ari vyo ndimbūra.” (Zaburi 119:15, 48, 97, 99) ‘Kwitwararika’ Ijambo rya Yehova vyerekana iki?
10 Irivuga ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo “kwitwararika” risobanura kandi ngo “kuzirikana, kunoganza,” “guca irya n’ino ikintu mu muzirikanyi.” “Rikoreshwa mu kuvuga ukuzirikana mu gacerere ku bikorwa vy’Imana . . . no kw’ijambo ry’Imana.” (Theological Wordbook of the Old Testament) Imero y’izina “[u]kwitwararika” yerekeza ku “kuzirikana kw’uwo mwanditsi wa Zaburi,” “yukwiga” ivyagezwe vy’Imana kukuntu yakunda, bwa “gikorwa co gusenga.” Kubona ukwiga Ijambo ry’Imana bwa muce w’ugusenga kwacu, bituma turushiriza kubifatana uburemere. Bikwiye rero kugirwa bivuye ku mutima kandi umuntu yungukira kw’isengesho. Ukwiga ni umuce w’ugusenga kwacu kandi kugirwa kugira ngo kuryohore ugusenga kwacu.
Twimbe Kugera Ibwina mw’Ijambo ry’Imana
11. Yehova ahishurira abasavyi biwe gute ivyiyumviro vyimbitse vyo mu vy’impwemu?
11 Umwanditsi wa Zaburi, atamariwe mu buryo buranga icubahiro, yitangaje ati: “Ereg’ibikorwa vyawe birakomeye Uhoraho! Ivyiyumviro vyawe bishika i bgina kure.” (Zaburi 92:5) Intumwa Paulo na we yaravuze ivyerekeye “[“ibintu vyimbitse,” NW] vy’Imana,” ivyiyumviro bigera ibwina Yehova ahishurira abasavyi biwe ‘biciye ku mpwemu yiwe’ ikorera ku mugwi wa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge. (1 Ab’i Korinto 2:10; Matayo 24:45, NW) Umugwi wa wa mushumba uraronsa ingaburo yo mu buryo bw’impwemu kuri bose ubigiranye ubwira—akaba ari “amata” ku bashasha mugabo bikaba “ivyo kurya bigumye” ku “bakuze.”—Abaheburayo 5:11-14.
12. Tanga akarorero k’“ibintu vyimbitse vy’Imana” vyasobanuwe na wa mugwi w’umushumba.
12 Kugira ngo umuntu atahure nk’ivyo “bintu vyimbitse vy’Imana,” birakenewe ko yiga yifashishije n’isengesho akongera akazirikana kw’Ijambo ryayo. Nk’akarorero, amayagwa meza yarasohowe yerekana ukuntu Yehova ashobora kuba umunyabutungane, muri ico gihe nyene akaba umunyembabazi. Ukuba agaragaza ikigongwe ntikuba ari ukwirengagiza ubutungane bwayo; ahubwo ikigongwe kiva ku Mana ni inseruro y’ubutungane bw’Imana be n’urukundo rwayo. Igihe Yehova acira urubanza umucumuzi, atangura kuraba niba bishoboka kugira ikigongwe hishimikijwe inkuka y’incungu y’Umwana wiwe. Igihe uwo mucumuzi ari intigaya canke umugarariji, Imana irareka ubutungane bwayo bugakurikira inzira yabwo hatagiyemwo ikigongwe kidakenewe. Uko bigenda kwose, ntihemuka ku ngingo zayo zikirurutse.b (Abaroma 3:21-26) ‘Yō uburebure bw’amajepfo bw’ubgenge bw’Imana!’—Abaroma 11:33.
13. Twogaragaza gute ugukenguruka “igitigiri kinini” c’ibintu vy’ukuri kwo mu vy’impwemu bimaze guhishurwa kugeza ubu?
13 Nka kurya kw’umwanditsi wa Zaburi, turezwa umutima n’uko Yehova asangira na twe vyinshi mu vyiyumviro vyiwe. Dawidi yanditse ati: “Erega Mana, ivyiyumviro vyawe n’ivy’igiciro kuri jewe! Ereg’igitigiri cavyo ni kinini! Nobiharūra, vyoruta umusenyi mu bginshi.” (Zaburi 139:17, 18) Naho ubumenyi dufise muri iki gihe ari agace inzatsa k’ivyiyumviro bidaharurwa Yehova azohishura mu bihe bidahera, turakenguruka cane ‘igitigiri kinini’ c’ibintu vy’ukuri kwo mu vy’impwemu vy’igiciro gushika ubu bimaze guhishurwa kandi tukarushiriza kwimba mu gitigiri, canke mu biri mw’Ijambo ry’Imana.—Zaburi 119:160, NW, akajambo k’epfo.
Akigoro n’Ibikoresho Ngirakimazi Birakenewe
14. Mu Migani 2:1-6 hashimika gute ku vy’uko akigoro gakenewe mu kwiga Ijambo ry’Imana?
14 Inyigisho ya Bibiliya yimbitse isaba akigoro. Ico kintu kiraboneka mu buryo butomoye dusomye twitonze mu Migani 2:1-6. Raba amavuga ari mu mero mugira uwo Mwami w’inkerebutsi Salomo yakoresheje kugira ashimike ku kigoro gakenewe kugira ngo umuntu aronke ubumenyi, ubwenge, n’ubukerebutsi biva ku Mana. Yanditse ati: “Mwana wanje, ni wemera amajambo yanje, ukabīka amabgirizwa yanje muri wewe, bigatuma utega ugutwi ubgenge, ugashira umutima ku gutahura; mbere ni wahamagara ubgenge, ugashira ijwi hejuru uririra ugutahura; ni waburondera nk’ifeza, ukabusesangura nk’ūrondera izahabu zanyegejwe; ni ho uzotahura ukwubaha Uhoraho ukw ari kwo, ukaronka ukumenya Imana. Kuk’Uhoraho atanga ubgenge, mu kanwa kiwe havamw’ukumenya n’ugutahura.” (Ni twe tubihiritse.) Egome, ukwiga guhesha impera gusaba ubushakashatsi, ukwimba, nk’uwuhiga ubutunzi buhishijwe.
15. Ni ikigereranirizo ikihe co muri Bibiliya gishira ahabona ivy’uko uburyo bwiza bwo kwiga bukenewe?
15 Inyigisho itungisha mu vy’impwemu isaba kandi uburyo bwiza bwo kwiga. Salomo yanditse ati: “Incabiti iy’ipfushe, umuntu ntayikarishe, azoba akwiye kwongerakw inkomezi zo gushimika.” (Umusiguzi 10:10) Igihe umukozi akoresha igitemesho kidakarishe canke iyo atagikoreshanya ubuhanga, azotakaza inguvu ziwe kandi igikorwa ciwe kizoba ikibayabaye. Muri ubwo buryo nyene, inyungu ziva ku mwanya tumara twiga zirashobora kuba zitandukanye cane, bivuye ku buryo bwacu bwo kwiga. Inama ntangere ngirakimazi ku vyerekeye kuryohora uburyo twiga zirashobora gusangwa mu Cigwa c’7 c’igitabu Manuel pour l’École du ministère théocratique.c
16. Ni inama ngirakimazi izihe zitangwa kugira ngo zidufashe tugire inyigisho yimbitse?
16 Igihe umunyamwuga yanzika igikorwa ciwe, arakorakoranya ibikoresho aza gukenera. Muri ubwo buryo nyene, igihe dutangura ikiringo co kwiga, dukwiye kurobanura mu bubiko bwacu bw’ibitabu ibikoresho bifasha kwiga tuza gukenera. Twibutse yuko ukwiga ari igikorwa be n’uko bisaba akigoro mu bwenge, ni vyiza kandi ko twicara neza. Niba twipfuza kuguma dukangutse mu bwenge, kwicara ku ntebe iruhande y’imeza dushobora gusanga ari ngirakimazi kuruta kuryama ku buriri canke kwidibamira mw’ifoteyi. Umaze umwanya wituniye ku kintu, woshobora gusanga ari ngirakamaro kugorora imitsi canke gukubitira hanze kugira usame akayaga.
17, 18. Tanga uturorero tw’ukuntu wokoresha ibikoresho bifasha kwiga ushobora kuronka.
17 Ibikoresho ntangere vyinshi vyo gukoresha mu kwiga na vyo turabironka. Ikiza imbere yavyo ni Bibiliya Traduction du monde nouveau, ubu iboneka yose uko ingana canke igihimba cayo mu ndimi 37. Integuro isanzwe ya Traduction du monde nouveau irafise amarabiro yo mu nkingi be n’“Urutonde rw’Ibitabu vya Bibiliya” rutanga izina ry’umwanditsi, aho candikiwe be n’ikiringo ibivugwamwo vyashikiyeko. Irafise kandi ironderero ry’amajambo ya Bibiliya, amayagwa y’inyongera, be n’amakarata ndondabihugu. Mu ndimi zimwezimwe, iyo Bibiliya yaracapuwe mu mero nininini, ikaba yitwa Bibiliya ifise amarabiro (Bible à Référence). Irimwo ivyo vyose twavuze be n’ibindi vyinshi vyiyongereyeko, tutibagiye n’utujambo two munsi y’urupapuro na two tukaba dufise ironderero. Woba utagisha na gato ibintu vyose biboneka mu rurimi rwawe kugira ngo bigufashe kurushiriza kwimba mw’Ijambo ry’Imana?
18 Ikindi gikoresho co kwiga c’agaciro ntangere ni ya nkoranyabumenyi ya Bibiliya igizwe n’imbumbe zibiri (Étude perspicace des Écritures). Niba ufise ivyo bitabu mu rurimi ushobora gutahura, bikwiye kukubera umugenzi igihe cose wiga. Bizokumenyesha utuntu n’utundi twerekeye vyinshi mu biganiro vya Bibiliya. Ikindi gikoresho na co usanga ari rufasha ni ca gitabu “Toute Écriture est inspirée de Dieu et utile.” Igihe utanguye gusoma igitabu gishasha ca Bibiliya, ni vyiza ko utohoza icigwa bijanye co mu gitabu “Toute Écriture” kugira ngo umenye ibicerekeye mu vy’indondabihugu na kahise, be n’incamake y’ibiri muri ico gitabu ca Bibiliya be n’akamaro bidufitiye. Ikindi giherutse kwongerwa ku bikoresho vyinshi bifasha kwiga vyacapuwe, ni ububiko bw’ibitabu bukoreshwa kuri orodinateri, mu co bise Watchtower Library, ubu bukaba buboneka mu ndimi icenda.
19. (a) Ni kuki Yehova yaturonkeje ibikoresho vyiza vyo kwiga Bibiliya? (b) Ni igiki gikenewe kugira ngo umuntu asome kandi yige Bibiliya mu buryo bubereye?
19 Yehova yatanze ivyo bikoresho vyose biciye kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” kugira ngo bitume abasavyi biwe bari kw’isi bashobora ‘kurondera no kuronka ukumenya Imana.’ (Imigani 2:4, 5) Utumenyero twiza two kwiga tudushoboza kurushiriza kumenya Yehova no kugiranira na we ubucuti bwa somambike. (Zaburi 63:1-8) Egome, ukwiga bisobanura igikorwa, mugabo ni igikorwa kiryoshe kandi gihesha impera. Ariko rero, bisaba umwanya, kandi kumbure wiyumvira uti: ‘nshobora gukura he umwanya kugira ngarukire ubusomyi bwanje bwa Bibiliya be n’ukwiyigisha kwanje?’ Uwo muce uraza kwihwezwa mu kiganiro kirangiza uru rukurikirane rw’ibiganiro.
[Utujambo tw’epfo]
a New International Dictionary of Old Testament Theology & Exegesis, Imbumbe ya 4, urupapuro 205-207.
b Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 1998, urupapuro rwa 28, ingingo y’7. Kugira ushinge umugambi wo kwiga Bibiliya, urashobora gutohoza ibiganiro vyo kwiga bibiri bihereza vyo muri iyo nomero, be n’ibiganiro bivuga ngo “Justice” na “miséricorde” muri ya nkoranyabumenyi ya Bibiliya yitwa Étude perspicace des Écritures, yasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
c Casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Mu gihe ico gitabu kitoba kiboneka mu rurimi rwanyu, impanuro nziza z’uburyo bwo kwiga zirashobora gusangwa mu nomero zikurikira z’Umunara w’Inderetsi: Myandagaro 93, urupapuro 22-26; 15 Rusama 1986 (mu Gifaransa), urupapuro 19-20.
Ibibazo vy’Isubiramwo
• Dushobora gute gutuma ukwiyigisha kwacu kuba ukuruhura kandi guhesha impera?
• Nka kumwe kw’umwanditsi wa Zaburi, dushobora gute kugaragaza ko ‘tunezererwa’ kandi ‘twitwararika’ Ijambo rya Yehova?
• Imigani 2:1-6 herekana gute ko hakenewe akigoro mu kwiga Ijambo ry’Imana?
• Ni ibikoresho vyiza ibihe vyo kwiga Yehova yaturonkeje?
[Ifoto ku rup. 23]
Kuzirikana no gusenga mu gacerere biradufasha gutsimbataza ugukunda Ijambo ry’Imana
[Ifoto ku rup. 26]
Woba ukoresha mu buryo bwuzuye ibikoresho vyo kwifashisha mu kwiga biboneka kugira ngo wimbe kugera ibwina mw’Ijambo ry’Imana?