Woba uriko wubaka ku musenyi canke ku gitandara?
WOBA uryoherwa n’ugusoma Bibiliya? Woba mbere utegekanya akanya ko kwigana Bibiliya udahorereza n’umwe mu Vyabona vya Yehova? Niba ari uko bimeze, nta gukeka ko ubona yuko ubumenyi umaze kuronka bwagufashije gutahura neza igituma iyi si yugarijwe n’ingorane muri kino gihe. (Ivyahishuwe 12:9, 12) Vyongeye, ivyanditswe bitari bike vyo muri Bibiliya vyaraguhumurije mu bihe bigoye vyongera biratuma ugira icizigiro ca kazoza.—Zaburi 145:14; 147:3; 2 Petero 3:13.
Kwironsa ubumenyi butagira amakosa bwo muri Bibiliya ni intambwe ihambaye cane abipfuza kuba abayoboke ba Kristu bategerezwa gutera. Ariko none, yoba ari yo ntambwe yonyene umuntu yotera? Oyaye. Kugira ngo umutohoji wa Bibiliya agume ari umukirisu w’ukuri, na canecane igihe ukwizera kwiwe kugeragejwe, arakenera gutera iyindi ntambwe ikenewe cane. Uti iyo na yo ni iyihe? Kugira ngo turonke inyishu, reka turimbure muri make ya Nsiguro yo ku Musozi, ni ukuvuga insiguro Yezu yashikirije ku musozi umwe w’i Galilaya.—Matayo 5:1, 2.
Inzu zibiri zigezwa
Woba uzi ibivugwa muri ya Nsiguro yo ku Musozi? Urashobora gusanga iyo nsiguro ya rurangiranwa mu Njili ya Matayo n’iya Luka. (Matayo 5:1–7:29; Luka 6:20-49) Vyogusaba iminuta 20 gusa kugira ngo usome iyo nsiguro yose. Ariko rero, irimwo ivyanditswe birenga 20 vyasubiwemwo mu majambo bikuwe mu Vyanditswe vy’igiheburayo be n’imvugo ngereranyo zirenga 50. Imwe muri izo mvugo ngereranyo, ino ikaba ijanye n’ivyo kwubaka inzu zibiri, ntisanzwe kubera yuko Yezu yayikoresheje mu gusozera insiguro yiwe. Niba utahura insobanuro y’ico kigereranyo yasozereyeko, birashobora kugufasha kubona ukuntu ushobora kubandanya uhagaze ushikamye uri umuyoboke wa Kristu, naho woba uriko urashikirwa n’ibintu bimeze gute bigerageza ukwizera.
Yezu yavuze ati: “Umuntu wese . . . yumva aya majambo yanje akayashira mu ngiro azomera nk’umugabo w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku gitandara. Maze imvura iracuncubuka, amasegenya aratemba, imiyaga irahuhuta, yisuka kuri iyo nzu, ariko ntiyahomvoka kubera ko yari ishinze ku gitandara. Ikigeretseko, umuntu wese yumva aya majambo yanje ntayashire mu ngiro azomera nk’umugabo w’ikijuju yubatse inzu yiwe ku musenyi. Maze imvura iracuncubuka, amasegenya aratemba, imiyaga irahuhuta, yikubita kuri iyo nzu ica irahomvoka, kandi isenyerana ryayo riba irikomeye.”—Matayo 7:24-27.
Umugabo “yimvye aramanuka epfo”
Ni ukuri guhambaye ukuhe Yezu yigishije abigishwa biwe akoresheje ico kigereranyo cerekeye abubatsi babiri? Kugira ngo ubimenye, niwihweze witonze amajambo ya Yezu. Ni igiki wumvise ku vyerekeye izo nzu zibiri? Zompi zarashikiwe n’ivyago bimwe. Izo nzu zoshobora kuba zari zubatswe kumwe. Zoshobora kandi kuba zari zubatswe mu karere kamwe, canke mbere imwe ikaba yari iruhande y’iyindi. Yamara rero, imwe yari yubatswe ku musenyi, iyindi yubatswe ku gitandara. Uti ivyo vyari gushoboka gute? Nk’uko bivugwa mu Njili ya Luka, vyashobotse kubera yuko wa mugabo w’ubwenge “yimvye aramanuka epfo” kugira ngo ashikire igitandara. (Luka 6:48) Ivyo vyatumye inzu y’uwo mugabo w’ubwenge iguma ihagaze.
Ni iciyumviro ikihe none Yezu yashaka gushimikako? Yezu ntiyatanze ico kigereranyo kugira ngo ashimike ku kuntu izo nzu zari zubatswe canke ku karere zari zubatswemwo kibure ku bukomezi bwazo, ariko yashaka gushimika ku bikorwa vy’abo bubatsi. Umwe yarimvye aramanuka epfo, mu gihe uwundi we ata vyo yagize. None ushobora gute kuba nk’uwo mugabo w’ubwenge maze ukimba ukamanuka epfo? Yezu ubwiwe yaratanze incamake y’ico kigereranyo mu kuvuga ati: “Kubera iki none mumpamagara ngo: ‘Mukama! Mukama!’ mugabo ntimukore ivyo mvuga? Umuntu wese aza kuri jewe akumva amajambo yanje kandi akayakora, ndabereka uwo basa: Asa n’umugabo . . . yimvye aramanuka epfo ashira umushinge ku gitandara.”—Luka 6:46-48.
Mu vy’ukuri, gupfa kwumviriza gusa inyigisho zo muri Bibiliya canke gupfa gusomera Bibiliya i muhira bisa n’ugushira inzu ku musenyi kubera yuko ata kigoro ko kwimba bigusaba. Ariko rero, gushira mu ngiro ivyo Kristu yigishije usanga ari urugamba. Bisaba kwimba ukamanuka epfo, ugashikira igitandara gikomeye.
Ku bw’ivyo, kugira ngo ube umuyoboke wa Kristu ahagaze ashikamye canke adahagaze ashikamye, bivana n’uko uba ushira mu ngiro ivyo wiga canke ntube ubishira mu ngiro. Igihe ukurikiza mu buzima bwawe bwa misi yose ivyo wiga biciye ku nyigisho ya Bibiliya, uba umeze nka wa mugabo w’ubwenge yimvye akamanuka epfo. Rero, umutohoji wa Bibiliya wese arakwiye gufata akanya akarimbura ivyo ariko ariga, maze akibaza ati: ‘Noba ndi uwumva gusa, canke ndi uwukora? Noba mpfa gusa gusoma no kwiga Bibiliya, canke noba nkurikiza amategeko yo muri yo igihe mfata ingingo?’
Ivyiza biva mu kwimba ukamanuka epfo
Rimbura ivyashikiye uwitwa José. Abavyeyi biwe baramwigishije kwubaha ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu, ariko ntiyigeze yiyigisha Ijambo ry’Imana. José avuga ati: “Igihe naba nsohotse mvuye mu nzu, naragerageza kuba umwana mwiza, ariko nasanga nciye nifatanya n’abagenzi babi. Naratanguye kuza ndafata ibiyayuramutwe, ndisuka mu buhumbu kandi nkama nantaryo ndiko ndarwana n’abandi.”
José yahavuye afata ingingo yo guhindura uburyo bwiwe bwo kubaho, maze aratangura kwiga Bibiliya ata gufyina. José avuga ati: “Ikintu kimwe vy’ukuri catumye mpindura ingendo ni uko nasomye nongera ndatahura ya Nsiguro ya Yezu yo ku Musozi. Ariko, vyansavye igihe kugira ngo mpindure kamere zanje be n’uburyo nari mbayeho. Mu ntango, naribaza ukuntu abitwa ngo ni abagenzi banje bonyiyumviriye, ariko naratsinze ubwo bwoba. Narahevye kubesha no gukoresha imvugo ihumanye, maze nca ntangura kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Naramenye yuko, nk’uko Yezu yabisezeranye, kubaho mu buryo bworoheje be no gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga bizana vy’ukuri agahimbare kamaho.”—Matayo 5:3-12.
None ni ivyiza ibihe uzokwironkera niwimba ukamanuka epfo kugira ngo wubake ku rutare; ni ukuvuga, niwakorana umwete ugashira mu ngiro ivyo usoma mw’Ijambo ry’Imana? Yezu yavuze ati: “Igihe . . . hatera isegenya, uruzi rwarisutse kuri iyo nzu, mugabo ntirwagira ubukomezi buhagije bwo kuyinyiganyiza, kubera ko yari yubatswe neza.” (Luka 6:48) Niwubaka neza mu gushira mu ngiro ivyo wiga, nta gukeka ko ibigeragezo bimeze nk’igihuhusi bitazoshobora gusa gusenyura inzu yawe, ariko kandi ntibizoshobora no kunayinyiganyiza. Mbega iciyumviro kiremesha!
Umwigishwa Yakobo, uno akaba yari mwenewabo na Yezu basangiye nyina, aravuga n’uwundi muhezagiro urindiriye abatohoji ba Bibiliya, atari abumva gusa ariko ari abakora koko Ijambo ry’Imana ryanditse. Yakobo yanditse ati: “Mucike abakora rya Jambo, atari abumva gusa . . . Uwihweza yitonze muri rya tegeko ritunganye ry’umwidegemvyo kandi agakovya muri ryo, uwo muntu, kubera atacitse uwumva akibagira, mugabo uwukora igikorwa, azoba ahiriwe mu kubikora.”—Yakobo 1:22-25.
Emwe, abashira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya barahiriwe koko! Mwene ubwo buhirwe buraheza bugatuma abayoboke ba Kristu barushiriza guhagarara bashikamye igihe bahanganye n’ibigeragezo bimeze nk’ibihuhusi bigeza ukwizera kwabo be n’ukwihebera Imana kwabo kutarimwo uburyarya.
Ugiye gukora iki none?
Igihe Yezu yashikiriza ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, yarashimitse cane ku vy’uko ugukorera Yehova Imana akenshi bidasaba kugira iki na kiriya, ahubwo bisaba kugira iki canke kiriya. Nk’akarorero, Yezu yigishije yuko umuntu ahitamwo kugira ijisho riremuruye canke ribi, yuko ahitamwo gushumbira Imana canke ubutunzi, yuko ahitamwo guca mu nzira yaga canke yagutse. (Matayo 6:22-24; 7:13, 14) Mu nyuma, mu gusozera ikigereranyo ciwe cerekeye ba bubatsi babiri, Yezu yarabwiye abayoboke biwe irindi hitamwo bogira, ni ukuvuga gukora nka wa mugabo w’ubwenge canke umwe w’ikijuju.
Niwabandanya gushira mu ngiro n’umutima wawe wose ivyo uriko uriga biciye ku nyigisho ya Bibiliya, uzoba uriko urakorana ubwenge. Vy’ukuri, kwimba ukamanuka epfo kugira ngo wubake ku gitandara bizokuronsa imihezagiro ubu no muri kazoza.—Imigani 10:25.
[Ifoto ku rup. 30]
Kugira ngo tugume duhagaze dushikamye, bivana n’ingene dushira mu ngiro ivyo twiga