ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/11 rup. 4-7
  • Woba ubona ko Shetani abaho koko?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ubona ko Shetani abaho koko?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Mwame mugavye”
  • Shetani afatira ku vyo umuntu asanzwe akenera
  • Shetani arafatira ku bugoyagoye bw’abantu
  • Nubandanye kunanira Shetani
  • Umwansi w’Ubuzima Budashira
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Shetani—Si Igisigo Gisa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Murwanye Shetani, na we azohunga!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • “Murwanye wa Mubesheranyi” nk’uko Yezu yabigize
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/11 rup. 4-7

Woba ubona ko Shetani abaho koko?

IVYANDITSWE vyerekana ko Shetani abaho koko. Impamvu ituma abantu badashobora kubona Imana, ni na yo ituma badashobora kubona Shetani. Bibiliya ivuga iti: “Imana ni [im]pwemu” (Yohana 4:24). Shetani ni ikiremwa c’impwemu. Ariko rero, Umuremyi ntiyagize intango, mugabo Shetani wewe yaragize intango.

Kera cane imbere y’uko Yehova Imana arema abantu, yararemye isinzi ry’ibiremwa vy’impwemu (Yobu 38:4, 7). Muri Bibiliya, ivyo biremwa vyitwa abamarayika (Abaheburayo 1:13, 14). Imana yabaremye bose batagira agasembwa: nta n’umwe muri bo yari umubisha canke yari afise kamere mbi. None Shetani wa Mucokoranyi yahavuye abaho gute? Ijambo “umucokoranyi” risobanura “uwurementaniriza abandi”, gutyo rikaba ryerekeza ku muntu avuga ibinyoma vyo gutyoza canke kubabaza abandi. Izina “Shetani” risobanura “Umurwanizi” canke umwansi. Nka kurya nyene umuntu yari asanzwe ari inzirabugunge yigira igisuma mu kwiba, umwe mu bana b’impwemu b’Imana batagira agasembwa yarashikije icipfuzo kibi yari afise, araheza yigira Shetani Mucokoranyi. Bibiliya irasigura ingene bigenda kugira ngo umuntu yononekare. Ivuga iti: “Umuntu wese ageragezwa, iy’akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka. Maz’ukwo kwifuza gutwara inda, kukavyara icaha, icaha kimaze gukura kikavyara urupfu”.​—Yakobo 1:14, 15.

Biribonekeza yuko ukwo ari ko vyagenze. Igihe Yehova Imana yarema wa mugabo n’umugore ba mbere, ari bo Adamu na Eva, nya mumarayika yari agiye kugarariza Imana yarabibona. Yari azi ko Yehova yategetse Adamu na Eva kwuzuza isi abantu b’abagororotsi bosenze Umuremyi (Itanguriro 1:28). Uwo mumarayika yabonye yuko yari afise akaryo ko gushobora kuronka icubahiro no kuba uwuhambaye. Abitumwe n’umwina, yaranohokeye ikintu Umuremyi we musa afitiye uburenganzira, ico na co akaba ari ugusengwa n’abantu. Uwo mwana w’Imana w’impwemu, aho guca arwanya ico cipfuzo kibi, yaragitsimbataje gushika n’aho kivyara ikinyoma, mu nyuma na ho kivyara ubugarariji. Raba ivyo yagize.

Uwo mumarayika w’umugarariji yakoresheje inzoka mu kuvugana na wa mugore wa mbere Eva. Iyo nzoka yabajije Eva iti: “Mbega n’ivy’ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’iri tongo?”. Igihe Eva yasubiramwo itegeko Imana yari yatanze be n’igihano cohawe uworamutse arenze iryo tegeko, iyo nzoka yaciye ivuga iti: “Haba n’intete ntimuzopfa; kukw Imana izi yuk’umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi” (Itanguriro 3:1-5). Aho iyo nzoka yariko ivuga yuko ngo Imana itari yabwiye ukuri Adamu na Eva. Mu kurya ku camwa co kuri ico giti, ngo Eva yobaye nk’Imana, akaba uwufise uburenganzira bwo gushinga ikibi n’iciza. Ico ni co cabaye ikinyoma ca mbere. Mu kuvuga ico kinyoma, uwo mumarayika yari acitse umuntu arementaniriza abandi. Yari acitse kandi uwurwanya Imana. Ni co gituma Bibiliya yita uwo mwansi w’Imana “ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani”.​—Ivyahishuriwe 12:9.

“Mwame mugavye”

Ico kinyoma Shetani yabwiye Eva carashitse ku ntumbero yaco. Bibiliya ivuga iti: “Uwo mugore abonye ico giti yukw ar’ikibereye kuribga, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar’igiti co kwifuzwa kimenyesha ubgenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n’umugabo wiwe bāri kumwe, na we ararya” (Itanguriro 3:6). Eva yaremeye ivyo Shetani amubwiye maze aragambararira Imana. Eva yarashoboye gutuma na Adamu arenga kw’itegeko ry’Imana. Gutyo, Shetani yarashoboye gutuma wa mugabo n’umugore ba mbere bakurikira ingendo y’ukugarariza Imana. Guhera ico gihe, Shetani yaragize akosho kataboneka ku bantu no ku vyo bagira. Intumbero afise ni iyihe? Ni iyo gutuma abantu bareka gusenga Imana y’ukuri, maze akaba ari we basenga (Matayo 4:8, 9). Ni co gituma rero Ivyanditswe bitugabisha biti: “Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa”.​—1 Petero 5:8.

Emwe, Bibiliya irerekana neza yuko Shetani ari ikiremwa c’impwemu kibaho koko, ikerekana ko ari umumarayika yahavuye yononekara agacika umuntu wo guca kure! Intambwe ya mbere ihambaye twotera kugira ngo twame tugavye, ni ukumenya yuko Shetani abaho koko. Mugabo rero, kwirinda ibiboreza, ibisobanura kugumana ubwenge bubangutse, be no kuguma tugavye ntibigarukira aho. Birahambaye kandi ko tutayoberwa “imigabo” ya Shetani be n’uburyo akoresha mu kuzimiza abantu (2 Ab’i Korinto 2:11). None amayeri akoresha ni ayahe? Kandi dushobora gute kunanira ayo mayeri?

Shetani afatira ku vyo umuntu asanzwe akenera

Shetani yamye yitegereza abantu kuva igihe baremwa. Arazi ingene umuntu aremwe, ni ukuvuga ivyo akenera, ivyo akunda, be n’ivyo yipfuza. Shetani arazi neza yuko umuntu yaremanwe icipfuzo co gusenga, kandi yarafatiye kuri ico cipfuzo abigiranye urwenge. Uti gute? Mu kugaburira abantu ibinyoma vy’amadini (Yohana 8:44). Inyigisho nyinshi amadini yigisha ku vyerekeye Imana usanga zivuguruzanya kandi zivuruga ubwenge. None wibaza ko ivyo bishitsa icipfuzo ca nde? Inyigisho zivuguruzanya ntizishobora kuba ari iz’ukuri zose. Inyigisho nyinshi z’amadini ntizoba none zishirwaho na Shetani mu ntumbero yinaka, akaba anazikoresha mu kuzimiza abantu? Kukaba nkako, Bibiliya imwita “imana y’iki gihe” yahumye imizirikanyi y’abantu.​—2 Ab’i Korinto 4:4.

Ukuri kuva ku Mana kuradukingira ibinyoma vy’amadini. Bibiliya igereranya ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana n’umukanda umusoda wo mu bihe vya kera yakenyera kugira akingire amafyigo (Abanyefeso 6:14). Niwironsa ubumenyi bwo muri Bibiliya ukama kandi ugendera ubutumwa bwayo, nkaho woba ubukenyeye, Ijambo ry’Imana rizokurinda kuzimizwa n’ibinyoma be n’ukwihenda vyo mu vy’idini.

Agatima abantu bafise ko gusenga katumye barondera kumenya ibitazwi. Ivyo vyatumye bahanamirwa n’ayandi mayeri y’uruhendo Shetani akoresha. Shetani afatiye ku cipfuzo abantu bafise co kurondera kumenya ivyo batamenyereye kandi bisiga ubwenge, yarakoresheje amarēba kugira yifatire mu minwe abantu benshi. Nka kurya umuhigi akoresha icambo kugira akwegakwege igikoko, ni ko Shetani akoresha amayeri kugira akwegakwege yongere acakire abantu bo hirya no hino kw’isi. Nk’akarorero, arakoresha ukuragura, ukuragurisha inyenyeri, ukugota, ubupfumu, ukuragura umuntu arabiye ku turongorongo two mu kiganza, be n’amageza.​—Abalewi 19:31; Zaburi 119:110.

Ushobora gute none kwirinda kugwa mu mutego w’amarēba? Mu Gusubira mu vyagezwe 18:10-12 hagira hati: “Muri mwebge ntihaze haboneke umuntu atanga umwana wiwe kw ikimazi, ar’uw’umuhungu canke w’umukobga, ngo yoswe mu muriro, canke ngo haboneke ūragura, cank’ūtera amabara, cank’umupfumu, cank’umurozi, cank’umwābūzi, cank’ūja guhamagara imizimu, cank’umumenyi, cank’ūraguza imizimu. Kuk’ūkora ben’ivyo wese aba abaye umuyobe k’Uhoraho; kand’ubgo buyobe ari bgo butumye Uhoraho Imana yanyu agira yirukane ayo mahanga imbere yanyu”.

Impanuro itangwa n’Ivyanditswe iratomoye: ntihagire ikintu na kimwe ukora gifitaniye isano n’ivy’amarēba. Bite ho nka hamwe woba wari usanzwe ugira ivy’amareba mu buryo bunaka mugabo ubu ukaba wipfuza kuvavanura na vyo? Urashobora kwigana akarorero k’abakirisu bo mu ntango baba mu gisagara c’i Efeso. Bibiliya ivuga yuko ‘benshi mu bakora ivy’ubupfumu’, aho bamariye kwemera “ijambo rya Yehova” (NW), baciye “bakoranya ibitabo vyabo vy’ubupfumu, babituririra mu maso ya bose”. Ivyo bitabu vyari bizimvye. Igiciro cavyo cangana n’intete z’ifeza 50.000 (Ivyakozwe n’intumwa 19:19, 20). Yamara, abo bakirisu b’i Efeso ntibagonanwe kubiturira.

Shetani arafatira ku bugoyagoye bw’abantu

Umumarayika atagira agasembwa yahavuye acika Shetani Mucokoranyi kubera ko yatwawe n’icipfuzo yari afise co kuronka ikibanza kiri hejuru. Yaratumye kandi Eva agira icipfuzo gikomeye kiranga ubwibone n’ubwikunzi co kumera nk’Imana. Muri iki gihe, Shetani arifatira abantu mu minwe mu gutuma bagira ubwibone. Nk’akarorero, hari ababona ko baruta abandi kubera ibara ryabo ry’urukoba, ubwoko bwabo canke ubwenegihugu bwabo. Urazi ukuntu ivyo bihushanye n’ivyo Bibiliya yigisha (Ivyakozwe n’intumwa 10:34, 35)! Bibiliya ivuga itomora iti: “[Imana] yaremye amahanga yose y’abantu, ibakūye mu muntu umwe”.​—Ivyakozwe n’intumwa 17:26.

Ikintu kimwe c’ingirakamaro cogufasha kunanira akosho ka Shetani ko gutuma abantu bagira ubwibone, ni ukwicisha bugufi. Bibiliya iduhanura ngo ‘twoye kwifata uko tutari’ (Abaroma 12:3). Ivuga kandi iti: “Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu” (Yakobo 4:6). Uburyo bumwe kirumara bwogufasha gutsinda utwigoro twa Shetani, ni ukugaragaza mu buzima bwawe ukwicisha bugufi hamwe n’izindi kamere zishimwa n’Imana.

Ni ikindi kandi, Shetani ararondera cane gufatira ku bugoyagoye abantu bafise bwo gutwarwa n’ivyipfuzo vy’umubiri bitabereye. Yehova Imana yari yashatse ko abantu babaho baryohewe. Igihe abantu bashitse ku vyo bipfuza batarenze ku vyo Imana igomba, baragira agahimbare nyakuri. Ariko Shetani we yosha abantu gushika ku vyo bipfuza mu buryo butabereye (1 Ab’i Korinto 6:9, 10). Biraba vyiza kuruta ugumije umuzirikanyi wawe ku bintu bitanduye kandi biranga ingeso nziza (Ab’i Filipi 4:8). Ivyo bizogufasha gucungera neza ivyiyumviro vyawe n’inyiyumvo zawe.

Nubandanye kunanira Shetani

Woba ushobora kunanira Shetani? Cane nyene! Bibiliya idukura amazinda iti: “Murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga” (Yakobo 4:7). Ariko rero, niwamurwanya ntugire ngo azoca aheba ubwo nyene, ngo ace areka kuguteza izindi ngorane uko ubandanya kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana. Ahubwo riho, ‘azomara igihe aretse’, mu nyuma asubire kugerageza (Luka 4:13). Yamara, ntukeneye gutinya Shetani. Niwabandanya kumunanira, ntazoshobora kugukura ku Mana y’ukuri.

Ariko rero, kugira ngo unanire Shetani bisaba ko umenya uwo ari we n’uburyo azimiza abantu, ukongera ukamenya ivyo wokora kugira unanire amayeri akoresha. Hari isoko rimwe rudende ry’ukuri wokuramwo ubwo bumenyi: iryo na ryo ni Ijambo ry’Imana Bibiliya. Niwumire rero ku mwiyemezo wagize wo kwiga Ivyanditswe vyahumetswe, wongere ushire mu ngiro mu buzima bwawe ivyo wiga muri ivyo Vyanditswe. Ivyabona vya Yehova b’aho uba bazonezerwa no kugufasha kugira iyo nyigisho ku buntu kandi ku mwanya wokworohereza. Turakwinginze ntugonanwe kuvugana na bo canke kwandikira abanditsi b’iki kinyamakuru.

Niwamara gutangura kwiga Bibiliya, uramenya yuko Shetani yoshobora kukurwanya canke kuguhama kugira ngo ureke kwiga ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Bamwe mu bawe boshobora kugushavurira kubera ko wiga Bibiliya. Boshobora gushavura bitumwe n’uko batazi ukuri kw’igitangaza kuri muri Bibiliya. Abandi na bo boshobora kugutwenga. Mugabo none, wumva vy’ukuri vyohimbara Imana hamwe woca uteshwa ugata? Shetani ashaka kuguca intege ngo ureke kwiga ivyerekeye Imana y’ukuri. Kubera iki none woreka agatsinda (Matayo 10:34-39)? Shetani nta co umufitiye. Ariko Yehova ni we ukesha ubuzima bwawe. Ku bw’ivyo rero, niwiyemeze kunanira Shetani maze ‘unezereze umutima wa Yehova’.​—Imigani 27:11.

[Ifoto ku rup. 6]

Abacitse abakirisu baraturiye ibitabu vyabo vy’ubupfumu

[Ifoto ku rup. 7]

Nufate ingingo ntabanduka yo kwiga Bibiliya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika