2 Kizoshurika ata kabuza+, kandi kizonezerwa vy’ukuri n’akanyamuneza be n’akamo k’urweze+. Emwe, kizohabwa ubuninahazwa bwa Libani+, ubwiza bwakaka bwa Karumeli+ n’ubwa Sharoni+. Hazoba ababona ubuninahazwa bwa Yehova+, ubwiza bwakaka bw’Imana yacu+.