ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wt ikig. 12 rup. 110-119
  • Ico Ibatisimu Yawe Isobanura

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico Ibatisimu Yawe Isobanura
  • Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibatisimu Yatangwa na Yohani
  • Ibatisimu yo mu Mazi y’Abigishwa b’Abakirisu
  • Kubaho Dushitsa Amabanga Tujejwe
  • Ico Ibatisimu Wahawe Isobanura
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Ibatisimu ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ni Kuki Wobatizwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ibatisimu ni igisabwa ku bakirisu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Senga Imana yonyene y’ukuri
wt ikig. 12 rup. 110-119

Ikigabane ca Cumi na Kabiri

Ico Ibatisimu Yawe Isobanura

1. Ni kuki ibatisimu yo mu mazi ari ikintu umwe wese muri twebwe akwiye kwitwararika?

MU MWAKA wa 29 G.C., Yezu yarabatijwe, aribizwa mu mazi na Yohani Umubatizi mu Ruzi Yorodani. Yehova ubwiwe yariko aravyitegereza, agirako araserura yuko abishimye. (Matayo 3:16, 17) Yezu rero yaratanze akarorero abigishwa biwe bose bokurikije. Inyuma y’imyaka itatu n’igice, Yezu yarahaye abigishwa biwe aya mabwirizwa: “Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi. Nuko ni mugende, muhindure [abantu bo mu] mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era.” (Matayo 28:18, 19) Woba warabatijwe uhuje n’ivyo bintu Yezu yategetse? Nimba utarabatizwa, woba uriko witegurira kubigira?

2. Mu bijanye n’ibatisimu, ni ibibazo ibihe bikeneye kwishurwa?

2 Waba warabatijwe canke utarabatizwa, gutahura neza ukubatizwa birahambaye ku muntu wese ashaka gukorera Yehova no kuba mw’isi nshasha yiwe igororotse. Mu bibazo bikwiriye kwishurwa harimwo ibi: ibatisimu ya gikirisu muri iki gihe yoba ifise irya nsobanuro nyene ibatisimu ya Yezu yari ifise? Mbega bisobanura iki kubatizwa “mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era”? Kubaho mu buryo buhuza n’ico ibatisimu ya gikirisu yo mu mazi isigura birimwo ibiki?

Ibatisimu Yatangwa na Yohani

3. Ibatisimu yatangwa na Yohani yagarukira kuri bande?

3 Amezi nk’atandatu imbere y’uko Yezu abatizwa, Yohani Umubatizi yaragiye kwigisha mu bugaragwa bw’i Yudaya, akavuga ati: “[“Nimwigaye,” NW], kuk’ubgami bgo mw ijuru buri hafi.” (Matayo 3:1, 2) Abantu barumva ivyo Yohani avuga kandi bakabishira ku mutima. Baravuga icese ivyaha vyabo, bakavyigaya hanyuma bagaca baza kuri Yohani ngo ababatize mu Ruzi Yorodani. Iyo batisimu yahabwa Abayuda.—Luka 1:13-16; Ivyakozwe 13:23, 24.

4. Ni kuki vyari bikenewe ko Abayuda bo mu kinjana ca mbere bigaya vyihutirwa?

4 Abo Bayuda bari bakeneye kwigaya vyihutirwa. Ku Musozi Sinayi mu mwaka w’1513 B.G.C., ba sekuruza babo barinjiye mw’isezerano ry’ihanga ryose, ukaba wari umwumvikano uhuje n’amategeko, ugizwe icese, bagiranye na Yehova Imana. Mugabo kubera ivyaha bikomakomeye bakoze, ntibabayeho bisunga amabanga bari bajejwe barongowe n’iryo sezerano, ari co catumye batsindishwa na ryo. Mu gihe ca Yezu, uko ivyabo vyari vyifashe kwari kubabaje. “[U]musi w’Uhoraho uhambaye kand’uteye ubgoba” wari waravuzwe na Malaki wari wegereje. Mu 70 G.C., uwo “musi” waje igihe ingabo z’Abaroma zasenyagura Yeruzalemu, urusengero rwaho, zigahitana n’ubuzima bw’Abayuda barenga umuliyoni. Yohani Umubatizi, akoranye umwete yari afitiye insengo y’ukuri, yaratumwe imbere y’uko iryo senyagurwa riba, ngo “ategurire Umwami Imana ubgoko buroran[y]e.” Bari bakeneye kwigaya ivyaha bacumuye kw’isezerano ry’Ivyagezwe vya Musa, hanyuma bakitegurira kwakira Yezu Umwana w’Imana, uwo Yehova yari agiye kubarungikira.—Malaki 4:4-6; Luka 1:17; Ivyakozwe 19:4.

5. (a) Igihe Yezu yaza kubatizwa, ni kuki Yohani yagomvye kwanka? (b) Ibatisimu ya Yezu yagereranya iki?

5 Mu baje kuri Yohani ngo babatizwe harimwo Yezu ubwiwe. Mugabo hari kubera iki? Kubera ko Yohani yari azi yuko Yezu ata gicumuro yari yarakoze yokwigaya, yavuze ati: “Kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: non’uje kuri jewe?” Mugabo ibatisimu ya Yezu yagereranya ikindi kintu. Ni ho Yezu yishura ati: “Bikunde: kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose.” (Matayo 3:13-15) Kubera ko Yezu ata gicumuro yagira, ibatisimu yiwe ntiyagereranya ukwigaya igicumuro; eka mbere ntiyari akeneye kwiyegurira Imana, kubera ko yari uwo mw’ihanga ryari risanzwe ryariyeguriye Yehova. Ahubwo, ibatisimu yiwe afise imyaka 30 yari ikintu kidasanzwe kuri we, ikaba yagereranya ukwishikana kuri Se wo mw’ijuru ngo akore ibindi amushakako.

6. Yezu yafatana uburemere gute ugukora ivyo Imana imushakako?

6 Ivyo Imana yashaka kuri Kirisitu Yezu vyarimwo igikorwa kijanye n’Ubwami. (Luka 8:1) Harimwo kandi ugutangako inkuka ubuzima bw’umuntu bwiwe butagira agasembwa ngo bube incungu, bube kandi n’ishimikiro ry’isezerano rishasha. (Matayo 20:28; 26:26-28; Abaheburayo 10:5-10) Yezu yarafatanye uburemere cane ico ukubatizwa mu mazi kwiwe kwagereranya. Ntiyaretse ngo ubwenge bwiwe bukeberezwe ku bindi bintu. Gushika ku mpera y’ubuzima bwiwe bwo kw’isi, yagumye yumiye ku gukora ivyo Imana igomba, ukwamamaza Ubwami bw’Imana abigira co gikorwa ciwe nyamukuru.—Yohana 4:34.

Ibatisimu yo mu Mazi y’Abigishwa b’Abakirisu

7. Guhera kuri Pentekote yo mu 33 G.C., Abakirisu babwiwe gukora iki ku bijanye ibatisimu?

7 Abigishwa ba Yezu ba mbere babatizwa mu mazi na Yohani hanyuma agaca abarungika kuri Yezu ngo bashobore kuba mu bazoja mu Bwami bwo mw’ijuru. (Yohana 3:25-30) Bahagarikiwe na Yezu, abo bigishwa na bo nyene barabatiza, bikaba vyari bifise insobanuro nk’irya nyene y’ukubatiza kwa Yohani. (Yohana 4:1, 2) Ariko rero, guhera kuri Pentekote yo mu 33 G.C., baratanguye gushitsa igikorwa batumwe co kubatiza “mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era.” (Matayo 28:19) Uraza gusanga ari ngirakamaro cane kwihweza ico ivyo bisobanura.

8. Kubatizwa “mw izina rya Data” bisobanura iki?

8 Bisobanura iki kubatizwa “mw izina rya Data wa twese”? Bisobanura kwemera izina ryiwe, ikibanza arimwo, ububasha bwiwe, umugambi wiwe n’amategeko yiwe. Rimbura ico ivyo birimwo. (1) Ku vyerekeye izina ryiwe, muri Zaburi 83:18 havuga hati: “Wewe, uwitwa [“Yehova,” NW], [n]i wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose.” (2) Ku biraba ikibanza arimwo, mu 2 Abami 19:15 havuga icese hati: “Ewe [“Yehova,” NW] . . . ni wewe Mana wenyene.” (3) Ku vyerekeye ubukuru bwiwe, mu Vyahishuriwe 4:11 hatubwira hati: “Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.” (4) Dutegerezwa kandi kwemera icese yuko Yehova ari we Mutanzi w’Ubuzima, we yashinze umugambi wo kudukiza icaha n’urupfu: “Agakiza [“ni aka Yehova” NW].” (Zaburi 3:8; 36:9) (5) Birakenewe ko twemera yuko Yehova ari we Mutanzi Kaminuza w’Amategeko: “[“Yehova,” NW] [n]i we mucamanza wacu; [“Yehova,” NW] ni we adushingira ivyagezwe; [“Yehova,” NW] ni we Mwami wacu.” (Yesaya 33:22) Kubera ko we ari we ashitsa ivyo bintu vyose, duhimirizwa duti: “Mukundishe [“Yehova,” NW] Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose.”—Matayo 22:37.

9. Kubatizwa “mw izina . . . ry’Umwana” bisobanura iki?

9 Kubatizwa “mw izina . . . ry’Umwana” bisobanura iki? Bisobanura kwemera icese izina, ikibanza n’ububasha Yezu Kirisitu afise. Izina ryiwe, Yezu, risigura “Yehova Ni We Bukiriro.” Ikibanza arimwo kiva ku vy’uko ari we Mwana w’ikinege w’Imana, akaba imfura mu vyaremwe n’Imana. (Matayo 16:16; Ab’i Kolosayi 1:15, 16) Ku vy’uwo Mwana, muri Yohana 3:16 hatubwira hati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [y’abantu bashobora gucungurwa n]i rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.” Kubera ko Yezu yapfuye ari umwizerwa, Imana yaramuzuye imukuye mu bapfuye, imuha ubundi bukuru. Nk’uko vyavuzwe n’intumwa Paulo, Imana “[yashize Yezu] hejuru ya vyose” kw’isi no mw’ijuru, aba uwugira kabiri gusa inyuma ya Yehova. Ni co gituma ‘kw’izina rya Yezu bose bakwiye gukubita ibipfukamiro, kandi ururimi rwose rukatura yuko Yezu-Kristu ari Umukama ku buninahazwa bw’Imana Se.’ (Abafilipi 2:9-11, UB) Ivyo bisobanura kugamburuka amabwirizwa ya Yezu, na yo akaba ava kuri Yehova ubwiwe.—Yohana 15:10.

10. Kubatizwa ‘mw’izina ry’impwemu yera’ bisobanura iki?

10 Bisobanura iki kubatizwa ‘mw’izina ry’impwemu yera’? Bisobanura kwemera icese uruhara n’igikorwa c’impwemu yera. None impwemu yera ni iki? Ni inguvu zikora za Yehova, akaba azikoresha mu gushitsa imigambi yiwe. Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’abane namwe ibihe bidashira, ni we [m]pwemu [y’]ukuri.” (Yohana 14:16, 17) Ivyo vyobashoboje gukora iki? Yezu yarongeye kubabwira ati: “Muzohabga ubushobozi, [im]pwemu [y]era ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.” (Ivyakozwe 1:8) Biciye ku mpwemu yera, Yehova kandi yarahumekeye iyandikwa rya Bibiliya: “[N]ta jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe n[’im]pwemu [y]era.” (2 Petero 1:21) Igihe twiga Bibiliya tuba rero twemeye icese uruhara rw’impwemu yera. Ubundi buryo twemera icese impwemu yera ni mu gusaba Yehova kudufasha kwama ‘ivyamwa vy’impwemu,’ na vyo bikaba ari “urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda.”—Ab’i Galatiya 5:22, 23.

11. (a) Insobanuro nyakuri y’ibatisimu ni iyihe muri iki gihe? (b) Ni mu buryo ki ukubatizwa kumeze nk’ugupfa n’ukuzurwa?

11 Aba mbere babatijwe bahuje n’amabwirizwa ya Yezu bari Abayuda be n’abantu bahindukiriye idini y’Abayuda, guhera mu 33 G.C. Mu nyuma gatoyi, agateka ko kuba abigishwa ba Kirisitu karahawe Abasamariya. Maze mu 36 G.C., ihamagarwa ryarāguwe rijamwo n’Abanyamahanga batakebwe. Imbere yo kubatizwa, Abasamariya n’Abanyamahanga babwirizwa kwiyegurira Yehova ku giti cabo kugira ngo bamukorere bwa bigishwa b’Umwana wiwe. N’ubu, iyo ni yo ibandanya kuba insobanuro y’ibatisimu ya gikirisu yo mu mazi muri iki gihe. Ukwibizwa mu mazi wese ni ikimenyetso kibereye c’uko umuntu yiyeguye ku giti ciwe, kuko ukubatizwa ari uguhambwa kw’ikigereranyo. Ukuja munsi y’amazi igihe c’ukubatizwa bigereranya yuko upfuye ku vy’ubuzima wahorana. Kwibururwa mu mazi bigereranya yuko ubaye muzima kugira ngo ukore ivyo Imana igomba. Ukwo “kubatizwa kumwe” kuraba abo bose bacika Abakirisu b’ukuri. Igihe babatijwe bacika Ivyabona vya Yehova bakirisu, abasuku b’Imana batiwe.—Abanyefeso 4:5; 2 Ab’i Korinto 6:3, 4.

12. Ibatisimu ya gikirisu yo mu mazi ihwanye n’iki, kandi gute?

12 Mwene iyo batisimu irafise agaciro gahambaye k’ugukiza mu nyonga z’Imana. Nk’akarorero, intumwa Petero amaze kuvuga ivy’uko Nowa yubatse ubwato, ari na bwo we hamwe n’umuryango wiwe bakiriyemwo mu gihe ca wa Mwuzure, avuga ati: “Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo.” (1 Petero 3:21, ni twe tubihiritse.) Nya bwato cari ikimenyamenya kiboneka c’uko Nowa yari yakoze adahemuka igikorwa Imana yamushinze. Aho igikorwa cerekeye ubwato kimariye kurangira, “isi ya kera amazi a[ra]yirengera, iratikira.” (2 Petero 3:6) Mugabo Nowa n’umuryango wiwe, “[a]bashika umunani, bākirijwe mu mazi.”—1 Petero 3:20.

13. Umukirisu akizwa ibiki biciye mu kubatizwa mu mazi?

13 Muri iki gihe, abiyegurira Yehova bishimikije ukwizera Kirisitu yazutse, barabatizwa bwa kimenyetso c’ukwo kwiyegura. Baraheza bagakora ivyo Imana igomba vyo muri iki gihe, kandi bakazorokoka isi mbi ya kino gihe. (Ab’i Galatiya 1:3, 4) Ntibazoba bakiraririye gusanganguranwa n’urunkwekwe rw’ibintu rubi rwa kino gihe. Bazorusimba kuri iryo sangangurwa bongere bahabwe n’Imana ijwi ryo mu mutima ritabagiriza. Intumwa Yohani arakura amazinda abasavyi b’Imana ati: “Isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.”—1 Yohana 2:17.

Kubaho Dushitsa Amabanga Tujejwe

14. Ni kuki ibatisimu ubwayo atari icemeza ko umuntu azokira?

14 Twoba twihenze tuvuze yuko ibatisimu ubwayo ari icemeza ko umuntu azokira. Igira agaciro igihe gusa umuntu yiyeguriye Yehova vy’ukuri biciye muri Yezu Kirisitu hanyuma agaca arangura ivyo Imana igomba, akaguma ari umwizerwa gushika kw’iherezo. “Uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira.”—Matayo 24:13.

15. (a) Imana igomba iki muri iki gihe ku Bakirisu babatijwe? (b) Ukuba umwigishwa mukirisu bikwiye kuba bihambaye gute mu buzima bwacu?

15 Mu vyo Imana yagomba kuri Yezu harimwo ukuntu yakoresha ubuzima bwiwe ari umuntu. Ubuzima bwiwe bwari ubwo gutangwa ngo bupfe kugira ngo bube inkuka. Ku bitwerekeye, imibiri yacu ibwirizwa gushikirizwa Imana, kandi tubwirizwa kubandanya tubaho twitanga mu gukora ivyo Imana igomba. (Abaroma 12:1, 2) Ntitwoba na gatoyi turiko turakora ivyo Imana igomba hamwe twoza turacishamwo n’ibigirankana tukigenza nk’uko isi idukikije yigenza, canke hamwe twoshingira ubuzima bwacu ku gukurikirana ibintu vy’ubwikunzi, tugakorera Imana bimwe vyo kwikurayo. (1 Petero 4:1-3; 1 Yohana 2:15, 16) Igihe Umuyuda umwe yabaza ico ategerezwa gukora kugira ngo azoronke ubuzima budahera, Yezu yaremeje icese ukuntu bihambaye kubaho runtu, umuntu adahumanye. Mugabo rero yaciye yerekana ikintu gihambaye mbere kuruta: na co ni ic’uko bikenewe kuba umwigishwa mukirisu, umuyoboke wa Yezu. Ivyo bitegerezwa kuba co kintu nyamukuru mu buzima. Ntigishobora gufata ikibanza ca kabiri ngo kize inyuma y’ivyo twishakira.—Matayo 19:16-21.

16. (a) Ni ibanga irihe Abakirisu bose bafise mu bijanye n’Ubwami? (b) Nk’uko vyagereranijwe ku rupapuro rw’116 n’117, uburyo bumwebumwe kirumara bwo gukora igikorwa c’Ubwami ni ubuhe? (c) Kugira uruhara n’umutima wacu wose muri ca gikorwa co gushinga intahe bitanga ikimenyamenya c’iki?

16 Birakwiye kwongera gushimikwako yuko mu vyo Imana yagomba kuri Yezu harimwo ugukora igikorwa gihambaye kijanye n’Ubwami bw’Imana. Yezu ubwiwe yari yagenywe ngo abe Umwami. Mugabo igihe yari kw’isi, yarashinze kandi intahe n’umwete ku bijanye n’Ubwami bw’Imana. Na twebwe dufise igikorwa c’ugushinga intahe nk’ico nyene dutegerezwa gukora, kandi turafise impamvu zikwiye zo kukigiramwo uruhara n’umutima wacu wose. Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye yuko dukenguruka ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, tukaba kandi twerekanye urukundo dufitiye abantu nkatwe. (Matayo 22:36-40) Tuba kandi twerekanye yuko twunze ubumwe n’abo dusangiye ugusenga kw’isi yose, abo bose bakaba ari abamamaji b’Ubwami. Twese hamwe, mu bumwe bukwiye kw’isi yose, turatera tuja imbere dutumbereye ubuzima budahera bwo mu karere ko kw’isi k’ubwo Bwami.

Ikiganiro c’Isubiramwo

• Ni amasano n’amatandukaniro ayahe ari hagati y’ibatisimu ya Yezu be n’ibatisimu yo mu mazi muri iki gihe?

• Bisigura iki kubatizwa “mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era”?

• Kubaho dushitsa amabanga tujejwe ajana n’ibatisimu ya gikirisu yo mu mazi birimwo ibiki?

[Amafoto ku rup. 116, 117]

UBURYO BUMWEBUMWE BWO KWAMAMAZA UBWAMI

Umuhana ku wundi

Ku ncuti

Ku bo dukorana

Ku bo twigana

Mu mayira

Mu gusubira kuraba abashimishijwe

Ku nyigisho za Bibiliya zo ku mihana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika