ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
Itangazo
Ururimi rushasha: Betsileo
  • Uno musi

Ku wa gatanu, 24 Gitugutu

Na canecane, mukundane rwose kuko urukundo rupfuka ibicumuro vyinshi.—1 Pet. 4:8.

Ijambo ry’ikigiriki intumwa Petero yakoresheje ryahinduwe ngo «rwose» ritekeye iciyumviro co «kwagura.» Igice ca kabiri c’uwo murongo, cerekana ico ugukundana rwose bivamwo. Birapfuka ibicumuro vy’abavukanyi bacu, ni ukuvuga ko tubababarira. Tubitangire akarorero: Urukundo tworugereranya n’igitambara bapfukisha imeza. Mu gupfuka imeza ifise utunenge twinshi, umuntu aragisanza kikaguka cane gushika gipfutse utwo tunenge twose. Muri ubwo buryo nyene, igihe dukunda rwose abavukanyi bacu turabababarira amakosa yose badukorera, bikamera nk’aho twaguye rwose urukundo rwacu rugapfuka utunenge twabo twose, ari vyo «bicumuro vyinshi.» Urukundo dukunda abavukanyi na bashiki bacu rukwiye kuba rukomeye bihagije ku buryo tubababarira amakosa yabo, n’igihe biba bitoroshe gukora. (Kol. 3:13) Iyo tubabariye abandi tuba twerekanye ko urwo tubakunda rukomeye be n’uko twipfuza guhimbara Yehova. w23.11 10-11 ing. 13-15

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa gatandatu, 25 Gitugutu

Shafani atangura kugisomera imbere y’umwami.—2 Ngo. 34:18.

Umwami Yosiya amaze gukura, yaciye atanguza igikorwa co gusanura urusengero rwa Yehova. Abariko barakora ico gikorwa, «[b]arubuye igitabu c’amategeko ya Yehova yatanzwe biciye kuri Musa.» Igihe bagisomera umwami, yaciye agira ico akoze kugira ngo ashire mu ngiro ivyavugwa muri ico gitabu. (2 Ngo. 34:​14, 19-21) Woba wama usoma Bibiliya? Nimba wama ubigira, ubona biriko bigenda gute? Woba ugenda urabika imirongo ishobora kugufasha ku giti cawe? Igihe Yosiya yari afise imyaka nka 39, yarakoze ikosa ryahitanye ubuzima bwiwe. Yariyizigiye aho kurondera kuyoborwa na Yehova. (2 Ngo. 35:​20-25) None ni icigwa ikihe tuhakura? Naho twoba tumaze imyaka ingana iki canke tumaze igihe kingana gute twiga Bibiliya, dutegerezwa kuguma turondera Yehova. Ivyo birimwo kwama tumusenga tumusaba ngo atuyobore, twiga Ijambo ryiwe no kwama twumvira impanuro duhabwa n’abakirisu bahumuye. Ivyo bizotuma twirinda gukora amakosa akomeye, maze turushirize kugira agahimbare.—Yak. 1:25. w23.09 12 ing. 15-16

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa mungu, 26 Gitugutu

Imana irwanya abibona, mugabo ikagirira ubuntu buhebuje abicisha bugufi.—Yak. 4:6.

Bibiliya iravuga abakenyezi benshi b’intangakarorero bakunda Yehova kandi bakamukorera. Bari abakenyezi «batarenza urugero mu ngeso zabo» kandi «bizigirwa muri vyose.» (1 Tim. 3:11) Vyongeye, bashiki bacu barashobora kuronka mw’ishengero barimwo abakenyezi bahumuye bokwigana. Yemwe bashiki bacu mukiri bato, mwoba mubona abakenyezi bahumuye mwokwigana mw’ishengero? Nimwihweze kamere nziza bafise, muce muraba ukuntu mwobigana. Kamere ihambaye cane iranga abakirisu bahumuye ni ukwicisha bugufi. Umukenyezi yicisha bugufi aragiranira ubucuti bwiza na Yehova n’abandi bantu. Nk’akarorero, umukenyezi akunda Se wiwe wo mw’ijuru Yehova, aremera yicishije bugufi gushigikira intunganyo ijanye n’ubukuru yashize mw’ishengero no mu muryango.—1 Kor. 11:3. w23.12 18-19 ing. 3-5

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika