ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/10 rup. 15
  • Kubabarira abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubabarira abandi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • ‘Mubandanye Guharirana Ata Kangonongono’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Mubabarirane ata gahigihigi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Kubabarira abandi bisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Nuharire Abandi Ubikuye ku Mutima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/10 rup. 15

IMPANURO IDATA IGIHE

Kubabarira abandi

ICO BIBILIYA IVUGA: “Mubandanye . . . kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo.”​—Abakolosayi 3:13.

Umugore ariko yiyama uwundi

Bisobanura iki? Muri Bibiliya, igicumuro kigereranywa n’umwenda, kubabarira na vyo bikagereranywa no guheba umwenda. (Luka 11:4) Igitabu kimwe kivuga yuko muri Bibiliya, ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “kubabarira” risobanura “guheba umwenda, ntuwishuze.” Gutyo, igihe duhisemwo kubabarira umuntu yadukoreye ikosa ntitwirirwa turamusaba gukosora ikibi yadukoreye. Igihe duhisemwo kubabarira ntibisobanura ko ivyo uwo muntu yadukoreye ata co bitwaye canke ko twafatiye mu rwara intuntu vyaduteye. Ahubwo tuba duhisemwo kuvyirengagiza naho nyene twoba dufise imvo yumvikana yo ‘kumwidogera.’

Vyoba ari ngirakamaro muri iki gihe? Kubera ko tudatunganye, twese turacumura. (Abaroma 3:23) Ku bw’ivyo, vyoba vyiza tugiye turababarira abandi kuko bitebe bitebuke na twe tuzokenera ko batubabarira. Vyongeye, igihe tubabariye abandi na twebwe ubwacu biratugirira akamaro. Uti gute?

Abagore babiri bariko barwana mu nda

Igihe tubitse inzika, gutyo bigatuma tutababarira abatubabaje, tuba turiko turigirira nabi. Ivyo birashobora gutuma dutakaza umunezero, tutisanzura mu buzima, bikanatuma tuba abantu bagowe. Birashobora kandi kugeramira cane amagara yacu. Raporo yo mu kinyamakuru kimwe (Journal of the American College of Cardiology) yasohowe n’umuganga yitwa Yoichi Chida be n’umwigisha mu vy’inyifato z’abantu yitwa Andrew Steptoe, yavuze iti: “Ibiherutse kwuburwa vyerekana ko ishavu no kubika inzika bishobora gutera indwara y’umutima.”

Ehe raba ubu na ho ivyiza biva ku kubabarira. Igihe tubabariye abandi bituma tuzigama amahoro n’ubumwe gutyo tukazigama ubucuti dufitaniye na bo. N’igihambaye kuruta, tuba twerekanye ko twigana Imana yo ibabarira ata gahigihigi abacumuzi bigaya kandi yiteze ko na twebwe tubigenza gutyo nyene.​—Mariko 11:25; Abanyefeso 4:32; 5:1.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika