“Muhe iteka abakora cane muri mwebwe”
“Muhe iteka abakora cane muri mwebwe kandi babahagarikira mu Mukama bakongera bakabakebura.”—1 TES. 5:12.
1, 2. (a) Ivy’ishengero ry’i Tesalonika vyari vyifashe gute igihe Paulo yabandikira ikete ryiwe rya mbere? (b) Paulo yaremesheje Abatesalonika gukora iki?
NUFATE ko uri umwe mu bagize ishengero ry’i Tesalonika ryo mu kinjana ca mbere, rino rikaba ari rimwe mu mashengero yatanguye gushingwa i Buraya. Intumwa Paulo yari yarakoresheje igihe kinini mu gukomeza abavukanyi bo ng’aho. Ashobora kuba yaragenye abagabo b’inararibonye kugira ngo baje imbere abandi, nk’uko yari yarabigize mu yandi mashengero. (Ivyak. 14:23) Mugabo iryo shengero rimaze gushingwa, Abayuda barashizeho akagwi k’inkozi z’ikibi kugira ngo birukane Paulo na Silasi muri ico gisagara. Abakirisu bari basigaye bashobora kuba bariyumvisemwo ko bahebwe, kumbure baragira n’ubwoba.
2 Birumvikana ko Paulo amaze kuva i Tesalonika yari arajwe ishinga n’iryo shengero ryari rikivuka. Yaragerageje gusubirayo, mugabo ‘Shetani arazibira’ inzira yiwe. Yaciye rero arungika Timoteyo kugira ngo aremeshe iryo shengero. (1 Tes. 2:18; 3:2) Igihe Timoteyo yagarukana agakuru keza, Paulo yaravyuriwe umutima wo kwandikira ikete Abatesalonika. Mu vyo Paulo yabandikiye, harimwo no kubaremesha “guha iteka abakora cane muri [bo] kandi babahagarikira.’—Soma 1 Abatesalonika 5:12, 13.
3. Ni imvo izihe abakirisu b’i Tesalonika bari bafise zo kwiyumvira abagabo b’inararibonye mu buryo burengeye ubudasanzwe?
3 Abavukanyi baja imbere abandi mu bakirisu b’Abatesalonika ntibari bazi utuntu n’utundi nka Paulo n’abo bafatanya ingendo; eka kandi ntibari bazi ibintu vyinshi mu vy’impwemu nk’ivyo abakurambere b’i Yeruzalemu bari bazi. Nakare, iryo shengero ntiryari bwamare umwaka rishinzwe! Naho vyari ukwo, abari muri iryo shengero bari bafise imvo yo gukengurukira abagabo b’inararibonye bo muri ryo “bakora cane,” ‘bagahagarikira’ iryo shengero bakongera ‘bagakebura’ abavukanyi. Mu vy’ukuri, bari bafise imvo yumvikana yo “[kwiyumvira abo bakurambere] mu buryo burengeye ubudasanzwe, mu rukundo.” Ico kintu Paulo yabasavye cakurikiwe n’impanuro yabahaye yo ‘kubana amahoro.’ Iyo uza kuba uri i Tesalonika, woba wari gukenguruka cane igikorwa abo bakurambere barangura? Ubona gute “ingabirano z’abagabo” Imana yatanze mw’ishengero urimwo ibicishije kuri Kristu?—Ef. 4:8.
‘Barakora cane’
4, 5. Ni kubera iki abagabo b’inararibonye bo mu gihe ca Paulo bakora cane kugira ngo bigishe ishengero, kandi ni kubera iki ari ukwo biri no muri iki gihe?
4 Paulo na Silasi bamaze kurungikwa i Beroya, ni gute abagabo b’inararibonye b’i Tesalonika “bakora cane”? Mu kwigana Paulo, nta gukeka ko bigisha iryo shengero bakoresheje Ivyanditswe. Woshobora kwibaza uti: ‘Abakirisu b’Abatesalonika boba none baraha agaciro Ijambo ry’Imana?’ Nakare, Bibiliya ivuga yuko Abanyaberoya “bari n’agatima keza kuruta ab’i Tesalonika, . . . [bakaba] basuzuma Ivyanditswe ku musi ku musi.” (Ivyak. 17:11) Ariko rero ukwo kugereranya ibintu kwari kwerekeye Abayuda b’Abatesalonika muri rusangi, ntikwari kwerekeye abakirisu. Ababaye abemera ‘bemeye ijambo ry’Imana, atari nk’ijambo ry’abantu, ahubwo nk’ijambo ry’Imana.’ (1 Tes. 2:13) Abagabo b’inararibonye bategerezwa kuba barakora cane kugira ngo bagaburire abantu nk’abo mu buryo bw’impwemu.
5 Muri iki gihe, wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge araronsa ubusho bw’Imana “ibifungurwa . . . ku gihe kibereye.” (Mat. 24:45) Bayobowe n’uwo mushumba, abakurambere bo mu karere kanaka barakora cane kugira ngo bagaburire abavukanyi babo mu buryo bw’impwemu. Abagize ishengero boshobora kuba bafise ibisohokayandikiro vyinshi bishingiye kuri Bibiliya, kandi mu ndimi zimwezimwe usanga haboneka ibikoresho bimwebimwe nka ca gitabu c’ironderero (Index des Publications Watch Tower) na ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu (Watchtower Library) kiri ku kadisiki kitwa CD-ROM. Kugira ngo abakurambere bitwararike ivyo ishengero rikeneye mu vy’impwemu, baramara amasaha n’ayandi bariko barategura ibiganiro bishikirizwa ku makoraniro kugira bashobore gushikiriza mu buryo ngirakamaro amayagwa bashinzwe. Woba umaze kuzirikana umwanya abakurambere bamara bariko barategura ibiganiro bashingwa gushikiriza ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro?
6, 7. (a) Paulo yabereye gute akarorero keza abagabo b’inararibonye b’i Tesalonika? (b) Ni kubera iki muri iki gihe vyoshobora kugora abakurambere kwigana Paulo?
6 Abo bagabo b’inararibonye b’i Tesalonika baribuka akarorero keza Paulo yatanze mu bijanye no kuragira ubusho. Ntiyagendera abavukanyi mu buryo bwo guheza umwuga. Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Paulo ‘yabaye uwengenga, nk’igihe umuvyeyi yonsa abungabunga abana biwe.’ (Soma 1 Abatesalonika 2:7, 8.) Mbere yari afise umutima ukunze wo ‘gutanga ubuzima bwiwe bwite’! Igihe abo bagabo b’inararibonye baba bariko bararagira ubusho, babwirizwa kumwigana.
7 Muri iki gihe, abungere bakirisu barigana Paulo mu gukunda cane ubusho. Intama zimwezimwe zoshobora kuba zitagira igishika kandi bitoroshe kuzigira abagenzi, kubera yuko ari ko zisanzwe zimereye. Naho ari ukwo, abakurambere baragerageza kubona kure maze ‘bakaronka ivyiza’ muri bo, ni ukuvuga bakababonamwo ivyiza. (Imig. 16:20) Ego ni ko, kubera yuko umukurambere aba ari umunyagasembwa vyoshobora kumugora kubona mu buryo bwiza intama imwimwe yose. Ariko none, ko agerageza kuba uwengenga kuri bose, ntakwiye none gushimirwa akigoro agira ko kuba umwungere mwiza ayoborwa na Kristu?
8, 9. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe abakurambere bo muri iki gihe ‘baguma barinze ubuzima bwacu’?
8 Twese turafise imvo yo ‘kuyobokera’ abakurambere. Nk’uko Paulo yavyanditse, ‘baguma barinze ubuzima bwacu.’ (Heb. 13:17) Iyo mvugo iratwibutsa umwungere nya mwungere aheba agatiro kugira ngo akingire ubusho bwiwe. Muri ubwo buryo nyene, muri iki gihe abakurambere boshobora guheba agatiro igihe bariko baritwararika abafise amagara make canke abafise ingorane mu mutima kibure mu vy’impwemu. Nk’akarorero, abavukanyi bari muri Komite zija inama n’ibitaro barakuwe mw’itiro kugira ngo bitwararike ingorane zijanye no kuvurwa. Yamara, igihe dushikiwe n’ikintu nk’ico, ese ukuntu dukenguruka igikorwa barangura!
9 Abakurambere bari muri Komite zijejwe ivyo kwubaka Ingoro z’Ubwami no muri komite zijejwe ivyo gutabara abashikiwe n’ivyago barakora cane kugira ngo bafashe abavukanyi. Birabereye ko tubashigikira n’umutima wacu wose! Rimbura igikorwa co gutabara cakozwe inyuma y’aho ca Gihuhusi citiriwe Nargis gitereye i Myanmar mu 2008. Kugira ngo umugwi ujejwe gutabara abashikiwe n’ivyago ushikire ishengero ry’i Bothingone mu karere kari kasinzikaye ka Irrawaddy Delta, waciye mu karere kari kacitse umusaka kuzuyemwo imivyimba. Igihe abavukanyi bo muri ako karere babona ko mu mugwi ujejwe ivyo gutabara abashikiwe n’ivyago watanguye gushika i Bothingone harimwo uwahora ari umucungezi w’umuzunguruko wabo, baciye biha akamo bati: “Ehe raba! Ni umucungezi w’umuzunguruko wacu! Yehova yaturokoye!” Woba ukenguruka igikorwa kitoroshe abakurambere bakora ijoro n’umurango? Abakurambere bamwebamwe baragenwa ngo bakorere muri komite zidasanzwe kugira batunganye ingorane zitoroshe zijanye no guca imanza. Abo bakurambere ntibiratira ivyo baba bararanguye; yamara abungukira ku gikorwa barangura barakenguruka vy’ukuri.—Mat. 6:2-4.
10. Ni igikorwa kidakunze kumenyekana ikihe abakurambere bakora?
10 Muri iki gihe, abakurambere benshi na bo nyene usanga bafise igikorwa babwirizwa gukora kijanye no kwuzuza impapuro. Nk’akarorero, umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere arategura intonde z’amakoraniro agirwa buri ndwi. Umunyamabanga w’ishengero aratororokanya raporo z’umurimo zitangwa buri kwezi be n’izitangwa buri mwaka. Umucungezi w’ishure ariyumvira yitonze urutonde rw’ishure. Uko haciye amezi atatu, inyandiko zijanye n’amakonte y’ishengero zirakenguzwa. Abakurambere barasoma amakete avuye ku biro vy’ishami maze bagashira mu ngiro ubuyobozi bahawe bufasha mu vyo gutuma mw’ishengero haguma hari “ubumwe mu kwizera.” (Ef. 4:3, 13) Biciye ku twigoro tugirwa n’abakurambere bakora cane nk’abo, ‘ibintu vyose biraba mu buryo bubereye kandi ku rutonde.’—1 Kor. 14:40.
‘Barabahagarikira’
11, 12. Ni bande bahagarikira ishengero, kandi kurihagarikira birimwo iki?
11 Paulo yavuze ko abagabo b’inararibonye bakora cane b’i Tesalonika ‘bahagarikira’ ishengero. Mu rurimi rwo mu ntango, iryo jambo ririmwo iciyumviro co guhagarara imbere rikaba rishobora guhindurwa ngo kuyobora no kuja imbere abandi mu. (1 Tes. 5:12) Paulo yavuze ko abo bakurambere nyene “bakora cane.” Ntiyariko aravuga ibijanye n’“umucungezi muhagarikizi” umwe gusa ahubwo yariko aravuga ibijanye n’abagabo b’inararibonye bose bo muri iryo shengero. Muri iki gihe, abakurambere benshi barahagarara imbere y’ishengero maze bakarongora amakoraniro. Ihinduka riheruka kugirwa ryo gukoresha imvugo ngo “umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere” riradufasha kubona yuko abakurambere bose bagize inama yunze ubumwe.
12 ‘Guhagarikira’ ishengero birimwo n’ibindi uretse gusa kwigisha. Iyo mvugo nyene irakoreshwa muri 1 Timoteyo 3:4. Paulo yavuze ko umucungezi akwiye kuba “umuntu ahagarikira neza urugo rwiwe bwite, afise abana bayoboka ata gufyina namba.” Imvugo ikoreshwa ng’aho ngo “ahagarikira” biragaragara ko itarimwo gusa kwigisha abana biwe mugabo kandi irimwo no kuja imbere mu muryango no “[kugira] abana bayoboka.” Egome, abakurambere baraja imbere mw’ishengero, bagafasha abarigize bose kuyobokera Yehova.—1 Tim. 3:5.
13. Ni kubera iki vyoshobora gufata umwanya kugira ngo abakurambere bashike ku ngingo yinaka igihe bari mu nama?
13 Kugira ngo abakurambere bahagarikire neza ubusho, baraganira hagati yabo ukuntu bokwitwararika ivyo ishengero rikeneye. Vyoshobora kurushiriza kworoha mu gihe umukurambere umwe yoba ari we afata ingingo zose. Yamara, mu gukurikiza akarorero k’inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere, abagize inama z’abakurambere zo muri iki gihe baraganira ku bibazo binaka ata kwitinya, bakarondera ubuyobozi mu Vyanditswe. Baba bafise intumbero yo guhuza ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe n’ivyo ishengero ryabo rikeneye. Ivyo birarushiriza kuba ngirakamaro igihe umukurambere wese yitegurira inama abakurambere bagira, akihweza Ivyanditswe be n’ubuyobozi buva kuri wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge. Birumvikana yuko ivyo bisaba umwanya. Iyo hagize ivyo badahurizako, nk’uko vyashitse igihe inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yariko irihweza ikibazo kijanye n’ukugenyerwa, vyoshobora gukenerwa yuko bamara umwanya wiyongereye bakagira n’ubushakashatsi bwiyongereye kugira ngo bahurize ku ciyumviro gishingiye ku Vyanditswe.—Ivyak. 15:2, 6, 7, 12-14, 28.
14. Woba ukenguruka kuba inama y’abakurambere ikora ifatanye mu nda? Ni kubera iki ukenguruka ico kintu?
14 Ni ibiki vyoshobora gushika mu gihe umukurambere umwe arondeye akobeje yuko ibintu bikorwa nk’uko avyipfuza canke mu gihe agerageje gutuma abandi bemera ivyiyumviro vyiwe? Canke vyogenda gute mu gihe hari umuntu ameze nka Diyotirefe wo mu kinjana ca mbere, atumye haba ukutumvikana? (3 Yoh. 9, 10) Nta gukeka yuko ishengero ryose ryomererwa nabi. Nimba Shetani yaragerageje kuvuruga ishengero ryo mu kinjana ca mbere, turashobora kwemera tudakeka yuko yipfuza guhungabanya amahoro y’ishengero muri iki gihe. Yoshobora gufatira ku gatima abantu bafise k’ubwikunzi, nk’icipfuzo co kuba rurangiranwa. Ni co gituma abakurambere bakeneye gutsimbataza ukwicisha bugufi bakongera bagakora bafatanye mu nda uko bagize inama yunze ubumwe. Ese ukuntu dukenguruka ukwicisha bugufi kw’abakurambere basenyera ku mugozi umwe uko bagize inama!
‘Barabakebura’
15. Igihe abakurambere bakebura umuvukanyi canke mushiki wacu, ni igiki kiba kibavyuriye umutima wo kubigira?
15 Paulo yaciye ashira ahabona igikorwa kigoye yamara gihambaye abagabo b’inararibonye bakora, ico na co kikaba ari ugukebura ubusho. Mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, Paulo ni we wenyene yakoresheje imvugo y’ikigiriki ihindurwa ngo “gukebura.” Irashobora kwerekeza ku mpanuro ikomeye mugabo ntiyerekana urwanko. (Ivyak. 20:31; 2 Tes. 3:15) Nk’akarorero, Paulo yandikiye Abakorinto ati: “Ibi bintu sindavyandikiye kubamaramaza, ahubwo ndavyandikiye kubakebura nk’abana banje b’abakundwa.” (1 Kor. 4:14) Ukuba yaritwararika abandi abigiranye urukundo ni vyo vyamuvyuriye umutima wo kubakebura.
16. Abakurambere bakwiye kwibuka iki igihe bakebura abandi?
16 Abakurambere baribuka yuko ukuntu bakebura abandi ari ikintu gihambaye. Barihatira kwigana Paulo mu kuba abanyabuntu, abanyarukundo, n’abafasha abandi. (Soma 1 Abatesalonika 2:11, 12.) Ariko ntiwumve, abakurambere ‘baragumya ijambo ryo kwizigirwa kugira ngo bashobore guhimiriza biciye ku nyigisho ngirakamaro.’—Tito 1:5-9.
17, 18. Ukwiye kwibuka iki igihe umukurambere munaka agukebuye?
17 Ni ivy’ukuri yuko abakurambere ari abanyagasembwa kandi boshobora kuvuga ibintu mu nyuma bakicuza icatumye babivuga. (1 Abm. 8:46; Yak. 3:8) Vyongeye, abakurambere barazi yuko ku bavukanyi na bashiki bacu bakomeye mu vy’impwemu, guhanurwa ari ikintu mu bisanzwe ‘kidatera umunezero, ahubwo gitera intuntu.’ (Heb. 12:11) Ni co gituma igihe umukurambere yegereye umuntu kugira ngo amukebure, ashobora kuba abigira amaze kuzirikana cane ico kintu no kugishira mw’isengesho. Nimba warakebuwe, woba ukenguruka ukwo kuntu uwo mukurambere yakwitwararitse abigiranye urukundo?
18 Dufate yuko ufise ingorane y’amagara isa n’iyo abaganga badashobora gusigura. Mu nyuma umuganga umwe aramenye neza iyo ngorane, mugabo ivyo atoye bikakugora kwemera. Woba wobikira inzika uwo muganga? Oya! Naho nyene yokugira inama yo kubagwa, birumvikana yuko wokwemera kuvurwa muri ubwo buryo, wizigiye yuko ari vyo vyokugirira akamaro. Ukuntu uwo muganga yashikirije ayo makuru vyoshobora kukubabaza, ariko none woba woreka ivyo bikaba ari vyo wisunga mu gufata ingingo? Oya nawe! Muri ubwo buryo nyene, ntureke ngo ukuntu ukeburwa bikubuze kwumviriza abo Yehova na Yezu boshobora kuba bariko barakoresha kugira ngo bakwereke ingene ushobora kwifasha canke kwikingira mu buryo bw’impwemu.
Nukenguruke intunganyo Yehova yashizeho y’abakurambere
19, 20. Ushobora gute kwerekana ko ukenguruka “ingabirano z’abagabo”?
19 Wokora iki hamwe woronka ingabirano yakorewe canecane wewe? Woba wokwerekana ko uyikenguruka mu kuyikoresha? Yehova yarakuronkeje “ingabirano z’abagabo” abicishije kuri Yezu Kristu. Uburyo bumwe ushobora kwerekana ko ukenguruka izo ngabirano ni mu gutega yompi insiguro zishikirizwa n’abo bakurambere no mu kugerageza gushira mu ngiro ivyiyumviro bashikiriza. Urashobora kandi kwerekana ko ukenguruka mu gutanga insasanuro ziri n’ico zivuze ku makoraniro. Nushigikire igikorwa abakurambere bahagarikira, nk’akarorero ubusuku bwo mu ndimiro. Nimba warungukiye ku mpanuro wahawe n’umukurambere munaka, ubona gute ubimubwiye? N’ikindi kandi, ubona gute ukengurukiye imiryango y’abakurambere? Uribuka yuko kugira ngo umukurambere akore cane mw’ishengero, umuryango wiwe wemera guheba umwanya wari kumarana na we.
20 Egome, turafise imvo yumvikana yo gukengurukira abakurambere, bo bakora cane muri twebwe, bakaduhagarikira kandi bakadukebura. Mu vy’ukuri, izo “ngabirano z’abagabo” ni intunganyo iranga urukundo Yehova yadushiriyeho!
Woba uvyibuka?
• Ni imvo izihe abakirisu b’i Tesalonika bari bafise zo gukenguruka ababaja imbere?
• Ni gute abakurambere bo mw’ishengero urimwo bakora cane ku bwawe?
• Wungukira gute ku kuba abakurambere baguhagarikira?
• Mu gihe umukurambere agukebuye, ni igiki ukwiye kwibuka?
[Ifoto ku rup. 27]
Woba ukenguruka uburyo butandukanye abakurambere baragira ishengero?