Umunara w’Inderetsi woroheje—Kubera iki watanguye gusohorwa?
ABAGABO n’abagore bo hirya no hino kw’isi băramaze imyaka mirongo bashima bongera bungukira ku makuru ashingiye kuri Bibiliya asohorwa mu Munara w’Inderetsi. Muri Mukakaro 2011, inomero ya mbere y’integuro yo kwiga yoroheje y’ico kinyamakuru yarasohowe mu congereza. Iyo nomero yasiguye iti: “Iyi nteguro nshasha izogeragezwa umwaka umwe, maze niyaba ngirakamaro, izoca ibandanya gucapurwa.”
Ubu turi n’umunezero wo kubamenyesha yuko twafashe ingingo yo kubandanya kuyisohora. Vyongeye, mu nyuma integuro yoroheje izoboneka mu gifaransa, mu giporotigali no mu gisupanyoli.
IGITUMA BAYISHIMA
Abatari bake mu karere ka Pasifike yo mu Bumanuko, bamaze kuronka iyo nteguro yoroheje bavuze bati: “Ubu abavukanyi barashobora vy’ukuri gutahura neza Umunara w’Inderetsi.” Uwundi yanditse ati: “Umwanya twahora tumara turiko turarondera insobanuro y’amajambo n’imvugo, ubu tuwumara turiko turarondera gutahura ivyanditswe vyatanzwe be n’ukuntu bihuye n’icigwa.”
Umunyeshure umwe yahejeje kaminuza wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ati: “Namaze imyaka 18 mvuga nongera nandika mu mvugo ihanitse y’abantu baminuje. Naragize akamenyero ko kuvuga no kwiyumvira mu buryo bugoye gutahura kuruta uko bikenewe. Narabonye ko nkeneye kugira amahinduka akomeye mu bijanye n’ukuntu niyumvira be n’ukuntu mvuga.” Ubu ni umwamamazanjili kirumara, akaba yandika ati: “Umunara w’Inderetsi woroheje waramfashije cane. Imvugo ikoreshwa muri wo irampa akarorero keza igitangaza mu bijanye n’ukuntu nokoresha imvugo yoroheje.”
Mushiki wacu umwe wo mu Bwongereza yabatijwe mu 1972 yanditse ku bijanye n’Umunara w’Inderetsi woroheje ati: “Igihe nasoma inomero ya mbere, numva ari nk’aho Yehova yicaye iruhande yanje amfashe ku bitugu turiko turayisomera hamwe. Vyari bimeze nka kurya kwa sebibondo ariko arasomera umwana wiwe inkuru imbere y’uko baja kuryama.”
Mushiki wacu umwe wo muri Beteli muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika amaze imyaka irenga 40 abatijwe, yavuze yuko integuro yoroheje rimwe na rimwe imufasha gutahura ibintu bishasha. Nk’akarorero, uruzitiro ruvuga ngo “Insobanuro y’imvugo zimwezimwe” ruri mu nomero yo ku wa 15 Nyakanga 2011, rusobanura imvugo “igipfungu c’ivyabona” iri mu Baheburayo 12:1 muri aya majambo agira ati: “Bari benshi cane ku buryo batashobora guharurwa.” Yavuze ati: “Ivyo vyatumye ndushiriza gutahura uwo murongo.” Ku bijanye n’ikoraniro rigirwa buri ndwi, yongeyeko ati: “N’igihe nyene inyishu ziba zitanzwe n’umwana zikuwe mu nteguro yoroheje, ntaba ari amajambo amwe n’ayo mu nteguro isanzwe y’Umunara w’Inderetsi benshi baba bafise. Insasanuro rero zitanzwe n’uwo mwana usanga ari nshasha ku baba bariko barumviriza.”
Uwundi mushiki wacu wo muri Beteli yanditse ati: “Nama nshashaye cane kwumva insasanuro z’abana batoyi bo mw’ishengero. Umunara w’Inderetsi woroheje warabafashije guserura ivyiyumviro vyabo bari n’ukujijuka. Ivyo bavuga birandemesha.”
Mushiki wacu umwe yabatijwe mu 1984 yaseruye ukuntu akenguruka integuro yoroheje ati: “Mbona yuko yandikiwe jewe gusa. Iratuma vy’ukuri ivyo nsoma binyorohera gutahura. Ubu ndizigiye ko nshobora kwishura mu gihe c’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi.”
IGIKORESHO ABAVYEYI BAHA AGACIRO
Inabibondo umwe afise akana k’agahungu k’imyaka indwi yavuze ati: “Kubera ko nabwirizwa kumusigurira amungane menshi igihe twaba turiko turategura Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, twamara umwanya munini kandi tukaruha.” None integuro yoroheje yabafashije gute? Yandika ati: “Ndatangara kuba ashobora gusoma ingingo kandi agatahura vy’ukuri ico zisobanura. Kubera ko amajambo atagoye, amungane na yo akaba ari magufimagufi, ntatinya. Yaratanguye gutegura insasanuro atanga ku makoraniro ntarinze kumufasha, kandi aguma akurikira mu kinyamakuru mu gihe cose c’inyigisho.”
Inabibondo afise agakobwa k’imyaka icenda yanditse ati: “Kare twabwirizwa kumufasha gutegura insasanuro aza gutanga. Ubu arazitegurira. Ni gake usanga bikenewe ko tumara umwanya turiko turamusigurira canke ngo tuze turategura ingingo nkenke. Kubera yuko ategera amayagwa, ubu ariyumvamwo yuko agira uruhara koko mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi.”
ABANA BAYIBONA GUTE?
Abana benshi babona ko Umunara w’Inderetsi woroheje ari bo canecane wateguriwe. Akigeme kamwe k’imyaka 12 kitwa Rebecca kasavye gati: “Ndabinginze muzogume musohora iyo nteguro nshasha.” Kongeyeko gati: “Ndakunda ukuntu mwashizemwo igice kivuga ngo ‘Insobanuro y’imvugo zimwezimwe.’ Irorohera cane abana.”
Akigeme kitwa Nicolette k’imyaka indwi kiyumva muri ubwo buryo nyene, kakaba kavuga gati: “Umunara w’Inderetsi wahora ungora gutahura. Ubu ndashobora gutanga insasanuro ziyongereye ata wumfashije.” Akigeme k’imyaka icenda kitwa Emma kanditse gati: “Waradufashije cane twe na musazanje w’imyaka itandatu. Turashobora gutahura neza ibintu vyinshi. Turabashimiye.”
Biragaragara ko abantu benshi bariko barungukira kuri iyo nteguro y’Umunara w’Inderetsi ukoresha amajambo yoroshe gutahura ari mu mungane asanzwe. Uraronsa abantu ivyo bakeneye kandi uzobandanya gusohorwa uri kumwe n’integuro isanzwe yamye ari intunganyo y’agaciro kuva mu 1879.