Yehova ‘araha impera abamurondera’
“Uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera”.—ABAHEBURAYO 11:6.
1, 2. Ni ibiki vyohava bituma abasavyi ba Yehova bamwebamwe biyumvamwo yuko batabereye?
“MAZE imyaka yababa 30 ndi Icabona ca Yehova, mugabo sindigera niyumvamwo yuko iryo zina ndarikwiye. Naho nabaye umutsimvyi nkaba naratewe n’utundi duteka twinshi, nta na kamwe muri two mbona yuko gahagije ku buryo konyemeza mu mutima wanje yuko iryo zina ndarikwiye”. Ukwo ni ko uwitwa Barbara yavuzea. Uwitwa Keith na we araserura ivyiyumviro nk’ivyo. Avuga ati: “Vyarashika nkumva ko ntabereye kubera yuko abasavyi ba Yehova bafise imvo nyinshi zo guhimbarwa, mugabo jewe nkaba ntari mpimbawe. Ivyo vyatumye numva niyagirije, bikaba ata kindi vyamarira atari ukwunyura ibintu”.
2 Abasavyi ba Yehova b’intahemuka batari bake, abo mu bihe vya kera n’abo muri iki gihe, barumvise bamerewe nk’ukwo nyene. Woba na wewe warigeze kwumva umerewe gutyo? Ushobora kuba uriko urashikirwa n’ingorane zikurakuranwa, mu gihe abo musangiye ukwizera bobo basa n’abamerewe neza, ata ngorane bafise kandi bahimbawe. Ivyo vyoshobora gutuma wiyumvamwo yuko udashimwa na Yehova canke utabereye gutoneshwa na we. Ntiwihutire gushika kuri ico ciyumviro. Bibiliya idukura amazinda iti: ‘Yehova ntiyagaye canke ngo yanke urunuka amarushwa y’umurushwa, kandi ntiyamuhishije mu nyonga hiwe: ariko amutakambiye, yaramwumvise’ (Zaburi 22:24). Ayo majambo y’ubuhanuzi yerekeye Mesiya arerekana ko Yehova atumva gusa abasavyi biwe b’intahemuka, mugabo kandi yuko abaha impera.
3. Ni kubera iki dushikirwa n’imikazo yo muri uru runkwekwe rw’ibintu?
3 Nta muntu n’umwe adashikirwa n’imikazo yo muri uru runkwekwe rw’ibintu, eka mbere n’abasavyi ba Yehova irabashikira. Tuba mw’isi iganzwa na wa mwansi nyamukuru wa Yehova, ari we Shetani wa Mucokoranyi (2 Ab’i Korinto 4:4; 1 Yohana 5:19). Aho kugira ngo abasavyi ba Yehova bakingirwe mu buryo bw’igitangaro, ni bo canecane Shetani arondera (Yobu 1:7-12; Ivyahishuriwe 2:10). Ku bw’ivyo, imbere y’uko igihe Imana yashinze co gukuraho ingorane gishika, turakeneye ‘kwihanganira amagorwa’ no ‘gushishikara gusenga’, twizigiye yuko Yehova atubabara (Abaroma 12:12). Ntidukwiye kureka ngo hagire ikintu gituma twiyumvira yuko Imana yacu Yehova itadukunda.
Uburorero bwa kera bw’abantu bihanganye
4. Tanga uburorero bumwebumwe bw’abasavyi ba Yehova b’intahemuka bihanganiye ibintu bibabaje.
4 Abasavyi ba Yehova benshi bo mu bihe vya kera babwirijwe kwihanganira ibintu bibabaza. Nk’akarorero, Hana yari n’“intuntu” kubera ko ata kana yari afise, akaba yafata ko bisa no guhebwa n’Imana (1 Samweli 1:9-11). Igihe Eliya yariko arahigwa na wa Mwamikazi w’umwicanyi Yezebeli, yaragize ubwoba maze asenga Yehova ati: “Ewe Uhoraho, ivyanje ni bigarukire hano: ntabara unkūreho, kuko ntaruta ba sogokuruza” (1 Abami 19:4). Intumwa Paulo na we ategerezwa kuba yumva ko aremerewe cane n’uko ari umunyagasembwa igihe yiyemerera ati: “Naho ngomba gukora iciza, ikibi kibana nanje”. Yongeyeko ati: “Ewe jewe ndagowe!”.—Abaroma 7:21-24.
5. (a) Hana, Eliya na Paulo baronse impera gute? (b) Ijambo ry’Imana rishobora kuduhumuriza gute mu gihe turiko turanyinyana n’inyiyumvo zica intege?
5 Ego ni ko, turazi yuko Hana, Eliya na Paulo bose bihanganye mu murimo wa Yehova, bituma Yehova abaha impera nini (1 Samweli 1:20; 2:21; 1 Abami 19:5-18; 2 Timoteyo 4:8). Naho ari ukwo, baranyinyanye n’inyiyumvo z’ubwoko bwose zishikira abantu, harimwo intuntu, ukwihebura be n’ubwoba. Ntibikwiye kudutangaza rero bishitse tukagira inyiyumvo zica intege. Ariko none wokora iki mu gihe amaganya yo mu buzima atumye wibaza nimba Yehova agukunda koko? Urashobora guhumurizwa n’Ijambo ry’Imana. Nk’akarorero, mu kiganiro c’imbere y’iki, twaraciye irya n’ino amajambo Yezu yavuze yuko Yehova yaharuye ‘umushatsi wo ku mutwe wawe’ (Matayo 10:30). Ayo majambo aremesha yerekana yuko Yehova yitwararika rwose umwumwe wese mu basavyi biwe. Niwibuke kandi ca kigereranyo Yezu yatanze cerekeye ibijuri. Nimba ata na kamwe muri utwo tunyoni dutoya gakorokera hasi Yehova atabizi, wumva none yokwirengagiza amakuba wewe urimwo?
6. Bibiliya ishobora gute kuba isoko ry’impumurizo ku banyinyana n’inyiyumvo zica intege?
6 Vyoba vy’ukuri bishoboka yuko twebwe abantu b’abanyagasembwa tugira agaciro mu nyonga z’Umuremyi w’ububasha bwose, ari we Yehova Imana? Birashoboka nyene! Nkako, hariho ivyanditswe vyinshi vyo muri Bibiliya bidukura amazinda kuri ico kintu. Dushize ku mutima ivyo vyanditswe, turashobora gusubiramwo amajambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Iy’[“ivyiyumviro bidurumbanya”, NW] [bi]baye isinzi muri jewe ivyo umpumuriza binezereza ubugingo bganje” (Zaburi 94:19). Nimuze twihweze amwamwe muri ayo majambo ahumuriza yo mw’Ijambo ry’Imana azodufasha gutahura bimwe bishitse yuko Imana iduha agaciro be n’uko izoturonsa impera nitwabandanya gukora ivyo igomba.
‘Abo Yehova yiharije ubwiwe’
7. Ni ubuhanuzi buremesha ubuhe Yehova yashikirije rya hanga ryari ryabaye nabi, abucishije kuri Malaki?
7 Hariho ibintu bibabaje vyari mu Bayuda mu kinjana ca gatanu B.G.C. Abaherezi bariko baremera ibitungwa bimeze nabi maze bakabitangako ibimazi ku gicaniro ca Yehova. Abacamanza bariko barobanura abantu ku cubahiro. Uburozi, ububeshi, ubugunge, be n’ubusambanyi vyari bikwiragiye hose (Malaki 1:8; 2:9; 3:5). Malaki yarashikirije iryo hanga ryari ryabaye nabi bimwe bibabaje ubuhanuzi butangaje. Mu nyuma, Yehova yosubiye gutuma abasavyi biwe bemerwa na we. Dusoma duti: “Uku ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, ati Bazoba abanje ku musi nzoshinga, babe abo niharije ubganje; kandi nzobagirira ikigongwe, nk’uk’umuntu akigirira umwana wiwe amukorera”.—Malaki 3:17.
8. Ni kubera iki muri Malaki 3:17 mu nsobanuro yagutse hashobora kwerekeza kw’ishengero ryinshi?
8 Mu gihe ca none, ubuhanuzi bwa Malaki burarangukira ku bakirisu basizwe impwemu, bakaba bagize ihanga ryo mu buryo bw’impwemu rigizwe n’abantu 144.000. Emwe, iryo hanga ni ‘iryo Yehova yiharije ubwiwe’, canke “abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije” (1 Petero 2:9). Ubuhanuzi bwa Malaki burashobora kandi kuremesha abagize “ishengero ryinshi”, “bahagaze imbere y’[i]ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera” (Ivyahishuriwe 7:4, 9). Bo hamwe n’abasizwe impwemu baracika umukuku umwe, bakayoborwa n’Umwungere umwe, ari we Yezu Kirisitu.—Yohana 10:16.
9. Ni kubera iki abasavyi ba Yehova ‘ari abo yiharije ubwiwe’?
9 Yehova abona gute abafata ingingo yo kumusukurira? Nk’uko bivugwa muri Malaki 3:17, ababona nk’uko sebibondo munyarukundo abona umwana wiwe. Raba kandi amajambo arimwo igishika Yehova akoresha mu kudondora abasavyi biwe: “Abo niharije ubganje”. Hari izindi mpinduro zihindura ayo majambo ngo “abanje bwite”, “ikintu kirusha agaciro ibindi vyose ntunze”, hamwe na “ikirezi canje”. Ni kubera iki Yehova abona yuko abamukorera ari ikintu yiharije? Kimwe coco, ni Imana ikenguruka (Abaheburayo 6:10). Ariyegereza abamukorera babikuye ku mutima akongera akababona nk’abantu yiharije.
10. Yehova akingira gute abasavyi biwe?
10 Woba ushobora kwiyumvira ikintu c’agaciro utunze ukaba ukibona yuko ari ikintu wiharije ubwawe? Ntukora uko ushoboye none kugira ngo ugikingire? Na Yehova ni ko abigira ku ‘bo yiharije ubwiwe’. Ego ni ko, ntakingira abasavyi biwe ibigeragezo be n’ivyago vyose vyo mu buzima (Umusiguzi 9:11). Mugabo arashobora gukingira mu buryo bw’impwemu abasavyi biwe b’intahemuka kandi azobandanya kubigira. Arabaha inkomezi bakeneye kugira ngo bihanganire ikigeragezo ico ari co cose (1 Ab’i Korinto 10:13). Ni co gituma Musa yabwiye abasavyi b’Imana ba kera ari bo Bisirayeli ati: “Mushikame, mushire amanga, . . . Uhoraho Imana yanyu [ni] we azojana namwe; ntazobaheba, ntazobata” (Gusubira mu vyagezwe 31:6). Yehova aragirira neza abasavyi biwe. Kuri we, ni ‘abo yiharije ubwiwe’.
Yehova ni ‘Umutanzi w’impera’
11, 12. Gutahura ko Yehova aduha impera bidufasha gute kurwanya ugukekeranya?
11 Ikindi kimenyamenya c’uko Yehova aha agaciro abasavyi biwe ni uko abaha impera. Yabwiye Abisirayeli ati: “Enda ni mubingeragereshe, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, murābe ko ntazobagomororera ingomero zo mw ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza” (Malaki 3:10). Birumvikana yuko igihe nicashika Yehova azoha impera abasavyi biwe mu kubaronsa ubuzima budahera (Yohana 5:24; Ivyahishuwe 21:4). Iyo mpera ntangere irahishura yuko urukundo rwa Yehova ari rwinshi cane be n’uko atanga atitangiriye itama. Irerekana kandi yuko aha agaciro vy’ukuri abahitamwo kumusukurira. Tugerageje kubona Yehova nk’Umutanzi w’impera atanga atitangiriye itama, birashobora kudufasha kurwanya ugukekeranya uko ari ko kwose ku mpagararo dufise imbere y’Imana. Nkako, Yehova aduhimiriza kumubona nk’Umutanzi w’impera! Paulo yanditse ati: “Uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera”.—Abaheburayo 11:6.
12 Ego ni ko, dusukurira Yehova kubera tumukunda, si kubera gusa adusezeranira kuzoduha impera. Naho ari ukwo, gushira ku mutima icizigiro c’uko tuzoronka impera si ikintu kitabereye canke ikintu kiranga ubwikunzi (Ab’i Kolosayi 3:23, 24). Yehova abitumwe n’urukundo akunda abamuronderana ubwira be n’ukuntu abaha agaciro kanini, arabaha impera ata wurinze kubimusaba.
13. Ni kubera iki intunganyo y’incungu ari co kimenyamenya gihambaye kuruta ibindi vyose c’uko Yehova adukunda?
13 Ikimenyamenya gihambaye kuruta ibindi vyose c’uko abantu bashobora kugira agaciro mu nyonga za Yehova, ni ya ntunganyo y’incungu. Intumwa Yohani yanditse ati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [n]i rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira” (Yohana 3:16). Intunganyo y’inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu iravuguruza iciyumviro c’uko ata gaciro dufise mu nyonga za Yehova canke c’uko atadukunda. Nkako, nimba Yehova yararishe ikintu gihambaye gutyo ku bwacu, ni ukuvuga ugutanga Umwana wiwe w’ikinege, ategerezwa kuba adukunda bimwe bishika kure.
14. Ni igiki cerekana ingene Paulo yabona incungu?
14 Ku bw’ivyo, inyiyumvo zica intege nizakuzamwo, urazirikana kuri iyo ncungu. Egome, nubone yuko iyo ngabirano ari intunganyo Yehova yashizeho ku bwawe. Ivyo ni vyo intumwa Paulo yagize. Uribuka yuko yavuze ati: “Ewe jewe ndagowe!”. Mugabo yaciye abandanya ati: “Imana ishimwe, kubga Yesu Kristo Umwami wacu” we “yankunze, akanyigura” (Abaroma 7:24, 25; Ab’i Galatiya 2:20, ni twe dushimitse.). Mu kuvuga ivyo, Paulo ntiyariko arishira imbere. Yari yizigiye gusa ko Yehova amuha agaciro ubwiwe. Nka kumwe kwa Paulo, na wewe nyene ukwiye kugerageza kubona yuko incungu ari ingabirano Imana yaguhaye. Yehova si Umurokozi w’umunyabubasha gusa, mugabo ni n’Umutanzi w’impera arangwa n’urukundo.
Uraba maso ku bikorwa vy’uruyeri vya Shetani
15-17. (a) Shetani afatira gute ku nyiyumvo zica intege? (b) Ivyashikiye Yobu bishobora kuturemesha gute?
15 Ariko rero, hari aho vyoba bikugora kwemera yuko amajambo ahumuriza yahumetswe yo mw’Ijambo ry’Imana akwerekeye vy’ukuri. Ushobora kwiyumvamwo yuko impera yo kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’Imana ari ikintu abandi bashobora kuronka, mugabo wewe ukaba utagikwiye. Wokora iki none nimba ari ukwo wiyumva?
16 Ushobora kuba uzi neza impanuro Paulo yahaye Abanyefeso igira iti: “Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi” (Abanyefeso 6:11). Iyo twiyumviriye imigabo ya Shetani, hari aho duca ubwo nyene tubona mu bwenge nk’uguhahamira amaronko be n’ubuhumbu, kandi ntituba twihenze. Izo nyosha mbi zarabereye umutego benshi mu basavyi b’Imana, uri abo mu bihe vya kera canke abo muri iki gihe turimwo. Ariko rero, hariho ikindi gikorwa c’uruyeri ca Shetani tudakwiye gufata minenegwe, na co kikaba ari ukuntu agerageza kwumvisha abantu yuko Yehova Imana atabakunda.
17 Shetani ni umuhanga mu gufatira kuri mwene izo nyiyumvo kugira ngo yonkore abantu ku Mana. Ibuka ya majambo Biludadi yabwira Yobu ati: “Umuntu yoshobora ate kuba umugororotsi imbere y’Imana? Cank’uwavyawe n’umugore yoshobora ate kuba ūtunganye? Rāba n’ukwezi ntigufise gukayangana, n’inyenyeri ntizitunganye mu nyonga zayo: Nanswe umuntu buntu, kand’ar’inyo! N’umwana w’umuntu, kand’ar’umusiba!” (Yobu 25:4-6; Yohana 8:44). Iyumvire ingene ayo majambo ategerezwa kuba yaraciye intege Yobu! Ntureke rero ngo Shetani aguce intege. Ahubwo riho, uraba maso ku migabo ya Shetani kugira ngo ugire umutima rugabo be n’inguvu zo kurwana mbere bimwe bikomeye kuruta kugira ngo ukore ibigororotse (2 Ab’i Korinto 2:11). Ku vyerekeye Yobu, naho nyene vyabaye ngombwa ko akosorwa, Yehova yaramuhaye impera kubera ukwihangana kwiwe mu kumushumbusha ibingana n’ivyo yari afise vyose ibihetangabo kabiri.—Yobu 42:10.
Yehova “[a]ruta imitima yacu”
18, 19. Ni mu buhe buryo Imana “iruta imitima yacu”, kandi ni mu buryo nyabaki ‘izi vyose’?
18 Tuvugishije ukuri, guhagarika inyiyumvo z’ugucika intege mu gihe zashinze imizi mu mutima birashobora kuba ibigoye. Yamara, impwemu ya Yehova irashobora intambwe ku yindi kugufasha gushingura “[“ibintu bihamangiye mu buryo bukomeye”, NW] . . . [vya]hashiriwe kurwanya ukumenya Imana” (2 Ab’i Korinto 10:4, 5). Igihe ivyiyumviro bica intege bisa n’ibigomba kukurengera, nuzirikane ku majambo intumwa Yohani yavuze ati: “Ico ni co kizotumenyesha ko tur’ab’ukuri, kandi tuzoshitsa umutima mu nda imbere yayo, mu vy’imitima yacu idutsindisha vyose, kukw Imana iruta imitima yacu, kand’izi vyose”.—1 Yohana 3:19, 20.
19 Imvugo ngo “Imana iruta imitima yacu” isobanura iki? Rimwe na rimwe, umutima wacu urashobora kutwagiriza, na canecane igihe tumenye yuko dufise udusembwa be n’utunenge, bigaheza bikatubabaza cane. Canke birashoboka yuko bitumwe n’ivyo twaciyemwo, tugira impengamiro irenze urugero yo kwiyumvira ko ata co tumaze, nk’aho umenga nta kintu na kimwe mu vyo dukora gishobora gushimwa na Yehova. Ayo majambo intumwa Yohani yavuze aradukura amazinda yuko Yehova arengera ivyo vyose. Araraba hirya y’amakosa yacu maze akabona ivyiza biturimwo. Arazi kandi imvo zituma dukora ibintu be n’imigabo dufise. Dawidi yanditse ati: “A[ra]zi iremwa ryacu, yibuka ko tur’umukungugu” (Zaburi 103:14). Vyemere, Yehova aratuzi neza kuruta uko twiyizi!
“Igitsibo c’ubgiza” be n’“umugāra w’ubgami”
20. Ubuhanuzi bwo gusubizwa umutamana bwa Yesaya buhishura iki ku kuntu Yehova abona abasavyi biwe?
20 Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya, yarahaye abasavyi biwe ba kera icizigiro co gusubizwa umutamana. Kubera ko bari mu bunyagano i Babiloni, iyo mpumurizo be n’ukwo gusubirizwa umutima mu nda ni vyo nyene abo bantu bihebuye bari bakeneye! Yehova atereje amaso imbere igihe bobaye bagarutse mu gihugu cabo c’amavukiro, yavuze ati: “Uzoba igitsibo c’ubgiza mu kuboko kw’Uhoraho, n’umugāra w’ubgami mu kuboko kw’Imana yawe” (Yesaya 62:3). Yehova akoresheje ayo majambo, yarambitse abasavyi biwe icubahiro n’ubwiza. Ukwo ni ko yagiriye n’ihanga ryiwe rya Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu muri iki gihe. Ni nk’aho yabashize hejuru kugira ngo abantu bose babatamarire.
21. Ushobora gute kwizigira yuko Yehova azoguhezagira kubera wihangana udahemuka?
21 Naho ubwo buhanuzi ahanini burangukira ku basizwe impwemu, burerekana icubahiro Yehova aha abamukorera bose. Ku bw’ivyo, igihe amakenga akubanye menshi, uribuka yuko naho uri umunyagasembwa, kuri Yehova ushobora kugira agaciro nk’ak’“igitsibo c’ubgiza” be n’ak’“umugāra w’ubgami”. Bandanya rero kunezereza umutima wiwe mu kurondera gukora ivyo agomba ubigiranye ubwira (Imigani 27:11). Ubigenjeje gutyo, urashobora kwizigira yuko Yehova azoguhera kubera wihangana udahemuka.
[Akajambo k’epfo]
a Amazina amwamwe yarahinduwe.
Woba uvyibuka?
• Ni mu buryo ubuhe twebwe turi ‘abo Yehova yiharije’?
• Ni kubera iki bihambaye kubona Yehova nk’Umutanzi w’impera?
• Ni ibihe bikorwa vy’uruyeri vya Shetani dutegerezwa kwirinda?
• Ni mu buryo ubuhe Imana “iruta imitima yacu”?
[Ifoto ku rup. 26]
Paulo
[Ifoto ku rup. 26]
Eliya
[Ifoto ku rup. 26]
Hana
[Ifoto ku rup. 28]
Ijambo ry’Imana ririmwo ivyiyumviro indiri bihumuriza