ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/5 rup. 28-32
  • Ni Nde Azorokoka Umusi wa Yehova?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni Nde Azorokoka Umusi wa Yehova?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Amarushwa Ahambaye”
  • Abiyita Abakirisu Bigana Isirayeli
  • Iranguka ry’Ubuhanuzi
  • Yehova Arahezagira Abasavyi Biwe
  • Dusukurire Yehova n’Umunezero
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Malaki
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Gushitsa Ivyo Yehova Imana Asaba Biramuhayagiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Yehova Aranka Ingendo y’Ukuryarukana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Woba wanditswe mu “gitabu c’icibutso” c’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/5 rup. 28-32

Ni Nde Azorokoka Umusi wa Yehova?

“Umusi uraje, waka nk’itanure.”​—MALAKI 4:1.

1. Malaki adondora gute iherezo ry’uru runkwekwe rubi?

UMUHANUZI Malaki yarahumekewe n’Imana kugira ngo yandike ubuhanuzi bwerekeye ibintu biteye akoba bigiye kuba muri kazoza katari kure. Ivyo bintu bizogira ico bikoze ku muntu wese ari kw’isi. Muri Malaki 4:1 habura hati: “Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, nta n’agashitsi cank’agashami uzobasigarana.” Uru runkwekwe rw’ibintu rubi ruzosangangurwa ruherengetezwe ku rugero rungana iki? Bizomera nk’igiti caranduranywe n’imisi kugira ngo ntikizokwigere gisubira kunaga.

2. Ivyanditswe bimwebimwe bidondora gute umusi wa Yehova?

2 Woshobora kubaza uti: ‘Uwo “musi” umuhanuzi Malaki ariko arabura ni uwuhe?’ Ni wa musi nyene uvugwa muri Yesaya 13:9, ahagira hati: “Eh’umusi w’Uhoraho uraje, ni ruburakigongwe uzananye ishavu n’uburake bg’inkazi; ng’uhindure igihugu imisaka, ugeseze abanyavyaha baho ngo bagishiremwo.” Muri Zefaniya 1:15 harashikiriza iyi ndondoro igira iti: “Uwo musi n’umusi w’uburake, n’umusi w’amagorwa n’amarushwa, n’umusi w’ibitongozi n’imisaka, n’umusi w’umwiza n’ubuzinze ināni, n’umusi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya.”

“Amarushwa Ahambaye”

3. “Umusi w’Uhoraho” ni iki?

3 Mw’iranguka nyamukuru ry’ubuhanuzi bwa Malaki, “umusi w’Uhoraho” ni ikiringo kirangwa n’“amarushwa ahambaye.” Yezu yabuye ati: “Mur’iyo misi hazoba amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi ntazokwongera kubaho.” (Matayo 24:21) Zirikana ku vyago bimaze gushika kw’isi, canecane kuva mu 1914. (Matayo 24:7-12) Emwe, Intambara ya Kabiri y’Isi Yose yonyene yahitanye abantu barenga imiliyoni 50! Yamara, kuri ya “marushwa ahambaye” hazoshika amakuba arengeye kure n’iyo imidurumbanyo nk’iyo. Ivyo bintu, cokimwe n’umusi wa Yehova, bizorangirana na Harumagedoni, bibe bisozereye imisi y’iherezo y’uru runkwekwe rubi.​—2 Timoteyo 3:1-5, 13; Ivyahishuriwe 7:14; 16:14, 16.

4. Umusi wa Yehova uzosozerwa ryari, ni ibiki bizoba vyabaye?

4 Uwo musi wa Yehova uzorangira isi ya Shetani n’abayishigikiye bimaze guherengetezwa. Amadini yose y’ikinyoma ni yo azotangura kugenda. Maze urubanza rwa Yehova ruzoca rushitswa ku runkwekwe rwa Shetani rw’ivy’ubutunzi n’ivya politike. (Ivyahishuriwe 17:12-14; 19:17, 18) Ezekiyeli yamenyesheje ivya kazoza ati: “Bazoshiburira amafeza yabo mu nzira, n’amazahabu yabo azobabera nk’igihumane; amafeza n’amazahabu vyabo ntibizoshobora kubarokora ku musi w’uburake bg’Uhoraho.” (Ezekiyeli 7:19) Ku biraba uwo musi, muri Zefaniya 1:14 havuga hati: “Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi; uri hafi kand’urihuta.” Kubera ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye umusi wa Yehova, twari dukwiye kwiyemeza gukora ibintu mu buryo buhuje n’ivyo Imana isaba bigororotse.

5. Ni ibiki bishikira abantu batinya izina rya Yehova?

5 Hamaze gutangwa imburi y’ico umusi wa Yehova uzokorera isi ya Shetani, muri Malaki 4:2 handitswe ko Yehova avuga ati: “Mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.” “Izuba ry’ubugororotsi” ni Yezu Kirisitu. Ni we “muco w’isi” wo mu buryo bw’impwemu. (Yohana 8:12) Yezu arasa umuco afise ugukiza, ubwa mbere akaba ari ugukira kwacu kwo mu vy’impwemu muri iki gihe, maze hakazoba ugukira ku mubiri mu buryo bunonosoye, mw’isi nshasha. Nk’uko Yehova abivuga, abazokira ‘bazokina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore’ zishwe n’akamwemwe be n’agahimbare kubona zibohowe aho zari zizitiriwe.

6. Ni ihimbazwa ry’intsinzi irihe abasavyi ba Yehova bazokwinovora?

6 Tuvuge iki ku bantu birengagiza ivyo Yehova asaba? Muri Malaki 4:3 havuga hati: “[Mwebwe abasavyi b’Imana] muzosiribanga abanyakibi; bazoba umunyota musi y’ibirenge vyanyu ku musi nzoshinga, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize.” Abantu basenga Imana ntibazogira uruhara mu gusangangura isi ya Shetani. Ahubwo, “[ba]siribanga abanyakibi” mu buryo bw’ikigereranyo mu kugira uruhara mw’ihimbazwa ry’intsinzi rikurikira umusi wa Yehova. Inyuma y’isangangurwa ry’ingabo za Farawo mu Kiyaga Gitukura, harabaye ihimbaza rikomeye. (Kuvayo 15:1-21) Ikurwaho rya Shetani be n’isi yiwe kuri ya marushwa ahambaye, na vyo nyene bizokurikirwa n’ihimbazwa ry’intsinzi. Abazorokoka umusi wa Yehova b’abizerwa bazokwiha akamo bati: “Duhimbarwe, tunezererwe agakiza kiwe.” (Yesaya 25:9) Ese ukuntu hazoba agahimbare igihe ubusegaba bwa Yehova buzoba bwemejwe, n’isi igasukurwa kugira ngo ibe ahantu ho kuba harangwa amahoro!

Abiyita Abakirisu Bigana Isirayeli

7, 8. Dondora ukuntu ivy’impwemu vyari vyifashe muri Isirayeli mu gihe ca Malaki.

7 Abashika mu kibanza c’ugutoneshwa na Yehova ni abamukorera, abatamukorera bakaba batagishikamwo. Ukwo ni ko vyari bimeze igihe Malaki yandika igitabu ciwe. Hari amasigarira ya Isirayeli yasubijwe umutamana mu 537 B.G.C., inyuma y’imyaka 70 bari bamaze bari mu bunyagano i Babiloni. Ariko rero, mu myaka ijana yakurikiye, iryo hanga ryasubijwe umutamana ryatanguye kwisuka mu buhakanyi no mu bubisha. Benshi mu banyagihugu bariko baratesha iteka izina rya Yehova; birengagiza amategeko yiwe agororotse; bagahumanya urusengero rwiwe mu gushikana ibitungwa bihumye, bicumbagira n’ibirwaye kugira ngo bitangweko ibimazi; bakongera bakahukana n’abagore bo mu buto bwabo.

8 Ni co gituma Yehova yababwiye ati: “Nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, . . . Kuko jewe Uhoraho ata ho mpinduka.” (Malaki 3:5, 6) Yamara rero, Yehova yarateye akamo umuntu wese yohindukiye akava mu nzira ziwe mbi. Yagize ati: “Ni mungarukeko, nanje nzobagarukako.”​—Malaki 3:7.

9. Ubuhanuzi bwa Malaki bwagize iranguka ry’intangamarara gute?

9 Ayo majambo yararangutse kandi mu kinjana ca mbere G.C. Hari amasigarira y’Abayuda yasukuriye Yehova acika ayagize “ihanga” ry’Abakirisu basizwe impwemu, iryahavuye rijamwo n’Abanyamahanga. Mugabo, abenshi cane mu Bisirayeli b’imvukira barateye akagere Yezu. Ku bw’ivyo, Yezu yabwiye iryo hanga rya Isirayeli ati: “Rāba inzu yanyu muyitānywe ar’umusaka.” (Matayo 23:38; 1 Ab’i Korinto 16:22) Mu 70 G.C., nk’uko vyari vyarabuwe muri Malaki 4:1, “umusi . . . waka nk’itanure” waraje kuri Isirayeli yo mu vy’umubiri. Yeruzalemu n’urusengero rwaho vyarasanganguwe, kandi bivugwa yuko abantu barenga umuliyoni bahitanywe n’ikigoyi, uguharanira ubutegetsi be n’ibitero vy’ingabo z’Abaroma. Ariko rero, abasukurira Yehova baracitse kw’icumu muri ayo marushwa.​—Mariko 13:14-20.

10. Ni mu buhe buryo abanyagihugu muri rusangi be n’abakuru b’amadini bigana Isirayeli yo mu kinjana ca mbere?

10 Umuryango w’abantu, canecane abo mu Biyita Abakirisu, bariganye ihanga rya Isirayeli ryo mu kinjana ca mbere. Indongozi be n’abanyagihugu basanzwe bo mu Biyita Abakirisu, bihitiramwo amakeredo yo mu madini yabo bwite aho guhitamwo ukuri kw’Imana Yezu yigishije. Abakuru b’amadini ni bo canecane bobibazwa. Baranka gukoresha izina rya Yehova, eka mbere bakanarizimanganya mu mpinduro zabo za Bibiliya. Baratesha iteka Yehova bakoresheje inyigisho zidashingiye ku Vyanditswe, nk’inyigisho za gipagani zerekeye ukubabazwa ibihe vyose mu muriro udahera, Ubutatu, kudahwera kw’ubugingo be n’ivy’ihindagurika. Muri ubwo buryo baraka Yehova ishemezo akwiriye, nk’uko abaherezi babigize mu misi ya Malaki.

11. Amadini y’isi yerekana gute uwo asukurira koko?

11 Mu 1914, igihe imisi y’iherezo yatangura, ayo madini y’isi, abivugisha ko ari Abakirisu bakaba bari imbere muri yo, yarerekanye uwo asukurira koko. Mu gihe ca za ntambara z’isi yose zompi, bararemesheje abanywanyi babo kuja mu ntambara zahuza ibihugu, n’igihe nyene vyaba bisaba ko banigagura abo basangiye idini. Ijambo ry’Imana rirerekana mu buryo butomoye abagamburukira Yehova n’abatamugamburukira, mu kuvuga riti: “Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana n’abana b’Umurwanizi: ūdakora ibigororotse wese s’uw’Imana, cank’ūdakunda mwene Data wundi. Kuk’ubu ari bgo butumwa mwumvise uhereye mbere na mbere, ngo dukundane; ntiduse na Kayini, yar’uwa wa Mubi, akica murumuna we.”​—1 Yohana 3:10-12.

Iranguka ry’Ubuhanuzi

12, 13. Ni ubuhanuzi butari bumwe ubuhe abasavyi b’Imana baranguye muri iki gihe turimwo?

12 Mu mpera y’Intambara ya Mbere y’Isi Yose mu 1918, abasavyi ba Yehova barashoboye kubona yuko Imana yaciriye urubanza Abiyita Abakirisu hamwe n’ayandi madini y’ikinyoma yose. Kuva muri ico gihe, akamo karatewe abantu bafise imitima igororotse: “Bantu banje, ni muve i we, kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabga ku vyago vyiwe. Kukw ivyaha vyiwe vyārundanijwe bigashika kw ijuru, kand’Imana yibutse ukugabitanya kwiwe.” (Ivyahishuriwe 18:4, 5) Abipfuza gukorera Yehova batanguye guhumanurwa amakanda yose y’idini y’ikinyoma maze batangura kwamamaza kw’isi yose inkuru nziza y’Ubwami bwashinzwe, kikaba ari igikorwa gitegerezwa kurangizwa imbere y’uko iherezo ry’uru runkwekwe rubi rw’ibintu rishika.​—Matayo 24:14.

13 Ivyo vyakozwe kugira ngo ubuhanuzi bwa Malaki 4:5 buranguke, aho Yehova yavuze ati: “Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kand’uteye ubgoba utarashika.” Ubwo buhanuzi bwatanguye kurangukira ku gikorwa ca Yohani Umubatizi, uwari yagereranijwe na Eliya. Yohani yakoze igikorwa gisa n’ica Eliya igihe yabatiza Abayuda bari barigaye ivyaha bacumuye kw’isezerano ry’Ivyagezwe. Igihambaye kuruta, Yohani yari integuza ya Mesiya. Ariko rero, igikorwa ca Yohani cari gusa iranguka rya mbere y’ubuhanuzi bwa Malaki. Naho Yezu yavuze yuko Yohani ari Eliya wa kabiri, yarerekanye ko muri kazoza hokozwe ikindi gikorwa ca “Eliya.”​—Matayo 17:11, 12.

14. Ni ikihe gikorwa gihambaye gitegerezwa gukorwa imbere y’uko uru runkwekwe rurangira?

14 Ubuhanuzi bwa Malaki bwerekanye ko ico gikorwa ca Eliya mukuru cokozwe imbere yuko “umusi w’Uhoraho uhambaye kand’uteye ubgoba” uza. Uwo musi uzorangirana na ya ntambara iriko iregereza yihuta yo ku musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose, ni ukuvuga Harumagedoni. Ivyo bisobanura yuko iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu rubi be n’intango ya ya Ntwaro y’Ikimpumbi y’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru burongowe na Yezu Kirisitu yimitswe, ryotanguriwe n’igikorwa gifitaniye isano na wa murimo wa Eliya. Nk’uko bivugwa muri ubwo buhanuzi, imbere yuko Yehova asangangura uru runkwekwe rubi, umugwi wa Eliya wo mu gihe ca none, ushigikiwe n’Abakirisu bagenzi babo amamiliyoni bafise icizigiro c’isi, urarangurana igishika igikorwa co gusubiza umutamana ugusenga gutyoroye, bagashira hejuru izina rya Yehova bakongera bakigisha ukuri kwo muri Bibiliya abantu bameze nk’intama.

Yehova Arahezagira Abasavyi Biwe

15. Yehova yibuka gute abasavyi biwe?

15 Yehova arahezagira abamusukurira. Muri Malaki 3:16 havuga hati: “Nukw abubaha Uhoraho baragānīra; Uhoraho atega amatwi arumviriza; maz’igitabo candikirwa imbere yiwe c’icibutso c’abubaha Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe.” Guhera kuri Abeli, Imana yamye ari nk’aho yandika igitabu, ifise mu muzirikanyi amazina y’abantu bazokwibukwa bagahabwa ubuzima budahera. Abo bantu Yehova ababwira ati: “Muzane mu bubīko ikigiracumi gishitse, kugira ngw inzu yanje ibemw’ivyo kurya; enda ni mubingeragereshe, . . . murābe ko ntazobagomororera ingomero zo mw ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza.”​—Malaki 3:10.

16, 17. Yehova yahezagiye gute abasavyi biwe n’igikorwa barangura?

16 Vy’ukuri Yehova yarahezagiye abamusukurira. Uti gute? Mu buryo bumwe, ni mu gutuma barushiriza gutahura imigambi yiwe. (Imigani 4:18; Daniyeli 12:10) Ubundi buryo, ni mu kubaha ivyamwa bitangaje mu gikorwa barangura co kwamamaza. Abantu benshi b’imitima nzirabugunge barifatanije na bo mu gusenga kw’ukuri, kandi abo bose bagize “ishengero ryinshi, . . . bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, . . . basemerera n’ijwi rirenga, bat’Agakiza n’ak’Imana yacu ivyagiye kur’irya ntebe n’ak’Umwagazi w’Intama.” (Ivyahishuriwe 7:9, 10) Iryo shengero ryinshi ryaragaragaye mu buryo butangaje, kandi abasukurira Yehova n’umwete ubu barenga imiliyoni zitandatu, mu mashengero arenga 93.000 kw’isi yose!

17 Umuhezagiro wa Yehova ubonekera kandi ku vy’uko Ivyabona vya Yehova basohora ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bigabanganywa ku rugero runini ruruta ivyigeze kugabanganywa vyose. Muri iki gihe, ku kwezi ku kwezi ibinyamakuru imiliyoni 90 vy’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! birahingurwa; Umunara w’Inderetsi mu ndimi 144, Réveillez-vous! mu ndimi 87. Igitabu gifasha kwiga Bibiliya citwa La vérité qui conduit à la vie éternelle (Ukuri Kujana mu Buzima Budahera), casohowe mu 1968, cashikiriye igitigiri c’ibitabu birenga imiliyoni 107 mu ndimi 177. Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi casohowe (mu Congereza) mu 1982, cashikiriye ibitabu birenga imiliyoni 81 mu ndimi 131. Ku biraba igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, casohowe (mu Congereza) mu 1995, gushika ubu haramaze gucapurwa ibitabu birenga imiliyoni 85 mu ndimi 154. Ku vyerekeye ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, akasohowe mu 1996, gushika ubu haramaze kugabanganywa udutabu imiliyoni 150 mu ndimi 244.

18. Ni kuki twinovora ugusagamba kwo mu vy’impwemu naho turwanywa?

18 Iryo sagamba ryo mu vy’impwemu ryarabaye naho hari ukurwanywa n’isi ya Shetani gukomeye kandi kudatezura, kuruta ukwigeze gushika kwose. Ivyo vyerekana ko amajambo ari muri Yesaya 54:17 ari ay’ukuri. Agira ati: “Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ururimi rwose ruzoguhagurukira kukubūranya, uzorutsinda. Ivyo ni vyo mwandu w’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kand’ukwo ni kwo kugororoka kwabo kwanduruka kuri jewe; ni jewe Uhoraho mbivuze.” Ese ukuntu bihumuriza ku basavyi ba Yehova kumenya yuko iranguka nyamukuru rya Malaki 3:17 ririko rirabashikako! Aho hagira hati: “Uku ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, ati Bazoba abanje ku musi nzoshinga, babe abo niharije ubganje; kandi nzobagirira ikigongwe, nk’uk’umuntu akigirira umwana wiwe amukorera.”

Dusukurire Yehova n’Umunezero

19. Abasukurira Yehova batandukanye gute n’abatamusukurira?

19 Uko igihe kirengana ni ko itandukaniro riri hagati y’abasavyi ba Yehova b’abizerwa n’abo mw’isi ya Shetani riguma rirushiriza kuboneka. Muri Malaki 3:18 habuye hati: “Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.” Kimwe mu bintu vyinshi bibatandukanya, ni uko abasukurira Yehova babigirana umunezero mwinshi. Mu bintu bituma bagira uwo munezero, harimwo icizigiro c’akaroruhore bafise. Barizigira Yehova ata gahigihigi igihe avuga ati: “Rāba, ndarema ijuru risha n’isi nsha; ivya mbere ntibizokwibukwa, kandi ntibizoruha vyiyumvirwa. Ariko munezerwe, muze muhore muhimbawe n’ivyo ndema.”​—Yesaya 65:17, 18; Zaburi 37:10, 11, 29; Ivyahishuriwe 21:4, 5.

20. Ni kuki turi abantu bahimbawe?

20 Turemera umuhango wa Yehova w’uko abasavyi biwe b’intahemuka bazorokoka wa musi wiwe uhambaye maze bakajanwa mw’isi nshasha. (Zefaniya 2:3; Ivyahishuriwe 7:13, 14) Kandi naho bivuye ku busaza, ku ndwara canke kw’isanganya bamwebamwe bashobora gupfa imbere y’ico gihe, Yehova aratwemerera yuko azobazurira ubuzima budahera. (Yohana 5:28, 29; Tito 1:2) Rero, naho twese duca mu ngorane no mu bintu bitoroshe, uko duhangana n’uwo musi wa Yehova, turafise imvo zumvikana zo kuba abantu bahimbawe kuruta abandi bose bari kw’isi.

Wokwishura Gute?

• “Umusi w’Uhoraho” ni iki?

• Amadini yo muri iyi si yigana gute Isirayeli ya kera?

• Abasavyi ba Yehova barangura ubuhe buhanuzi?

• Yehova yahezagiye gute abasavyi biwe?

[Ifoto ku rup. 29]

Yeruzalemu yo mu kinjana ca mbere ‘yaratse nk’itanure’

[Amafoto ku rup. 32]

Bivuye ku cizigiro c’akaroruhore bafise, abasavyi ba Yehova ni abanyamunezero koko

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika