ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/7 rup. 18-22
  • Bavyeyi, Akarorero Mutanga Koba Kigisha Iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bavyeyi, Akarorero Mutanga Koba Kigisha Iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Akarorero Kosha
  • Ico Akarorero Dutanga Gashobora Kwigisha
  • Gutanga Akarorero mu vy’Ugusoma Bibiliya kwa Misi Yose
  • Kwubaka Urugo Rukomeye mu vy’Impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Bavyeyi, nimuronse umuryango wanyu ivyo ukeneye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Nimwigishe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/7 rup. 18-22

Bavyeyi, Akarorero Mutanga Koba Kigisha Iki?

“Mwīgāne Imana, nk’abana ikunda. Kandi mugendere mu rukundo.”—ABANYEFESO 5:1, 2.

1. Ni ubuyobozi nyabaki Yehova yahaye umugabo n’umugore ba mbere?

YEHOVA ni we yatanguje indinganizo y’ivy’umuryango. Umuryango uwo ari wo wose wabayeho bivuye kuri we kubera ko ari we yashinze umuryango wa mbere, agaha umugabo n’umugore ba mbere ububasha bwo kurondoka. (Abanyefeso 3:14, 15) Yarahaye Adamu na Eva amabwirizwa y’ishimikiro yerekeye amabanga bari bashinzwe yongera abarekera uburyo buhagije bwo gushobora kwibwiriza mu kuyarangura. (Itanguriro 1:28-30; 2:6, 15-22) Adamu na Eva bamaze gucumura, ibintu imiryango yabwirizwa guhangana na vyo vyaciye birushiriza kugora. Mugabo, Yehova mu rukundo rwiwe yaratanze inyobozo zofashije abasavyi biwe kumenya uko bavyifatamwo.

2. (a) Ni mu buryo ki Yehova yakomeje impanuro yanditswe akoresheje amabwirizwa yo ku munwa? (b) Ni ikibazo ikihe abavyeyi bakwiye kwibaza?

2 Kubera ko ari we Mwigisha wacu Mukuru, Yehova yaragize n’ibindi vyinshi atari gusa ugutanga amabwirizwa yanditswe yerekeye ivyo dukwiye gukora n’ivyo dukwiye kwirinda. Mu bihe vya kera yakoresha amabwirizwa yanditswe hamwe n’ayatangwa ku munwa biciye ku baherezi no ku bahanuzi hamwe no kuri ba serugo. Ni ba nde ariko arakoresha muri iki gihe mu vy’ugutanga mwene iyo nyigisho yo ku munwa? Ni abakurambere hamwe n’abavyeyi b’Abakirisu. Nimba uri umuvyeyi, woba uriko urarangura uruhara rwawe mu kwigisha umuryango wawe mu nzira za Yehova?—Imigani 6:20-23.

3. Ba serugo bashobora kwigira iki kuri Yehova ku vyerekeye ukwigisha mu buryo kirumara?

3 None inyigisho mwene iyo yotangwa gute mu muryango? Yehova aratanga icitegererezo. Aravuga atomoye iciza n’ikibi ico ari co, kandi akaza arabisubiramwo yihanganye. (Kuvayo 20:4, 5; Gusubira mu Vyagezwe 4:23, 24; 5:8, 9; 6:14, 15; Yosuwa 24:19, 20) Arakoresha ibibazo bishika ku mutima. (Yobu 38:4, 8, 31) Akoresheje ibigereranirizo hamwe n’uburorero bw’ivyabaye vy’ukuri, aravyura inyiyumvo zacu kandi akabumba imitima yacu. (Itanguriro 15:5; Daniyeli 3:1-29) Bavyeyi, igihe mwigisha abana banyu, mwoba mugerageza kwigana ico citegererezo?

4. Ni igiki twigira kuri Yehova ku vyerekeye ugutanga igihano, kandi ni kuki igihano ari ica nkenerwa?

4 Yehova arashikama ku bigororotse, ariko aratahura ico agasembwa kadukoreye. Imbere rero y’uko ahana, arabanza akigisha abantu b’abanyagasembwa, akababurira kandi akabibutsa incuro nyinshi. (Itanguriro 19:15, 16; Yeremiya 7:23-26) Igihe atanze igihano, abigira ku rugero rwiza, ntasesereza. (Zaburi 103:10, 11; Yesaya 28:26-29) Nimba ukwo ari ko dufata abana bacu, vyerekana ko tuzi Yehova, kandi rero na bone bizoborohera gushika ku kumumenya.—Yeremiya 22:16; 1 Yohana 4:8.

5. Abavyeyi bashobora kwigira iki kuri Yehova ku vyerekeye ugutega ugutwi?

5 Igishimishije bimwe bitangaje, Yehova atega ugutwi nk’Umuvyeyi w’umunyarukundo wo mw’ijuru. Ntapfa gusohora amategeko. Araturemesha ngo tumurundumurire umutima wacu. (Zaburi 62:8) Kandi no mu gihe inyiyumvo duserura zitagororotse nk’uko ashaka, ntaca aturagara adukankamira ari mw’ijuru. Aratwigisha yihanganye. Ese rero ukuntu impanuro intumwa Paulo yatanze ibereye, iyigira iti: “Mwīgāne Imana, nk’abana ikunda”! (Abanyefeso 4:31–5:1) Ese akarorero keza Yehova aha abavyeyi igihe barondera kwigisha abana babo! Ni akarorero kadushika ku mutima kandi kagatuma dushaka kugendera mu nzira y’ubuzima ishimwa na we.

Ukuntu Akarorero Kosha

6. Inyifato y’abavyeyi be n’akarorero batanga vyosha gute abana babo?

6 Turetse inyigisho yo ku munwa, akarorero karosha rwose abakiri bato. Abavyeyi babikunda canke batabikunda, abana babo bazobigana. Abavyeyi boshobora guhimbarwa—canke rimwe na rimwe bakababara—igihe bumvise abana babo bavuga ibintu bo ubwabo bavuze. Igihe ukuntu abavyeyi bigenza hamwe n’agatima bafise bigaragaza ko bashima rwose ibintu vy’umutima, ivyo birakora iciza ku bana.—Imigani 20:7.

7. Ni akarorero ka kivyeyi akahe Yefuta yahaye umwigeme wiwe, hanyuma bivamwo iki?

7 Ico akarorero ka kivyeyi gashobora gukora kirerekanwa neza muri Bibiliya. Yefuta, uwakoreshejwe na Yehova ngo arongore Isirayeli gushika itsinze Abamoni, na wene yari umuvyeyi. Inyishu yahaye umwami w’Abamoni irerekana yuko Yefuta ategerezwa kuba yari yarasomye kenshi inkuru y’ivyo Yehova yagiranye na Isirayeli. Yarashoboye gusubiramwo iyo nkuru adasobwa, kandi yarerekanye ko yizera Yehova bimwe bikomeye. Ntitwokeka ko akarorero yatanze kafashije umwigeme wiwe gutsimbataza kwa kwizera hamwe na ka gatima yagaragaza ko kwiyima mu kwemera gutangura umurimo yakoze ubuzima bwiwe bwose ari umusiribateri yihebeye Yehova.—Abacamanza 11:14-27, 34-40; gereranya na Yosuwa 1:8.

8. (a) Ni inyifato nziza iyihe abavyeyi ba Samweli bagaragaje? (b) Ivyo vyunguye iki Samweli?

8 Samweli yarabaye umwana w’intangakarorero be n’umuhanuzi w’umwizigirwa ku Mana mu buzima bwiwe bwose. Woshima none ko abana bawe bamera nka we? Suzuma akarorero katanzwe n’abavyeyi ba Samweli, ari bo Elukana na Hana. Naho mu rugo rwabo hatabura utugorane, ntibahengeshanya kuduga i Shilo gusenga, ahantu hari hashizwe ihema ryeranda. (1 Samweli 1:3-8, 21) Ico womenya ni uko inyiyumvo Hana yasengana zari izigera kure. (1 Samweli 1:9-13) Bompi babona yuko gushitsa isezerano iryo ari ryo ryose bagize ku Mana ari ikintu gihambaye. (1 Samweli 1:22-28) Akarorero keza batanze nta gukeka karafashije Samweli gutsimbataza kamere zatumye ashobora gukurikirana ingendo nziza, n’igihe nyene abantu bavuga ko bakorera Yehova bari bamukikuje batubaha na mba inzira z’Imana. Mu nyuma, Yehova yashinze Samweli ibanga ryo kuba umumenyeshakazoza wiwe.—1 Samweli 2:11, 12; 3:1-21.

9. (a) Ni ibintu ibihe vyabera i muhira vyakoze iciza kuri Timoteyo? (b) Timoteyo yavuyemwo umuntu ameze gute?

9 Woshima ko umwana wawe amera nka Timoteyo, uwifatanije n’intumwa Paulo igihe yari umusore? Se wa Timoteyo ntiyari yizeye, ariko nyina wiwe na inakuru baratanze akarorero keza k’ugushima ibintu vy’Imana. Ivyo ntivyabuze gufasha mu vy’ugushingira Timoteyo umushinge mwiza w’ukubaho rukirisu. Tubwirwa ko nyina wiwe Ewunike, hamwe na inakuru Lowisi, bari bafise “ukwizera kutar’ukw’uburyarya.” Ubuzima bwabo bwa gikirisu ntibwari ubw’ukwiyorobeka; mu vy’ukuri babaho bisunga ivyo bemera, kandi barigishije umusore Timoteyo kugenza nk’ukwo nyene. Timoteyo yaragaragaje ko ari umwizigirwa kandi akitaho vy’ukuri ineza y’abandi yo mu buryo bw’impwemu.—2 Timoteyo 1:5; Ab’i Filipi 2:20-22.

10. (a) Ni uturorero two hanze y’urugo utuhe dushobora kugira ico dukoze ku bana bacu? (b) Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe utwo twosho twigaragaje mu mvugo canke mu nyifato y’abana bacu?

10 Uturorero tugira ico dukoze ku bana twose si utwo mu rugo gusa. Hariho abana bigana kw’ishure, abigisha bakora igikorwa co kubumba ubwenge bw’abakiri bato, abantu usanga biyumvira ko vyanse bikunze umuntu wese akwiye gukurikiza imigenzo ishinze imizi mu kabira kabo canke mu bantu baho, ba rurangiranwa mu vy’inkino usanga ivyo bashitseko bivugangwa henshi, hamwe n’abatwara usanga inyifato yabo ivugwa mu makuru. Hari n’abana amamiliyoni baherejwe ubunyamaswa bukorwa mu ndwano. None twotangara nk’igihe utwo twosho twokwibonekeza mu mvugo canke mu nyifato z’abana bacu? None igihe twibonekeje twoba tuvyifatamwo gute? Mbega kubakankamira tukabababaza canke tukabacucagira amajambo menshi akaze woba ari wo muti w’iyo ngorane? Aho guca tubajako tudatevye, ubwo ntivyoba vyiza twibajije duti: ‘Mu kuntu Yehova agirana ibintu natwe hoba hariho icodufasha gutegera ukuntu ibi bintu twovyifatamwo?’—Gereranya n’Abaroma 2:4.

11. Igihe abavyeyi bakoze amakosa, ivyo vyoshobora gukora iki ku gatima k’abana babo?

11 Birumvikana, abavyeyi b’abanyagasembwa ntibazokwama batunganya ibintu mu buryo bwiza buhebuje. Bazokora amakosa. None igihe abana babibonye, vyoba bizoca bibakuramwo icubahiro bari bafitiye abavyeyi babo? Vyoshoboka, canecane igihe abavyeyi bagerageza kwiyobagiza amakosa yabo bwite mu kubaryagagura babereka ububasha bafise. Ariko ibintu vyogenda ukundikundi cane abavyeyi bicishije bugufi kandi bakiyemerera amakosa yabo. Muri ivyo, barashobora gutanga akarorero ngirakamaro abana babo bokurikiza, bo bakeneye kubigana.—Yakobo 4:6.

Ico Akarorero Dutanga Gashobora Kwigisha

12, 13. (a) Abana bakeneye kwiga iki ku vyerekeye urukundo, kandi ivyo bishobora gute kwigishwa mu buryo kirumara kuruta? (b) Ni kuki bihambaye yuko abana biga ivyerekeye urukundo?

12 Hariho ivyigwa vyinshi vy’ingirakamaro bishobora kwigishwa mu buryo kirumara kuruta igihe inyigisho yo ku munwa yuhirwa n’akarorero keza. Reka turabemwo bikeyi.

13 Kugaragaza urukundo rutikwegerako: Kimwe mu vyigwa bihambaye kuruta bikomezwa n’akarorero ni insobanuro y’urukundo. “Twebge tugira urukundo, kukw ari [Imana] yabanje kudukunda.” (1 Yohana 4:19) Imana ni yo Soko ry’urukundo ikaba na karorero ruheta karwo. Urwo rukundo rushingiye ku ngingo, ari rwo a·gaʹpe, ruravugwa muri Bibiliya incuro zirenga 100. Ni kamere iranga Abakirisu b’ukuri. (Yohana 13:35) Mwene urwo rukundo rugirirwa Imana na Yezu Kirisitu, n’abantu kandi bakarugiriranira, tukanarugirira n’abantu twoba tudafitiye igishika cinshi. (Matayo 5:44, 45; 1 Yohana 5:3) Urwo rukundo rutegerezwa kuba mu mitima yacu hanyuma rukagaragarira mu buzima bwacu imbere y’uko dushobora kurwigisha neza abana bacu. Imvugo irutwa n’ingiro. Mu muryango, abana barakeneye kubona no kugaragarizwa urukundo, n’izindi kamere zijanye na rwo, nk’igishika. Ivyo bintu bitahari, umwana ntakura neza ku mubiri, mu bwenge no mu mutima. Abana kandi barakeneye kubona ukugene mu buryo bubereye urukundo n’igishika bigaragarizwa abandi Bakirisu batari abo mu muryango wabo.—Abaroma 12:10; 1 Petero 3:8.

14. (a) Abana bashobora gute kwigishwa gukora igikorwa ciza kimara akanyota? (b) Ivyo bishobora kugirwa gute mu biraba urugo rwawe?

14 Kwiga uburyo bwo gukora: Igikorwa ni umuce ngenderwako w’ubuzima. Kugira umuntu yumve ko ari n’ico amaze, birakenewe ko yiga gukora igikorwa ciza. (Umusiguzi 2:24; 2 Ab’i Tesalonike 3:10) Mu gihe umwana ahabwa udukorwa ntamenyeshwe neza ukuntu yodukora hanyuma maze agahambarirwa kuba atadukoze neza, bisa n’uko atazomenya gukora igikorwa ciza. Ariko igihe abana bize mu gukorana vy’ukuri n’abavyeyi babo kandi bagakezwa mu buryo bubereye, birashoboka rwose ko biga gukora igikorwa kimara akanyota. Mu gihe akarorero k’abavyeyi kuhiriwe n’ivyo babasobanurira, abo bana ntiboshobora kumenya kurangura igikorwa vyonyene, ariko kandi bokwiga ukuntu bosimba intambamyi, ukuntu bokwumira ku gikorwa gushika giheze, hamwe n’uburyo bwo kuzirikana no gufata ingingo. Gutyo barashobora gufashwa gutahura yuko na Yehova akora, agakora igikorwa ciza, be n’uko Yezu yigana Se wiwe. (Itanguriro 1:31; Imigani 8:27-31; Yohana 5:17) Nimba abagize urugo ari abarimyi canke bacuruza utuntu, bamwebamwe muri uwo muryango barashobora gukorera hamwe. Canke kumbure inarugo ashobora kwigisha umuhungu wiwe canke umwigeme wiwe gukinjika no kwoza ivyombo inyuma yo gufungura. Umuvyeyi akorera akazi kure y’i muhira arashobora gutegekanya gukorera utuntu i muhira ari kumwe n’abana biwe. Ese ukuntu bivamwo ivyiza igihe abavyeyi batazirikana gusa ivy’uko ibikorwa bihari bikorwa, ariko bagafasha abana kugira bazoshobore kwitunga mu buzima!

15. Ivyigwa vyerekeye ukwizera bishobora kwigishwa mu buryo ubuhe? Tanga akarorero.

15 Ukugumya ukwizera igihe dushikiwe n’ivyago: Ukwizera na kwo nyene ni umuce ngirakamaro w’ubuzima bwacu. Igihe tuganira ivy’ukwizera mu nyigisho y’umuryango, abana boshobora kwiga gusigura ico ari co. Boshobora kandi kumenya ibintu bituma ukwizera gutangura gukura mu mitima yabo. Mugabo mu gihe babona abavyeyi babo bagaragaza ukwizera kutanyiganyiga imbere y’ibigeragezo bikaze, bishobora kuzobagirira akamaro mu buzima bwabo bwose. Hari umwigishwa wa Bibiliya wo muri Panama umugabo wiwe yakangisha kuzomwirukana mu nzu hamwe atohagarika gukorera Yehova. Mugabo, uwo mugore ari kumwe n’abana biwe batobato bane, yagumye agira urugendo rw’ibirometero 16 n’amaguru hanyuma agaca afata ibisi ikamujana ibindi birometero 30 kugira ngo ashikire Ingoro y’Ubwami imuri hafi. Abantu bashika nka 20 bo mu muryango iwabo bararemeshejwe n’ako karorero, barinjira mu nzira y’ukuri.

Gutanga Akarorero mu vy’Ugusoma Bibiliya kwa Misi Yose

16. Ni kuki dusabwa gusoma Bibiliya mu muryango ku musi ku musi?

16 Umwe mu migenzo y’akamaro ntangere umuryango uwo ari wo wose ushobora gushinga—ukaba ari umugenzo wogira ico wunguye abavyeyi kandi ukabera abana akarorero bokwigana—ni ugusoma Bibiliya kudahorereza. Nimba bishoboka, ntihagire umusi urengana atatwo musomye muri Bibiliya. Gusoma vyinshi si co gihambaye kuruta. Ahubwo uguhozako hamwe n’uburyo bigirwa ni vyo bihambaye kuruta. Ku bana, ugusoma Bibiliya kwoshobora kwongerezwako ukwumviriza amakaseti ya ca gitabu citwa Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya nimba ayo makaseti ariho mu rurimi rw’iwanyu. Gusoma mw’Ijambo ry’Imana ku musi ku musi biradufasha kuguma dushize ivyiyumviro vy’Imana mu kibanza ca mbere. Kandi mu gihe ugusoma Bibiliya mwene ukwo kutagirwa na bamwebamwe gusa, ariko kukaganirwa n’abagize umuryango bose, ivyo birashobora gufasha ingo uko zinganangana zikagendera mu nzira za Yehova. Ako kamenyero ni ko karemeshejwe kuri ya Materaniro yataziriwe ngo “Inzira y’Ubuzima Ishimwa n’Imana,” muri ya daramu yari itaziriwe ngo Yemwe Miryango—Ugusoma Bibiliya Imisi Yose Nimukugire Inzira Yanyu y’Ubuzima!—Zaburi 1:1-3.

17. Ugusoma Bibiliya mu muryango hamwe n’ugufata ku mutwe ivyanditswe nyamukuru bifasha gute mu vyo gushira mu ngiro impanuro iri mu Banyefeso 6:4?

17 Kuza turasoma Bibiliya mu muryango birahuye n’ivyo intumwa Paulo yanditse mw’ikete ryahumetswe yandikiye Abakirisu b’i Efeso, akababwira ati: “Ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’Umwami wacu agomba.” (Abanyefeso 6:4) Ivyo bisobanura iki? ‘Guhanūra’ urudome ku rundi vyasigura “ugushira umuzirikanyi mu”; uca wumva rero ko ba serugo b’Abakirisu baremeshwa gushira umuzirikanyi wa Yehova Imana mu bana babo—kugira bafashe abana kumenya ivyiyumviro vy’Imana. Kuremesha abana ngo bafate ku mutwe ivyanditswe nyamukuru birashobora kubafasha kubishikako. Ico turondera ni ugutuma ivyiyumviro vya Yehova biyobora ukwiyumvira kwa nya bana, kugira ngo ivyipfuzo vyabo n’ukuntu bigenza buhorobuhoro bizohave bigaragaza ingingo ngenderwako z’Imana abavyeyi baba bari kumwe n’abana babo canke batari kumwe. Bibiliya ni ryo shingiro ry’ukwiyumvira mwene ukwo.—Gusubira mu Vyagezwe 6:6, 7.

18. Igihe dusoma Bibiliya, ni igiki gishobora kuba gikenewe kugira ngo (a) tuyitahure mu buryo butomoye? (b) twungukire ku mpanuro irimwo? (c) twakire neza ivyo ivuga ku vyerekeye umugambi wa Yehova? (d) twungukire ku vyo ivuga ku vyerekeye nyifato z’abantu no ku vyo bakora?

18 Birumvikana, nimba dushaka ko Bibiliya igira ico ihinduye mu buzima bwacu, turakeneye gutahura ivyo ivuga. Ku batari bake ivyo vyobasaba kuza barasoma uduhimbahimba twayo akatari gake. Kugira ngo twumve ico imvugo zimwezimwe zisobanura ata kaducitse, twoshobora gukenera kurondera insobanuro z’amajambo mu nyizamvugo canke muri ca gitabu Étude perspicace des Écritures. Nimba ico canditswe kirimwo impanuro canke ibwirizwa, nimufate akanya muganire ku bintu bituma muri iki gihe iba iyibereye. Maze mushobora kwibaza muti: ‘None gushira mu ngiro iyi mpanuro bishobora kutwungura iki?’ (Yesaya 48:17, 18) Mu gihe nya canditswe kiriko kivuga ivyerekeye umuce kanaka w’umugambi wa Yehova, nimwibaze muti: ‘Mbega ibi vyerekeye gute ubuzima bwacu?’ Kumbure muriko murasoma inkuru ivuga ivy’inyifato y’abantu be n’ivyo bakoze. Ni ibiki vyari bibabangamiye mu buzima? None ivyo bavyifashemwo gute? Dushobora gute kwungukira ku karorero kabo? Murama nantaryo mufata umwanya wo kuganira ico iyo nkuru ivuze mu buzima bwacu muri iki gihe.—Abaroma 15:4; 1 Ab’i Korinto 10:11.

19. Nitwaba abigana Imana, tuzoba turiko turaronsa abana bacu iki?

19 Ese ukuntu ubwo ari uburyo bwiza bwo gutuma ivyiyumviro vy’Imana vyiyandika mu mizirikanyi no mu mitima yacu! Gutyo tuzofashwa vy’ukuri gucika ‘abigana Imana, nk’abana ikunda.’ (Abanyefeso 5:1) Tuzotanga kandi akarorero vy’ukuri abana bacu bakwiye kwigana.

◻ Abavyeyi bashobora gute kwungukira ku karorero Yehova atanga?

◻ Ni kuki ukwigisha abana ku munwa bitegerezwa kwuhirwa n’akarorero keza abavyeyi batanga?

◻ Ni ivyigwa bimwebimwe ibihe vyigishwa mu buryo ntangere n’akarorero abavyeyi batanga?

◻ Dushobora gute kwungukira bimwe vyuzuye ku gusoma Bibiliya mu muryango?

[Ifoto ku rup. 20]

Benshi baranezererwa ugusoma Bibiliya mu muryango

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika