ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/2 rup. 26-30
  • “Wame urwana intambara nziza yo kwizera”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Wame urwana intambara nziza yo kwizera”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umwambaro ukwiye w’ibirwanisho
  • Amayeri y’umwansi
  • Ntuhebe kurwana
  • “Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Yehova adukingira gute?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • ‘Nimubandanye kwironsa inkomezi mu Mukama’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Woba uriko urabungabunga ‘inkinzo yawe yagutse y’ukwizera’?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/2 rup. 26-30

“Wame urwana intambara nziza yo kwizera”

WOBA ushobora kwiyumvira umusoda mu gihe c’intambara yoreka guhimbarwa bamutegetse ngo: “Subira i muhira umare igihe uri kumwe n’umukenyezi wawe be n’umuryango wawe.”?

Hari umusoda wo mu gihe ca wa Mwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yahawe itegeko nk’iryo. Uwitwa Uriya w’Umuheti yararengukijwe n’umwami ubwiwe hanyuma amusaba gusubira i muhira. Yamara, Uriya yaranse kuja iwe. Igihe Uriya yabazwa icatumye agira iyo nyifato idasanzwe, yishuye yuko isandugu y’isezerano, iyagereranya ukuhaba kw’Imana, be n’ingabo z’Abisirayeli, vyari ku rugamba. Yabajije ati: “None jewe ngende i wanje, nīrīre, nīnywere, ndārane n’umugore wanje?”. Kuri Uriya, ico cari ikintu kitumvikana muri ico gihe kigoye.—2 Samweli 11:8-11.

Inyifato Uriya yagize iravyura ibibazo bihambaye, kubera ko na twebwe nyene turi mu gihe c’intambara. Hariho intambara iriko irabica bigacika kuruta uko vyagenze ku ntambara iyo ari yo yose amahanga y’isi yigeze kurwana. Nta ho isa isana na za ntambara zibiri z’isi yose, kandi muri iyo ntambara nawe urimwo. Ingeramizi ni nyinshi, kandi umwansi arakomeye cane. Muri iyo ntambara, nta masase araswa, nta mabombe aterwa, mugabo kuyirwana bisaba ubuhinga bukomeye.

Imbere y’uko ufata ibirwanisho, utegerezwa kubanza kumenya nimba kuyijamwo bibereye, ukongera ukamenya n’ico ushaka kurwanira. Vyoba bibereye ko ugira akigoro muri iyo ntambara? Intumbero y’iyo ntambara itameze nk’izindi iratomorwa n’intumwa Paulo mw’ikete yandikiye Timoteyo. Avuga ati: “Wame urwana intambara nziza yo kwizera”. Egome, muri iyo ntambara ico utegerezwa kurwanira si igisagara kizitiwe, ahubwo ni “ukwizera”, na kwo akaba ari ibintu vyose bigize ukuri kwa gikirisu nk’uko guhishurwa muri Bibiliya. Biragaragara yuko utegerezwa kwemera ukwo “kwizera” ugaherezako kugira ngo ukurwanire hanyuma utahukane intsinzi.—1 Timoteyo 6:12.

Umurwanyi w’inkerebutsi arihatira kumenya umwansi wiwe. Muri iyo ntambara, umwansi arafise ubuhinga mu vy’ukurwana kubera yuko amaze imyaka myinshi arwana, kandi arafise uburyo bwinshi be n’ibirwanisho vyinshi. Vyongeye afise ubushobozi burengeye ubw’umuntu. Ni ikirara, inkazi, eka mbere nta co yibanga; uwo mwansi ni Shetani (1 Petero 5:8). Ibirwanisho vyo mu buryo bw’umubiri eka mbere n’urwenge be n’uruyeri vy’abantu nta co bivuze kuri uwo mwansi (2 Ab’i Korinto 10:4). Wokoresha iki kugira ngo urwane iyo ntambara?

Ikirwanisho nyamukuru ni ‘inkota y’impwemu, ari yo jambo ry’Imana’ (Abanyefeso 6:17). Intumwa Paulo arerekana ukuntu iyo nkota ari kirumara mu kuvuga ati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira” (Abaheburayo 4:11, 12). Ikirwanisho gikarishe cane kandi kidahusha, gishobora kumena kikinjira mu vyiyumviro be n’imigabo vy’ibwina mu muntu, nta gukeka ko gitegerezwa gukoreshanywa ubuhanga n’ukwiyubara.

Kumbure urazi yuko igisirikare gishobora kuba gifise ibirwanisho bigezweho, mugabo ivyo birwanisho bikaba ata co vyomara mu gihe abasirikare badafise ubuhanga bwo kubikoresha. Muri ubwo buryo nyene, urakeneye amacishabwenge kugira ngo ukoreshe inkota yawe mu buryo ngirakamaro. Uhiriwe uhishije, urafise abarwanyi babimenyereye cane bo kukumenyereza. Abo barwanyi babimenyereye cane bigisha abandi Yezu yabise “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge”, uwo mushumba akaba yashinzwe ibanga ryo kuronsa abayoboke ba Yezu imfungurwa canke inyigisho zo mu vy’impwemu ziza ku gihe (Matayo 24:45, NW). Ushobora kumenya uwo mugwi w’umushumba mu kwitegereza ukuntu wigisha ubigiranye umwete be n’ingabisho utanga ku gihe ku vyerekeye amayeri y’umwansi. Nk’uko ibimenyamenya bivyerekana, abasizwe impwemu bo mw’ishengero rya gikirisu ry’Ivyabona vya Yehova ni bo bagize uwo mugwi w’umushumba.—Ivyahishuriwe 14:1.

Uwo mugwi w’umushumba ntiwagarukirije ku kwigisha gusa. Waragaragaje kandi agatima nk’ak’intumwa Paulo, we yandikiye ishengero ry’i Tesalonike ati: “Twaritonda hagati muri mwebge, nk’uk’umurezi abungabunga abana biwe. Ni ko twabagirira igishika, ni co catumye duhimbarwa no kubaha, s’ubutumwa bgiza bg’Imana gusa, ariko n’ubgacu bugingo na bgo, kuko mwabaye abo dukunda rwose” (1 Ab’i Tesalonike 2:7, 8). Umusoda mukirisu wese ni we rero afise ibanga ryo gukoresha ukumenyerezwa kuranga urukundo yaronkejwe.

Umwambaro ukwiye w’ibirwanisho

Uraronswa umwambaro ukwiye w’ibirwanisho vy’ikigereranyo kugira ngo wikingire. Urutonde rw’ibirwanisho bigize uwo mwambaro ushobora kurusanga mu Banyefeso 6:13-18. Umusoda w’inkerebutsi ntiyoja mu ntambara niba hari bimwebimwe mu birwanisho vyiwe vyo mu buryo bw’impwemu bibuze canke bikeneye gutunganywa.

Umukirisu arakeneye ibirwanisho vyiwe vyose bimukingira, mugabo inkinzo nini y’ukwizera ni yo canecane ihambaye. Ni co gituma Paulo yanditse ati: “[“Hejuru ya vyose”, UB] mwābire inkinzo [nini] y’ukwizera, ni yo muzoshobora kuzimisha imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro”.—Abanyefeso 6:16.

Iyo nkinzo nini, iyoshobora gukingira umubiri wose, igereranya ukuntu ukwizera kwawe kumeze. Utegerezwa kwizera bimwe bikomeye uburongozi bwa Yehova, ukemera ata gukekeranya yuko imihango yiwe yose izoranguka. Ukwiye kubona iyo mihango nk’aho yoba imaze kuranguka. Ntukigere ukekeranya na gato yuko urunkwekwe rw’isi ya Shetani uko rwakabaye vuba rugiye gusangangurwa, ko isi izohinduka iparadizo be n’uko abantu b’intahemuka ku Mana bazosubira kuba abatagira agasembwa.—Yesaya 33:24; 35:1, 2; Ivyahishuriwe 19:17-21.

Ariko rero, mu ntambara idasanzwe iriko iraba hariho ikindi kintu ukeneye, na co kikaba ari umugenzi. Mu gihe c’intambara, ubucuti bwa hafi buratsimbatara uko abafatanije urugamba baremeshanya kandi bagatabarana, rimwe na rimwe mbere bakarokorana. Naho abagenzi bafise agaciro, urakeneye kugiriranira ubucuti na Yehova ubwiwe kugira ngo iyo ntambara ntiguhitane. Ni co gituma Paulo asozera urutonde rwiwe rw’ibigize umwambaro w’ibirwanisho muri aya majambo: “Musengere [mu m]pwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga”.—Abanyefeso 6:18.

Turahimbarwa cane iyo turi kumwe n’umugenzi somambike. Turarondera uburyo bwo kumarana umwanya na we. Iyo twama tuganira na Yehova mw’isengesho, aracika uwutari umugani kuri twebwe, umugenzi wo kwizigirwa. Umwigishwa Yakobo aturemesha ati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra”.—Yakobo 4:8.

Amayeri y’umwansi

Kunyinyana n’iyi si rimwe na rimwe bishobora gusa n’uguca ahantu hatezwe amamine. Igitero kirashobora kuza kivuye aho ari ho hose, kandi umwansi aragerageza kukwubira. Ariko rero, nuhere amazinda yuko Yehova yatanze uburinzi bwose ukeneye.—1 Ab’i Korinto 10:13.

Umwansi yoshobora kurasa umwampi mu gutera ukuri kwa Bibiliya ukwizera kwawe kugenderako. Abahakanyi boshobora gukoresha amajambo asosa, amajambo yo kuryosharyosha, hamwe n’ivyiyumviro bihinyitse kugira ngo bagerageze kugutsinda. Mugabo abahakanyi ntibarajwe ishinga n’ineza yawe. Mu Migani 11:9 havuga hati: “Umuntu atubaha Imana yicisha mugenzi we akanwa kiwe, arikw abagororotsi barokorwa kubgo kumenya ubgenge”.

Woba wihenze wiyumviriye yuko ukeneye kwumviriza ivyo abahakanyi bavuga canke gusoma ivyo bandika kugira ngo ubeshuze ivyiyumviro vyabo. Ivyiyumviro vyabo bihinyitse kandi birimwo ishano birashobora kukugirira nabi mu vy’impwemu kandi bigashobora kwonona ukwizera kwawe nka kurya kwa ya ndwara ikwiragira ningoga na ningoga bita gangrène (2 Timoteyo 2:16, 17). Ahubwo riho, niwigane ingene Imana ibona abahakanyi. Yobu yavuze ku vyerekeye Yehova ati: ‘[“Umuhakanyi”, NW] ntiyoseruka imbere yiwe’.—Yobu 13:16.

Umwansi yoshobora kugerageza ayandi mayeri, ayo abona ko hari ukuntu yamugendeye neza. Hamwe ingabo ziriko ziramenyerezwa zova ku murongo zigakurikirana inyifato y’ubuhumbu kandi iranga ubushegabo, vyoshobora gutera umuvurungano.

Ivy’ukwinezereza vy’isi, nk’akarorero amasenema be n’ibiganiro vyo kuri televiziyo birimwo ubushegabo hamwe n’imiziki yononekaye, ni icambo gikunda gufata abantu. Hari abavuga yuko bashobora kurorera amasenema yerekana ubushegabo canke gusoma ibitabu bivuga ivy’ubushegabo ntihagire ico bibagira. Mugabo, hari umuntu yama arorera amasenema y’ubusambanyi yiyemereye atarya umunwa ati: “Ntiwigera wibagira ivyo uba warabonye, uko uvyiyumvira ni ko urushiriza kwumva ushaka gukora ivyo wabonye. . . . Isenema wabonye ituma wumva ko hari ico ubuze”. Woba none ukwiye kwita mu kaga ko guhava ukomeretswa n’ico gitero kitaboneka?

Ikindi kirwanisho umwansi afise mu bubiko bw’ibirwanisho vyiwe ni umutego w’amaronko. Ingeramizi irimwo irashobora kutoroha kubona kubera yuko twese dukeneye ibintu vy’umubiri. Turakeneye uburaro, imfungurwa be n’ivyo twambara, bisubiye si bibi kugira ibintu vyiza. Ingeramizi usanga iri mu buryo umuntu abona ibintu. Amahera yoshobora gucika ikintu gihambaye kuruta ivy’impwemu. Twoshobora gucika inkunzi z’amahera. Ni vyiza ko twiyibutsa aho amatungo agarukira. Ni ay’akanya gato, mu gihe ubutunzi bw’ivy’impwemu bwobwo ari ubw’ibihe bidahera.—Matayo 6:19, 20.

Bishitse abasirikare bagacika intege, ubushobozi bwo gutsinda urugamba buragabanuka. ‘Ni wadendebukirwa ku musi w’ivyago inkomezi zawe zizoba nke’ (Imigani 24:10). Ukudendebukirwa ari kwo gucika intege ni ikirwanisho Shetani yakoresheje biramugendera neza. Kwambara “nk’inkofero ukwizigira agakiza” bizogufasha kurwanya ugucika intege (1 Ab’i Tesalonike 5:8). Nugerageze kuguma ufise ukwizigira gukomeye nka kumwe kwa Aburahamu. Igihe Aburahamu yasabwa gutanga umwana wiwe w’ikinege Isaka kw’ikimazi, ntiyagonanwe. Yaremera yuko Imana yoshikije umuhango yatanze wo guhezagira amahanga yose biciye ku ruvyaro rwiwe, be n’uko bikenewe Imana yozuye Isaka kugira ngo ishitse uwo muhango.—Abaheburayo 11:17-19.

Ntuhebe kurwana

Bamwebamwe bamaze igihe kirekire barwana babigiranye umutima rugabo boshobora kuba bariko bararuha maze rero ntibabe bariko bararwana babigiranye kwa kwiyubara bahorana. Akarorero ka Uriya, umwe yavugwa mu ntango y’iki kiganiro, karashobora gufasha abari mu rugamba bose kuguma babona ibintu mu buryo bubereye. Benshi mu barwanyi bakirisu bagenzi bacu babwirizwa kwihanganira ubukene, ahantu baba hari ingeramizi, canke baricwa n’imbeho hamwe n’inzara. Nka kumwe kwa Uriya, ntidushaka gushira ivyiyumviro ku vy’ukwimerererwa neza kwose twokwinovora ubu canke gutwarwa n’icipfuzo co kugira ubuzima bw’ukudibama. Dushaka kugumana n’igisirikare ca Yehova kiri kw’isi yose kigizwe n’abarwanyi badahemuka kandi tukaguma turwana gushika turonke imihezagiro y’akaroruhore tubikiwe.—Abaheburayo 10:32-34.

Twoba twitaye mu kaga turetse kuba maso, kumbure tukiyumvira yuko igitero ca nyuma kikiri kure cane. Akarorero k’Umwami Dawidi karashira ahabona iyo ngeramizi. Bitumwe n’imvo itazwi, ntiyari kumwe n’ingabo ziwe ku rugamba. Ico vyavuyemwo ni uko Dawidi yakoze icaha gikomeye catumye agira intuntu n’umubabaro mu misi yose yari asigaje kubaho.—2 Samweli 12:10-14.

Vyoba none ari vyiza ko umuntu aja muri iyo ntambara, agahangana n’amagume yose y’indwano, akihanganira agatyekezo akongera agaheba ibihimbaro vy’isi biteye amakenga? Abariko bererwa muri iyo ntambara baremera yuko ivyo isi itanga vyoshobora gusa n’ibiryoheye ijisho, bimeze nk’igitambara kiriko utuntu dusayangana, mugabo ubisuzumye witonze ugasanga ata gaciro bifise (Ab’i Filipi 3:8). Vyongeye, akenshi ivyo bihimbaro nta handi bishikana atari ku mubabaro be n’ukuvunika umutima.

Umukirisu ari muri iyo ntambara yo mu buryo bw’impwemu aragiranira ubugenzi bwa somambike n’abagenzi nyakuri, akagira ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi akongera akagira icizigiro c’akaroruhore. Abakirisu basizwe impwemu barindiranye umushasharo ubuzima budahwera mw’ijuru bari kumwe na Kirisitu Yezu (1 Ab’i Korinto 15:54). Benshi mu barwanyi bakirisu bizigiye kuzoronka ubuzima butagira agasembwa mw’iparadizo yo kw’isi. Vy’ukuri, izo mpera zisaba akigoro kugira ngo umuntu azironke. N’ikindi kandi, mu buryo buhushanye n’intambara z’isi, intsinzi muri iyo ntambara ni ntakekeranywa nitwaguma turi abizerwa (Abaheburayo 11:1). Ariko, uru runkwekwe ruganzwa na Shetani ruzoherengetezwa.—2 Petero 3:10.

Uko ushishikara kurwana iyo ntambara, uribuka amajambo Yezu yavuze agira ati: “Ni muhūmure, jewe naranesheje isi” (Yohana 16:33). Yanesheje mu kuguma ari maso no mu kuguma ari intahemuka mu bigeragezo. Natwe turashobora kugira gutyo.

[Iciyumviro ku rup. 27]

Nta masase araswa, nta mabombe aterwa, mugabo kurwana iyo ntambara bisaba ubuhinga bukomeye

[Iciyumviro ku rup. 30]

Intsinzi muri iyo ntambara ni ntakekeranywa nitwaguma turi abizerwa

[Ifoto ku rup. 26]

Inkofero y’agakiza izodufasha kurwanya ugucika intege

Nukoreshe inkinzo nini y’ukwizera kugira uzimye “imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro”

[Ifoto ku rup. 28]

“Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra”

[Ifoto ku rup. 29]

Dukwiye kwizera yuko imihango Imana yatanze izoranguka

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika