UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ingene twotanga inyishu nziza
Inyishu nziza ziraremesha ishengero. (Rm 14:19) Ziranagirira akamaro abazitanga. (Img 15:23, 28) Ni co gituma dukwiye kwihata tukishura n’imiburiburi rimwe kuri buri koraniro. Kubera ko batazoduha ijambo igihe cose dukirije, vyoba vyiza duteguye inyishu zitari nke.
Inyishu nziza . . .
iroroshe, iratomoye kandi ni ngufi. Kenshi usanga imara amasegonda 30 canke adashika
ni irya utanga mu majambo yawe bwite
ntisubiramwo ivyo uwundi yamaze kuvuga
Ari we utanguye kwishura, . . .
tanga inyishu yoroshe kandi idomako ku kibazo
Nimba ikibazo kimaze kwishurwa, woshobora . . .
kwerekana ingene icanditswe catanzwe gihuye n’ivyo muriko muriga
kwerekana ingene bihuye n’ubuzima bwacu
gusigura ingene twobikoresha
kuvuga muri make icabonywe gishigikira iciyumviro nyamukuru