ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/2 rup. 25
  • Isi yoba izohona?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isi yoba izohona?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Iyi si yoba izohonywa?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ivyo umusi wa Yehova uzohishura
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ibibazo bine bijanye n’umuhero vyishurwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Iyi si yoba igiye kuvaho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/2 rup. 25

Abasomyi bacu barabaza . . .

Isi yoba izohona?

▪ Abantu bamwebamwe bari bafise iciyumviro c’uko ngo isi yohonye ku wa 21 Gitugutu 2011. Ariko nta ho yagiye. Gutyo, ivyari vyaravuzwe n’umumenyeshamakuru Harold Camping wo kw’iradiyo imwe yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ntivyabaye. Yari yaravuze ko Umusi w’Urubanza woshitse ku wa 21 Rusama 2011; ngo nyamugigima ikomeye cane yoteye kw’isi yose, maze haciye amezi atanu, ni ukuvuga ku wa 21 Gitugutu, isi igaca itikira.

Ariko rero, isi ntizokwigera ihona. Uwayiremye ntazokunda ko ivaho. Ijambo ryiwe rivuga riti: “Washimangiye isi, kugira igume ihagaze.”​—Zaburi 119:90.

Ariko abasomyi ba Bibiliya bamwebamwe bohakana ico ciyumviro bakavuga ko iyi si tubako izotikizwa n’umuriro. Bafatira kuri 2 Petero 3:7, 10, ahagira hati: “Biciye kuri iryo jambo nyene amajuru n’isi biriho ubu birundanirijwe umuriro, kandi bibitswe ku bw’umusi w’urubanza n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana. . . . Yamara umusi wa Yehova uzoza nk’igisuma, aho amajuru azovaho mu kwasana gukomeye, mugabo ibintu bikazoyagishwa n’ugushuha gukaze, n’isi n’ibikorwa biri muri yo bikazoshirwa ku mugaragaro.” Ayo majambo y’intumwa Petero yoba akwiye gufatwa nk’uko nyene yanditse?

Oya. Uti kubera iki? Kubera ko iyo mirongo ikwiye gusobanurwa mu buryo buhuye n’ivyo Petero yariko aravuga mw’ikete ryiwe be n’ibivugwa muri Bibiliya yose. Ayo majambo uyafashe uko ari, yokwerekana ko amajuru, ni ukuvuga amamiliyaridi n’amamiliyaridi y’inyenyeri n’ibindi bintu vyose biri mu kirere, azorigatwa n’umuriro kubera gusa agace inzatsa k’ico kirere amahero kariko abantu b’ababisha. Mbega wohonya inkengera y’ikiyaga iriko umusenyi ireha n’ibilometero n’ibilometero kubera gusa udakunda agatete kamwe k’umusenyi kayo? Nawe nu nta vyo wogira! Uca wumva ko na Yehova atotikiza ivyo yaremye vyose kubera ubugarariji bwadutse kuri kimwe gusa mu vyo yaremwe.

N’ikindi kandi, ico ciyumviro kirateye kubiri n’amajambo Yezu Kristu yavuze, ati: “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.” (Matayo 5:5; Zaburi 37:29) Mbega hari umuvyeyi yuzuye urukundo yokwubakira inzu nziza umuryango wiwe kugira gusa ace ayiturira? (Zaburi 115:16) Nta muvyeyi yovyubahuka! Yehova si Umuremyi gusa; ni n’Umuvyeyi yuzuye urukundo.​—Zaburi 103:13; 1 Yohani 4:8.

Petero akoresha ijambo “isi” mu buryo bw’ikigereranyo ashaka kuvuga ikibano c’abantu, muri uwo murongo kikaba ari ikibano c’abantu b’ababisha. Urabona ko Petero abigereranya na wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa. (2 Petero 3:5, 6) Ico gihe, abantu b’ababisha ni bo gusa batikijwe; isi ubwayo na wa mugororotsi Nowa be n’umuryango wiwe nta co vyabaye. N’ayo “majuru” Petero avuga aca aba ay’ikigereranyo. Muri uwo murongo, “amajuru” agereranya ubutegetsi bw’abantu. Gutyo, ababisha b’intigaya bazovaho, nk’uko n’intwaro mbi zose zizovaho zigasubirirwa n’ubutegetsi bw’Imana bwo mw’ijuru, ni ukuvuga Ubwami bwayo.​—Daniyeli 2:44.

Iyi si tubako yoba none izohona? Habe namba. Ikizohona ni isi y’ikigereranyo, ari co kibano c’abantu b’ababisha. Iyi si ubwayo be n’ikibano c’abantu bubaha Imana kigiye kuza bizokwamaho.​—Imigani 2:21, 22.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika