ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ivyakozwe 3
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ivyakozwe: ibirimwo

      • Petero akiza umusezi amugaye (1-10)

      • Petero yigishiriza kw’ibaraza rya Salomo (11-26)

        • «Ibintu vyose bisubizwa mu buryo» (21)

        • Umuhanuzi ameze nka Musa (22)

Ivyakozwe 3:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 28

Ivyakozwe 3:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ingabire z’imbabazi.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingabire z’imbabazi).

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 28

Ivyakozwe 3:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 3:16; 4:10

Ivyakozwe 3:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «n’amaso y’ibirenge vyiwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 8:14, 15; 9:24, 25
  • +Yoh 5:8, 9; Ivk 9:34; 14:8-10

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Nushinge intahe, rup. 28

Ivyakozwe 3:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 35:6

Ivyakozwe 3:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 3:2

Ivyakozwe 3:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yoh 10:23; Ivk 5:12

Ivyakozwe 3:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 3:6
  • +Yes 52:13; 53:11
  • +Fp 2:9-11
  • +Ivk 5:30

Ivyakozwe 3:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 27:20, 21; Lk 23:14, 18

Ivyakozwe 3:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 5:31; Heb 2:10
  • +Lk 24:46-48; Ivk 1:8; 2:32

Ivyakozwe 3:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yoh 16:2, 3; 1Tm 1:13
  • +1Kr 2:8

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/6/2009, rup. 32

    Nushinge intahe, rup. 29

Ivyakozwe 3:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 118:22; Yes 50:6; 53:8; Dn 9:26; Lk 22:15

Ivyakozwe 3:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu kigiriki havuga ngo «mu maso ya Yehova.» Raba Inyongera ya A5.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 2:38
  • +Ezk 33:11; Ef 4:22
  • +Ezk 33:14, 16; 1Yh 1:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 47

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2014, rup. 28

    15/6/2013, rup. 19-20

    1/5/2009, rup. 15

    1/9/2008, rup. 14

    1/12/1997, rup. 22

    Niwiyegereze, rup. 265

Ivyakozwe 3:21

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwiyegereze, rup. 77-78

    Nushinge intahe, rup. 31

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2007, rup. 5-6

Ivyakozwe 3:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya A5.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 34:10; Ivk 7:37
  • +Gus 18:15, 18

Ivyakozwe 3:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 18:19

Ivyakozwe 3:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lk 24:27; Ivk 10:43

Ivyakozwe 3:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu kigiriki havuga ngo «ku rubuto.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 9:4
  • +It 22:18; Gl 3:8

Ivyakozwe 3:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 13:45, 46; Rm 1:16

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ivyak. 3:6Ivk 3:16; 4:10
Ivyak. 3:7Mt 8:14, 15; 9:24, 25
Ivyak. 3:7Yoh 5:8, 9; Ivk 9:34; 14:8-10
Ivyak. 3:8Yes 35:6
Ivyak. 3:10Ivk 3:2
Ivyak. 3:11Yoh 10:23; Ivk 5:12
Ivyak. 3:13Kv 3:6
Ivyak. 3:13Yes 52:13; 53:11
Ivyak. 3:13Fp 2:9-11
Ivyak. 3:13Ivk 5:30
Ivyak. 3:14Mt 27:20, 21; Lk 23:14, 18
Ivyak. 3:15Ivk 5:31; Heb 2:10
Ivyak. 3:15Lk 24:46-48; Ivk 1:8; 2:32
Ivyak. 3:17Yoh 16:2, 3; 1Tm 1:13
Ivyak. 3:171Kr 2:8
Ivyak. 3:18Zb 118:22; Yes 50:6; 53:8; Dn 9:26; Lk 22:15
Ivyak. 3:19Ivk 2:38
Ivyak. 3:19Ezk 33:11; Ef 4:22
Ivyak. 3:19Ezk 33:14, 16; 1Yh 1:7
Ivyak. 3:22Gus 34:10; Ivk 7:37
Ivyak. 3:22Gus 18:15, 18
Ivyak. 3:23Gus 18:19
Ivyak. 3:24Lk 24:27; Ivk 10:43
Ivyak. 3:25Rm 9:4
Ivyak. 3:25It 22:18; Gl 3:8
Ivyak. 3:26Ivk 13:45, 46; Rm 1:16
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ivyakozwe 3:1-26

Ivyakozwe n’intumwa

3 Umusi umwe Petero na Yohani bariko baraduga ku rusengero mu gihe co gusenga. Hari nk’isaha icenda. 2 Muri uwo mwanya, hari abantu bari bazanye umugabo yamugaye amaguru kuva akivuka, bamuteruye. Imisi yose bama bamushira hafi y’irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza, kugira asabe imfashanyo* abinjira mu rusengero. 3 Akubise ijisho Petero na Yohani bagira binjire mu rusengero, atangura kubasaba ngo bamufashe. 4 Petero na Yohani baca bamuhanga amaso, maze Petero amubwira ati: «Nuturabe.» 5 Nuko abahanga amaso, yiteze ko hari ico bagira bamuhe. 6 Ariko Petero amubwira ati: «Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguha. Mw’izina rya Yezu Kristu Umunyanazareti, tambuka+!» 7 Aca amufata ukuboko kw’ukuryo, aramuhagurutsa+. Ubwo nyene ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo* bica birakomera+. 8 Aca arasimba+, atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero. Agenda aratambuka yongera asimbagurika, ashemeza Imana. 9 Abantu bose baramubona atambuka yongera ashemeza Imana. 10 Baramumenya, bibuka ko ari umwe yahora yicara kw’irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza+, asaba imfashanyo. Baratangara cane, barikugura kubera ivyari bimubayeko.

11 Uwo mugabo acumiye kuri Petero na Yohani, abantu bose baca birukira icarimwe aho bari mu kibanza citwa ibaraza rya Salomo+, bakubiswe n’inkuba. 12 Petero ngo abibone, ababwira ati: «Bagabo bo muri Isirayeli, kubera iki ivyo bibatangaje cane? Kubera iki muduhanga amaso nk’aho umenga ububasha bwacu canke kuba twihebera Imana ni vyo vyatumye atambuka? 13 Imana ya Aburahamu, iya Izahaki n’iya Yakobo+, ya Mana ya ba sogokuruza bacu, yaraninahaje Umusavyi wayo+ Yezu+, umwe mwatanze+ mukamwihakanira imbere ya Pilato, kandi yari yafashe ingingo yo kumurekura. 14 Emwe, mwarihakanye uwo mweranda akaba n’umugororotsi, maze musaba ngo babahe umugabo w’umwicanyi+, 15 ariko mwica ya Mboneza y’ubuzima+. Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, kandi turi ivyabona vy’ico kintu+. 16 Izina ryiwe no kuba turyizera ni vyo vyatumye uwo mugabo mubona kandi muzi akomera. Ukwizera dufise biciye kuri Yezu ni kwo gutumye uwo mugabo akira neza nk’uko mwese muvyibonera. 17 None rero benewacu, ndazi ko ivyo mwakoze mwabikoze kubera ukutamenya+, cokimwe n’abatware banyu+. 18 Ariko Imana yaremeye ivyo vyose biraba kugira ishitse ivyo yamenyesheje imbere y’igihe biciye ku bahanuzi bose, yuko Kristu wayo yobabajwe+.

19 Nimwigaye+ rero kandi muhindukire+ kugira ibicumuro vyanyu bihanagurwe+, maze ibiringo vy’ukuruhurirwa bibone kuza bivuye kuri Yehova ubwiwe*, 20 arungike na Kristu yagenywe ku bwanyu, ari we Yezu. 21 Ijuru ritegerezwa kumugumya gushika hageze ko ibintu vyose bisubizwa mu buryo, bimwe Imana yavuga biciye ku bahanuzi bayo beranda ba kera. 22 Nkako, Musa yavuze ati: “Yehova* Imana yanyu azobaha umuhanuzi ameze nkanje+, amukuye muri benewanyu. Mukwiye kwumviriza ivyo ababwira vyose+. 23 Kandi umuntu wese atazokwumviriza uwo Muhanuzi azorandurwa mu bantu+.” 24 Vyongeye, abahanuzi bose kuva kuri Samweli n’abamukurikiye, emwe abavuze bose, na bo nyene baravuze ivy’iyi misi batomora+. 25 Mwebwe muri abana b’abahanuzi n’ab’isezerano Imana yagiranye na ba sogokuruza banyu+, igihe yabwira Aburahamu iti: “Kandi imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa biciye ku ruvyaro* rwawe+.” 26 Ni mwebwe Imana yabanje gutumako Umusavyi wayo+, imaze kumuhagurutsa. Yabigize kugira ibahezagire mu gutuma umwe wese muri mwebwe ahindukira agaheba ibikorwa vyiwe bibi.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika