Ku wa gatandatu, 25 Gitugutu
Shafani atangura kugisomera imbere y’umwami.—2 Ngo. 34:18.
Umwami Yosiya amaze gukura, yaciye atanguza igikorwa co gusanura urusengero rwa Yehova. Abariko barakora ico gikorwa, «[b]arubuye igitabu c’amategeko ya Yehova yatanzwe biciye kuri Musa.» Igihe bagisomera umwami, yaciye agira ico akoze kugira ngo ashire mu ngiro ivyavugwa muri ico gitabu. (2 Ngo. 34:14, 19-21) Woba wama usoma Bibiliya? Nimba wama ubigira, ubona biriko bigenda gute? Woba ugenda urabika imirongo ishobora kugufasha ku giti cawe? Igihe Yosiya yari afise imyaka nka 39, yarakoze ikosa ryahitanye ubuzima bwiwe. Yariyizigiye aho kurondera kuyoborwa na Yehova. (2 Ngo. 35:20-25) None ni icigwa ikihe tuhakura? Naho twoba tumaze imyaka ingana iki canke tumaze igihe kingana gute twiga Bibiliya, dutegerezwa kuguma turondera Yehova. Ivyo birimwo kwama tumusenga tumusaba ngo atuyobore, twiga Ijambo ryiwe no kwama twumvira impanuro duhabwa n’abakirisu bahumuye. Ivyo bizotuma twirinda gukora amakosa akomeye, maze turushirize kugira agahimbare.—Yak. 1:25. w23.09 12 ing. 15-16
Ku wa mungu, 26 Gitugutu
Imana irwanya abibona, mugabo ikagirira ubuntu buhebuje abicisha bugufi.—Yak. 4:6.
Bibiliya iravuga abakenyezi benshi b’intangakarorero bakunda Yehova kandi bakamukorera. Bari abakenyezi «batarenza urugero mu ngeso zabo» kandi «bizigirwa muri vyose.» (1 Tim. 3:11) Vyongeye, bashiki bacu barashobora kuronka mw’ishengero barimwo abakenyezi bahumuye bokwigana. Yemwe bashiki bacu mukiri bato, mwoba mubona abakenyezi bahumuye mwokwigana mw’ishengero? Nimwihweze kamere nziza bafise, muce muraba ukuntu mwobigana. Kamere ihambaye cane iranga abakirisu bahumuye ni ukwicisha bugufi. Umukenyezi yicisha bugufi aragiranira ubucuti bwiza na Yehova n’abandi bantu. Nk’akarorero, umukenyezi akunda Se wiwe wo mw’ijuru Yehova, aremera yicishije bugufi gushigikira intunganyo ijanye n’ubukuru yashize mw’ishengero no mu muryango.—1 Kor. 11:3. w23.12 18-19 ing. 3-5
Ku wa mbere, 27 Gitugutu
Abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite.—Ef. 5:28.
Yehova yiteze ko umugabo akunda umugore wiwe kandi akamuronsa ivyo akeneye mu vy’impwemu, mu vy’umubiri, akamubera n’umugenzi ashika. Gutsimbataza ubushobozi bwo kwiyumvira, kwubaha ab’igitsina-gore no kuba umwizigirwa, bizogufasha kuba umunega mwiza. Umaze kwubaka urwawe, hari aho wohitamwo kuvyara. Ni ibiki wokwigira kuri Yehova mu bijanye no kuba sebibondo mwiza? (Ef. 6:4) Yehova yarabwiye Umwana wiwe Yezu ko amukunda be n’uko amushima, kandi abivugira ku mugaragaro. (Mat. 3:17) Niwaronka abana, uritwararika kwama ubasubiriza umutima mu nda yuko ubakunda. Urama ubakeza ku bintu vyiza bakora. Ba sebibondo bigana Yehova barafasha abana babo kugira bazobe abagabo n’abagore bahumuye. Urashobora gutangura kwitegurira iryo banga mu kwitwararikana urukundo abo mu muryango wawe n’abo mw’ishengero. Wobigira kandi mu kubabwira ko ubakunda be n’uko ubashima.—Yoh. 15:9. w23.12 29 ing. 17-18