ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/7 rup. 26-30
  • Rwaruka, nimuhitemwo gukorera Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rwaruka, nimuhitemwo gukorera Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Muri iki gihe nta wuvuka yeguriwe Imana
  • Kurera mu guhana no mu guhanura bisobanura iki?
  • Yehova agutera akamo ngo wihitiremwo
  • Niwemere kugira ico uzobazwa
  • Ni igiki gituma wigiza inyuma ivy’ukubatizwa?
  • “Turajana”
  • Bavyeyi, mwoba muriko murafasha abana gutera intambwe yo kubatizwa?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Yemwe bakiri bato, mwoba mwiteguriye kubatizwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Abakiri bato boba bakwiye kubatizwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ibatisimu be n’ubucuti ugiranira n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/7 rup. 26-30

Rwaruka, nimuhitemwo gukorera Yehova

“Uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba”.​—YOSUWA 24:15.

1, 2. Ni ibatisimu izihe zitari zo zamye zigirwa mu madini y’abiyita abakirisu?

“NIMUREKE [abana] bacike abakirisu igihe babaye abashoboye kumenya Kirisitu”. Umwanditsi umwe yitwa Terituliyano ni we yanditse ayo majambo amaja mu mpera z’ikinjana ca kabiri mu gihe cacu. Yariko yiyamiriza ivy’ukubatiza inzoya, ivyariko birashinga imizi mu madini y’abakirisu b’abahuni yo mu gihe ciwe. Mu kwamirira kure ayo majambo ya Terituliyano be n’ivyo Bibiliya ivuga, umwe mu bitwa ko batanguje Ekeleziya yitwa Augusitino yavuze yuko ngo ibatisimu ihanagura ikirabagu ca ca caha c’inyanduruko kandi ko inzoya zipfa zitarabatizwa zitabwa mu muriro udahera. Iyo nyigisho yatumye hatsimbatara umugenzo wo kwihutira kubatiza inzoya zivutse.

2 Amadini menshi yo mu biyita abakirisu akundwa na benshi n’ubu aracabatiza inzoya. N’ikindi kandi, kuva kera hose, abategetsi be n’indongozi z’amadini bo mu bihugu vyitwa ko ari ivy’abakirisu barabatiza ku gahato abo bita abapagani bo mu bihugu baba bigaruriye. Yamara rero, kubatiza inzoya no kubatiza ku gahato abakuze ntibishingiye kuri Bibiliya.

Muri iki gihe nta wuvuka yeguriwe Imana

3, 4. Abana bafise abavyeyi basanzwe bariyeguriye Yehova, ni igiki gishobora kubafasha kumwiyegurira bavyishakiye?

3 Bibiliya iravuga yuko Imana ibona ko abana bakiri bato ari abera no mu gihe umwe gusa mu bavyeyi babo aba ari we mukirisu w’intahemuka (1 Ab’i Korinto 7:14). None vyoba bisobanura yuko abo bana baca baba abasavyi ba Yehova bamweguriwe? Haba n’intete! Yamara, abana barererwa mu miryango y’abavyeyi basanzwe bariyeguriye Yehova barigishwa bakongera bakamenyerezwa, ivyo bikaba bishobora gutuma abo bana biyegurira Yehova bavyishakiye. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo, yanditse ati: “Mwana wanje, itondere icagezwe ca so, kandi ntute ibgirizwa rya nyoko: . . . Bizokuja imbere ugenda, bizoguteramira usinziriye, bizoyāga nawe wikanguye. Kukw icagezwe ar’itara, kand’amabgirizwa ar’umuco, kand’uguhana kw’[“ugutozwa indero”, NW] ar’inzira y’ubu[zima]”.​—Imigani 6:20-23.

4 Ubuyobozi abavyeyi bakirisu batanga burashobora gukingira abana babo bakiri bato igihe bano bemeye kubukurikiza. Salomo yavuze kandi ati: “Umwana w’ubgenge anezereza se, arik’umwana w’igipfu ababaza nyina. Mwana wanje, wumvirize, ugire ubgenge, urōngōre umutima wawe mu nzira” (Imigani 10:1; 23:19). Yemwe rwaruka, kugira ngo muze mwungukire ku kwigishwa no ku kumenyerezwa n’abavyeyi, mutegerezwa kwemera n’umutima ukunze kugirwa inama, guhanurwa be no gutozwa indero na bo. Ntimuvuka muri inkerebutsi, yamara murashobora ‘kugira ubwenge’, ni ukuvuga kuba inkerebutsi, maze mugakurikira “inzira y’ubu[zima]” muvyishakiye.

Kurera mu guhana no mu guhanura bisobanura iki?

5. Ni impanuro iyihe Paulo yahaye abana na ba se?

5 Intumwa Paulo yanditse ati: “Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse. Wubahe so na nyoko: ico ni co cagezwe ca mbere kirimw’isezerano, kugira ng’uronke amahoro, urambire kw’isi. Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk[o “Yehova”, NW] agomba”.​—Abanyefeso 6:1-4.

6, 7. Kurera abana umuntu ‘abahanura uko Yehova agomba’ bisobanura iki, kandi ni kubera iki ivyo bidasobanura ko abavyeyi baba bariko bosha nabi abana babo?

6 Mbega abavyeyi bakirisu baba bariko barosha nabi abana babo igihe babarera ‘babahana babahanura uko Yehova agomba’? Habe namba. Hari uwonegura abavyeyi kubera yuko bigisha abana babo ivyo babona ko bibereye kandi bibagirira akamaro mu vy’ukwigenza runtu? Abahakanamana ntibanegurwa ngo ni uko bigisha abana babo yuko ata Mana iriho. Abo muri Ekeleziya Gatolika babona ko bategerezwa kurerera abana babo mu kwemera kwa Ekeleziya, kandi ni gake uzosanga babanegura iyo bagerageje kubigira. Ivyabona vya Yehova na bo nyene ntibari bakwiye kwagirizwa ngo bariko barigarurira ubwenge bw’abana babo igihe babigisha kubona ibintu nk’uko Yehova abibona mu bijanye n’inyigisho z’ukuri z’ishimikiro no mu bijanye n’ingingo ngenderwako zigenga ukwigenza runtu.

7 Igitabu kimwe c’inyizamvugo (Theological Dictionary of the New Testament) kivuga yuko ijambo ry’ikigiriki ryo mu ntango ryahinduwe ngo ‘uguhanura’ mu Banyefeso 6:4, ryerekeza ku bintu binaka bikorwa “mu ntumbero yo kubogora ubwenge, kugorora ibitagenda neza, kuryohora agatima umuntu afise mu bijanye n’ivy’Imana”. Vyogenda gute none nk’igihe uwukiri muto yanse kwigishwa n’abavyeyi biwe kubera akosho k’urunganwe, akishakira gukurikira agakuku? Hagati y’abo bavyeyi biwe be n’urwo runganwe rwiwe, ni nde yovugwa ko ariko aramwosha nabi? Mu gihe abo muri urwo runganwe rwiwe boba bariko baramwosha gufata ibiyayuramutwe, kunywa akarenza urugero canke kwisuka mu vy’ubuhumbu, wumva none umuntu yonegura abavyeyi hamwe bogerageza kubogora ukuntu umwana wabo abona ibintu bakongera bakamufasha kubona inkurikizi z’iyo nyigenzo irimwo akaga?

8. Ni mu buryo ubuhe Timoteyo yajijuwe?

8 Intumwa Paulo yandikiye wa musore Timoteyo ati: “Ugume mu vyo wize, ukavyizezwa, kuk’uzi abākwigishije: kand’uzi yuk’uhereye mu buto bgawe wamye uzi ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubgenge bgo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu” (2 Timoteyo 3:14, 15). Kuva Timoteyo akiri umwana mutoyi, nyina wiwe na inakuru baramufashije gushingira ukwizera kwiwe ku bumenyi bw’Ivyanditswe Vyeranda (Ivyakozwe n’intumwa 16:1; 2 Timoteyo 1:5). Mu nyuma, bamaze kuba abakirisu, ntibemeje Timoteyo ku nguvu, ariko ‘baramwijeje’, ni ukuvuga baramujijura, mu kumufasha kuzirikana neza ku bumenyi bwo mu Vyanditswe.

Yehova agutera akamo ngo wihitiremwo

9. (a) Yehova yaduteye iteka gute, kandi kubera iki? (b) Umwana w’ikinege w’Imana yakoresheje gute ubushobozi bwiwe bwo kwihitiramwo?

9 Yehova yari gushobora kuturema nk’ibimashini bigenewe gukora gusa ivyo agomba kandi bidashobora kwihitiramwo ivyo bikora. Ariko si ukwo yabigenjeje; yaraduteye iteka mu kuturemana ubushobozi bwo kwihitiramwo. Imana yacu ishaka ko tuyikorera tuvyishakiye. Irahimbarwa igihe itubona, twaba tukiri bato canke dukuze, turiko tuyikorera tubitumwe n’urukundo tuyikunda. Akarorero ntangere mu bijanye n’ukuyoboka ivyo Imana igomba umuntu abitumwe n’urukundo, ni ak’Umwana wayo w’ikinege, uwo Yehova yavuze ku bimwerekeye ati: “Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara” (Matayo 3:17). Uwo Mwana w’imfura yabwiye Se wiwe ati: “Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; mber’ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje”.​—Zaburi 40:8; Abaheburayo 10:9, 10.

10. Yehova ashima ko tumukorera tubitumwe n’iki?

10 Yehova yitega ko abamukorera bayobowe n’Umwana wiwe na bo nyene bayoboka ivyo agomba babikunze. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye mu buryo bw’ubuhanuzi ati: “Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; abasore bawe baza ah’uri nk’ikime, bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo” (Zaburi 110:3). Abagize ishirahamwe rya Yehova ryose uko ryakabaye, baba abo mw’ijuru canke abo kw’isi, bakora bayoboka ivyo agomba babitumwe n’urukundo.

11. Ni ihitamwo irihe urwaruka rurerewe mu miryango y’abavyeyi biyeguriye Imana rushobora kugira?

11 Ku bw’ivyo, mwebwe rwaruka murakwiye gutahura yuko, baba abavyeyi banyu canke abakurambere bo mw’ishengero, ata n’umwe azobahatira kubatizwa. Icipfuzo co gukorera Yehova gitegerezwa kuva muri mwebwe ubwanyu. Igihe kimwe Yosuwa yararemesheje Abisirayeli ‘gusaba [Yehova] mu vy’ukuri ata buryarya, uwo musi bakitoraniriza uwo bazosaba’, ni ukuvuga uwo bazokorera (Yosuwa 24:14-22). Na mwebwe nyene, ni mwe mutegerezwa kwihitiramwo kwiyegurira Yehova, ubuzima bwanyu bwose mukabuhebera gukora ivyo agomba.

Niwemere kugira ico uzobazwa

12. (a) Naho abavyeyi bashobora kwigisha abana babo, ni igiki badashobora kubakorera? (b) Ni ryari uwukiri muto atangura kugira ico abazwa na Yehova ku bijanye n’amahitamwo agira?

12 Dufate ko hageze aho mwebwe rwaruka mutagikingirwa n’ukudahemuka kw’abavyeyi banyu (1 Ab’i Korinto 7:14). Intumwa Yakobo yanditse ati: “Ūzi gukora neza ntabikore, bimubera icaha” (Yakobo 4:17). Abavyeyi ntibashobora gukorera Imana mu kibanza c’abana babo nk’uko nyene n’abana badashobora gukorera Imana mu kibanza c’abavyeyi babo (Ezekiyeli 18:20). Woba umaze kumenya ivyerekeye Yehova n’imigambi yiwe? Woba ukuze bihagije ku buryo ushobora gutahura neza ivyo umaze kwiga kandi ukaba ushobora wewe ubwawe gutangura kugiriranira ubucuti na we? Nimba ari ukwo biri, ntubona none ko vyoba bitegereka tuvuze yuko Imana ibona ko ushoboye gufata ingingo yo kuyikorera?

13. Ni ibibazo ibihe imiyabaga itarabatizwa vyoba vyiza yibajije?

13 Woba uri uwukiri muto atarabatizwa arerewe mu muryango w’abavyeyi basenga Imana, ukaba witaba amakoraniro ya gikirisu kandi ukaba ugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami? Nimba ari ukwo biri, niwibaze rero utibesha uti: ‘Ni kubera iki nkora ivyo vyose? Noba nitaba amakoraniro nkongera nkagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza kubera ko ivyo ari vyo abavyeyi banje banyitezeko, canke ndabikora kubera yuko nipfuza guhimbara Yehova?’. Wewe ubwawe woba umaze kwisuzumira neza ukamenya “ivy’Imana igomba, [ari] vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose”?​—Abaroma 12:2.

Ni igiki gituma wigiza inyuma ivy’ukubatizwa?

14. Ni uburorero ubuhe bwo muri Bibiliya bwerekana ko umuntu adakwiye kwigiza inyuma ivy’ukubatizwa ata mpamvu yumvikana ihari?

14 “Ikimbuza kubatizwa n’iki?” Umugabo w’Umunyetiyopiya yabajije ico kibazo wa mwamamazanjili Filipo ahejeje gutahura ko Yezu ari we Mesiya. Mugabo, uwo Munyetiyopiya yari asanzwe afise ubumenyi buhagije bw’Ivyanditswe ku buryo yatahuye ko adakwiye kwigiza inyuma ivyo kwerekana ku mugaragaro ko kuva ico gihe agiye gukorera Yehova ari uwo mu bagize ishengero rya gikirisu, kandi ivyo vyatumye agira umunezero mwinshi (Ivyakozwe n’intumwa 8:26-39). Umugore umwe yitwa Ludiya, aho amariye kwugururwa umutima “kugira ngw awushire ku vyo Paulo yavuga”, na we nyene ntiyatevye guca ‘abatizanywa’ n’abo mu nzu yiwe (Ivyakozwe n’intumwa 16:14, 15). Umurinzi umwe w’ibohero w’i Filipi na we nyene yarateze yompi Paulo na Sila igihe “bamubarira ijambo [“rya Yehova”, NW]” maze “aca arabatizwa, bo n’abiwe bose” (Ivyakozwe n’intumwa 16:25-34). Ku bw’ivyo rero, niba umaze kugira ubumenyi bw’ishimikiro ku vyerekeye Yehova n’imigambi yiwe, ukaba ufise icipfuzo kivuye ku mutima co gukora ivyo agomba, vyongeye ukaba wigenza neza mw’ishengero, witaba amakoraniro udahorereza kandi ukaba wama ugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami, wumva ari igiki none gituma wigiza inyuma ivy’ukubatizwa?​—Matayo 28:19, 20.

15, 16. (a) Ni iciyumviro ikihe kitari co gishobora gutuma abakiri bato bamwebamwe bigiza inyuma ivy’ukubatizwa? (b) Ukwiyegura n’ukubatizwa bishobora gute gukingira urwaruka?

15 Woba kumbure ugonanwa gutera iyo ntambwe ihambaye kubera ko utinya kuzogira ico ubazwa bishitse ukigenza nabi umaze kubatizwa? Niba ari ico kibigutera, zirikana kuri iki kintu: Mbega burya wokwanka gusaba urupapuro rwemeza yuko ushoboye gutwara umuduga ngo ni uko gusa utinya kuzohava ugira isanganya umaze kururonka? Oya na we nu! No ku vyerekeye ukubatizwa ni kwo kw’ukwo; ntukwiye kugonanwa kubatizwa niba ukwije ibisabwa. Mu vy’ukuri, niwegurira ubuzima bwawe Yehova ukemera gukora ivyo agomba, bizotuma ugira umwiyemezo ukomeye wo gukora uko ushoboye kwose kugira ngo wirinde gukora ikibi (Ab’i Filipi 4:13). Yemwe rwaruka, ntimwiyumvire yuko kwigiza inyuma ivy’ukubatizwa bituma mutagira ico mubazwa. Igihe umaze kuba umuntu ashoboye kwifatira ingingo, uragira ico ubazwa na Yehova ku bijanye n’ivyo ukora, waba warabatijwe canke utarabatizwa.​—Abaroma 14:11, 12.

16 Ivyabona benshi bo hirya no hino kw’isi barabona ko ingingo bafashe yo kubatizwa bakiri bato yabafashije cane. Fata nk’akarorero Icabona umwe w’imyaka 23 wo mu gihugu co mu Buraya bwo mu Burengero. Avuga ko kuba yabatijwe agifise imyaka 13 vyamuvyuriye umutima wo kwiyubara kugira ngo ntatwarwe n’“ukwipfuza kw’ubusore” (2 Timoteyo 2:22). Kuva akiri muto, yari yishingiye umugambi wo kuzoba umusuku w’igihe cose. Muri iki gihe, arahimbawe no kuba asukurira ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova. Hari imihezagiro myinshi cane irindiriye urwaruka rwose ruhitamwo gukorera Yehova, nawe urimwo.

17. Ni mu mice iyihe itandukanye bisaba ko umuntu atahura ‘ivyo Yehova agomba’ ivyo ari vyo?

17 Igihe twiyeguye maze tukabatizwa, tuba twerekanye ko dutanguye kubaho twisunga ivyo Yehova agomba mu vyo dukora vyose. Kubaho twisunga ukwiyegura kwacu birimwo no ‘kwicungurira umwanya’. Uti tuwicungurira gute? Mu gufata uwo twokoresheje mu bintu bitagira akamaro tukawukoresha mu kwiyigisha Bibiliya tubigiranye ubwira, mu kwitaba amakoraniro tudahorereza no mu kugira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwamamaza “ubutumwa bgiza bg’ubgami” (Abanyefeso 5:15, 16, NW; Matayo 24:14). Ukwiyegurira Yehova kwacu be n’icipfuzo dufise co gukora ivyo agomba bizotugirira akamaro mu buzima bwacu bwose, ushizemwo no mu bijanye n’ukwisamaza, ibijanye n’ugufungura be n’ukunywa, hamwe no mu bijanye n’imiziki twumviriza. Ubona gute uhisemwo uburyo bwo kwisamaza buzokwama bukunezereza ibihe bidahera? Ivyabona bakiri bato bahimbawe ibihumbi n’ibihumbi bazokwereka uburyo bwiza butandukanye ushobora kwinezerezamwo, kandi muri ico gihe nyene ukaguma mu ‘vyo Yehova agomba’.​—Abanyefeso 5:17-19.

“Turajana”

18. Ni ibibazo ibihe urwaruka rukwiye kwibaza?

18 Kuva mu 1513 B.G.C. gushika ku musi wa Pentekote yo mu 33 G.C., Yehova yari afise ngaha kw’isi igisata c’abantu cungunganijwe yitoranirije kugira ngo bamusenge bongere babe ivyabona vyiwe (Yesaya 43:12). Abakiri bato b’Abisirayeli bavukira muri iryo hanga yitoranirije. Kuva kuri uwo musi wa Pentekote, Yehova arafise kw’isi “ihanga” rishasha, ari ryo Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, abayigize bakaba ari “ubgoko bg’izina ryayo” (1 Petero 2:9, 10; Ivyakozwe n’intumwa 15:14; Ab’i Galatiya 6:16). Intumwa Paulo avuga yuko Kirisitu yihumanuriye “ubgoko ngo b[u]be icibare ciwe, b[u]rwane ishaka ry’ibikorwa vyiza” (Tito 2:14). Yemwe rwaruka, murafise uburenganzira bwo kwirabira ubwanyu aho abo bantu mushobora kubasanga. Ni bande muri iki gihe bagize “ihanga rigororoka rikitondera ivy’ukuri”, babaho bahuza n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, bakora ari Ivyabona vya Yehova b’intahemuka kandi batangaza ko Ubwami bwiwe ari bwo bwonyene abantu bakwiye kwizigira (Yesaya 26:2-4)? Nimwihweze mu madini y’abiyita abakirisu be no mu yandi, maze mugereranye ukuntu bigenza be n’ukuntu Bibiliya isaba ko abasavyi b’Imana b’ukuri bokwigenza.

19. Ni igiki abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi bajijutseko?

19 Hirya no hino kw’isi, hariho abantu amamiliyoni, ushizemwo n’urwaruka rwinshi, bajijutse ko amasigarira y’abasizwe y’Ivyabona vya Yehova ari bo bagize iryo “hanga rigororoka”. Abo bantu amamiliyoni babwira abo Bisirayeli bo mu buryo bw’impwemu bati: “Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe” (Zekariya 8:23). Mu vy’ukuri, turizigiye yuko mwebwe urwaruka muzofata ingingo yo kuba abasavyi b’Imana kandi ico ni co dusenga dusaba. Gutyo muzoba ‘muhisemwo ubuzima’, ubwo na bwo bukaba ari ubuzima bw’ibihe bidahera mw’isi nshasha ya Yehova.​—Gusubira mu vyagezwe 30:15-20; 2 Petero 3:11-13.

[Isubiramwo

• Kurera mu guhana no mu guhanura bisobanura iki?

• Yehova ashima ko tumukorera tubitumwe n’iki?

• Ni ihitamwo irihe urwaruka rwose rurerewe mu miryango y’abavyeyi biyeguriye Imana rushobora kugira?

• Ni kubera iki utokwigiza inyuma ivy’ukubatizwa ata mpamvu yumvikana ihari?

[Ifoto ku rup. 26]

Wewe uzokwumvira nde?

[Ifoto ku rup. 28]

Ukwiyegura n’ukubatizwa bishobora gute kugukingira?

[Ifoto ku rup. 29]

Ni igiki kikubuza kubatizwa?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika