UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Agaciro k’ “uduceri tubiri”
Agaciro k’intererano wa mupfakazi yatanze ntikashobora no kugura udufungurwa tubayabaye. (Raba w08 1/3 rup. 12 ing. 1-3.) Naho ari ukwo, intererano yatanze zarerekanye y’uko akunda kandi aha agaciro ugusenga Yehova. Ku bw’ivyo, iyo ntererano yari iy’agaciro kadasanzwe ku Muvyeyi wiwe wo mw’ijuru.—Mr 12:43.
RABA IVIDEWO IVUGA NGO ‘INGABIRE IGENEWE YEHOVA,’ MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Ni ibikorwa bimwebimwe ibihe bishigikirwa n’intererano dutanga?
Ni kubera iki intererano zacu ari iz’agaciro n’igihe nyene ivyo dutanze bisa n’aho ata co bivuze?
Twomenya gute uburyo bwo gutanga intererano bushoboka aho tubaye?—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Numenye n’ibindi uciye kuri Internet”