Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu makete ku Banyatesalonika no kuri Timoteyo
ISHENGERO rishasha ry’i Tesalonika ryarwanijwe kuva rigishingwa igihe intumwa Paulo yahagendera. Ni co gituma igihe Timoteyo, uwufise kumbure imyaka 20 n’iyindi, agarukiye avuye i Tesalonika azanye amakuru meza, Paulo aca avyurirwa umutima wo kwandikira Abanyatesalonika kugira abakeze yongere abaremeshe. Iryo kete, irishobora kuba ryanditswe mu mpera z’umwaka wa 50 G.C., ni ryo rya mbere mu makete yahumetswe Paulo yanditse. Haciye igihe gitoyi, arandikira abo bakirisu b’i Tesalonika ikete rigira kabiri. Ubu hoho, arakosora ukubona ibintu mu buryo butari bwo kwa bamwebamwe, akongera agahimiriza abo bavukanyi guhagarara bashikamye mu kwizera.
Haraciye nk’imyaka cumi, Paulo ari i Makedoniya, Timoteyo na we i Efeso. Paulo arandikira Timoteyo, akamuremesha kuguma i Efeso ngo yitwararike ukumererwa neza kw’abavukanyi mu kurwanya abigisha b’ikinyoma bari muri iryo shengero. Igihe haduka uruhamo ku bakirisu inyuma yaho i Roma hatongorewe n’umuriro mu mwaka wa 64 G.C., Paulo arandikira Timoteyo ikete rigira kabiri. Ni ryo rya nyuma mu makete yahumetswe Paulo yanditse. Na twebwe muri iki gihe turashobora kwungukira ku ndemesho be no ku mpanuro ziri muri ayo makete ane Paulo yanditse.—Heb. 4:12.
“Tugume turi maso”
Paulo arakeza Abanyatesalonika kubera ‘igikorwa cabo c’ukwizera be n’ukubira akuya kwabo kuvuye ku rukundo, be n’ukwihangana kwabo.’ Ababwira ko ari bo ‘cizigiro ciwe n’akanyamuneza kiwe n’urugori rwiwe rw’ukwirata.’—1 Tes. 1:3; 2:19.
Paulo amaze kuremesha abakirisu b’i Tesalonika ngo bahozanye bakoresheje icizigiro c’izuka, aca avuga ati: “Umusi wa Yehova uzoza neza na neza nk’uko igisuma kiza mw’ijoro.” Abahanura ‘kuguma bari maso’ no kuzigama ubwenge bwabo.—1 Tes. 4:16-18; 5:2, 6.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
4:15-17—Ni bande “[bajanwa] mu bicu gusanganira Umukama mu kirere,” kandi ivyo bigenda gute? Abo ni abakirisu basizwe bakiri bazima mu kiringo c’ukuhaba kwa Kristu mu bubasha bw’Ubwami. ‘Basanganira Umukama’ Yezu mu karere k’ijuru kataboneka. Ariko rero, kugira ngo bibashobokere, babanza gupfa hanyuma bakazurwa ari ibiremwa ry’impwemu. (Rom. 6:3-5; 1 Kor. 15:35, 44) Ukuhaba kwa Kristu kwaramaze gutangura. Ku bw’ivyo, abakirisu basizwe bapfa muri iki gihe ntibaguma mu rupfu. ‘Barajanwa,’ ni ukuvuga ko baca bazurwa ubwo nyene.—1 Kor. 15:51, 52.
5:23—Paulo yashaka kuvuga iki igihe yasenga asaba ngo “impwemu n’ubuzima n’umubiri [vy’]abavukanyi, bizigamwe”? Paulo yariko avuga impwemu, ubuzima, be n’umubiri vy’abagize ishengero rya gikirisu, muri abo hakaba harimwo abakirisu basizwe b’i Tesalonika. Aho gusenga asaba gusa ko iryo shengero rizigamwa, yasenze asaba ko hazigamwa “impwemu” yaryo ni ukuvuga agatima kariranga. Yarasenze kandi ku bijanye n’“ubuzima” bwaryo, ni ukuvuga ukuba ryari ririho, yongera arasenga ku bijanye n’“umubiri” waryo, ari bo bakirisu basizwe uko bagize umugwi. (1 Kor. 12:12, 13) Iryo sengesho rero rirerekana ko Paulo yitwararika cane iryo shengero.
Ivyigwa tuhigira:
1:3, 7; 2:13; 4:1-12; 5:15. Uburyo ngirakamaro bwo guha umuntu impanuro, ni ukuyijanisha n’ukumukeza mu buryo butarimwo uburyarya be n’ukumuremesha kugira ivyo aryohoye.
4:1, 9, 10. Abasavyi ba Yehova bakwiye kubandanya batera imbere mu vy’impwemu.
5:1-3, 8, 20, 21. Uko umusi wa Yehova wegereza, ni ko dukwiye ‘kuzigama ubwenge bwacu kandi tukambara ukwizera n’urukundo nk’igikingira igikiriza, tukambara n’icizigiro c’ubukiriro nk’inkofero.’ N’ikindi kandi, dukwiye kwitwararika cane Ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana ari ryo Bibiliya.
“MUHAGARARE MUSHIKAMYE”
Kubera ko bagoretse ivyo Paulo yavuze mw’ikete rya mbere, biboneka yuko bamwebamwe mu bagize iryo shengero bavuga ko “ukuhaba kw’Umukama” kuri hafi. Kugira Paulo akosore ico ciyumviro, aravuga igitegerezwa ‘kubanza kuza’ ico ari co.—2 Tes. 2:1-3.
Paulo ahimiriza ati: “Muhagarare mushikamye kandi mugumye imigenzo mwigishijwe.” Abategeka “kwitandukanya n’umuvukanyi wese atagendera ku rutonde.”—2 Tes. 2:15; 3:6.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
2:3, 8—“Wa muntu w’ubugarariji” ni nde, kandi azokurwaho gute? Uwo “muntu,” uwugizwe na benshi, ni umugwi w’abakuru b’idini ry’abiyita abakirisu. Uwufise uburenganzira bwo gutangaza imanza Imana yaciriye iyo nkozi y’ikibi no gutanga amategeko yo kuzishitsa, ni “Jambo” wa Muvugizi Mukuru w’Imana, ari we Yezu Kristu. (Yoh. 1:1) Ku bw’ivyo, vyovugwa ko Yezu ari we azokuraho wa muntu w’ubugarariji biciye ku “mpwemu [inguvu ikora] yo mu kanwa kiwe.”
2:13, 14—Ni gute abakirisu basizwe ‘barobanuwe guhera mu ntango ku bw’ubukiriro’? Abasizwe uko bagize umurwi bashinzwe imbere y’igihe, aho Yehova yagira umugambi ujanye n’uruvyaro rw’umugore rwokomerekeje Shetani ku mutwe. (Ita. 3:15) Yehova kandi yaravuze ibisabwa bategerezwa gushitsa, igikorwa bokoze, be n’ibigeragezo bociyemwo. Yabahamagaye rero ku bw’‘iryo hangiro.’
Ivyigwa tuhigira:
1:6-9. Imanza za Yehova ntizijaniranya.
3:8-12. Ukuba umusi wa Yehova wegereje ntibikwiye kuba icitwazo c’ukudakora kugira ngo twironse ivyo dukenera igihe turangura ubusuku. Ukurera amaboko birashobora gutuma tuba ibinebwe, bigashobora no gutuma tuja mu vyo ‘kwita mu vy’abandi.’—1 Pet. 4:15.
“RINDA ICO WABIKIJWE”
Paulo asaba Timoteyo ngo ‘abandanye arwana intambara nziza; agumye ukwizera n’ijwi ryo mu mutima ryiza.’ Iyo ntumwa iravuga ibintu abagabo bagenywe mw’ishengero bategerezwa kuba bakwije. Paulo asaba kandi Timoteyo “[kwamirira] kure za nkuru z’ikinyoma zisiga iceyi ibintu vyeranda.”—1 Tim. 1:18, 19; 3:1-10, 12, 13; 4:7.
Paulo yandika ati: “Ntugakarire umugabo ahumuye.” Ahimiriza Timoteyo ati: “Rinda ico wabikijwe, uhunge amajambo ata co arimwo asiga iceyi ibintu vyeranda, uhunge n’amajambo avuguruzanya y’ivyo bita bihenda ngo ni ‘ubumenyi.’”—1 Tim. 5:1; 6:20.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
1:18; 4:14—“Ivyavuzwe imbere y’igihe” vyerekeye Timoteyo ni ibiki? Bishobora kuba ari ubuhanuzi bunaka bwerekeye uruhara Timoteyo yoranguye mw’ishengero rya gikirisu, bwavuzwe buhumetswe igihe Paulo yagendera i Lisitira ari mu rugendo rwiwe rw’ubumisiyonari rwa kabiri. (Ibik. 16:1, 2) Bishimikije ivyo bintu “vyavuzwe imbere y’igihe,” abagabo b’inararibonye bo muri iryo shengero ‘bararambitse ibiganza’ ku musore Timoteyo, baba bamushize ku ruhande ku bw’igikorwa gitomoye.
2:15—Ni gute umugore “[azigamwa] biciye ku kuvyara abana”? Kuvyara abana, kubitwararika, no kubungabunga urugo birashobora ‘kuzigama’ umugore, bikamurinda kuba ‘umunyarusaku n’uwita mu vy’abandi’ atagira ico akora.—1 Tim. 5:11-15.
3:16—Ibanga ryeranda ry’ukwihebera Imana ni iki? Ivy’uko abantu boshobora canke batoshobora kugamburukira ubusegaba bwa Yehova mu buryo butagira agahaze, vyaramaze imyaka n’iyindi ari ibanga. Yezu yarerekanye ko bishoboka, mu kuguma ari intadohoka ku Mana mu buryo butagira agahaze gushika ku rupfu.
6:15, 16—Ayo majambo yoba yerekeza kuri Yehova Imana canke kuri Yezu Kristu? Ayo majambo yerekeza kuri umwe ukwigaragaza kwiwe kuvugwa muri ayo majambo nyene, uwo na we akaba ari Yezu Kristu. (1 Tim. 6:14) Agereranijwe n’abantu baganza nk’abami n’abakama, Yezu ni we ‘wenyene Nyenubugabe,’ kandi ni we wenyene afise ukudapfa. (Dan. 7:14; Rom. 6:9) Kuva aduze mu majuru ataboneka, nta muntu wo kw’isi “ashobora kumubona” n’amaso y’inyama.
Ivyigwa tuhigira:
4:15. Haba haciye igihe gitoya canke kirekire tubaye abakirisu, dukwiye gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tubandanye gutera imbere mu vy’impwemu.
6:2. Nimba dukoreshwa n’uwo dusangiye ukwizera, aho kuriramwo mbege mu buryo na bumwe, dukwiye kumukorera bivuye ku mutima, tukarusha mbere uko twokorera uwundi atari uwo mw’ishengero.
“WAMAMAZE RYA JAMBO, UVYIHATIRE”
Kugira Paulo ategure Timoteyo kubw’ibihe bitoroshe vyari imbere, yandika ati: “Kuko Imana itaduhaye impwemu y’ubwoba, ahubwo iy’ububasha n’urukundo n’ukurorana kw’umuzirikanyi.” Timoteyo ahanurwa ati: “Umushumba w’Umukama ntabwirizwa kurwana, ahubwo abwirizwa kuba umuntu atekereza kuri bose, ashoboye kwigisha.”—2 Tim. 1:7; 2:24.
Paulo ahimiriza Timoteyo ‘gushishikara mu vyo yize akavyumvishwa akavyemera.’ Inyigisho z’abahuni zariko zirakwiragira, akaba ari ico gituma iyo ntumwa ihanura uwo mucungezi akiri muto iti: “Wamamaze rya jambo, uvyihatire . . . , ukangire, ukankamire, uhimirize.”—2 Tim. 3:14; 4:2.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
1:13—“Icitegererezo c’amajambo mazima” ni iki? “Amajambo mazima” ni “amwe y’Umukama wacu Yezu Kristu,” ni ukuvuga inyigisho z’ukuri za gikirisu. (1 Tim. 6:3) Ivyo Yezu yigisha be n’ivyo yakora vyari bihuye n’Ijambo ry’Imana, ku bw’ivyo, imvugo ngo “amajambo mazima” irashobora kandi mu buryo bwagutse kwerekeza ku nyigisho zose ziri muri Bibiliya. Izo nyigisho zirashobora kudufasha kubona ivyo Yehova adusaba. Tuguma twumiye kuri ico citegererezo mu gushira mu ngiro ivyo twize muri Bibiliya.
4:13—Izo “nsāto” zari izihe? Iryo jambo “insāto” ryerekeza ku bintu biba vyanditse ku nsāto zihinguwe. Birashoboka ko Paulo yariko asaba imizingo imwimwe y’Ivyanditswe vy’igiheburayo kugira ngo avyige igihe yari apfungiwe i Roma. Imwe muri iyo mizingo ishobora kuba yari iyo mu nkorogoto iyindi na yo ikaba iy’insāto.
Ivyigwa tuhigira:
1:5; 3:15. Imvo nyamukuru yatumye Timoteyo yizera Kristu Yezu, ni ukuvuga agira ukwizera kwatuma akora ibintu vyose, yari inyigisho ishingiye ku Vyanditswe yari yararonkeye i muhira kuva mu bwana. Ese ukuntu bihambaye ko abagize umuryango bazirikana ata gufyina ku bijanye n’ukuntu bariko barashitsa iryo banga bafise ku Mana no ku bana babo!
1:16-18. Igihe abo dusangiye ukwizera bari mu bigeragezo, bariko barahamwa, canke bari mu munyororo, dukwiye kubasengera tukongera tugakora uko dushoboye kwose kugira tubafashe.—Imig. 3:27; 1 Tes. 5:25.
2:22. Abakirisu, na canecane abakiri bato, barakwiye kudatwarwa n’ivyo kwinonora imitsi mu buryo budasanzwe, inkino, umuziki, ukwinezereza, ukwisamaza, ugufata ingendo, ibiyago bitagira mvura, be n’ibindi nk’ivyo, ku buryo bobura umwanya wo gukurikirana ivy’impwemu.
[Ifoto ku rup. 31]
Mu makete yahumetswe yanditswe n’intumwa Paulo, ni irihe ryabaye irya nyuma?