ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb23 Mukakaro rup. 9
  • Barakora bagatama ku bwacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Barakora bagatama ku bwacu
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ivyo bijanye
  • Niwerekane ko ushima «ingabire zigizwe n’abagabo»
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Twese duhanahane indemesho
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • ‘Paulo yarakengurukiye Imana yongera agira umutima rugabo’
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Abacungezi b’Ingenzi—Ni Ingabire-bantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
mwb23 Mukakaro rup. 9
Udufoto: Umucungezi w’umuzunguruko ariko agendera ishengero. 1. Ariko arayobora ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro. 2. Ariko agirana inama n’abakurambere. 3. Ariko akorana mu ndimiro n’umuvukanyi akiri muto.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Barakora bagatama ku bwacu

Abacungezi b’imizunguruko n’abakenyezi babo baragaragariza urukundo rwo kwitanga abo basukurira. Cokimwe na twebwe twese, barafise ivyo bakenera kandi rimwe na rimwe bararuha, bagacika intege kandi bakagira amaganya. (Yak 5:17) Naho ari uko, buri ndwi bashira umutima ku kuremesha abavukanyi na bashiki bacu bo mw’ishengero baba bagendeye. Abacungezi b’imizunguruko barabereye vy’ukuri “iteka ririmwo abiri.”​—1Tm 5:17.

Igihe intumwa Pawulo yategekanya gufata urugendo aja i Roma kugira ‘ahe ingabire y’ivy’impwemu’ ishengero ryaho, yari yiteganye umushasharo ‘guhanahana indemesho’ na bo. (Rm 1:11, 12) Woba umaze kwiyumvira ukuntu woremesha umucungezi wanyu n’umukenyezi wiwe nimba yubatse?

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO UBUZIMA BW’UMUCUNGEZI MU TURERE TWA KURE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni mu buryo butandukanye ubuhe abacungezi b’imizunguruko n’abakenyezi babo bagaragariza ishengero urukundo rwo kwitanga?

  • Wewe ku giti cawe, wungukiye gute ku twigoro twabo?

  • Twobaremesha gute?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika