Yobu
29 Yobu abandanya kuvuga ati:
2 «Icompa ngasubira kumera nko mu mezi yaheze,
ya misi ya kera aho Imana yangumizako ijisho,
3 igihe itara ryayo ryakira hejuru yanje,
ngaca mu mwiza murikiwe n’umuco wayo+,
4 igihe nari nkiritera nkarisama,
urugo rwanje rugifitaniye ubucuti bwiza n’Imana+,
5 igihe Mushoboravyose yari akiri kumwe nanje,
ngikikujwe n’abana* banje,
6 igihe noza ibirenge vyanje mu mata*,
ibitandara na vyo bikancuncuburira imigezi y’amavuta+!
7 Iyo ngiye kw’irembo ry’igisagara+
maze nkicara mu kibanza rusangi*+,
8 imisore yarambona igataramuka*,
mbere n’abatama barahaguruka bakaguma bahagaze+.
9 Abaganwa baririnda kuvuga,
bakifata ku munwa.
10 Abantu bahambaye baranuma,
ururimi rwabo rugafatana n’amagage.
11 Uwanyumva wese yaramvuga neza,
abambona bakanshingira intahe.
15 Nabera amaso impumyi,
nkabera ibirenge uwucumbagira.
18 Nahora mvuga nti: “Nzopfira mu rugo rwanje*+,
kandi imisi yanje izoba myinshi nk’udutete tw’umusenyi.
19 Imizi yanje izoshorera mu mazi,
kandi urume ruzoguma ku mashami yanje ijoro ryose.