97 Yehova abaye Umwami+!
Isi ninezerwe+.
Amazinga menshi nahimbarwe+.
2 Akikujwe n’ibicu hamwe n’umwiza w’umuzitanya+.
Ubugororotsi n’ubutungane ni vyo mushinge w’intebe yiwe y’ubwami+.
3 Imbere yiwe hari umuriro+
kandi ugenda urayigiza abansi biwe ku mpande zose+.
4 Imiravyo yiwe ibonesha igihugu cose.
Isi irabibona ikajugumira+.
5 Imisozi irashonga nk’ishashara imbere ya Yehova+,
imbere y’Umukama w’isi yose.
6 Ijuru riratangaza ubugororotsi bwiwe,
kandi amahanga yose arabona ubuninahazwa bwiwe+.
7 Abo bose basenga ibishusho vy’ibibazano nibamaramare+,
abo bose biratira imana zabo ata co zimaze+.
Nimumwunamire mwa bigirwamana mwese+!
8 Siyoni yaravyumvise iranezerwa+.
Ibisagara vy’Ubuyuda vyarahimbawe
kubera imanza zawe, ewe Yehova+!
9 Kuko wewe Yehova, uri Musumbavyose kw’isi yose.
Uri hejuru cane y’izindi mana zose+.
10 Yemwe abakunda Yehova, nimwanke ikibi+.
Akingira ubuzima bw’intahemuka ziwe+,
akabarokora mu kuboko kw’ababisha+.
11 Umuco wararasiye abagororotsi+,
abafise umutima ugororotse baranezerwa.
12 Nimuhimbarwe kubera Yehova, yemwe bagororotsi.
Nimuhayagize izina ryiwe ryeranda.