ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 108
  • Kumenyekana ku mbuga hwaniro hari ico vyokumarira?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kumenyekana ku mbuga hwaniro hari ico vyokumarira?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni akaga akahe kari mu kumenyekana ku mbuga hwaniro?
  • «Ntuhende abandi kugira gusa umenyekane»
  • Kugira abagukurikirana n’abakunda ivyo ushira ku mbuga hwaniro hari ico vyokumarira?
  • Tuvuge iki ku bugenzi bwo kuri Internet?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Ingene wokwigisha umwana wawe gukoresha neza Internet
    Be maso!—2014
  • Ico womenya ku bijanye n’ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru yabo—Igice ca 2
    Be maso!—2012
  • Umuhora wacu wo kuri Internet wemewe—Nuwukoreshe mu kwiyigisha no mu nyigisho y’umuryango
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 108
Umukobwa aramwenyuye aravye telefone yiwe agasanga abantu 85 bakunze ivyo yashize ku mbuga hwaniro.

URWARUKA RURIBAZA

Kumenyekana ku mbuga hwaniro hari ico vyokumarira?

Umuyabaga umwe yitwa Elaine avuga ati: «Igihe nabona abo twigana bafise abantu benshi bakurikirana ivyo bashira ku mbuga hwaniro, nibwiye nti: “Emwe abandi bo baramenyekanye.” Mvugishije ukuri, narabumviye agashari.»

Woba umaze kwiyumva gutyo? Nimba bimaze kugushikira, iki kiganiro kirashobora kugufasha kwirinda kugwa mu mitego yo kurondera kumenyekana.

  • Ni akaga akahe kari mu kumenyekana ku mbuga hwaniro?

  • «Ntuhende abandi kugira gusa umenyekane»

  • Kugira abagukurikirana n’abakunda ivyo ushira ku mbuga hwaniro hari ico vyokumarira?

  • Niwirinde «kwiyemera mu buryo bwihishije»

Ni akaga akahe kari mu kumenyekana ku mbuga hwaniro?

Mu Migani 22:1, Bibiliya ivuga ko «wohitamwo izina ryiza aho guhitamwo itunga ryinshi.» Rero, kwipfuza ko abantu bakumenya neza canke mbere ko bagukunda ni ibisanzwe.

Ariko rero, kwipfuza gukundwa n’abantu benshi hari igihe bituma urondera kumenyekana. None ivyo vyoba birimwo akaga? Uwitwa Onya w’imyaka 16 aremeza ko birimwo akaga. Yavuze ati:

«Narabonye abantu bakora ibintu nk’aho umengo ntibakomeye, nko gusimba bavuye kw’igorofa yo kw’ishure kugira gusa bamenyekane.»

Hari abantu bamwebamwe bakora ibintu umengo nta bwenge bafise bagaca bifata ividewo bakayishira ku mbuga hwaniro, kugira gusa abandi bababone. Nk’akarorero, hari abakiri bato bashira ku mbuga hwaniro amavidewo yabo bariko baranywa isabuni yo kumesuza kandi irimwo ubumara bushobora kubagirira nabi, ivyo akaba ari ibintu muntu afise ubwenge atokora.

Bibiliya ivuga iti: «Ntihagire ico mugira mubitumwe . . . n’ubwishime.»​—Abafilipi 2:3, Bibiliya Nyeranda.

Zirikana kuri iki kintu:

  • Kurondera kumenyekana ku mbuga hwaniro bikumarira iki?

  • Woba wokwemera gushira mu kaga ubuzima bwawe kugira gusa abandi bagutangarire canke kugira gusa abagenzi bawe bakwemere?

    Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

    Leianna.

    «Kumenyekana birashobora guteza akaga iyo abantu barondeye gukora ibishoboka vyose kugira babishikeko. Biyumvira ko kuvuga, kwambara canke kwigenza mu buryo kanaka mbere naho hoba ari ku mbuga hwaniro bituma bamenyekana. Urashobora kwicuza nka hamwe wokora ikintu uzi neza ko ari kibi kugira gusa umenyekane.»​—Vyavuzwe na Leianna.

«Ntuhende abandi kugira gusa umenyekane»

Gushira ubuzima mu kaga si vyo vyonyene vyerekana ko uriko urarondera kumenyekana. Uwitwa Erica w’imyaka 22, aravuga ubundi buryo abantu bakoresha, agira ati:

«Abantu barashira ku mbuga hwaniro ibintu bidasanzwe biba mu buzima bwabo. Bica bisa nk’aho bafise abagenzi benshi bamarana umwanya. Bica bituma abantu bibaza ko bazwi cane.»

Uwitwa Cara w’imyaka 15, avuga ko hari abakoresha uruhendo kugira abantu babone ko bazwi cane, avuga ati:

«Ndamaze kubona abantu bashira amafoto ku mbuga hwaniro yerekana ko bari ku musi mukuru kandi bibereye muhira.»

Uwitwa Matthew w’imyaka 22, ariyemerera ko amaze gukora ikintu nk’ico, avuga ati:

«Narashize ku mbuga hwaniro ifoto, nca mvuga ko nari ku musozi Everest naho ntarigera nja muri Aziya.»

Bibiliya ivuga iti: «Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.»​—Abaheburayo. 13:18.

Zirikana kuri iki kintu:

  • Nimba ukoresha imbuga hwaniro, woba uhenda abandi kugira gusa urushirize kumenyekana?

  • Amafoto canke ivyo wandika ku mbuga hwaniro, vyoba vy’ukuri vyerekana uko umeze be n’ivyo uha agaciro?

    Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

    Hannah.

    «Abantu bamwebamwe barakora ibishoboka vyose kugira abenshi bakunde ivyo bashira ku mbuga hwaniro. Ariko none, ushaka ko abantu bakumenyera ku biki? Ku kuba uri umuntu avuga canke yambara mu buryo butabereye? Umuntu ahaya ivyo atunze? Canke wipfuza kumenyekana ko uri umuntu yigenza neza kandi yitwararika abandi abikuye ku mutima? Iyo abandi bakunze ivyo washize ku mbuga hwaniro bituma wiyumva neza, ariko rero urasuzuma urabe nimba bagukundira ibintu vyiza wokwumva wishimiye.»​—Vyavuzwe na Hannah.

Kugira abagukurikirana n’abakunda ivyo ushira ku mbuga hwaniro hari ico vyokumarira?

Abantu benshi bemera ko kugira umenyekane ku mbuga hwaniro utegerezwa kuba ufise abantu benshi bagukurikirana kandi bakunda ivyo ushirako. Matthew, umwe duhejeje kuvuga, ariyemerera yuko ari ko yamye abibona:

«Narakunda kubaza abantu nti: “Ufise abantu bangahe bakurikirana ivyo ushira ku mbuga hwaniro?” canke nti: “Igitigiri kinini ca mbere c’abamaze gukunda ivyo ushirako ni ikihe?” Kugira ndonke abantu benshi bakurikirana ivyo nshirako, naca mpfa gukurikirana abo mbonye bose, niteze ko bazoca bakurikirana ivyo nshirako. Naciye ntangura kwipfuza kurushiriza kumenyekana kandi imbuga hwaniro zaratumye ico cipfuzo kirushiriza gukomera.»

Amafoto: 1. Umukobwa arabonye igitigiri c’abakunze ivyo yashize ku mbuga hwaniro agaca amwenyura. 2. Uwo mukobwa ariko ararya ibintu bisosa vyuzuye isorori. 3. Uwo mukobwa yifashe ku nda kandi asa n’uwumerewe nabi.

Kumenyekana ku mbuga hwaniro bimeze nk’ibifungurwa ata co bimaze, bituma wiyumva neza akanya gato ariko nta co bikumarira

Uwitwa Maria w’imyaka 25, yasanze abantu bamwebamwe babona ko hari ico bamaze bivanye n’igitigiri c’ababakurikirana n’abakunda ivyo bashira ku mbuga hwaniro, avuga ati:

«Iyo umukobwa ashize ifoto yiwe ku mbuga hwaniro hanyuma ntaronke abantu benshi bayikunda, aca ashika ku ciyumviro c’uko ari mubi. Naho ivyo atari ko biri, abantu benshi babibona muri ubwo buryo. Muri ico gihe, baba bariko baribuza amahoro.»

Bibiliya ivuga iti: «Ntiturondere kwishira imbere, tuvyura uguhiganwa, tugiriranira agashari.»​—Abagalatiya 5:26.

Zirikana kuri iki kintu:

  • Igihe uriko urakoresha imbuga hwaniro, vyoba bituma utangura kwigereranya n’abandi?

  • Woba ubona ko igihambaye ari ukugira abantu benshi bakurikirana ivyo ushira ku mbuga hwaniro kuruta kugira abagenzi nyakuri bakwitwararika?

    Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

    Joshua.

    «Kugira umenyekane ku mbuga hwaniro, utegerezwa kuba umuntu akundwa na benshi ariko ahanini kugira abantu bagukunde ni uko uba umeze nkabo. Ivyo bica bituma urazwa ishinga cane n’ingene abandi bakubona hamwe n’ivyo wokora kugira bagume bagushima. Kwipfuza gushimwa n’abandi ni ibisanzwe, ariko kurondera kumenyekana birashobora gutuma ubigumizako umutima cane.»​—Vyavuzwe na Joshua.

Niwirinde «kwiyemera mu buryo bwihishije»

Woba umaze kubona ingene abantu bahaya ivyo bashitseko ariko bakigira nk’aho bariko bidoga?

  • «Kuva ngura imodoka yanje, abantu baguma bansaba ngo ndabunguruze.»

  • «Birandya mu mutwe igihe abantu bose baguma bambwira ko nagabanutse.»

Abo bavuze ayo majambo babivuga nk’aho bariko bidoga kugira berekane ko bicisha bugufi, ariko mu vy’ukuri baba bariko bariyemera.

Uraba maso: Ubwo buryo bwo kwiyemera akenshi burababaza abandi kubera ko abantu baca babona ayo mayeri. Abantu baranka abiyemera mu buryo bwihishije kuruta abiyemera ku mugaragaro.

Ubukurikira, niwashira ifoto canke ukagira ivyo wanditse ku mbuga hwaniro, urabe maso ntiwiyemere mu buryo bwihishije. Nukurikire impanuro iranga ubukerebutsi dusanga muri Bibiliya ivuga iti: «Uw’ahandi abe ari we agushemeza, ntikabe akanwa kawe.»​—Imigani 27:2.

Incamake: Kumenyekana ku mbuga hwaniro hari ico vyokumarira?

  • Niwiyemeze ko ivyo ushira ku mbuga hwaniro bihuye vy’ukuri n’uko umeze be n’ivyo uha agaciro.

  • Ntuhende abandi ku bijanye n’ivyo ushira ku mbuga hwaniro.

  • Nubone mu buryo bubereye ibijanye n’abagukurikirana be n’abakunda ivyo ushira ku mbuga hwaniro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika