Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose
“Muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe . . . gushitsa ku mpera y’isi”.—IVYAKOZWE 1:8.
1. Kubera yuko twigisha Bibiliya, ni ibiki twitwararika, kandi kubera iki?
ABIGISHA babishoboye ntibitwararika gusa ivyo babwira abanyeshure babo, ariko baritwararika n’ingene babivuga. Kubera yuko twigisha ukuri kwo muri Bibiliya, tubigenza gutyo nyene. Turitwararika ubutumwa twamamaza be n’uburyo dukoresha mu kwamamaza. Ubutumwa twamamaza, ari yo nkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, ntibuhinduka, mugabo rimwe na rimwe turahindura uburyo dukoresha mu kubwamamaza. Uti kubera iki? Kugira ngo dushikire abantu benshi bashoboka.
2. Igihe tuza turahindura uburyo dukoresha mu kwamamaza tubuhuza n’uko ibintu bimeze, tuba turiko twigana bande?
2 Mu kuza turahindura uburyo dukoresha mu kwamamaza tubuhuza n’uko ibintu bimeze, tuba twiganye abasavyi b’Imana ba kera. Rimbura akarorero k’intumwa Paulo. Yavuze ati: “Ku Bayuda nabaye nk’Umuyuda . . . Ku bataganzwa n’ivyagezwe, nabaye nk’ūtaganzwa na vyo . . . Ku badakomeye nabaye nk’ūdakomeye, kugira ngo ndonke abadakomeye. Kuri bose nabaye vyose kugira ngo nkirishe bamwe-bamwe uburyo bgose” (1 Ab’i Korinto 9:19-23). Kuba Paulo yaza arahindura uburyo yakoresha ngo abuhuze n’uko ibintu vyaba bimeze, vyatumye aroranirwa. Na twebwe tuzororanirwa nitwaza turahindura uburyo dukoresha mu gutanguza ikiyago dukurikije uko ivy’abo tuyaga vyifashe.
Gushika ku ‘mpera z’isi’
3. (a) Ni ingorane iyihe iduhanze mu gikorwa cacu co kwamamaza? (b) Amajambo yo muri Yesaya 45:22 ariko araranguka gute muri iki gihe?
3 Ingorane nyamukuru ihanze abamamaza ubutumwa bwiza ni ubwaguke bw’icibare bamamazamwo: bamamaza kw’“isi yose” (Matayo 24:14). Mu kinjana giheze, abasavyi ba Yehova benshi barakoze baratama barondera gushika mu bindi bihugu kugira ngo bakwiragize inkuru nziza. None vyavuyemwo iki? Icibare twamamazamwo kw’isi yose caragutse mu buryo butangaje. Mu ntango y’ikinjana ca 20, igikorwa co kwamamaza carangurwa mu bihugu biri ku rushi, mugabo ubu Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza n’umwete mu bihugu 235! Emwe, inkuru nziza y’Ubwami iriko iramamazwa no gushika ku ‘mpera z’isi’.—Yesaya 45:22.
4, 5. (a) Ni bande bagize uruhara ruhambaye mu gukwiragiza inkuru nziza? (b) Ibiro vy’ishami bimwebimwe vyavuze iki ku vyerekeye abava mu bindi bihugu bakorera mu cibare gikukira ishami?
4 Ni ibiki bituma haba iterambere nk’iryo? Ni vyinshi. Abamisiyonari bamenyerejwe muri rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower hamwe n’abasuku barenga 20.000 baherutse gusohoka rya Shure rimenyereza abasuku, barafashije cane muri ivyo. N’Ivyabona benshi bakoresheje amafaranga yabo bakimukira mu bihugu aho usanga hakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi, na bo nyene barafashije cane. Mwene abo bakirisu bafise agatima ko kwitanga, baba abagabo canke abagore, abato canke abakuze, abirebange canke abubatse, baragira uruhara ruhambaye mu kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami kw’isi yose (Zaburi 110:3; Abaroma 10:18). Igikorwa barangura kirashimwa rwose. Raba ivyo ibiro vy’ishami bimwebimwe vyanditse ku vyerekeye abava mu bindi bihugu bakaja gukorera ahakenewe abamamaji kuruta ahandi mu cibare gikukira ishami.
5 Ibiro vy’ishami vyo muri Équateur vyanditse biti: “Ivyo Vyabona bakundwa baraja imbere mu kwamamaza mu turere turi ukwa twonyene, bagafasha gutanguza amashengero mashasha bakongera bagafasha abavukanyi n’abavukanyikazi baho gukura mu vy’impwemu”. Ibiro vy’ishami vyo muri République dominicaine na vyo vyanditse biti: “Hamwe abo bantu amajana bava mu mahanga bakorera ng’aha bogenda, amashengero yohungabana. Turahiriwe kuba tubafise”. Ishami ryo mu gihugu kimwe co mu Buraya bwo mu Buseruko na ryo ryanditse riti: “Muri menshi mu mashengero yacu, abavukanyikazi ni bo usanga ari benshi, rimwe na rimwe bagashika ku bice 70 kw’ijana (Zaburi 68:11). Benshi muri bo usanga ari bashasha mu kuri, mugabo abavukanyikazi b’abatsimvyi b’abirebange bava mu bindi bihugu barafasha rwose mu kumenyereza mwene abo bashasha. Abo bavukanyikazi bava mu bindi bihugu ni ingabirano y’agaciro kuri twebwe!”. Woba urigera wiyumvira ivyo kuja gukorera mu kindi gihugua?—Ivyakozwe 16:9, 10.
‘Abantu cumi bo mu mahanga y’indimi zose’
6. Muri Zekariya 8:23 herekeza gute ku ngorane ijanye n’indimi iduhanze mu gikorwa cacu co kwamamaza?
6 Iyindi ngorane nyamukuru ihagaze ku ndimi injojo zivugwa kw’isi. Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze riti: “Mur’iyo misi abantu cumi bazova mu mahanga y’indimi [zose], bafate umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubgire, bati Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe” (Zekariya 8:23). Mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi ryo muri iki gihe, abo bantu cumi bagereranya rya shengero ryinshi rivugwa mu Vyahishuriwe 7:9. Ariko rero, urabona ko ubwo buhanuzi bwo muri Zekariya buvuga yuko abo “bantu cumi” batovuye mu mahanga yose gusa, ariko kandi ko bovuye no ‘mu mahanga y’indimi zose’. Twoba tumaze kwibonera iranguka ry’uwo muce uhambaye w’ubwo buhanuzi? Ego cane.
7. Ni ibitigiri ibihe vyerekana yuko abantu ‘bo mu ndimi zose’ bariko barabwirwa inkuru nziza?
7 Rimbura ibitigiri bimwebimwe. Mu myaka 50 iheze, ibitabu vyacu vyasohorwa mu ndimi 90. Muri iki gihe, ico gitigiri carongerekanye gishika ku ndimi zirenga 400. Wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” nta ko atagize ngo aronse ibitabu mbere n’abantu usanga ururimi rwabo ruvugwa n’abantu bari ku rushi (Matayo 24:45). Nk’akarorero, ibitabu bishingiye kuri Bibiliya ubu biraboneka mu rurimi ruvugwa mw’izinga rya Groenland (ruvugwa n’abantu 47.000), mu rurimi ruvugwa mu mazinga ya Palau (ruvugwa n’abantu 15.000), be no mu rurimi ruvugwa mu mazinga ya Yap (ruvugwa n’abantu badashika 7.000).
“Urugi runini” rushikana ku tundi turyo two kwamamaza inkuru nziza
8, 9. Ni ibiki vyabaye vyatwugururiye “urugi runini”, kandi Ivyabona ibihumbi baciye bakora iki?
8 Ariko muri iki gihe hari aho bitoba ngombwa ngo turinde kujabuka amazi kugira tubwire inkuru nziza abantu bo mu ndimi zose. Muri iyi myaka ya vuba, abantu amamiliyoni baje kugerera mu bihugu bitunze be n’impunzi zahahungiye, batumye haboneka imigwi ya ba kavantara ivuga indimi nyinshi. Nk’akarorero, i Paris mu Bufaransa havugwa nk’indimi 100. I Toronto muri Kanada, havugwa indimi 125; i Londres mu Bwongereza na ho hakavugwa indimi z’inyamahanga zirenga 300! Kubona mu vyibare vyinshi amashengero yakebewe hariho abantu bava mu bindi bihugu, birugurura “urugi runini” rushikana ku tundi turyo two kubwira inkuru nziza abantu bo mu mahanga yose.—1 Ab’ i Korinto 16:9.
9 Ivyabona ibihumbi bariko barafasha kurwana urwo rugamba mu kwiga urundi rurimi. Abatari bake muri bo birabagora, yamara akuya baba babize barakibagizwa n’umunezero baronka mu gufasha ba kavantara n’impunzi kumenya ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Muri umwe mu myaka iheze, hafi ibice 40 kw’ijana vy’abantu bose babatijwe ku mahwaniro y’intara yabereye mu gihugu kimwe co mu Buraya bwo mu Burengero bari bavuye mu kindi gihugu.
10. Wakoresheje gute ka gatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose? (Raba uruzitiro ruvuga ngo: “Ibiranga agatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose” ruri ku rupapuro rwa 26).
10 Ego ni ko, benshi muri twebwe ntibibashobokera kwiga ururimi runyamahanga. Naho bimeze gutyo, turashobora gufasha ba kavantara mu gukoresha neza ka gatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yoseb (mu gifaransa) gaheruka gusohoka, akarimwo ubutumwa buryoshe bwo muri Bibiliya mu ndimi nyinshi (Yohana 4:37). Woba uriko urakoresha ako gatabu mu busuku?
Igihe abantu batavyakiriye neza
11. Ni iyindi ngorane iyihe ihari mu vyibare bimwebimwe?
11 Kubera yuko akosho ka Shetani kabandanya kwongerekana mw’isi, ehe iyindi ngorane ikunda gushika: Mu vyibare bimwebimwe usanga abantu baho batakira neza ubutumwa dushikiriza. Ariko ntiwumve, ivyo ntibidutangaza kubera ko Yezu yari yaravuze ko ibintu nk’ivyo vyoshitse. Ku vyerekeye igihe cacu, yavuze ati: “Urukundo rw’abenshi ruzotimba” (Matayo 24:12). Kukaba nkako, ukwemera Imana be no kwubaha Bibiliya vyagiye birayama muri benshi (2 Petero 3:3, 4). Ni co gituma mu mihingo imwimwe y’isi abantu bakeyi ari bo bacika abigishwa ba Kirisitu. Ariko rero, ivyo ntibisobanura yuko abavukanyi n’abavukanyikazi bakirisu twikundira bamamaza badahemuka muri ivyo vyibare bitimbuka bariko baruhira ubusa (Abaheburayo 6:10). Uti kubera iki? Rimbura ibikurikira.
12. Intumbero zibiri z’igikorwa cacu co kwamamaza ni izihe?
12 Injili ya Matayo irashira ahabona intumbero nyamukuru zibiri z’igikorwa cacu co kwamamaza. Imwe ni ‘uguhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa’ (Matayo 28:19, NW). Iyindi na yo ni iy’uko ubutumwa bw’Ubwami bubera abantu “icabona” (Matayo 24:14). Izo ntumbero zompi zirahambaye, mugabo canecane iya kabiri. Uti kubera iki?
13, 14. (a) Umuce uhambaye wa ca kimenyetso kiranga ukuhaba kwa Kirisitu ni uwuhe? (b) Dukwiye kwibuka iki canecane igihe twamamaza mu vyibare bitimbuka?
13 Matayo umwanditsi wa Bibiliya yanditse yuko intumwa zabajije Yezu ziti: “Ikimenyetso kizoba iki c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu?” (Matayo 24:3, NW). Mu kwishura, Yezu yavuze yuko umuce wibonekeje cane w’ico kimenyetso wobaye igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose. Yoba yariko avuga ibijanye no guhindura abantu abigishwa? Oya. Yavuze ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose” (Matayo 24:14, ni twe dushimitse.). Yezu rero yarerekanye yuko igikorwa co kwamamaza Ubwami ubwaco cobaye umuce uhambaye w’ico kimenyetso.
14 Ku bw’ivyo, igihe twamamaza inkuru nziza y’Ubwami, turibuka yuko naho nyene bitokwama bishoboka ko duhindura abantu abigishwa, tuba twashoboye gushinga intahe ibera “icabona” amahanga. Uko abantu bovyakira kwose, baramenya ico tuba turiko turakora, gutyo tukaba dufashije mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yezu (Yesaya 52:7; Ivyahishuriwe 14:6, 7). Icabona akiri muto wo mu Buraya bwo mu Burengero yitwa Jordy yavuze ati: “Kumenya yuko ndiko ndakorera Yehova mu gushitsa ibivugwa muri Matayo 24:14 biranezereza cane” (2 Ab’i Korinto 2:15-17). Nta gukeka ko nawe wiyumva gutyo nyene.
Igihe barwanije ubutumwa twamamaza
15. (a) Yezu yaburiye abayoboke biwe ko boshikiwe n’iki? (b) Ni igiki kidufasha kwamamaza naho baturwanya?
15 Ukuturwanya ni iyindi ngorane ibangamira igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Yezu yaburiye abayoboke biwe ati: “Muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje” (Matayo 24:9). Nka kumwe kw’abakirisu bo mu ntango, abayoboke ba Yezu muri iki gihe barankwa, bakarwanywa bakongera bagahamwa (Ivyakozwe 5:17, 18, 40; 2 Timoteyo 3:12; Ivyahishuriwe 12:12, 17). Mu bihugu bimwebimwe, igikorwa cabo usanga kibujijwe na Leta muri iki gihe. Ariko rero, kubera ko abakirisu b’ukuri bagamburukira Imana, barabandanya kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami muri mwene ivyo bihugu (Amosi 3:8; Ivyakozwe 5:29; 1 Petero 2:21). Ni igiki kibafasha kubandanya kwamamaza kikongera kigafasha n’ibindi Vyabona bo kw’isi yose? Yehova arabaha ubushobozi abicishije ku mpwemu yiwe yera.—Zekariya 4:6; Abanyefeso 3:16; 2 Timoteyo 4:17.
16. Yezu yerekanye gute isano riri hagati y’igikorwa co kwamamaza n’impwemu y’Imana?
16 Yezu yarashimitse kw’isano rya hafi riri hagati y’impwemu y’Imana n’igikorwa co kwamamaza igihe yabwira abayoboke biwe ati: “Muzohabga ubushobozi, [im]pwemu [y]era ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe . . . gushitsa ku mpera y’isi” (Ivyakozwe 1:8; Ivyahishuriwe 22:17). Ukuntu ibintu bikurikirana muri ico canditswe kurahambaye. Abigishwa babanje guhabwa impwemu yera, maze barakora igikorwa co gushinga intahe kw’isi yose. Babifashijwemwo n’impwemu y’Imana, ni ho honyene boronse inkomezi zo kwihangana igihe bashinga intahe ibera “icabona amahanga yose” (Matayo 24:13, 14; Yesaya 61:1, 2). Birabereye rero kubona Yezu yavuze ko impwemu yera ari ‘umwitsa’ (Yohana 15:26). Yavuze yuko impwemu y’Imana yokwigishije abigishwa biwe ikongera ikabarongora.—Yohana 14:16, 26; 16:13.
17. Impwemu yera idufasha gute iyo baturwanije bimwe bikomeye?
17 Ni mu buryo butandukanye ubuhe impwemu y’Imana idufasha muri iki gihe iyo baturwanije bimwe bikomeye mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza? Impwemu y’Imana iradukomeza, ikongera ikarwanya abaduhama. Kugira ngo dutahure ingene ibikora, reka twihweze ikintu cashikiye Umwami Sauli.
Ukurwanywa n’impwemu y’Imana
18. (a) Sauli yahindutse mubi gute bimwe bitangaje? (b) Ni uburyo ubuhe Sauli yakoresheje mu guhama Dawidi?
18 Sauli, umwami wa mbere wa Isirayeli, yatanguye atwara neza, mugabo yahavuye agambararira Yehova (1 Samweli 10:1, 24; 11:14, 15; 15:17-23). Ivyo vyatumye impwemu y’Imana itongera gushigikira uwo mwami. Sauli yarashavuriye cane Dawidi, uwari yarobanujwe amavuta ngo azomusubirire ku ngoma, akaba ari we yari asigaye afashwa n’impwemu y’Imana (1 Samweli 16:1, 13, 14). Dawidi yasa n’uwuri mu vyara vy’ingwe. Kukaba nkako, yari afise inanga gusa mu gihe Sauli wewe yari abangiriye icumu. Umusi umwe Dawidi yariko aravuza inanga, “[Sauli] araheza ararirekura ati Hinge ndarisākize Dawidi, rirume ku nzu. Ariko Dawidi amuzibukira kabiri” (1 Samweli 18:10, 11). Hanyuma y’ivyo, Sauli yarumviye umuhungu wiwe Yonatani umugenzi wa Dawidi, maze aramurahira ati: “Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho [Dawidi] akaba agipfuye!”. Mugabo inyuma y’aho, Sauli yarongeye “[ku]gerageza gusākiza Dawidi icumu, ngo rirume ku nzu”. Ariko rero, Dawidi “ararizibukira, amuva imbere, rinega ku nzu”. Dawidi yaciye ahunga, mugabo Sauli amwoma inyuma. Ibintu bigeze aho, impwemu y’Imana yaciye ihagurukira Sauli. Uti mu buhe buryo?—1 Samweli 19:6, 10.
19. Impwemu y’Imana yakingiye gute Dawidi?
19 Dawidi yarahungiye ku muhanuzi Samweli, mugabo Sauli arungika abantu biwe ngo baje gufata Dawidi. Ariko rero, bashitse aho Dawidi yinyegeje, ‘impwemu y’Imana iza kuri izo ntumwa za Sauli, zica ziravugishwa’. Impwemu y’Imana yarabacaniriye gushika n’aho bibagira rwose icari cabajanye. Sauli yarongeye kurungika abantu biwe incuro zibiri zose kugira ngo bagarukane Dawidi, vyongera bigenda kwa kundi nyene. Amaherezo, Umwami Sauli ubwiwe yarigiriye iyo Dawidi ari, mugabo na Sauli ntiyashoboye kunanira impwemu y’Imana. Nkako, impwemu yera yaramugumije hamwe “yiriza umusi akēsha ijoro”, bica bituma Dawidi aronka umwanya ukwiye wo kuyanyaga.—1 Samweli 19:20-24.
20. Ni igiki twigira ku nkuru ivuga ingene Sauli yahamye Dawidi?
20 Iyo nkuru yerekeye Sauli na Dawidi irimwo icigwa gikomeza ari co c’iki: Abahama abasavyi b’Imana nta co bashobora gushikako igihe barwanywa n’impwemu y’Imana (Zaburi 46:11; 125:2). Yehova yari yashinze yuko Dawidi aba umwami wa Isirayeli. Nta n’umwe yari guhindura uwo mugambi. Muri iki gihe cacu, Yehova yashinze ko “inkuru nziza y’ubgami izovugwa” (Ni twe dushimitse.). Nta n’umwe ashobora kubibuza kuba.—Ivyakozwe 5:40, 42.
21. (a) Abaturwanya muri iki gihe bakora gute? (b) Ni igiki twizigiye tudakeka?
21 Indongozi zimwezimwe zo mu vy’idini n’izo mu vya politike zirakoresha ibinyoma, eka mbere zikanatugirira nabi ku mubiri kugira ziduteshe ico gikorwa. Ariko rero, nk’uko nyene Yehova yakingiye Dawidi mu buryo bw’impwemu, ni na ko azokingira abasavyi biwe muri iki gihe (Malaki 3:6). Ni co gituma tuvugana umutima mu nda nka kumwe kwa Dawidi duti: “Imana ni yo nizigiye, sinzotinya. Non’abantu boshobora kuntwara iki?” (Zaburi 56:11; 121:1-8; Abaroma 8:31). Tubifashijwemwo na Yehova, nimuze tubandanye guhangana n’ingorane zose uko turangura igikorwa twashinzwe n’Imana co kubwira inkuru nziza y’Ubwami abantu bo mu mahanga yose.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba uruzitiro ruvuga ngo: “Bumva bashize akanyota vy’ukuri” ruri ku rupapuro rwa 22.
b Ako gatabu kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki tuza turahindura uburyo dukoresha mu kwamamaza tubuhuza n’ukuntu ibintu bimeze?
• “Urugi runini” rwuguruwe rushikana ku tundi turyo utuhe two kwamamaza inkuru nziza?
• Igikorwa cacu co kwamamaza gishika ku ki mbere no mu vyibare bitimbuka?
• Ni kubera iki ata muntu n’umwe aturwanya ashobora guhagarika igikorwa co kwamamaza inkuru nziza?
[Uruzitiro ku rup. 22]
Bumva bashize akanyota vy’ukuri
“Baranezerewe kandi barahimbawe no gukorera Yehova bafatanye mu nda”. Ayo majambo arerekana ukuntu umuryango umwe wavuye muri Esupanye ukimukira muri Boliviya umerewe. Umuhungu wo muri uwo muryango yari yaragiye muri Boliviya gusahiriza umugwi uri ukwa wonyene. Umunezero wibonekeza yari afise warakoze ku mutima rwose abavyeyi biwe gushika n’aho bidatevye umuryango wose waciye uja gukorerayo, ushizemwo n’abahungu bane bafise imyaka iva kuri 14 gushika kuri 25. Batatu muri abo bahungu ubu ni abatsimvyi, umwe yabitangira imbere na we akaba aherutse kwitaba Ishure rimenyereza abasuku.
Uwitwa Angelica w’imyaka 30 ava muri Kanada, akaba akorera mu Buraya bwo mu Buseruko, avuga ati: “Ingorane ni nyinshi. Mugabo gufasha abantu mu busuku vyatuma numva ndemye. Ndakorwa ku mutima kandi n’amajambo yo gukenguruka nama mbwirwa n’Ivyabona bo ng’aho banshimira kubona naraje kubafasha”.
Abakobwa babiri bavukana bari mu gushikana imyaka 30 bava muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bakaba bakorera muri République dominicaine, bavuga bati: “Hariho imigenzo myinshi cane itandukanye twabwirizwa kumenyera. Ariko rero, nticabujije ko tuguma kw’ibanga, kandi indwi mu bo twigana Bibiliya ubu baritaba amakoraniro”. Abo bavukanyikazi babiri barafashije cane mu gutunganya umugwi w’abamamaji b’Ubwami mu gisagara kitarimwo ishengero na rimwe
Uwitwa Laura ni umuvukanyikazi ariko arababa imyaka 30, akaba amaze imyaka irenga ine akorera mu mahanga. Avuga ati: “Nahisemwo kuguma noroheje ubuzima. Ivyo birafasha abamamaji kubona yuko kubaho mu buryo bubayabaye ari ikintu umuntu yihitiramwo be n’ikintu cerekana ko azi ikibereye, si ikintu umuntu atumwa n’ubukene. Gushobora gufasha abandi, na canecane urwaruka, vyarambereye isoko ry’umunezero ugabanya ingorane zizanwa no gukorera mu mahanga. Umurimo ndangurira ng’aha nta co nowuguza mu buzima, kandi nzohaguma igihe cose Yehova azobinkundira”.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 26]
Ibiranga agatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose
Agatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose (mu gifaransa) karimwo ubutumwa usanga ku rupapuro rumwe buri mu ndimi zishika 92. Ubwo butumwa bwanditswe hakoreshejwe umuvugwa wa mbere mu rudende. Rero, iyo uwo usanze ku muhana asomye ubwo butumwa, uca umengo uriko uramuganiriza.
Imbere ku gifukisho hariko ikarata y’isi. Nukoreshe iyo karata kugira igufashe gushikirana n’uwo usanze ku muhana. Woshobora kudoma urutoke ku gihugu ubamwo, hanyuma ukamwereka ko wipfuza kumenya igihugu avamwo. Ubigenjeje gutyo, uba utumye agira ico avuze kandi akumva yisanze.
Intangamarara y’ako gatabu irimwo intambwe nka zingahe dukwiye gutera kugira dufashe mu buryo ngirakamaro abantu bavuga ururimi tutumva. Turakwinginze usome izo ntambwe witonze kandi uzishire mu ngiro uvyitondeye.
Urutonde rw’ibirimwo ntirwerekana gusa indimi, ariko kandi rurerekana n’ibimenyetso vy’izo ndimi. Ico kintu kiragufasha kumenya ibimenyetso vy’indimi zitandukanye zikoreshwa mu dupapuro tw’inkuru nziza be no mu bindi bitabu biri mu ndimi zitandukanye.
[Ifoto]
Woba uriko urakoresha aka gatabu mu busuku?
[Amafoto ku rup. 23]
Ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya ubu biboneka mu ndimi zirenga 400
GANA
LAPONIE (SUWEDE)
FILIPINE
[Amafoto ku rup. 24 25]
Woba ushobora gukorera ahakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi?
ÉQUATEUR
RÉPUBLIQUE DOMINICAINE