Urupfasoni mu Nyambaro no mu Buryo bwo Kwitunganya
1 “Abagabo bose, mbere n’uduhungu tukiri duto, bambara ikaruvati. Abakenyezi bose n’abigeme, baba ab’imiyabaga canke abakiri bato rwose, bambara ikanzu canke ijipo. Nta pantaro y’ikoboyi canke ishati itagira ikaruvati wobona. Umuntu wese ngaha arakeye mu maso.” Uko ni ko raporo imwe y’urwego rwo kumenyesha amakuru yavuze. Ni isinzi ry’abantu nyabaki yariko iradondora? Ryoba ryari ikoraniro ry’ivya politike? Ikoraniro ry’ivy’inkino? Igiteramo c’umuziki wa rock? Haba namba! Yariko idondora umugwi w’abavukanyi n’abavukanyikazi bari kw’ihwaniro rinini ry’intara rimwe ryo mu mwaka uheze.
2 Mu kindi gisagara cabereyemwo ihwaniro, umwanditsi w’amakuru umwe yadondoye isinzi ry’Ivyabona ati: “Abagabo bose barasukuye kandi bambaye ikoti n’ikaruvati. Abakenyezi bambaye rupfasoni ariko barashajije.” Uwundi muntu yabihweje, akaba yari uwujejwe umutekano yagize ati: “Mwigenza neza, murubaha, muri isuku, kandi muri abantu bitunganya neza. Ivyo mbona birateye igomwe. Muri iyi si yanduye, mwarashoboye gushiburira kure umwanda!” Ese ingene ari amajambo meza adushingira intahe! Ntidushima none kubona ikivukano cacu kivugwa neza? Nta nkeka, abari muri iryo sinzi bose baraterereye kuri izo raporo nziza biciye ku kuntu baboneka neza.
3 Twaramenyekanye kw’isi yose kubera ukuntu tuboneka mu buryo butandukanye n’abandi. (Mal. 3:18) Kubera iki? Kubera yuko dukurikiza impanuro yo mu Vyanditswe ivuga yuko ‘twambara mu buryo bubereye, buranga urupfasoni, [“[tu]roranye mu muzirikanyi,” NW] . . . nk’uko bibereye abantu bavuga yuko bubaha Imana.’—1 Tim. 2:9, 10.
4 Ni Igiki Werekana Biciye ku Nyambaro Yawe no mu Buryo Witunganya? Impuzu twambara be n’uburyo tuyambara biragira ico bivuze neza na neza ku bitwerekeye, ni ukuvuga ivyo twemera, agatima dufise n’imigabo yacu. Imideri duhitamwo irerekana abo turi bo be n’uruhande turimwo. Ntidukwiye na rimwe kwigera turemesha ukwiyumvira n’ukwigenza nabi bihayagizwa n’isi. Ikituraje ishinga si ukumenya nimba umuderi munaka ari agaharawe cane ariko n’ukuraba ko ubereye umuntu avuga ko ari umusuku w’Imana. (Rom. 12:2) Aho guhitamwo impuzu igaragaza agatima ko kwigenga canke iyerekana ko tubaho mu buryo buteye isoni, dushaka kwerekana yuko vy’ukuri “[du]himbaza Imana.”—1 Pet. 2:12.
5 Rimwe na rimwe, umuntu mushasha, uwutaramenya utuntu n’utundi canke umuntu adakomeye mu vy’impwemu yoshobora kwemera ivyo ari vyo vyose isi ikorereza mu nyambaro no mu vyo kwitunganya atabanje kurimbura iciyumviro bitanga kuri Yehova n’ishirahamwe ryiwe. Twese turashobora kwiyemeza kugira ivyo twisuzumako kugira ngo turabe nimba twarohejwe n’ivyiyumviro vy’isi. Twoshobora kwegera umuvukanyi canke umuvukanyikazi yubahwa, ahumuye mu vy’impwemu maze tukamusaba ko atubwira ata kurya umunwa ukuntu abona inyambaro yacu n’uburyo twitunganya tugaheza tugafatana uburemere amagirenama aduhaye.
6 Bamwe bariyemerera yuko bakwiye kwitondera ukuntu bambara igihe bitaba ihwaniro. Ariko usanga bafata minenegwe ingingo mfatirwako zabo mu gihe baba bari mu vy’ukwisamaza inyuma y’ibiringo vya porogarama y’uwo musi. Nitwumire ku ngingo mfatirwako ziri hejuru zibereye abasuku b’Abakirisu. (2 Kor. 6:3, 4) Aho ari ho hose tuja duhurira n’abantu, udukarata karanzi twacu tw’ihwaniro bifatanije n’ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya mu buryo bubereye, biraturanga ko turi Ivyabona vya Yehova. Ku bw’ivyo rero, impuzu zacu zikwiye kwama zitunganijwe neza kandi ziranga urupfasoni, zikagaragaza yuko ‘tutari ab’isi.’—Yoh. 15:19.
7 Nimuze rero dukore ivyo dushobora vyose kuri iri Hwaniro ry’Intara ry’uyu mwaka ryataziriwe ngo “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete” kugira ngo dutange ikimenyamenya c’uko “[t]ubere[ye] Uhoraho Imana ya[c]u ihanga ryera.” Abandi nibatubona neza kubera ivyo, bizotuma Yehova arushiriza “gushemagizwa no kwāmāmara no kwubahwa.”—Gus. 26:19.
[Box on page 6]
Ukuntu Twoshemagiza Yehova:
■ Kwambara mu buryo bubereye umusuku w’Imana.
■ Kwirinda imideri yisunga agatima k’isi.
■ Kugaragaza urupfasoni, urwo na rwo rukaba rugaragaza ukurorana mu muzirikanyi.