IKIGABANE CA 5
Abacungezi bo kuragira ubusho
IGIHE Yezu yari kw’isi, yaragaragaje ko ari “umwungere w’agahebuza.” (Yoh. 10:11) Igihe yabona abantu isinzi baguma bamukurikira, “[yarabumviye] ikigongwe, kuko bari baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Mat. 9:36) Petero n’izindi ntumwa barabonye ukuntu yitwararika abantu abigiranye urukundo. Emwe, yari atandukanye n’abungere babi ba Isirayeli, abirengagiza intama gushika n’aho zisabagira kandi zikicwa n’ikigoyi co mu buryo bw’impwemu! (Ezk. 34:7, 8) Akarorero keza Yezu yatanze mu kwigisha no mu kwitwararika intama gushika n’aho azigura, karigishije intumwa ziwe ukuntu zofasha abafise ukwizera ngo bagaruke kuri Yehova, “wa mwungere akaba n’umucungezi w’ubuzima bwa[bo].”—1 Pet. 2:25.
2 Igihe kimwe, Yezu yareretse Petero ukuntu ibanga ryo kugaburira intama no kuziragira rihambaye. (Yoh. 21:15-17) Nta gukeka ko ico kintu cakoze ku mutima Petero. Mu nyuma Petero yarahimirije abakurambere bo mw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango ati: “Muragire ubusho bw’Imana mujejwe, mutagoberewe, ahubwo mubikunze; mutabitumwe n’ugukunda inyungu mbi, ahubwo mubishashaye; atari nko mu gukandamiza abari intoranwa y’Imana, ahubwo mu kubera uburorero ubusho.” (1 Pet. 5:1-3) Ayo majambo ya Petero araraba n’abakurambere b’amashengero muri iki gihe. Abakurambere barigana Yezu mu kubera akarorero ubusho babishashaye kandi babikunze, bagafata iya mbere mu gikorwa ca Yehova.—Heb. 13:7.
Abakurambere barigana Yezu mu kubera akarorero ubusho babishashaye kandi babikunze, bagafata iya mbere mu gikorwa ca Yehova
3 Turakenguruka kubona dufise abo bacungezi bagenywe n’impwemu nyeranda mu mashengero yacu. Ivyiza tuhakura ni vyinshi. Nk’akarorero, abacungezi bararemesha abagize ishengero kandi bakitwararika ivyo umwumwe wese akeneye. Buri ndwi, barahagarikira amakoraniro y’ishengero babigiranye umwete, aho abagize ishengero bose baronkera ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu. (Rom. 12:8) Utwigoro bagira mu gukingira ubusho ivyobugirira nabi, nk’akarorero abantu bononekaye, turatuma ubusho buguma butekanye. (Yes. 32:2; Tito 1:9-11) Akarorero keza batanga mu gikorwa co mu ndimiro karaturemesha kwamamaza inkuru nziza buri kwezi tudahorereza. (Heb. 13:15-17) Yehova arakomeza ishengero biciye kuri izo “ngabirano z’abagabo.”—Ef. 4:8, 11, 12.
IBISABWA KU BACUNGEZI
4 Kugira ishengero ryitwararikwe neza, abagabo bagenwa kuba abacungezi bategerezwa kuba bakwije ibisabwa biri mw’Ijambo ry’Imana. Aho gusa ni ho vyovugwa ko bagenwa n’impwemu nyeranda. (Ivyak. 20:28) Tuvugishije ukuri, ibintu abacungezi bakirisu basabwa mu Vyanditswe birahanitse, kuko kuba umucungezi ari ibanga riremereye. Ariko rero, ivyo bintu si amananiza ku buryo abagabo bakunda Yehova vy’ukuri kandi bashaka ko abakoresha batobishitsa. Bose bakwiye kwibonera neza ko abacungezi ari abantu bisunga impanuro zo muri Bibiliya mu buzima bwabo bwa misi yose.
Kugira ishengero ryitwararikwe neza, abagabo bagenwa kuba abacungezi bategerezwa kuba bakwije ibisabwa biri mw’Ijambo ry’Imana
5 Mw’ikete rya mbere intumwa Paulo yandikiye Timoteyo no mu ryo yandikiye Tito, yarerekanye ibintu vy’ishimikiro abacungezi basabwa. Muri 1 Timoteyo 3:1-7 hagira hati: “Nimba umuntu arondera gushikira ibanga ry’umucungezi, aba yipfuje igikorwa ciza. Umucungezi akwiye rero kuba ata co anegurwa, ari umugabo w’umugore umwe, atarenza urugero mu ngeso, aroranye mu muzirikanyi, umunyarutonde, umwakiranyi, ashoboye kwigisha, atari umunyamatati w’imborerwa, atari uwukubitana, ahubwo abe uwugira ibitegereka, atari uwukunda kurwana, atari inkunzi y’amahera, abe ari umuntu ahagarikira neza urugo rwiwe bwite, afise abana bayoboka ata gufyina namba; (nimba koko umuntu atazi guhagarikira urugo rwiwe bwite, azobungabunga gute ishengero ry’Imana?) ntabe umuntu yizeye vuba, kugira ngo ntahave yivyimvya akagwa mu rubanza rwaciriwe Shetani. Vyongeye, akwiye kandi kuba ashingirwa intahe nziza n’abantu bo hanze, kugira ntagwe mu ceyi no mu mutego wa Shetani.”
6 Paulo yandikiye Tito ati: “Iki ni co catumye ngusiga i Kirete: ni ukugira ngo ukosore ibintu vyari n’agahaze wongere ugene abagabo b’inararibonye mu gisagara no mu kindi, nk’uko nabigutegetse; nimba hari umuntu ata co aregwa, umugabo w’umugore umwe, afise abana bemera batagirizwa ubuhumbu canke ngo babe ibigaba. Kuko umucungezi ategerezwa kuba atagira ico aregwa bwa mubwiriza w’Imana, atari intagondwa, adakaza ishavu, atari umunyamatati w’imborerwa, atari uwukubitana, atanohokera inyungu mbi, ahubwo abe ari umwakiranyi, uwukunda iciza, aroranye mu muzirikanyi, agororotse, intahemuka, yigumya, agumya ijambo ryo kwizigirwa ku bijanye n’ubuhanga bwiwe bwo kwigisha, kugira ashobore guhimiriza biciye ku nyigisho ngirakamaro no gukangira abayivuguruza.”—Tito 1:5-9.
7 Naho ivyo bintu bisabwa ku bacungezi womengo biragoye, abagabo bakirisu ntibakwiye gutinya kurondera gushikira iryo banga. Igihe bagaragaje kamere nziza zisabwa ku bacungezi, biratuma abandi bagize ishengero babigana. Paulo yanditse ko izo “ngabirano z’abagabo” zitangwa “ku bw’ukubogorwa kw’aberanda, ku bw’igikorwa c’ubusuku, ku bw’ukwubakwa kw’umubiri wa Kristu, kugeza twese dushikiriye ubumwe mu kwizera no mu bumenyi butagira amakosa bw’Umwana w’Imana, tugashikira urugero rw’umugabo akuze, urugero rw’igihagararo rw’ukunengesera kwa Kristu.”—Ef. 4:8, 12, 13.
8 Abacungezi si uduhungu tukiri duto canke abantu bizeye vuba. Ahubwo ni abantu bazi utuntu n’utundi mu bijanye n’ubuzima bwa gikirisu, bafise ubumenyi bwagutse bwerekeye Bibiliya, batahura Ivyanditswe mu buryo bwimbitse kandi bakunda vy’ukuri ishengero. Igihe hari uwakoze ikibi, ntibatinya kubimubwira no kumukosora, bakaba bakingiye intama uwo wese ashaka kuzigirira nabi. (Yes. 32:2) Abacungezi ni abantu ishengero ryose ribona ko bahumuye mu vy’impwemu kandi bitaho vy’ukuri ubusho bw’Imana.
9 Abakwije ibisabwa kugira babe abacungezi barerekana ko bayoborwa n’ubukerebutsi mu buzima bwabo. Nimba yubatse, umucungezi akwiye kuba akurikiza ingingo ngenderwako zerekeye umubano, nko kuba ari umugabo w’umugore umwe no guhagarikira neza urugo rwiwe bwite. Nimba afise abana bemera, bayoboka ata gufyina namba kandi bakaba batagirizwa ubuhumbu canke ngo babe ibigaba, abagize ishengero boshobora kumwitura bizigiye ko abaha impanuro zerekeye ubuzima bwo mu rugo n’izerekeye ubuzima bwa gikirisu. Umucungezi kandi ni umuntu ata co anegurwa, ata co aregwa kandi ashingirwa intahe nziza mbere n’abantu bo hanze. Nta kirego gifise ishingiro c’uko yoba yigenza nabi akwiye kuba aregwa kuko vyotuma ishengero rivugwa nabi. Ntakwiye kuba aherutse gukangirwa kubera ikosa rikomeye. Abandi mw’ishengero barumva bokwigana akarorero kiwe kandi barahimbarwa no kumuzeza ubucuti bafitaniye n’Imana.—1 Kor. 11:1; 16:15, 16.
10 Abo bagabo bakwije ibisabwa barashoboye gufasha ishengero rya gikirisu nka kumwe kw’abagabo b’inararibonye bo muri Isirayeli, abo Bibiliya ivuga ko bari abagabo “b’inkerebutsi, b’ubwenge kandi bazi utuntu n’utundi.” (Gus. 1:13) Abakurambere si aberanda, ariko mw’ishengero no mu kibano bakwiye kuba bazwi ko ari abantu bagororotse kandi batinya Imana, bamaze igihe berekana ko babaho bisunga ingingo ngenderwako z’Imana. Kubera ko batagirako umugayo biratuma bagira umwidegemvyo wo kuvuga imbere y’ishengero.—Rom. 3:23.
11 Abagabo bakwije ibisabwa kugira bagenwe kuba abacungezi barerekana ko batarenza urugero mu ngeso zabo no mu vyo bakorana n’abandi. Si abantu b’ishaka rirenze urugero. Mu buzima bwabo barerekana ko batarenza urugero be n’uko bigumya. Ivyo birabonekera mu bijanye no kurya, kunywa, kwinezereza no kwiruhura. Barigerera mu kunywa inzoga kugira ntibahave bagirizwa ko ari imborerwa. Umuntu yiziziwe n’inzoga usanga bimugora kwigumya, akaba rero atoshobora kwitwararika ivyo ishengero rikeneye mu buryo bw’impwemu.
12 Kugira umuntu ashobore guhagarikira ishengero bisaba ko aba umunyarutonde ku rugero kanaka. Ivyo bigaragarira ku kuntu aboneka, ukuntu inzu yiwe imeze no mu bikorwa vyiwe vya misi yose. Aririnda kuba nzobandabikora; arabona ibikenewe maze agategekanya ibintu neza. Arisunga cane ingingo ngenderwako z’Imana.
13 Umucungezi ategerezwa gukora ibitegereka. Ategerezwa kuba ashoboye gusenyera ku mugozi umwe n’abandi bari kumwe mu nama y’abakurambere. Akwiye kubona ibimwerekeye mu buryo bubereye kandi ntiyitege ku bandi ibirenze. Kubera yuko akora ibitegereka, si umuntu adakurwa kw’ijambo canke ngo abone ko ivyiyumviro vyiwe biruta ivy’abandi bakurambere. Abandi boshobora kuba bafise kamere adafise canke bakaba bashoboye ivyo we adashoboye. Umukurambere arerekana ko akora ibitegereka igihe ashingira kuri Bibiliya ingingo afata kandi akihatira kwigana akarorero ka Yezu Kristu. (Flp. 2:2-8) Umukurambere si umuntu akunda kurwana canke akubitana, ahubwo araha abandi icubahiro bakwiriye, akabona ko bamuruta. Si intagondwa, ngo yame arondera ko abandi bemera ivyiyumviro vyiwe. Ntakaza ishavu, ahubwo akorana n’abandi mu mahoro.
14 Vyongeye, umuntu akwije ibisabwa vyo guhagarikira ishengero akwiye kuba aroranye mu muzirikanyi. Ivyo bisigura ko ari umuntu atekanye, atihutira guca urubanza. Aratahura neza ingingo ngenderwako za Yehova n’ingene zoshirwa mu ngiro. Umuntu aroranye mu muzirikanyi aremera impanuro n’ubuyobozi. Si indyarya.
15 Paulo yibukije Tito ko umucungezi ari umuntu akunda iciza. Akwiye kuba agororotse kandi ari intahemuka. Izo kamere zirabonekera mu vyo akorana n’abandi no mu kuntu ashikama ku bigororotse n’ibibereye. Arihebera Yehova adahemuka kandi yama ashigikira ingingo ngenderwako zigororotse. Ni umuntu ashobora kugumya ibanga. Ni umwakiranyi vy’ukuri, yitanga abikunze akongera agasangira n’abandi ivyo afise.—Ivyak. 20:33-35.
16 Kugira umucungezi aroranirwe ategerezwa kuba ashoboye kwigisha. Twisunze ivyo Paulo yabwiye Tito, umucungezi yobaye “agumya ijambo ryo kwizigirwa ku bijanye n’ubuhanga bwiwe bwo kwigisha, kugira ashobore guhimiriza biciye ku nyigisho ngirakamaro no gukangira abayivuguruza.” (Tito 1:9) Arashoboye gufasha abandi kuzirikana, gutanga ibimenyamenya, gutsinda ibihari no gukoresha Ivyanditswe ku buryo ajijura abandi kandi agakomeza ukwizera kwabo. Umucungezi arakoresha ubwo bushobozi bwo kwigisha mu gihe ciza no mu gihe kigoye. (2 Tim. 4:2) Arihangana ku buryo ashobora gukangira abigiranye ubwitonzi uwakosheje canke kujijura uwukekeranya maze akamuvyurira umutima wo gukora ibikorwa vyiza abitumwe n’ukwizera. Kuba ashoboye kwigisha umugwi w’abantu canke umuntu umwe biratanga ikimenyamenya c’uko ashitsa ico kintu gihambaye gisabwa.
17 Birahambaye ko abakurambere bagira umwete mu gikorwa co kwamamaza. No muri uwo muce bikwiye kuboneka ko bihatira kwigana Yezu, uwabona ko igikorwa co kwamamaza kiza imbere y’ibindi. Yezu yaritwararika abigishwa biwe, akabafasha kuba abamamaji kirumara. (Mrk. 1:38; Luka 8:1) Igihe abakurambere biyemeje kumara umwanya mu gikorwa co kwamamaza naho bafise vyinshi bakora, biratuma abagize ishengero bigana uwo mwete wabo. Igihe abakurambere bamamaza bari kumwe n’abagize umuryango wabo canke abagize ishengero, biratuma “[ba]hanahana indemesho.”—Rom. 1:11, 12.
18 Ivyo bintu vyose umucungezi asabwa womenga ni amananiza. Ego ni ko, nta mukurambere n’umwe yoshobora gushitsa mu buryo butagira agahaze ivyo bisabwa dusanga muri Bibiliya. Ariko rero, nta mukurambere n’umwe akwiye kuba ari n’ikintu kinini cane ahajije muri ivyo bisabwa ku buryo vyohava bibonwa ko ari akanenge kanini. Abakurambere bamwebamwe boshobora kuba bafise kamere zinaka zibonekeza cane, mu gihe abandi na bo boshobora kuba babarusha kamere nziza mu yindi mice. Ico bivamwo ni uko inama y’abakurambere yose usanga ifise kamere nziza zose zikenewe kugira ihagarikire neza ishengero ry’Imana.
19 Igihe inama y’abakurambere irata abagabo kugira bagenwe kuba abacungezi, ikwiye kugumiza ku muzirikanyi amajambo y’intumwa Paulo agira ati: “Mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira; ahubwo ndamubwira kwiyumvira ku buryo agira umuzirikanyi uroranye, umwe wese nk’uko urugero rw’ukwizera Imana yamuhaye ruri.” (Rom. 12:3) Umukurambere wese akwiye kwifata ruto. Nta n’umwe akwiye kwigira “umugororotsi birenze urugero” igihe basuzuma ko uwundi akwije ibisabwa. (Umus. 7:16) Inama y’abakurambere ifise ku muzirikanyi ico Ivyanditswe bisaba ku bacungezi, ikwiye gusuzuma ko umuvukanyi iriko irihweza akwije ivyo bisabwa ku rugero rutegereka. Igihe abakurambere bibuka ko twese turi abanyagasembwa kandi bakirinda kugira nkunzi canke uburyarya, barashobora kurata abandi mu buryo bwerekana ko bubaha ingingo ngenderwako zigororotse za Yehova kandi ku neza y’ishengero. Mu kurata umuvukanyi umwumwe wese barasaba Imana ngo ibayobore biciye ku mpwemu nyeranda bakongera bakarimbura bitonze ko yoba akwije ibisabwa n’Ivyanditswe. Iryo ni rimwe mu mabanga aremereye bajejwe kandi bategerezwa kurirangura bisunze inkeburo Paulo yatanze igira iti: “Ntukarambike ibiganza gihutihuti ku muntu n’umwe.”—1 Tim. 5:21, 22.
ICAMWA C’IMPWEMU
20 Abagabo bakwije ibisabwa n’Ivyanditswe barerekana ko bayoborwa n’impwemu nyeranda kandi barama icamwa cayo mu buzima bwabo. Paulo aravuga ibintu icenda bigize icamwa c’impwemu, na vyo akaba ari “urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, ukwigumya.” (Gal. 5:22, 23) Abo bacungezi bararuhurira abavukanyi kandi bagatuma ishengero ryunga ubumwe mu gukora umurimo mweranda. Inyifato yabo be n’ivyiza biva mu butame bwabo birerekana ko bagenywe n’impwemu nyeranda.—Ivyak. 20:28.
ABAGABO BAREMESHA UBUMWE
21 Birahambaye ko abakurambere bakorana mu bumwe kugira baremeshe ubumwe mw’ishengero. Boshobora kuba batandukanye cane muri kamere, ariko barazigama ubumwe bafitaniye igihe bategana yompi babigiranye icubahiro, naho hoba hari ivyo badahurizako mu vyo bariko baraganira. Mu gihe ata ngingo ngenderwako yo muri Bibiliya ihonyanzwe, umwe wese akwiye kwiyorosha agashigikira ingingo ifashwe n’inama y’abakurambere. Ivyo birerekana ko umuntu ayoborwa n’“ubukerebutsi buva hejuru,” na bwo bukaba ari “ubw’amahoro [kandi] bugira ibitegereka.” (Yak. 3:17, 18) Nta mukurambere akwiye kwiyumvira ko aruta abandi, kandi nta n’uwukwiye kugerageza kuganza abandi. Igihe inama y’abakurambere isenyera ku mugozi umwe ku neza y’ishengero, iba vy’ukuri iriko irasenyera ku mugozi umwe na Yehova.—1 Kor., ikig. 12; Kol. 2:19.
KURONDERA GUSHIKIRA AMABANGA
22 Abagabo bahumuye mu vy’impwemu barakwiye kwipfuza kuba abacungezi. (1 Tim. 3:1) Yamara rero, kuba umukurambere bisaba gukora no kwitanga. Bisaba ko umuntu aboneka kugira afashe abavukanyi mu vyo bakeneye, akabitwararika mu vy’impwemu. Kurondera gushikira ibanga ryo kuba umucungezi bisigura kwihatira gukwiza ibisabwa vyo mu Vyanditswe.
IBINTU BIRASHOBORA GUHINDUKA
23 Umuvukanyi amaze igihe kirekire akora ari umwizigirwa yoshobora kuba atagishoboye kurangura ibanga ry’ubucungezi bitumwe n’indwara, ubusaza canke izindi mvo. No muri ico gihe, akwiye kuguma abonwa ko ari umukurambere kandi akubahwa magingo akiri muri iryo banga. Ntiyoca asaba gukurwa muri iryo banga ngo ni uko hari ivyo atagishoboye. Aba akibereye rya teka ririmwo abiri riterwa abakurambere bose bakora bagatama kugira baragire ubusho bivanye n’ivyo bashoboye.
24 Ariko rero, nimba umuvukanyi abona ko vyoba vyiza ahagaritse amabanga yiwe kubera ko ivyiwe vyahindutse bigatuma ataba agishoboye kuyarangura, yoshobora guhitamwo guhagarika. (1 Pet. 5:2) Arakwiye kuguma yubahwa. Aba agishoboye gufasha cane ishengero naho ataba agishingwa ibikorwa bihabwa abakurambere.
UKUNTU AMABANGA AGABUWE MW’ISHENGERO
25 Abakurambere bararangura amabanga atandukanye mw’ishengero. Hari umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere, umunyamabanga, umucungezi w’umurimo, umurongozi w’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, n’umucungezi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Abakurambere benshi usanga ari abacungezi b’imigwi. Nta kiringo cashinzwe abakurambere bamara barangura ayo mabanga. Ariko ntiwumve, igihe umuvukanyi yimutse, igihe atagishoboye kurangura amabanga ajejwe kubera ingorane z’amagara canke igihe yatswe amabanga kubera atagikwije ibisabwa n’Ivyanditswe, barahitamwo uwundi mukurambere yokwitwararika ivyo yahora akora. Mu mashengero afise abakurambere bake, umukurambere umwe yoshobora kwitwararika amabanga menshi gushika habonetse abandi bavukanyi bakwije ibisabwa bagenwa kuba abakurambere.
26 Umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere ni we ahagarikira inama zigirwa n’abakurambere. Arakorana n’abandi bakurambere yicishije bugufi mu kwitwararika ubusho bw’Imana. (Rom. 12:10; 1 Pet. 5:2, 3) Akwiye kuba azi gutunganya ibintu neza no kwitwararika ivyo ajejwe abigiranye ubwira.—Rom. 12:8.
27 Umunyamabanga ni we yitwararika ibijanye n’inyandiko z’ishengero kandi akaguma amenyesha abandi bakurambere ibintu bihambaye biba vyamenyeshejwe. Igihe bikenewe, uwundi mukurambere canke umukozi w’ishengero abishoboye yoshobora gusabwa kumufasha.
28 Umucungezi w’umurimo ni we atunganya ibijanye n’igikorwa co mu ndimiro hamwe n’ibindi bikorwa bifitaniye isano na co. Aragira urutonde rwo kuza aragendera imigwi yo gusohoka mu ndimiro yose, ku buryo buri kwezi agendera umugwi umwe ku mpera y’umushamvu. Mu mashengero matomato arimwo imigwi mikeyi, yoshobora kugendera umugwi kabiri mu mwaka. Igihe yagendeye umugwi, arahagarikira amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro, agakorana n’abawugize mu ndimiro akongera agafasha abamamaji igihe bagira amasubirayo n’igihe bayobora inyigisho za Bibiliya.
ABACUNGEZI B’IMIGWI
29 Kamwe mu duteka tudasanzwe mw’ishengero ni ako kuba umucungezi w’umugwi. Mu mabanga ajejwe harimwo (1) kwitwararika mu vy’impwemu umwe wese mu bagize umugwi; (2) gufasha umwe wese mu bawugize kuronkera umunezero mu gikorwa co kwamamaza, kugikora n’umwete kandi adahorereza; (3) gufasha no kumenyereza abakozi b’ishengero bo muri wo kugira bakwize ibisabwa ngo bashingwe ayandi mabanga mw’ishengero. Inama y’abakurambere ni yo ishinga abavukanyi bashoboye kwitwararika ayo mabanga gusumba abandi.
30 Kubera ibikorwa abacungezi b’imigwi barangura, igihe cose bishoboka bakwiye kuba ari abakurambere. Canke na ho, umukozi w’ishengero abishoboye yoshobora kuba ararangura iryo banga gushika habonetse umukurambere. Umukozi w’ishengero arangura iryo banga yitwa umukozi w’umugwi, kubera ko ataba ari umucungezi mw’ishengero. Ariko rero, arangura iryo banga yisunze ubuyobozi ahabwa n’abakurambere.
31 Umuce nyamukuru w’igikorwa c’umucungezi w’umugwi ni ukuja imbere abandi mu gikorwa co kwamamaza. Umwete n’igishika afitiye ico gikorwa hamwe n’ukuba akigiramwo uruhara adahorereza, biraremesha abo bari kumwe mu mugwi. Vyoba vyiza urutonde rwo gusohoka mu ndimiro rworohereje benshi kubera ko abamamaji baremeshwa cane igihe bakorana n’abandi. (Luka 10:1-16) Umucungezi akwiye kwama yiyemeza ko bafise icibare gikwiye. Ni we ahagarikira ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro akongera agapanga abamamaji. Bishitse ntaboneke, akwiye kurondera uwundi mukurambere canke umukozi w’ishengero yokwitwararika iryo banga kugira abamamaji baronke ubuyobozi bakeneye. Igihe abo batabonetse, uwundi mwamamaji akwije ibisabwa yoshobora gukora ico gikorwa.
32 Umucungezi w’umugwi akwiye kwitegurira urugendo rw’umucungezi w’umurimo, akamenyesha abagize umugwi ivy’urwo rugendo kandi agatuma bitegana umushasharo ivyiza bazohakura. Igihe abagize umugwi bose bamenyeshejwe ivy’urwo rugendo, barahimbarwa no kurushigikira.
33 Umugwi wo gusohoka mu ndimiro ukwiye kuguma ari muto. Ivyo biratuma umucungezi w’umugwi amenya neza abawugize bose. Kubera ko ari umwungere munyarukundo, aritwararika cane umwe wese mu bawugize. Aragerageza gufasha umwe wese akongera akamuremesha gushigikira igikorwa co kwamamaza n’amakoraniro y’ishengero. Arihatira kandi gukora ikintu cose gikenewe kugira afashe abagize umugwi bose kuguma bakomeye mu vy’impwemu. Abarwaye canke abacitse intege bararema igihe abagendeye. Ivyiyumviro biremesha canke impanuro atanga vyoshobora gutuma bamwe barondera gushikira utundi duteka mw’ishengero, gutyo bagafasha cane abavukanyi babo. Birumvikana ko umucungezi w’umugwi yihatira canecane gufasha abo mu mugwi arimwo. Ariko rero, kubera yuko ari umukurambere akaba n’umwungere, aritwararika abagize ishengero bose kandi yama yiteguriye kubafasha.—Ivyak. 20:17, 28.
34 Rimwe mu mabanga umucungezi w’umugwi ajejwe ni ugufasha kwegeranya amaraporo y’abagize umugwi arimwo. Ayo maraporo aca arungikirwa umunyamabanga. Umwamamaji wese yoshobora kworohereza umucungezi w’umugwi mu gutanga raporo yiwe adatebaganye. Ivyo yobigira mu gushikiriza raporo yiwe umucungezi w’umugwi ku mpera y’ukwezi canke mu kuyishira mu gasandugu kagenewe amaraporo ku Ngoro y’Ubwami.
KOMITE Y’UMURIMO Y’ISHENGERO
35 Hariho ibikorwa bimwebimwe bikorwa na Komite y’umurimo y’ishengero. Iyo komite igizwe n’umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere, umunyamabanga n’umucungezi w’umurimo. Nk’akarorero, komite y’umurimo ni yo yemeza ko Ingoro y’Ubwami yokoreshwa mu bijanye n’ubugeni canke amaziko kandi ni yo ishingira abamamaji imigwi yo gusohoka mu ndimiro bojamwo. Iyo komite ni yo kandi yemeza inkaratasi zo gusabirako ubutsimvyi busanzwe n’ubwo gufasha hamwe n’iyindi mice y’umurimo. Komite y’umurimo ikora yisunze ubuyobozi bw’inama y’abakurambere.
36 Ibikorwa bitandukanye abo bavukanyi bajejwe, ushizemwo n’ivy’umurongozi w’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, umucungezi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu hamwe n’abandi bagize inama y’abakurambere, biratomorwa n’ibiro vy’ishami.
37 Uko haciye igihe, abagize inama y’abakurambere baragira inama kugira baganire ku bibazo vyerekeye iterambere ry’ishengero. Turetse inama abakurambere bagira igihe bagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko, baragira n’iyindi nama haheze nk’amezi atatu umucungezi w’umuzunguruko abagendeye. Ariko ntiwumve, abakurambere boshobora kugira inama igihe cose bibaye ngombwa.
NUYOBOKE
38 Abacungezi ntibatunganye; yamara bose mw’ishengero bahimirizwa kubayobokera kuko ari indinganizo Yehova yashizeho. Ivyo abo bacungezi bakora bazobibazwa na Yehova. Baramuserukira bakongera bagaserukira ubutegetsi bwiwe. Mu Baheburayo 13:17 hagira hati: “Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke, kuko baguma barinze ubuzima bwanyu nk’abazobibazwa; kugira ngo babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko vyogirira nabi mwebwe.” Nk’uko Yehova akoresha impwemu yiwe nyeranda mu kugena umucungezi, ni ko akoresha iyo mpwemu nyene mu kumwaka amabanga igihe atakigaragaza icamwa c’impwemu canke igihe atagikwije ibisabwa n’Ivyanditswe.
39 None ntidukenguruka vy’ukuri igikorwa gikomeye abakurambere bakora hamwe n’akarorero keza batanga? Mw’ikete Paulo yandikiye ishengero ry’i Tesalonika, yahimirije abagize iryo shengero ati: “Turabasaba . . . bene wacu, guha iteka abakora cane muri mwebwe kandi babahagarikira mu Mukama bakongera bakabakebura; no kubiyumvira mu buryo burengeye ubudasanzwe, mu rukundo, kubera igikorwa cabo.” (1 Tes. 5:12, 13) Vyinshi mu bikorwa bitoroshe abakurambere barangura biratuma tworoherwa no gukorera Imana kandi tukabigira tunezerewe. No mw’ikete rya mbere Paulo yandikiye Timoteyo, yarerekanye ukuntu abagize ishengero bakwiye gufata abakurambere. Yavuze ati: “Abagabo b’inararibonye bahagarikira neza nibabonwe ko babereye iteka ririmwo abiri, canecane abakora cane mu kuvuga no mu kwigisha.”—1 Tim. 5:17.
AYANDI MABANGA ARANGURWA MW’ISHIRAHAMWE
40 Rimwe na rimwe, abakurambere bamwebamwe baragenwa kugira baje mu Migwi igendera Ivyabona barwaye. Abandi na bo barafasha mu Makomite aja inama n’ibitaro, bakaza baragendera ibitaro n’abaganga kugira babaremeshe kuvura Ivyabona vya Yehova batarinze kubatera amaraso. Abandi bakurambere barateza imbere ivyungura Ubwami mu gufasha kwubaka no kubungabunga Ingoro z’Ubwami n’iz’amateraniro canke bakaja mu Makomite y’amahwaniro. Ishirahamwe rirakenguruka cane igikorwa kitoroshe abo bavukanyi bakora hamwe n’ukuntu bitanga babikunze. Emwe, ‘abantu nk’abo tuguma tubafatana iteka.’—Flp. 2:29.
UMUCUNGEZI W’UMUZUNGURUKO
41 Inama Nyobozi iraringaniza ivy’uko abakurambere bakwije ibisabwa bagenwa kuba abacungezi b’imizunguruko. Ibiro vy’ishami birabashinga igikorwa co kugendera amashengero ari mu mizunguruko yabo, akenshi bakayagendera kabiri mu mwaka. Rimwe na rimwe baragendera abatsimvyi bari mu vyibare vya kure. Baragira urutonde rw’ingene bazogendera amashengero hanyuma bakayamenyesha hakiri kare cane igihe bazoyagendera kugira azohungukire bimwe bishitse.
42 Umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere araja imbere mu gutunganya ibintu kugira ngo urwo rugendo ruzoremeshe bose mu vy’impwemu. (Rom. 1:11, 12) Ishengero rikimenyeshwa ivy’urwo rugendo hamwe n’ivyo umucungezi w’umuzunguruko n’umukenyezi wiwe bakeneye (nimba yubatse), umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere abicishije ku bavukanyi batandukanye aratunganya ibijanye n’uburaro hamwe n’ibindi bintu bikenewe. Aritwararika ko bose, harimwo n’umucungezi w’umuzunguruko, bamenyeshwa ingene ibintu bitunganijwe.
43 Umucungezi w’umuzunguruko araganira n’umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere ibijanye n’urutonde rw’amakoraniro, harimwo n’ayo gusohoka mu ndimiro. Ayo makoraniro atunganywa hisunzwe ivyiyumviro vyashikirijwe n’umucungezi w’umuzunguruko hamwe n’ubuyobozi buva ku biro vy’ishami. Bose barakeneye kumenyeshwa hakiri kare umwanya n’ikibanza amakoraniro y’ishengero azoberako, cokimwe n’inama y’abatsimvyi hamwe n’iy’abakurambere n’abakozi b’ishengero. Bakwiye kumenyeshwa kandi umwanya n’ikibanza amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro azoberako.
44 Ku wa kabiri ku muhingamo, umucungezi w’umuzunguruko arasuzuma amafishi y’abamamaji, inyandiko zijanye n’ibitigiri vy’abitaba amakoraniro, izijanye n’ivyibare hamwe n’iz’amakonte. Ivyo biramufasha kumenya ivyo ishengero rishobora kuba rikeneye hamwe n’ukuntu yofasha abajejwe izo nyandiko. Umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere akwiye kuringaniza ivy’uko umucungezi w’umuzunguruko aronka izo nyandiko hakiri kare.
45 Mu gihe c’urwo rugendo, umucungezi w’umuzunguruko arafata umwanya wo kuganira n’abavukanyi umwumwe ukwiwe uko bimushobokeye, haba ku makoraniro, mu ndimiro, igihe bamwakiriye ku meza canke mu bindi bihe. Vyongeye, arabonana n’abakurambere n’abakozi b’ishengero, akabaha impanuro zibereye zishingiye kuri Bibiliya, akabagira inama akongera akabaha indemesho zibafasha kurangura amabanga bajejwe yo kuragira intama. (Imig. 27:23; Ivyak. 20:26-32; 1 Tim. 4:11-16) Arabonana kandi n’abatsimvyi kugira abaremeshe mu gikorwa cabo yongere abasahirize mu ngorane izo ari zo zose boba bafise mu gikorwa co kwamamaza.
46 Nimba hariho ikindi kibazo gikeneye kwitwararikwa, umucungezi w’umuzunguruko arakora ivyo ashoboye vyose kugira afashe abakurambere kugitunganya muri iyo ndwi. Iyo ndwi irangiye kitaratungana, umucungezi w’umuzunguruko arashobora gufasha abakurambere canke abo cega kurondera ubuyobozi bwo mu Vyanditswe bujanye n’ico kibazo. Nimba ibiro vy’ishami bikeneye gukurikirana ico kibazo, umucungezi w’umuzunguruko ari kumwe n’abakurambere baraha ibiro vy’ishami raporo ivuga ido n’ido ivy’ico kibazo.
47 Igihe umucungezi w’umuzunguruko yagendeye ishengero, aritaba amakoraniro y’ishengero. Rimwe na rimwe ayo makoraniro yoshobora kugira ico ahinduweko hisunzwe ubuyobozi buva ku biro vy’ishami. Arashikiriza insiguro zigenewe kuremesha ishengero, gutuma rigira ico rikoze, kuryigisha no kurikomeza. Arihatira gutuma abagize ishengero barushiriza gukunda Yehova, Yezu Kristu hamwe n’ishirahamwe rya Yehova.
48 Imwe mu ntumbero y’urugendo rw’umucungezi w’umuzunguruko ni ukuremesha abagize ishengero kugira uruhara n’umwete mu ndimiro no kubaterera ivyiyumviro ngirakamaro. Benshi mu bagize ishengero boshobora guhindura urutonde rwabo kugira bagire uruhara bimwe bishitse mu ndimiro muri iyo ndwi, kumbure bagakora ubutsimvyi bwo gufasha muri ukwo kwezi. Uwo wese yipfuza gusohokana na we canke umukenyezi wiwe arashobora kubisaba. Hari ivyiza vyinshi bishobora kuvamwo igihe umuntu ajanye n’umucungezi w’umuzunguruko canke umukenyezi wiwe ku nyigisho za Bibiliya canke ku masubirayo. Utwigoro tudasanzwe ugira kugira ushigikire urwo rugendo mu kwamamaza turakengurukwa cane.—Imig. 27:17.
49 Buri mwaka, umuzunguruko umwumwe wose uragira amateraniro abiri y’umuzunguruko. Umucungezi w’umuzunguruko ni we ahagarikira ibikorwa bijanye n’ayo materaniro. Umucungezi w’umuzunguruko aragena umucungezi w’iteraniro n’uwumufasha. Abo baca bakorana n’umucungezi w’umuzunguruko mu gutunganya ayo materaniro. Ivyo biratuma umucungezi w’umuzunguruko yitunira canecane ku bijanye n’inyigisho. Umucungezi w’umuzunguruko aragena kandi abagabo babishoboye kugira bitwararike inzego zitandukanye. Vyongeye, aratunganya ivyo gusuzuma amakonte inyuma ya buri teraniro. Kuri rimwe muri ayo materaniro, haba hariho umushikirizansiguro w’umushitsi yaserukiye ibiro vy’ishami. Igihe ikibanza kiberamwo iteraniro ari gito canke hakaba hari abogira urugendo rurerure, imizunguruko imwimwe iragaburwa mu bice, buri gice kikagira iteraniro ry’umuzunguruko.
50 Umucungezi w’umuzunguruko ararungika raporo yiwe y’umurimo wo mu ndimiro ku biro vy’ishami uko ukwezi guheze. Nimba hari amahera abayabaye yakoresheje mu bintu bimwebimwe nko kwiyunguruza, imfungurwa, uburaro, n’ibindi bintu akeneye kugira arangure igikorwa ciwe ariko ishengero rikaba ritashoboye kuyamusubiza yose, yoshobora kuyasaba ibiro vy’ishami. Abacungezi b’imizunguruko barizigira ko bashize imbere ivyungura Ubwami bwa Yehova, ivy’umubiri bakeneye bazobironka, nk’uko Yezu yabisezeranye. (Luka 12:31) Amashengero akwiye kugumiza ku muzirikanyi agateka yatewe ko kugaragariza ubwakiranyi abo bakurambere bitanga ngo bayafashe.—3 Yoh. 5-8.
KOMITE Y’ISHAMI
51 Ku biro vy’ishami vyose vy’Ivyabona vya Yehova biri hirya no hino kw’isi usanga hari abavukanyi batatu canke barenga bagize Komite y’ishami. Ni abavukanyi bahumuye mu vy’impwemu kandi bakwije ibisabwa. Iyo komite ni yo ihagarikira igikorwa co kwamamaza mu gihugu canke mu bihugu biba bihagarikiwe n’iryo shami. Umwe muri abo bavukanyi aba ari umuhuzabikorwa wa Komite y’ishami.
52 Abagize Komite y’ishami baritwararika ibibazo bijanye n’amashengero yose ari mu cibare c’iryo shami. Iyo komite irahagarikira igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami mu cibare c’iryo shami, ikongera ikiyemeza ko hashingwa amashengero n’imizunguruko ku buryo abantu bo mu cibare baronswa ivyo bakeneye. Komite y’ishami iritwararika kandi igikorwa c’abamisiyonari bakorera mu ndimiro, abatsimvyi badasanzwe, abasanzwe hamwe n’abo gufasha. Igihe hari amateraniro n’amahwaniro, iyo komite iratunganya ibintu ikongera igashinga ibikorwa abavukanyi bamwebamwe kugira “vyose bibe mu buryo bubereye kandi ku rutonde.”—1 Kor. 14:40.
53 Mu bihugu bimwebimwe bihagarikiwe na Komite y’ishami iri mu kindi gihugu, haragenwa Komite y’igihugu. Ivyo biratuma igikorwa gicungerwa neza mu karere iyo Komite y’igihugu ikoreramwo. Iyo komite iritwararika ibijanye n’uburaro n’amabiro ya Beteli, ikaraba ivy’amakete n’amaraporo kandi muri rusangi iritwararika igikorwa co mu ndimiro. Komite y’igihugu irasenyera ku mugozi umwe na Komite y’ishami mu guteza imbere ivyungura Ubwami.
54 Inama Nyobozi ni yo igena abagize Komite y’ishami n’abagize Komite y’igihugu bose.
ABASERUKIRA ICICARO GIKURU
55 Uko haciye ikiringo kanaka, Inama Nyobozi iratunganya ko abavukanyi bakwije ibisabwa bagendera rimwe ryose mu mashami ari hirya no hino kw’isi. Umuvukanyi akora ico gikorwa yitwa uwuserukira icicaro gikuru. Igikorwa ciwe nyamukuru ni ukuremesha umuryango wa Beteli no gufasha Komite y’ishami gutunganya ingorane canke ibibazo yoba ifise mu bijanye n’igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Uwo muvukanyi arabonana kandi n’abacungezi b’imizunguruko bamwebamwe kandi rimwe na rimwe arabonana n’abamisiyonari bakorera mu ndimiro. Araganira na bo ibijanye n’ivyo bakeneye hamwe n’ingorane bafise, akabaha indemesho zikenewe zijanye n’igikorwa cabo gihambaye kuruta ibindi co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa.
56 Uwuserukira icicaro gikuru aritwararika cane ibiriko birarangurwa mu cibare c’ishami, nk’ibijanye no kwamamaza Ubwami hamwe n’ibindi bikorwa birangurwa mu mashengero. Umwanya ubikunze, yoshobora kandi kugendera ibiro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene. Igihe uwuserukira icicaro gikuru yagendeye ishami, aragira uruhara uko bishoboka kwose mu gikorwa co kwamamaza Ubwami.
Tubandanije kuyobokera abacungezi bajejwe kuragira ubusho, tuba turiko turasenyera ku mugozi umwe na Kristu Yezu, we Mutwe w’ishengero
BARATURAGIRA BABIGIRANYE URUKUNDO
57 Turungukira cane ku gikorwa kitoroshe abagabo bakirisu bahumuye mu vy’impwemu barangura n’ukuntu batwitwararikana urukundo. Tubandanije kuyobokera abacungezi bagenywe bajejwe kuragira ubusho, tuba turiko turasenyera ku mugozi umwe na Kristu Yezu, we Mutwe w’ishengero. (1 Kor. 16:15-18; Ef. 1:22, 23) Ivyo bituma impwemu y’Imana ikwiragira mu mashengero yo kw’isi yose, Ijambo ry’Imana na ryo rikayobora igikorwa kirangurirwa hirya no hino kw’isi.—Zab. 119:105.