UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Ingabire igenewe Yehova”
Muri iki gihe twotanga gute ‘ingabire igenewe Yehova’? (1Ng 29:5, 9, 14) Reka turabe uburyo butandukanye twoshobora guhitamwo gutanga intererano zo gushigikira igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose.
INTERERANO ZITANGWA BICIYE KURI INTERNET CANKE MU DUSANDUGU ZISHIGIKIRA:
IGIKORWA KIRANGURIRWA KW’ISI YOSE
kwubaka no gusanura inyubakwa z’ibiro vy’amashami be n’ibiro vy’ubuhinduzi
amashure y’ivya gitewokarasi
abari mu murimo udasanzwe w’igihe cose
gutabara abashikiwe n’ivyago
gucapura, gusohora amavidewo n’ibindi bija kuri internet
IVYO ISHENGERO RIKENERA
kugura ibikenewe ku Ngoro y’Ubwami no kuyibungabunga
kurungikira ibiro vy’ishami amahera ishengero ryiyemeje agenewe:
kwubaka Ingoro z’Ubwami n’iz’amateraniro kw’isi yose
intunganyo yo gusahirizanya kw’isi yose
ibindi bikorwa birangurirwa kw’isi yose
AMAHWANIRO BE N’AMATERANIRO
Intererano zitangwa ku mahwaniro y’akarere zica zirungikwa mu kigega kigenewe igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Ico kigega ni co ishirahamwe riheza rikikorako mu gutunganya amahwaniro y’akarere, ay’adasanzwe be na mpuzamakungu.
Intererano zitangwa mu muzunguruko zikoreshwa mu gukota, mu gusanura no mu kubungabunga ahabera amateraniro be no mu bindi bikorwa vy’umuzunguruko. Umuzunguruko woshobora guhitamwo kurungika amahera arenga ku yo ukeneye mu kigega kigenewe igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.