Tugwire mu bumenyi butagira amakosa ‘tubishashaye cane’
ABASAVYI ba Yehova bose bararondera ko abashima. Kubera ko twipfuza ko adushima, turashashaye kuryohora ukwizera kwacu no gukora igikorwa ceranda tubigiranye umwete. Ariko rero, intumwa Paulo aratwereka akaga twoshobora kugwamwo, ako Abayuda bamwebamwe bo mu gihe ciwe baguyemwo. Agira ati: “Bafitiye Imana umwete; mugabo si mu buryo bw’ubumenyi butagira amakosa.” (Rom. 10:2) Biratomoye, ukwizera kwacu be n’ugusenga Yehova kwacu ntibikwiye kuba bishingiye ku nyiyumvo gusa. Turakeneye kugira ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Umuremyi wacu be n’ivyo agomba.
Hari ahandi hantu mu vyo Paulo yanditse yasanishije inyifato Imana ishima n’ukuba dushashaye kurondera ubumenyi. Yasenze asaba yuko abayoboke ba Kristu “[bo]kwuzuzwa ubumenyi butagira amakosa” bw’ukugomba kw’Imana ‘ngo bagende nk’uko bibereye Yehova kugira bamushimishe bimwe bishitse’ uko “[ba]bandanya kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose no kugwira mu bumenyi butagira amakosa bw’Imana.” (Kol. 1:9, 10) Ni kubera iki bihambaye cane ko tugira “ubumenyi butagira amakosa? Kandi ni kubera iki dukwiye kugwira muri mwene ubwo bumenyi?
Ikintu gituma tugira ukwizera
Ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana be n’ivyo igomba nk’uko vyerekanwa muri Bibiliya, ni vyo ukwizera kwacu gushingiyeko. Tudafise bene ubwo bumenyi bwo kwizigirwa, ukwizera Yehova kwacu kwoba kumeze nk’inzu yubatswe ku musenyi, iyishobora gusenyuka bitagoranye. Paulo aturemesha gukora igikorwa ceranda c’Imana tubigiranye “ububasha [bwacu] bwo kwiyumvira” be no ‘guhindura umuzirikanyi wacu ukaba musha.’ (Rom. 12:1, 2) Kwiga Bibiliya tudahorereza birashobora kudufasha kubigira.
Umutsimvyi asanzwe wo muri Polonye yitwa Ewa, avuga ati: “Iyo ntiga Ijambo ry’Imana ntahorereza, sinari kubandanya gukura mu bumyenyi butagira amakosa bwerekeye Yehova. Ntibwari guca na kabiri akaranga kanje ka gikirisu kadatanguye kwononekara, ukwizera kwanje na kwo kukagoyagoya. Nobaye ndiko ngenda ngana habi mu vy’impwemu.” Ese ivyo bitokwigera bidushikira! Reka turimbure akarorero k’umuntu yagwijije ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Yehova bigaheza bigatuma ashimwa n’Imana.
“Ewe kuntu nkunda Itegeko ryawe!”
Indirimbo irimwo ukuryosha imvugo iri mu mabibiliya dukoresha, dusanga muri Zaburi 119, irerekana ukuntu umwanditsi w’iyo Zaburi yiyumva ku bijanye n’amabwirizwa ya Yehova, ivyibutswa vyiwe, amategeko yiwe be n’ingingo z’ubutungane ziwe. Uwo mwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Nzonezererwa ivyo washinze. . . . [“Ivyibutswa vyawe,” NW] birampimbara.” Yanditse kandi ati: ‘Ewe kuntu nkunda [“Itegeko ryawe,” NW]! Ni ryo ndimbura bukarinda bwira.’—Zab. 119:16, 24, 47, 48, 77, 97.
Amajambo ‘kunezerererwa’ be no ‘kurimbura’ atanga iciyumviro co kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana, kandi umuntu agahimbarwa vy’ukuri na bene ukwo kuzirikana. Ayo majambo arashimika ku kuntu uwo mwanditsi wa Zaburi yakunda mu buryo bugaragara kwiga itegeko ry’Imana. Urwo rukundo ntirwava gusa ku nyiyumvo nyinshi uwo mwanditsi wa Zaburi yari afise. Ahubwo, yaripfuza cane ‘kurimbura’ itegeko, kugira ngo atahure amajambo ya Yehova. Dufatiye kuri ako gatima yari afise, turashora kubona ko yashaka kumenya Imana be n’ivyo igomba mu buryo butagira amakosa uko bisoboka kwose.
Biragaragara ko urukundo uwo mwanditsi wa Zaburi yakunda Ijambo ry’Imana rwava ibwina mu mutima wiwe. Turashobora kwibaza duti: ‘Ivyo vyoba ariko biri kuri jewe? Noba mpimbarwa no gusoma hamwe no gusuzuma igice kinaka co muri Bibiliya ku musi ku musi? Noba nsoma Ijambo ry’Imana ndabigiranye umwete kandi ngatura isengesho imbere yo kurisoma?’ Ukuntu twokwishura ivyo bibazo, ni vyo bishobora kwerekana intambwe tugezeko mu “kugwira mu bumenyi butagira amakosa bw’Imana.”
Ewa avuga ati: “Nguma ngerageza kuryohora ukuntu niyigisha. Kuva ndonse ka gatabu ‘Raba ca gihugu ciza,’ ndagakoresha hafi igihe cose mba ndiko ndiyigisha. Ndagerageza kurushiriza kurondera ibintu mu gitabu Étude perspicace des Écritures be no mu bindi bitabu igihe bikenewe.”
Rimbura kandi akarorero k’uwitwa Wojciech na Małgorzata, abo bakaba bafise amabanga atari make mu muryango. Babigenza gute kugira ngo umwe wese aronke umwanya wo kwiyigisha Bibiliya? Bavuga bati: “Turarondera uko dushoboye kwose umwanya wo kwiyigisha Ijambo ry’Imana umwumwe wese ku ruhande rwiwe. Hanyuma, mu gihe c’inyigisho y’umuryango be n’igihe tuba turi mu biganiro vyacu vya misi yose, turasangira ivyiyumviro twasanze bishimishije canke bikora ku mutima.” Inyigisho igera kure umwe wese yigirira iratuma bagira umunezero mwinshi ikongera ikabafasha “kugwira mu bumenyi butagira amakosa.”
Twige turondera gutegera
Kubera ko turi abakirisu, turemera yuko Imana igomba ko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:3, 4) Ivyo birashimika ku kamaro ko gusoma Bibiliya no kugerageza ‘gutegera ico isobanura.’ (Mat. 15:10) Ikintu kimwe codufasha kubishikako ni ukwiga turondera gutegera. Ako gatima ni ko Abanyebereya ba kera bagaragaje igihe Paulo yababwira inkuru nziza. “Bakiriye ijambo babishashaye cane gusumba, basuzuma Ivyanditswe ku musi ku musi bavyitondeye ngo barabe ko ivyo bintu ari ko biri.”—Ibik. 17:11.
Woba ukurikiza ako karorero k’Abanyebereya ko gushashara cane gusuzuma ivyanditswe, maze ukirinda gusamazwa n’ibintu bidakenewe igihe uriko uriyigisha Bibiliya? Umukirisu arashobora gukora ukwo ashoboye kwose kugira yigane abo Banyebereya, naho nyene yoba yahora abona ko kwiga bitamuhimbara. Uretse ivyo, hari abantu usanga uko biterera mu myaka ariko basa n’abagenda baraheba kwiga no gusoma. Ariko, ukwo si ko bikwiye kugenda ku mukirisu. Naho umuntu yoba afise imyaka ingana gute, birashoka ko agerageza kwirinda ibimusamaza. Kandi, igihe usoma urashobora kurondera ubishashaye amakuru wobwira abandi. Nk’akarorero, woba woshobora kwishingira umugambi wo kuza urabwira uwo mwubakanye canke umugenzi wawe mukirisu ibintu wasomye canke wamenye igihe wariko uriyigisha? Ubigenjeje gutyo, ivyo bintu wasomye birashobora kukuguma mu bwenge bikongera bikagira ikintu ciza bikoze ku bandi.
Igihe wiyigisha, nukurikize akarorero ka Ezira, umusavyi w’Imana wa kera, “[‘uwateguye umutima wiwe kugira ngo asuzume,’ NW] ivyagezwe vy’Uhoraho.” (Ezira 7:10) Uti ivyo wobigira gute? Nurondere ahantu hameze neza wigira, hanyuma wicare usenge Yehova umusaba ubuyobozi n’ubukerebutsi. (Yak. 1:5) Niwibaze uti: ‘Ni igiki ngomba kwiga muri iyi nyigisho?’ Igihe usoma, nurabe ivyiyumviro nyamukuru ntibigucike. Woshobora kuvyandika canke ugashira ikimenyezo ku bintu ushaka canecane kuzokwibuka. Nurabe ukuntu woshobora kubikoresha igihe wamamaza, igihe ufata ingingo canke igihe uremesha abo musangiye ukwizera. Uri mu gusozera iyo nyigisho yawe, nusubiremwo muri make ivyo wize. Ivyo bizogufasha kubigumiza ku muzirikanyi.
Ewa aravuga ukuntu abigenza, ati: “Igihe nsoma Bibiliya, ndakoresha amarabiro ari mu nkingi, ca gitabu c’amaronderero Index des publications Watch Tower, be na ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu citwa Watchtower Library kiri ku kadisiki kitwa CD-ROM. Ndagira ivyo niyandikiye mfise intumbero yo kubikoresha mu busuku.”
Hari abamaze imyaka n’iyindi biga mu buryo bwimbitse, bakinjira mu mizi ibintu vy’impwemu. (Imig. 2:1-5) Naho ari ukwo, usanga bafise amabanga menshi ku buryo bitaborohera kuronka umwanya wo kwiyigisha. Nimba ivyawe ari ukwo vyifashe, ni ibiki wohindura ku vyo ukora?
Noshobora gute kuronka umwanya?
Kumbure ntiwohakana ko vyoroshe kurondera umwanya wo gukora ibintu ukunda. Benshi basanze ikintu gifasha kugira ngo umuntu yiyigishe bimwe bigera kure ari ukwishingira umugambi ashoboye gushikako, nk’ugusoma Bibiliya yose. Mu vy’ukuri, vyoshobora kuba bigoye cane gusoma inkuru ndende zivuga ivy’amamuko, utuntu tw’ido n’ido twerekeye rwa rusengero rwa kera, canke ubuhanuzi bugoye gutahura busa n’aho ata co bupfana n’ibintu vyo mu buzima bwa misi yose. Nugerageze gutera intambwe ngirakimazi zizogufasha gushika ku mugambi wawe. Nk’akarorero, imbere yuko usuzuma igice kinaka co muri Bibiliya gisa n’ikigoye, woshobora gusoma ivyerekeye ukuntu kahise kari kifashe igihe ivyo bintu vyandikwa, canke ukaraba ukuntu vyoshobora gushirwa mu ngiro mu buryo ngirakamaro. Amakuru bene ayo urashobora kuyasanga mu gitatu “Toute Écriture est inspirée de Dieu et utile,” ikiboneka mu ndimi nka 50.
Birakabura ubwenge igihe ukoresha ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira iyo uriko urasoma Bibiliya. Ivyo biragufasha kubona mu bwenge abantu bariko baravugwa be n’ibintu vyabaye biba biriko biravugwa. Ushize mu ngiro ivyo vyiyumviro bikeyi gusa vyatanzwe, birashobora gutuma ibiringo vyawe vyo kwiyigisha birushiriza kuba ibiryoshe kandi bimara akanyota. Gutyo, uzorushiriza kurondera umwanya wo kwiyigisha. Bizorushiriza kukworohera kugumana akamenyero ko gusoma Bibiliya ku musi ku musi.
Ko ivyo vyiyumviro bihejeje gutangwa vyofasha umuntu umwe ku giti ciwe, umuryango usanga ucurumba muri vyinshi wo wokora iki? Mubona gute mwicaye hamwe mukayaga mu buryo bwisanzuye ku vyiza bishobora kuva ku kugira inyigisho y’umuryango? Ico kiyago coshobora kuvamwo ivyiyumviro ngirakamaro, nko kuvyuka iminuta mikeyi imbere y’aho mwahora muvyukira buri musi, canke mukabigira imisi minaka gusa kugira ngo musuzume igice kinaka co muri Bibiliya. Canke, hari aho mwosanga muri ico kiyago mubonye ko mukeneye kugira ivyo muhinduye ku rutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango. Nk’akarorero, imiryango imwimwe yasanze ari ngirakamaro gusuzuma icanditswe c’umusi canke gusoma igice kinaka co muri Bibiliya igihe ihejeje gufungura. Imbere yuko bahanagura imeza canke baja mu yindi mirimo, abagize umuryango baramara iminuta 10 canke 15 bariko baraganira ku Vyanditswe canke bariko barasoma Bibiliya bisunze urutonde bagize. Mu ntango, ivyo vyoshobora gusa n’ibigora uwo muryango gatoyi, ariko mu nyuma urashobora gusanga ari ibisanzwe kandi bikawuhimbara.
Wojciech na Małgorzata barasigura ivyafashije umuryango wabo bati: “Mu ntango, umwanya wacu wamarwa n’ibikorwa bidahambaye. Twarafashe ingingo yo kugabanya umwanya twamara turiko turarungika amakete biciye kuri orodinateri. Twaragabanije kandi umwanya twamara mu vyo kwisamaza, hanyuma turashinga umusi be n’umwanya wo kuzoza turiyigisha mu buryo bugera kure.” Nta gukeka ko uwo muryango uticuza kubona waragize ayo mahinduka, kandi ivyo urashobora gusanga ariko bigenze no ku muryango wawe.
Kugwira mu bumenyi butagira amakosa ni ngirakamaro!
Kwiga Ijambo ry’Imana mu buryo bugera kure birashobora kwama “ivyamwa mu gikorwa ciza cose.” (Kol. 1:10) Ivyo nivyagaragara mu buzima bwawe, iterambere ryawe rizokwibonekeza ku bantu bose. Uzoba umuntu akomeye mu vy’impwemu, atahura bimwe bishitse ukuri kwo muri Bibiliya. Uzofata ingingo zirushirije kuba iziri ku burimbane, wongere urushirize gufasha abandi ubigiranye ubuhanga, iyo mfashanyo ikazoba itarimwo ukurenza urugero gukunze kwigaragaza mu zitangwa n’abantu bafise amakuru adahagije ku vyo baba bariko baratangako imfashanyo. N’ikuruta vyose, uzorushiriza kwiyegereza Yehova. Uzorushiriza cane gutahura kamere ziwe, kandi ivyo bizogaragara igihe uzoba uriko urabwira abandi ibimwerekeye.—1 Tim. 4:15; Yak. 4:8.
Waba ufise imyaka ingahe canke uzi ibingana gute, nukore uko ushoboye kwose kugira ngo ugume uhimbarwa n’Ijambo ry’Imana wongere uryige bimwe bigera kure urondera gutegera. Urashobora kwizigira udakeka yuko Yehova atazokwibagira utwigoro twawe. (Heb. 6:10) Azogucuncuburirako imihezagiro myinshi.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 13]
IGIHE ‘TUGWIRIYE MU BUMENYI BUTAGIRA AMAKOSA’. . .
Turarushiriza kwizera Imana maze tukagenda nk’uko bibereye Yehova.—Kol. 1:9, 10
Turatahura neza ibintu, tukaba abashoboye gukoresha ubukerebutsi no gufata ingingo zibereye.—Zab. 119:99
Turarushiriza guhimbarwa no gufasha abandi kwiyegereza Yehova.—Mat. 28:19, 20
[Amafoto ku rup. 14]
Kuronka ahantu hameze neza wigira birashobora kuba urugamba, ariko biri n’akamaro
[Ifoto ku rup. 15]
Imiryango imwimwe irasoma igice kinaka co muri Bibiliya igihe ihejeje gufungura