ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/3 rup. 21
  • Imana yoba ari yo yaremye Shetani?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana yoba ari yo yaremye Shetani?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Imana yoba yaremye Shetani kugira ngo itugerageze?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umwansi w’Ubuzima Budashira
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Woba ubona ko Shetani abaho koko?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/3 rup. 21

Abasomyi bacu barabaza . . .

Imana yoba ari yo yaremye Shetani?

▪ Kubera yuko Bibiliya ivuga ko Imana ari yo “yaremye ibintu vyose,” hari abashitse ku ciyumviro c’uko Imana itegerezwa kuba ari yo yaremye Shetani. (Abanyefeso 3:9; Ivyahishuwe 4:11) Ariko Bibiliya irerekana neza ko atari ko biri na gato.

Yehova yaremye ikiremwa cahavuye gicika Shetani. Ku bw’ivyo, kugira dutahure ingene uwo mwansi ruheta w’Imana yabayeho, dukwiye gutahura ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na Yehova we Muremyi. Ku bimwerekeye, Bibiliya ivuga iti: “Igikorwa ciwe ntikigira akanenge, kuko inzira ziwe zose ari ubutungane. Ni Imana y’ubwizigirwa, itagira akarenganyo; ni we agororotse kandi atunganye.” (Gusubira mu vyagezwe 32:3-5) Twisunze ayo majambo, turashobora gushika ku ciyumviro c’uko Shetani yigeze kuba atagira akanenge kandi agororotse, ni ukuvuga ari umwe mu bana b’Imana b’abamarayika. Muri Yohani 8:44, Yezu yavuze ko Shetani ‘atashikamye mu kuri,’ bikaba vyerekana yuko Shetani yigeze kuba ari imvugakuri akaba n’uwutagirwa n’ikibi.

Ariko rero, cokimwe n’ibindi biremwa bifise ubwenge Yehova yaremye, uwo mumarayika yahavuye acika Shetani yari afise umwidegemvyo wo guhitamwo ikibi canke iciza. Mu guhitamwo kurwanya Imana no mu kwosha umugabo n’umugore ba mbere ngo bifatanye na we, yigize Shetani, bisobanura “Umurwanizi.”​—Itanguriro 3:1-5.

Ico kiremwa c’impwemu c’ikibisha carigize kandi Umubesheranyi. Shetani ni we wa mwangushi yakoresheje inzoka maze n’urwenge n’akantu agakoresha ibinyoma kugira ahende Eva ngo arenge kw’itegeko Umuremyi yari yaratanze atomora. Ni co gituma Yezu yise Shetani “se w’ikinyoma.”​—Yohani 8:44.

None ko ico kiremwa c’impwemu cari gitunganye, kitagira ubugoyagoye kandi kitagira uwucosha nabi, vyagenze gute ngo kigire agatima kabi? Biboneka ko canohokeye ugusengwa Imana yonyene yari ibereye maze kibona ko vyoshoboka ko gituma abantu bakiyobokera aho kuyobokera Yehova. Aho kwikuramwo ico ciyumviro co kuganza, caracigumijemwo kirareka kiragitsimbataramwo gushika amaherezo kigishize mu ngiro. Uburyo vyagenze buradondorwa mu gitabu ca Yakobo, ahagira hati: “Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite. Maze nya cipfuzo iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro; igicumuro na co iyo kiranguwe, kivyara urupfu.”​—Yakobo 1:14, 15; 1 Timoteyo 3:6.

Tubitangire akarorero: Dufate ko umunyabigega aronse akaryo ko gukoresha ku rwenge inzandiko z’akazi ku buryo ashobora kunyonora itunga ry’ishirahamwe akorera ku bw’inyungu ziwe bwite. Yoshobora guca ubwo nyene yikuramwo ico ciyumviro kibi. Ariko aciye aguma yiyumvira ivy’ako karyo afise, aca atangura kubona ko ico ciyumviro ari ciza, maze agashobora kugishira mu ngiro. Agishize mu ngiro, aba rero ubwiwe yigize umusuma. Aramutse abeshe ku bijanye n’ico kibi yakoze na ho, aba abaye kandi umubeshi. Mu buryo nk’ubwo nyene, mu gutsimbataza ivyipfuzo bibi no mu kubishira mu ngiro, uwo mumarayika Imana yaremye yarakoresheje ubushobozi bwiwe bwo kwihitiramwo akora ivy’ububeshi yongera aragarariza Se wiwe, gutyo aba yigize Shetani wa Mubesheranyi.

Birahimbaye kubona Shetani wa Mubesheranyi azosangangurwa igihe Imana yashinze nicagera. (Abaroma 16:20) Mu kurindira, abasavyi ba Yehova Imana baramenyeshwa imigabo ya Shetani bakongera bagakingirwa amayeri yiwe. (2 Abakorinto 2:11; Abanyefeso 6:11) Ku bw’ivyo rero, nugire uko ushoboye kwose ‘urwanye Shetani, na we azoguhunga.’​—Yakobo 4:7.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 21]

Mu guhitamwo kurwanya Imana, umumarayika atunganye yarigize Shetani

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika