Ikigabane ca 8
‘Kurwanya Inteko z’Ibiremwa vy’Impwemu Bikora Ikibi’
1. Ni kuki ibigirwa n’ibiremwa bibi bitaboneka tuvyitayeho rwose?
ABEMERA ibintu biboneka vyonyene, hari aho baca bitwengera iyo bumvise iciyumviro c’uko ibiremwa vy’impwemu bikora ikibi bibaho. Ariko umuntu ntakwiye gutwenga ico ciyumviro. Bavyemera batavyemera, umuntu uwo ari we wese arakazwa n’ivyo amashetani agira. N’abasavyi ba Yehova nyene ntaho bobihungira. Kukaba nkako, ni na bo ahama gusumba. Intumwa Paulo yaratubūriye ku vyerekeye urwo rugamba ati: “Kuko abo tunigana atari ab’inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru (atari ab’inyama n’amaraso), n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.” (Abanyefeso 6:12) Muri iki gihe turimwo, ukwo gukazwa kuramaze gukomera rwose kubera ko Shetani yamaze gutabwa inyuma y’ijuru, kandi irarakaye, irazi ko isigaje igihe gito.—Ivyahishuriwe Yohani 12:12.
2. Bishoboka bite ko turwanya ibiremwa vy’impwemu bisumvya abantu inkomezi tukabitsinda?
2 Bishoboka bite ko muri twebwe hoba ūtsinda igitero c’ibiremwa vy’impwemu bisumvya abantu inkomezi? Mu kwishimikiza Yehova vyonyene tugaherezako. Dutegerezwa kumwumviriza tugakurikiza Ijambo ryiwe. Tubigenjeje gutyo, turashobora kwirinda kumererwa nabi ku mubiri, mu vy’umutima no mu vyiyumviro, ibihora bishikira abaganzwa n’amashetani.—Abanyefeso 6:11; Yakobo 4:7.
Abakuru b’Iyi Si Baba Ahantu ho mu Kirere
3. Ni igiki kandi ni nde Shetani irwanya bimwe bibi?
3 Yehova aratwiganira neza ukuntu ivy’iyi si vyifashe, nk’uko abibona ari ahantu harengeye vyose, mw ijuru. Yareretse intumwa Yohani nko mu ndoto, ishusho ya Shetani, imeze nk’“igisato c’amahero gisa n’ikibengebenge,” citeguriye kumira Ubwami bw’Imana bwashikirijwe Mesiya nk’igihe vyoshoboka, ari ho bugiheza gushingwa mw ijuru mu 1914 G.C. Aho biyinaniriye, yaciye ivyura intureka mbi y’ivy’ukurwanya abaserukira ubwo Bwami baboneka, ari bo muce ugira kabiri wa rwa ruvyaro rw’ ‘umugore’ w’Imana.—Ivyahishuriwe Yohani 12:3, 4, 13, 17.
4. (a) Ni igiki Bibiliya yerekezako ivyiyumviro vyacu ku vyerekeye ahava ububasha bw’intwaro z’abantu? (b) Ubu abakuru b’intwaro bakoranirizwa hamwe kubera iki, kandi bakoranywa na nde?
4 Ahantu ububasha n’ubukuru vy’izi ntwaro z’abantu biva, na ho nyene hārerekanywe mu vyo Yohani yahishuriwe. Yareretswe igikōko gifise imero zidasa, gifise imitwe 7 n’amahembe 10, igikōko cahawe “gutwara imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n’amahanga yose.” Ico gikōko si ikigereranyo c’intwaro imwe gusa, ahubwo ni ikigereranyo c’intwaro zo kw isi iyo iva ikagera. Yohani yaramenyeshejwe ko “ca gisato (Shetani wa Mucokoranyi) kigiha ububasha bwaco, no kuja ku ngoma yaco, n’ubutware buhambaye.” (Ivyahishuriwe Yohani 13:1, 2, 7; gereranya no muri Luka 4:5, 6.) Naho abategeka mu vy’intwaro bashobora kwerekana ko bari mw idini, nta hanga na rimwe mu yagize ico ‘gikōko’ ryorohera Yehova Segaba hamwe n’Umwami yimitse, Yezu Kirisitu. Yose aharanira kuguma agaba akaganza. Nk’uko mu Vyahishuriwe Yohani havyerekana, ubu “impwemu z’[amashetani]” zikoraniriza ayo mahanga yose hamwe mu “ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose,” kuri Haru-Magedoni. (Ivyahishuriwe Yohani 16:13, 14, 16) Nk’uko intumwa Paulo yanditse, ni ivy’ukuri “abaganza iyi si” si abantu basanzwe, ni “impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.” (Abanyefeso 6:12) Abo bose bashaka kwerekana ko ari abasavyi nyakuri ba Yehova, ivyo bategerezwa kubitahura neza.
5. Ni kuki dukwiye kuba maso kugira ngo ntiduhendwe ngo dushigikire iyi si ya Shetani?
5 Imisi yose mu buzima bwacu turumva ivy’amatati atera amacakubiri mu bantu. Kuri bo ni ibisanzwe kurwanira igihugu c’amavukiro, ubwoko, ururimi canke ikibanza bafise mu vy’imibereho y’abantu, mu majambo canke mu bundi buryo. Naho umugwi barimwo utoba uri mu vy’ayo matati, hari aho usanga bavugira uruhande bumva ko ari rwo bakunze. Ariko naho ivyavyuye ayo matati vyoba bimeze gute, igihe ari umuntu canke ikintu barwanira, mu vy’ukuri baba bariko bashigikira nde? Bibiliya irabisigura iti: “Isi yose iri muri wa mubi.” (1 Yohani 5:19) None umuntu ashobora gute kwirinda ngo ntazimizwe kimwe n’abandi bantu? Nta bundi buryo buriho atari ugushigikira Ubwami bw’Imana bimwe bishitse, no kwitaramura koko mu vy’amatati aryanisha imigwi y’abantu b’iyi si.—Yohani 17:15, 16.
Urwenge rwa wa Mubi
6. Ni ibiki tutokwibagira mu vyo Shetani ikoresha ngo ihuvye abantu bareke gusenga Imana y’ukuri?
6 Mu nkuru menyeshakahise, ibihe vyose Shetani yamye ikoresha uruhamo rwo mu majambo no ku mubiri kugira ngo igondoze abantu bahebe kwambaza Imana y’ukuri. Ariko yarakoresheje n’ubundi buryo buhambaye gusumba—urwenge hamwe n’ukwiyorobeka.
7. Urwenge rwa Shetani rwibonekeza gute mu buryo ikoresha idini y’ikinyoma?
7 Yaragumije abantu isinzi mu muzimagiza ku rwenge ikoresheje idini y’ikinyoma, abasanzwe babishaka ibashiramwo iciyumviro c’uko bariko bakorera Imana. Kubera ukudakunda cane ukuri, barashobora kureshwa n’ibirori vy’amadini birimwo ibinyegezwa kandi bihenda amaso, canke bakumva ibitangaza birabanyuze koko. (2 Ab’i Tesalonike 2:9, 10) Ariko turagabishwa ko no mu basenga Imana y’ukuri nyene, “bamwe bazota [ukwizera], bagashira umutima ku vy’impwemu zizimiza no ku vy’inyigisho z’[amashetani].” (1 Timoteyo 4:1) Ivyo vyoshoboye gushika gute?
8. Shetani yabigenjeje gute mu kwosha n’abāhora basenga Yehova bamwe bamwe ibinjiza mw idini y’ikinyoma?
8 Shetani ishimikira ku rwenge aho umuntu agoyagoya. Yoba akirimwo ivy’ugutinya abantu? Niba bikiri muri we, arashobora kugwishwa n’ugukazwa n’abaryango canke n’ababanyi, akaja mu vy’imigenzo ikomoka kw idini y’ikinyoma. Uyo muntu yoba yirata? Arashobora rero guharīra igihe ahanuwe, canke igihe abandi banse kwemera ivyiyumviro ashigikiye. (Imigani 29:25; 15:10; 1 Timoteyo 6:3, 4) Bite none ni yaba afashanya n’abandi ca gikorwa-ngenerwa co mu ndimiro bitavuye ku rukundo? Mu gishingo c’ukwibogora mu vyiyumviro ngo akurikire akarorero ka Kirisitu, arashobora kwumva ashimishijwe n’ ‘abamwagaza amatwi’ ngo gusoma Bibiliya no “kwigenza neza” birahagije. (2 Timoteyo 4:3, NW) Niba yinjiye mu yindi dini canke akaguma yifitiye ishusho y’iyo arimwo, kuri Shetani nta co bitwaye kubera ko uyo muntu adasenga Yehova nk’uko avyerekana mw Ijambo no mw Ishirahamwe, vyiwe.
9. Shetani ikoresha gute ku rwenge ukumarana inambu y’umubiri kugira ngo ishikīre ivyo igomba?
9 Shetani kandi irosha abantu ku rwenge ngo bimare inambu baremanywe, mu buryo bubi. Uko ni ko ibigenza mu vyerekeye ukumarana inambu y’umubiri umugabo n’umugore. Kubera ko abantu benshi b’iyi si bashiburira kure ivy’ukwigenza runtu biri muri Bibiliya, babona yuko ukuryamana kw’umugabo n’umugore batabiranye ari ukwinezereza kubereye, canke ko ari uburyo bw’ukugaragaza ko batakiri abana. Ababiranye bo bite? Birakunda gushika ko ababiranye bo muri iyi si bagira ingorane mu rugo, bakahukana hanyuma bakabirana n’uwundi mugenzi, canke bagatandukana gusa bagaca bironderera uwundi babana. Twitegereje ubwo buryo bw’ukubaho, twoca twiyumvamwo ko hari ico duhomvye, ko ivy’ukuba umukirisu biremereye? Shetani ikoresha urwenge igatuma umuntu yiyumvīra ko Yehova ariko amwima ivyiza. Iratwosha kurimbūra umunezero dushobora kuronka ubwo nyene—ariko ntiturimbūre ingaruka mbi izoteba ikadushikira twebwe ubwacu hamwe n’abandi, canke ntitwigere twibaza ivy’ubucuti dufitaniye na Yehova hamwe n’Umwana wiwe.—Ab’i Galatiya 6:7, 8; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10.
10. Shetani igerageza gute kuduhindura ngo tube inkazi?
10 Iyindi nambu twaremanywe, ni iy’ukugira ibintu binezereza umuntu. Iyo atari ibityoye, birashobora kuruhura umubiri, kuruhura mu bwenge no kuruhura ukuntu wiyumva mu mutima. Twogira iki none igihe Shetani igerageje ku rwenge gukoresha ivyo bintu binezereza umuntu kugira ngo ikure ivyiyumviro vyacu ku vy’Imana? Akarorero turazi ko Yehova yanka abakunda ibiranga ugukara. (Zaburi 11:5) Ariko nk’igihe ibishusho vyo muri televiziyo canke vyo mw isenema vyerekanye inkazi, duca twicara tugashika, vyose tukabirorera? Canke iyo bariko babikora ngo ni ibikino, turavyemera mbere tukanavugiriza impundu abariko babigira?—Gereranya no mw Itanguriro 6:13.
11. Ni mu buryo ki n’umuntu azi neza ivy’ubupfumu ashobora gusanga yavyisutsemwo igihe atama agavye?
11 Turazi kandi ko abashimishwa n’ivy’ubupfumu—kuragura, kuroga canke abagerageza kuvugana n’abapfuye—ari ‘abayobe kuri Yehova.’ Ntidushobora kwishiramwo iciyumviro c’ukuja ku bapfumu, kandi birumvikana ko tutobahamagara i muhira ngo bahakorere umwuga wabo w’ivy’amashetani. Ariko baberekanye muri televiziyo twobumviriza tugatako tukabatamārira? Naho tutokwigera twemera kuvūrwa n’umupfumu, twobohera akagozi ku kuboko kw’uruyoya twiyumvīra ko hari aho koshobora kuruzigama ngo ntihagire ico ruba? Kubera ko tuzi yuko Bibiliya ibuza ‘ivy’ukuroga,’ twokwemera ko umurozi atugota naho hoba mu kanya gato?—Gusubira mu vyagezwe 18:10-12; Ab’i Galatiya 5:19-21.
12. (a) Umuziki ukoreshwa gute kugira ngo twishiremwo ivyiyumviro tuzi ko ari bibi? (b) Inyambaro, umushatsi canke imvugo, bishobora bite kwerekana ko umuntu ashimagiza abo Yehova yanka imigenzo yabo? (c) Dusabwa kugira iki ni twaba dushaka kwirinda ngo ntidufatwe mu ruhendo rwa Shetani?
12 Dusoma mu Vyanditswe ko ‘ubushakanyi n’ibihumanya vy’ubwoko bwose tudakwiye kubicisha no mu kanwa niba tubitumwe n’ivyiyumviro bibi.’ (Abanyefeso 5:3-5) Bite none nk’igihe ivyo bintu tuvuze bijana ku rwenge n’umuziki uryoheye ugutwi kandi unihīra rwose? Wosanga dutanguye gusubiramwo tutabizi amajambo ashimagiza ubusambanyi, ivy’ukunywa urumogi mu kwinezereza hamwe n’ibindi vyinshi? Canke igihe tuzi ko atari vyiza kwigana uburyo abakora ivyo bintu babayeho, twogerageza kumera nka bo mu kwigana inyambaro yabo, ukuntu bahingura imishatsi hamwe n’imvugo yabo? Ese ingene Shetani yiyorobeka! Ese ingene ikoresha uburyo bw’uruhendo ngo yoshe abantu bakurikire ivyiyumviro vyayo vyononekaye! (2 Ab’i Korinto 4:3, 4) Kugira ngo ntidufatwe mu ruhendo rwayo, dutegerezwa kwirinda kugenda dukurikirana iyi si. Dukwiye kwama tuzirikana abaganza “iyi si y’umwiza” abo ari bo, hanyuma tukarwanya akosho kabo n’ubwira bwinshi.—Abanyefeso 6:12; 1 Petero 5:8.
Kwambara Ibirwanisho Bituma Dutsinda
13. Bishoboka bite ko hogira uwo muri twebwe ben’agasembwa atsinda iyi si iganzwa na Shetani?
13 Imbere y’uko Yezu asandaba yabwiye intumwa ziwe ati: “Ni muhumure, jewe naranesheje isi.” Na bo nyene boyitsinze; kandi imyaka irenga 60 mu nyuma, intumwa Yohani yanditse iti: “Ni nde atsinda isi, atari uwizera yuko Yezu ari Umwana w’Imana?” (Yohani 16:33; 1 Yohani 5:5) Uko kwizera kugaragazwa n’ugukurikiza amategeko ya Yezu, hamwe no kwishimikiza Ijambo ry’Imana nk’uko we nyene yabigenjeje. Ni igiki kindi gisabwa? Ko twoguma mw Ishengero we nyene arongōye. Iyo ducumuye, dukwiye kwihana koko tugasaba imbabazi ku Mana twishimikije inkuka ya Yezu. Tubigenjeje gutyo na twebwe turashobora gutsinda naho turi abanyagasembwa.
14. (a) Soma mu Banyefeso 6:13-18. (b) Koresha ivyo bibazo n’ivyo Vyanditswe vyatanzwe, bibe icishimikizo c’ukuyaga ivy’akamaro kazanwa n’ikirwanisho kimwe kimwe c’ivy’umutima.
14 Kugira ngo bidushobokere, dukwiye kwambara “[ibirwanisho] vyose vy’Imana,” ntihasigare na kimwe. Turagusavye uzingurure Bibiliya mu Banyefeso 6:13-18, usome uburyo ivuga ivyerekeye ivyo birwanisho. Hanyuma mu kwishura ibibazo biri aho hepfo, wihweze ukuntu ivy’ugukingirwa n’ikirwanisho kimwe kimwe woshobora kubironkerako akunguko.
‘Gukenyeza ukuri’
Naho twoba tuzi inyigisho z’ukuri, ukwiyigisha tudahorereza, ukuzirikana ukuri kwo muri Bibiliya no gukoranira hamwe n’abandi, vyodukingira gute? (Ab’i Filipi 3:1; 4:8, 9; 1 Ab’i Korinto 10:12, 13; 2 Ab’i Korinto 13:5; 1 Petero 1:13)
‘Kwambara [ugutungana] nk’icuma gikingira igikiriza’
Izo ngingo zerekeye ivy’ugutungana zashinzwe na nde? (Ivyahishuriwe Yohani 15:3)
Tanga akarorero kerekana uburyo ukurenga amategeko ya Yehova bivuye ku kudatsimbataza ivy’ugukunda inzira ziwe, vyoshobora gutuma umuntu amererwa nabi cane mu vy’umutima. (Raba muri 1 Samweli 15:22, 23; muri Gusubira mu vyagezwe 7:3, 4.)
‘Kwambara inkweto z’ivy’inkuru nziza y’amahoro’
Tuba dukingiwe gute iyo ibirenge vyacu biguma bikora akazi ko kudutwara kuyagira abantu ivyo Imana yatunganije vyerekeye amahoro? (Abaroma 10:15; Zaburi 73:2, 3; 1 Timoteyo 5:13)
“Inkinzo y’ukwizera”
Niba dufise ukwizera gushinze imizi koko, twogira iki igihe dushikiwe n’ibitwosha ngo dutangure gukekeranya canke gutinya? (Gereranya no muri 2 Timoteyo 1:12; 2 Abami 6:15-17.)
“Inkofero y’agakiza”
Icizigiro c’ukurokoka kidufasha gute kwirinda gufatwa mu mutego w’ivy’uguhahamira itunga ry’ivy’umubiri? (1 Timoteyo 6:7-10, 19)
“Inkota y’[ivy’umutima]”
Ni igiki twokwishimikiza nantaryo igihe turwanya ibiduteye mu kwizera kwacu canke ukw’abandi? (Zaburi 119:98; Imigani 3:5, 6; gereranya no muri Matayo 4:3, 4.)
Turavye ivyo tuvuze, ni igiki kindi cerekanywe mu Banyefeso 6:18, 19 ko gifise akamaro koko mu vy’ugutsinda mu ndwano y’ivy’umutima? Cogirwa kangahe? Kubera nde?
15. (a) Twoba turwana indwano y’ivy’umutima umwe umwe wese ari wenyene? (b) Dushobora dute gutera umwansi muri iyo ndwano?
15 Twebwe abasoda b’abakirisu, turi mu ngabo za ca gitero kinini kirwana mu vy’umutima. Tugumye turi maso kandi tugakoresha ibirwanisho vyose biva ku Mana nk’uko bibereye, ntitwokomerekera muri iyo ndwano. Ah’ugukomereka, twotabara abandi basavyi b’Imana tukabakomeza. Twokwama tugabirije kandi dufise igishika co gutera umwansi, tugakwiza hose inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana bwashikirijwe Mesiya, ya ntwaro Shetani irwanya yivuye inyuma.
Ikiyago c’Ugusubiramwo
● Ni kuki abasenga Yehova bagerageza kwitaramura rwose mu matati y’ab’iyi si?
● Bimwe bimwe mu vyo Shetani ikoresha ku rwenge kugira ngo itemvye abakirisu mu vy’umutima ni ibiki?
● Ibirwanisho biva ku Mana bidukingira gute mu nzira zirimwo ibitugerageza igihe turi mu ndwano y’ivy’umutima?